Ibirimwo
15 Ruhuhuma 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
4-10 Ndamukiza 2011
Ingene impwemu nyeranda yagize uruhara mw’irema
URUPAPURO 6
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 110, 112
11-17 Ndamukiza 2011
Gushimwa n’Imana bishikana ku buzima budahera
URUPAPURO 13
18-24 Ndamukiza 2011
Nukunde ubugororotsi n’umutima wawe wose
URUPAPURO 24
25 Ndamukiza 2011–1 Rusama 2011
URUPAPURO 28
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1 URUPAPURO 6-10
Ivyiyumviro biri muri iki kiganiro bizotuma turushiriza gutahura ukuntu Imana yakoresheje impwemu nyeranda yayo mu kurema ibiri mu kirere be n’isi. Iki cigwa kizotuma kandi turushiriza kujijuka ko Yehova ari Umuremyi wacu w’inkerebutsi kandi w’umunyabubasha.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2 URUPAPURO 13-17
Abantu muri rusangi usanga bitwararika cane ibijanye no gutekanirwa mu vy’umubiri. Mugabo Bibiliya irerekana ko dukwiye kurushiriza kwitwararika ibijanye no gushimwa n’Imana. Iki kiganiro kirashimika ku vy’uko dukeneye kurushiriza kwizigira Yehova kikongera kikatwereka ibintu twokora kugira ngo duhere amazinda ko adutonesha.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 24-32
‘Yezu yarakunze ubugororotsi, yanka ubugarariji.’ (Heb. 1:9) Ibi biganiro birerekana ukuntu twomwigana. Birerekana igituma bihambaye ko twiga gukunda ubugororotsi tukongera tugatsimbataza umutima wo kwanka ubugarariji.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Niwigishe abana bawe kwubaha
11 Akigoro ugira si ak’impfagusa!
18 Woba vy’ukuri ukenguruka imihezagiro ufise?
21 “Kugamburuka kuruta ikimazi”