ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/2 rup. 12
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/2 rup. 12

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Musa yashavuriye bene Aroni ari bo Eleyazari na Itamari inyuma y’urupfu rwa bene wabo Nadabu na Abihu, kandi ishavu ryiwe ryahwamitswe gute?​—Lew. 10:16-20.

Haciye igihe gito ubuherezi bushinzwe kugira ngo buze buritwararika ibikorwa vyo kw’itaberenakulo, Yehova yarishe bene Aroni ari bo Nadabu na Abihu kubera yuko bari bashikaniye imbere yiwe umuriro utemewe n’amategeko. (Lew. 10:1, 2) Musa yaciye ategeka bene Aroni bari basigaye ngo ntibagandarire abo bene wabo bari bapfuye. Haciye igihe gito ivyo bibaye, Musa yararakariye Eleyazari na Itamari kuko batari bariye impene y’ishikanwa ry’igicumuro. (Lew. 9:3) Ni kubera iki none Musa yavyifashemwo gutyo?

Amategeko Yehova yari yarahaye Musa yaravuga mu buryo butomoye yuko umuherezi yaba yatanze ishikanwa ry’igicumuro yategerezwa kuriryako, akaririra mu kigo c’ihema ry’ihuriro. Kubigenza gutyo vyabonwa yuko ari ukwishura ibicumuro vy’ababa batanze ico kimazi. Ariko rero, mu gihe makeyi ku maraso y’ico kimazi yaba yajanywe Ahantu Heranda, ni ukuvuga mu gice ca mbere c’aheranda, iryo shikanwa ntiryari kuribwa. Ahubwo ryategerezwa guturirwa.​—Lew. 6:24-26, 30.

Biboneka yuko inyuma y’aho ivyo bintu bibabaje bishikiye kuri uwo musi, Musa yabonye ko akeneye kwiyemeza neza yuko amabwirizwa ya Yehova yose yari yakurikijwe. Aho aboneye yuko impene y’ishikanwa ry’igicumuro yari yaturiwe, yarabajije Eleyazari na Itamari arakaye icari catumye batayirya nk’uko vyari vyarategetswe, kubera yuko amaraso yayo atari yashikanywe imbere ya Yehova Ahantu Heranda.​—Lew. 10:17, 18.

Aroni yarishuye ico kibazo Musa yari abajije, kubera yuko bigaragara ko ivyo abo baherezi bari basigaye bari bakoze, ari we yari yabibarekuriye. Aroni afatiye ku vy’uko babiri mu bahungu biwe bari bishwe, ashobora kuba yaribajije nimba hari n’umwe muri abo baherezi yari gushobora kurya ata co yiyagiriza kw’ishikanwa ry’igicumuro kuri uwo musi. Ashobora kuba yariyumviriye yuko iyo barya kuri iryo shikanwa bitari guhimbara Yehova, naho nyene atari bo ahanini babazwa ikosa Nadabu na Abihu bari bakoze.​—Lew. 10:19.

Aroni ashobora canecane kuba yariyumviriye yuko igihe abagize umuryango wiwe barangura ibikorwa vyabo vy’ubuherezi ari bwo bwa mbere, bari bakwiye kwitwararika cane guhimbara Imana mbere no mu tuntu dutoduto. Ariko rero, Nadabu na Abihu bari bahumanije izina rya Yehova bituma ishavu ry’Imana ribarurumbira. Aroni ashobora rero kuba yariyumviriye yuko abo mu muryango w’abaherezi wari wabonetsemwo igicumuro nk’ico, batari bakwiye kurya kw’ishikanwa ryeranda.

Biboneka yuko Musa yemeye inyishu ahawe na mwene wabo, kuko uwo murongo usozera uti: “Musa ngo avyumve, arabishima.” (Lew. 10:20) Bigaragara ko na Yehova yanyuzwe n’inyishu Aroni atanze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika