ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 32
  • Yezu ‘arakuraho igicumuro c’isi’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ‘arakuraho igicumuro c’isi’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 32

Yezu ‘arakuraho igicumuro c’isi’

Yohani Umubatizi yavuze yuko Yezu “[a]kuraho igicumuro c’isi.” (Yohani 1:29) Ivyo vyarashize ahabona uruhara Yezu agira mu bijanye no gukiza abantu bagamburuka.

Ariko none, ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Yezu apfa kugira ngo akize abacumuzi?

Ni igiki yashitseko mu gutanga ubuzima bwiwe abikunze?

Ni nde yungukira ku rupfu rwiwe?

Rushobora kukumarira iki?

Buri mwaka, Ivyabona vya Yehova barakoranira hamwe kugira ngo bibuke urupfu rwa Yezu kw’igenekerezo rihuye n’umusi yapfiriyeko. Muri uyu mwaka, uwo musi uhurirana no ku w’iyinga, igenekerezo rya 17 Ndamukiza, izuba rirenze.

Ivyabona vya Yehova baragutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze gukoranira hamwe na bo kugira ngo mwihweze ico urupfu rwa Yezu rusobanura. Hazorimburwa inyishu Bibiliya itanga ku bibazo biri aho haruguru.

Woshobora kwitaba urwo rubanza mu kibanza kiri hafi y’aho uba. Turakwinginze ubaze Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu bakubwire isaha be n’aho urwo rubanza ruzobera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika