Ntiwibeshe n’ivyiyumviro bitari vyo
IMANA yabajije Eva aho amariye kurya kuri ca giti cari kibujijwe, iti: “Ivyo wakoze ni ibiki?” Yishuye ati: “Ya nzoka—yampenze ndaheza ndarya.” (Ita. 3:13) Shetani, ya nzoka y’uruyeri yatumye Eva agambararira Imana, yahavuye yitwa “ya nzoka yo mu ntango, . . . umwe azimiza isi yose.”—Ivyah. 12:9.
Iyo nkuru yo mw’Itanguriro yerekana ko Shetani ari umunyarwenge, aremarema ibinyoma afise intumbero yo guhenda umuntu atazi utuntu n’utundi. Mu vy’ukuri, Eva yarahenzwe na Shetani. Ariko rero, ntidukwiye kwiyumvira yuko Shetani ari we wenyene ashobora kuduhenda. Bibiliya iragabisha kandi ku bijanye n’ingeramizi yo “[k]wibesha n’ivyiyumviro bitari vyo.”—Yak. 1:22.
Iciyumviro c’uko dushobora kwibesha coshobora gusa n’ikidashoboka na gato. Ariko rero, iyo ngabisho iva ku Mana biboneka yuko yatanzwe ku bw’intumbero yinaka. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza turimbuye ukuntu twoshobora kwibesha be n’ivyiyumviro bitari vyo vyoshobora kutuzimiza. Hari akarorero ko mu Vyanditswe gashobora kudufasha.
Akarorero k’ukuntu twokwibesha
Nko mu mwaka wa 537 B.G.C., umwami w’Ubuperesi Kuro Mukuru yarasohoye itegeko ryavuga yuko Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni basubira i Yeruzalemu maze bagasubira kwubaka urusengero. (Ezira 1:1, 2) Umwaka wakurikiye, abantu barashinze umushinge w’urusengero rushasha bisunze umugambi wa Yehova. Abo bantu bari bavuye mu bunyagano barahimbawe bongera barashemeza Yehova kubera ko yari yahezagiye intambwe ya mbere y’ico gikorwa gihambaye. (Ezira 3:8, 10, 11) Mugabo ico gikorwa cabo co gusubira kwubaka nticatevye kurwanywa maze abantu baravunika umutima. (Ezira 4:4) Haciye nk’imyaka 15 bavuye mu bunyagano, abategetsi b’Ubuperesi barabujije igikorwa cose kijanye no kwubaka i Yeruzalemu. Kugira ngo itegeko ryo kubuza ivyo bikorwa rirushirize gukomezwa, abategetsi bo muri ako karere barashitse i Yeruzalemu maze “[babuza Abayuda] kubandanya igikorwa bakoresheje inguvu z’ibirwanisho.”—Ezira 4:21-24.
Kubera ko Abayuda bari bahanganye n’iyo ntambamyi ikomeye, baribeshe n’ivyiyumviro bitari vyo. Bibwiye bati: “Igihe ntikiragera, igihe c’uko inzu ya Yehova yubakwa.” (Hag. 1:2) Bashitse ku ciyumviro c’uko Imana itashaka ko urusengero ruca rwubakwa. Aho kurondera ukuntu bokora ivyo igomba, barahevye ico gikorwa ceranda bari bashinzwe maze bitwararika cane ivyo kuryohora amazu yabo bwite. Umuhanuzi w’Imana Hagayi yababajije adakikiriza ati: “Mbega ubu ni igihe c’uko mwebwe mwibera mu mazu yanyu yometseko imbaho kandi iyi nzu [ni ukuvuga urusengero rwa Yehova] ari umusaka?”—Hag. 1:4.
Woba ubona icigwa kiri muri ako karorero? Kubona mu buryo butari bwo ibijanye n’igihe umugambi w’Imana ubwirizwa kurangukirako, vyoshobora gutuma tutaba tukibona yuko ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu bihambaye maze tugasamazwa n’ibikorwa vyacu bwite. Kugira ngo tubitangire akarorero, nufate yuko witeze abashitsi. Kuguma ubona yuko bari mu gushika vyoshobora gutuma uza urakora udukorwa twinshi uko urangura ibikorwa vya nkenerwa bijanye n’igihe bazohamara. Ariko rero, uciye umenyeshwa yuko abo bashitsi bawe batagishitse ku gihe wari ubiteze. Woba woca uhagarika iyo myiteguro?
Mugabo uribuka yuko Hagayi na Zekariya bafashije Abayuda gutahura ko Yehova yari agishaka ko urwo rusengero rwubakwa mu maguru masha. Hagayi yabahimirije ati: “Mukomere namwe banyagihugu mwese, . . . hanyuma mukore.” (Hag. 2:4) Bari bakeneye kubandanya ico gikorwa bari bafise, bizigiye yuko impwemu y’Imana yobashigikiye. (Zek. 4:6, 7) Ako karorero koba none koshobora kudufasha kwirinda gushika ku vyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’umusi wa Yehova?—1 Kor. 10:11.
Ivyiyumviro bitari vyo bisubirizwa ivyiyumviro bibereye
Mw’ikete rigira kabiri intumwa Petero yanditse, yaravuze ibijanye n’igihe Yehova yashinze co gushiraho “amajuru mashasha n’isi nshasha.” (2 Pet. 3:13) Yarerekanye yuko abashinyaguzi bamwebamwe wasanga bavyura inkeka ku vy’uko Imana yoba izokwigera ihaseruka ikagira ico ikoze mu bijanye n’ivyo abantu bakora. Baraharira bihenda bavuga yuko ata kintu na kimwe cobaye, yuko “ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.” (2 Pet. 3:4) Petero yashaka gutangira ivyo vyiyumviro bitari vyo. Yanditse ati: “Ndiko nkangura ubushobozi bwanyu bwo kwiyumvira butomoye mu kubibutsa.” Yaribukije abakirisu bagenziwe yuko ivyiyumviro vy’abo bashinyaguzi bitari vyo. Imana yari yarahaserutse iragira ico ikoze mu bijanye n’ivyo abantu bakora, irazana umwuzure ukwiye kw’isi yose watikije inganda.—2 Pet. 3:1, 5-7.
Mu 520 B.G.C., Hagayi yarahimirije muri ubwo buryo nyene abo Bayuda bahororokewe bari bavunitse umutima. Yabahanuye ati: “Nimushire umutima ku nzira zanyu.” (Hag. 1:5) Kugira ngo akangure ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira, yaribukije abo bari basangiye ugusenga ibijanye n’imigambi y’Imana be n’ivyo yasezeranye vyerekeye abasavyi bayo. (Hag. 1:8; 2:4, 5) Haciye igihe gito abahaye iyo ndemesho, igikorwa co kwubaka carasubiye gutangura, naho abategetsi bari baratanze itegeko ryo kukibuza. Ababarwanya barasubiriye kugerageza guhagarika ico gikorwa co kwubaka, mugabo vyarabataye ku w’amazi. Itegeko ryabuza ico gikorwa ryarakuweho, maze mu myaka itanu bararangiza kwubaka urwo rusengero.—Ezira 6:14, 15; Hag. 1:14, 15.
Dushire imitima ku nzira zacu
Woba wibaza yuko twoshobora kuvunika umutima igihe hadutse ingorane nk’uko vyagendeye abo Bayuda bo mu gihe ca Hagayi? Hamwe ivyo vyoshika, twoshobora gusanga bigoye kuguma dufise umwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Ariko none, ni igiki coshobora gutuma tuvunika umutima? Twoshobora gusanga turiko turashikirwa n’imibabaro kubera akarenganyo ko muri iyi si. Zirikana ibijanye na Habakuki, uwabajije ati: “Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize?” (Hab. 1:2) Turavye ivyo bamwebamwe boshobora kubona ko ari uguteba, umukirisu munaka yoshobora kutaba akibona yuko ibintu vyihutirwa maze agashira mu kibanza ca mbere ivyo kubaho yidibamiye. Ivyo vyoba vyoshobora kugushikira? Hamwe twobona ibintu muri ubwo buryo, twoba turiko turibesha. Ese ukuntu bihambaye cane ko dukurikiza impanuro yo mu Vyanditswe idusaba ‘gushira imitima ku nzira zacu’ no ‘gukangura ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira butomoye’! Twoshobora kwibaza duti: ‘Kuba ivy’iyi si mbi bimaze igihe kirekire kuruta uko nari ndavyiteze vyoba bikwiye kuntangaza?’
Ikiringo Bibiliya yari yaravuze
Nufate akanya urimbure amajambo ya Yezu yerekeye insozero y’ivy’iyi si. Inkuru ya Mariko ivuga ibijanye n’ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye imisi ya nyuma, irahishura yuko Yezu yaduhimirije akatari gake kuguma turi maso. (Mrk. 13:33-37) Ingabisho nk’iyo turayisanga mu majambo y’ubuhanuzi adondora umusi uhambaye wa Yehova uzoshika kuri Harumagedoni. (Ivyah. 16:14-16) Ni kubera iki none izo ngabisho ziguma zisubirwamwo? Ivyibutswa nk’ivyo birakenewe igihe abantu bahakwa kutaba bakibona ko ibintu vyihutirwa bitumwe n’uko bamaze ikiringo gisa n’aho ari kirekire barindiriye.
Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana yuko dukeneye kuguma turi maso uko turindira umuhero w’ivy’isi. Yaravuze ibijanye na nyen’urugo inzu yiwe yamenywe maze igasahurwa. None yari gushobora gute kwirinda gusahurwa? Yari kuguma ari maso ijoro ryose. Yezu yasozereye ico kigereranyo ciwe mu kuduhanura ati: “Mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”—Mat. 24:43, 44.
Ico kigereranyo kirerekana ko dukeneye kuba abiteguriye kurindira, naho vyoba ngombwa ko tumara igihe kirekire turindiriye. Ntidukwiye kurazwa ishinga mu buryo burenze urugero n’uko ivy’iyi si mbi bishobora kuba bimaze igihe kirekire kuruta uko twari tuvyiteze. Ntidukwiye kwibesha mu kwiyumvira twihenda yuko ‘igihe ca Yehova kitaragera.’ Ukwiyumvira nk’ukwo kwoshobora gutuma icipfuzo dufise co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kitaba kigikomeye.—Rom. 12:11.
Nurandurane n’imizi ivyiyumviro bitari vyo
Ku bijanye n’ivyiyumviro bitari vyo, ingingo ngenderwako iri mu Bagalatiya 6:7 iragira ico idukozeko. Igira iti: “Ntimuzimire . . . Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” Mu gihe umurima ugumye utabibwe, uca umeramwo ivyatsi bibi. Muri ubwo buryo nyene, mu gihe tudakanguye ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira butomoye, ivyiyumviro bitari vyo birashobora kunaga mu mizirikanyi yacu. Nk’akarorero, twoshobora kwibwira duti: ‘Umusi wa Yehova uzoshika ata kabuza, mugabo si ubu.’ Kuba twoba dusigaye tubona ibintu muri ubwo buryo vyoshobora gutuma dutangura gufata minenerwe ibikorwa vya gitewokarasi. Amaherezo, umwete twahora dufise mu vy’impwemu woshobora kugabanuka, bigatuma ducika intege. Ico gihe umusi wa Yehova woshobora kuduhwikira.—2 Pet. 3:10.
Ariko rero, ivyiyumviro bitari vyo ntibizonaga mu mizirikanyi yacu nitwaguma twiyemeza neza “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Kwama dusoma Ijambo ry’Imana ni kimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi bidufasha kubishikako. Ivyanditswe birashobora gutuma turushiriza kujijuka yuko Yehova yama agira ico akoze ku gihe yashinze.—Hab. 2:3.
Kwiyigisha, gusenga, kwitaba amakoraniro tudahorereza no kwamamaza, biri kumwe n’ibikorwa biranga ubuntu dukora tubitumwe n’urukundo, bizotuma dushobora “[k]wamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova.” (2 Pet. 3:11, 12) Yehova azobona ko tubigira tudahorereza. Intumwa Paulo atwibutsa ati: “Ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa.”—Gal. 6:9.
Ego cane, ubu si co gihe co kureka ngo ivyiyumviro bitari vyo biduhende maze twiyumvire yuko umusi wa Yehova wigijwe inyuma. Ahubwo nyabuna, ni igihe co gukomeza imitima yacu, kuko umusi wa Yehova wegereje.
[Ifoto ku rup. 4]
Hagayi na Zekariya barahimirije Abayuda ngo bubake
[Ifoto ku rup. 5]
Vyari kugenda gute iyo nyen’urugo amenya ko igisuma coje?