ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/2 rup. 3-5
  • Niwigishe abana bawe kwubaha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe abana bawe kwubaha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bariga imico myiza biciye ku karorero
  • Nubigishe ukoresheje uburorero bwo muri Bibiliya
  • Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Urupfasoni Ni Kamere Iranga Abantu Bubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Yarihanganye gushika kw’iherezo
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/2 rup. 3-5

Niwigishe abana bawe kwubaha

HARI umugani w’ikidagi uvuga uti: “Uwufise inkofero mu minwe, nta gihugu na kimwe atajamwo.” Mu mico kama myinshi, igihe umuntu yaba akuye inkofero imbere y’uko yinjira mu rugo rw’uwundi canke igihe yaba ariko araramukanya vyabonwa ko ari inyifato iranga urupfasoni yatuma agaragarizwa icubahiro. Ku bw’ivyo, uwo mugani duhejeje kuvuga usobanura yuko usanga abantu bafise impengamiro yo kurushiriza kugaragariza umutima mwiza abantu bafise imico myiza no kurushiriza kugira ico babakoreye.

Ese ukuntu biruhura igihe abakiri bato bafise imico myiza! Umucungezi umwe w’umuzunguruko wo muri Honduras akunda kujana n’abamamaji b’imyaka itandukanye mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu, avuga ati: “Narabonye akatari gake yuko umwana yarezwe neza kandi yubaha agira ikintu kinini akoze ku muntu tuba dusanze ku muhana kuruta uko ivyo mvuga bigira ico bikoze kuri we.”

Muri ibi bihe aho usanga ivyo kutubaha birushiriza kwongerekana, kumenya ukuntu twofata abandi ni ikintu c’ingirakamaro. N’ikiruta ivyo, Ivyanditswe biduhanura “[k]wigenz[a] nk’uko bibereye inkuru nziza yerekeye Kristu.” (Flp. 1:27; 2 Tim. 3:1-5) Birahambaye cane ko twigisha abana bacu kwubaha abandi. Bashobora gute none kwigishwa kuba abantu bubaha babikuye ku mutima atari ukwubaha kubonekera inyuma gusa?a

Bariga imico myiza biciye ku karorero

Abana bariga biciye ku kwigana uburorero babona. Ku bw’ivyo rero, uburyo nyamukuru abavyeyi bashobora kwinjiza mu bana babo imico myiza ni mu kugira na bo nyene imico myiza. (Gus. 6:6, 7) Gufasha umwana wawe kuzirikana ku bijanye n’ukwubaha ni ikintu gihambaye, mugabo ivyo vyonyene ntibihagije. Akarorero keza kari kumwe n’ivyibutswa karahambaye rwose.

Rimbura ivyerekeye Paula,b uno akaba yakuriye mu rugo rw’abakirisu arezwe n’umuvyeyi umwe. Kwubaha abantu bose vyahavuye biba kimwe mu bintu bimuranga. Uti kubera iki? Yishura ati: “Kubera ko mawe yaduhaye akarorero, kuri twebwe abana kwubaha wasanga ari ikintu cizana.” Umukirisu umwe yitwa Walter yarigishije abahungu biwe kwubaha nyina wabo batari basangiye ukwemera. Avuga ati: “Naragerageje kwigisha abahungu banje kwubaha nyina wabo biciye ku karorero nabaha, sinigere nebagura umukenyezi wanje.” Walter yarabandanije kwigisha uduhungu twiwe akoresheje Ijambo ry’Imana, kandi yarasenga Yehova amusaba ko yomufasha. Ubu umwe muri bo akorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, uwundi na we akaba ari umutsimvyi. Abahungu biwe barakunda abavyeyi babo bompi kandi barabubaha.

Bibiliya ivuga iti: “Imana [si] Imana y’umuvurungano, ahubwo ni iy’amahoro.” (1 Kor. 14:33) Ikintu cose Yehova akora agikora ku rutonde. Abakirisu barakwiye kwihatira kwigana iyo kamere iva ku Mana maze bakagumiza ibintu ku rutonde mu rugo rwabo. Abavyeyi bamwebamwe baramenyereje abana babo gusasa uburiri bwabo buri musi imbere y’uko baja kw’ishure, gushira impuzu zabo mu kibanza kibereye, no gufasha mu dukorwa two mu rugo. Mu gihe abana babonye yuko ibindi bibanza vyo mu nzu birimwo urutonde kandi bisukuye, birashoboka rwose ko na bo nyene baguma batunganije ivyumba vyabo kandi ntibandagaze ivyo batunze.

Abana bawe babona gute ivyo biga kw’ishure? Boba baserura ko bakenguruka ivyo abigisha babo babakorera? Bwa muvyeyi, woba userura mwene ukwo gukenguruka? Abana bawe bazogira agatima ko kubona ibikorwa bahabwa kw’ishure be n’abigisha babo nk’uko wewe ubibona. Ubona gute ubaremesheje kuza barakengurukira abigisha babo? Gukenguruka ibikorwa bakorerwa, vyaba ivyo bakorerwa n’umwigisha, umuganga, uwukora mw’ibutike canke uwundi muntu uwo ari we wese, ni uburyo bwiza cane bwo kwerekana ko bubaha. (Luka 17:15, 16) Abakirisu bakiri bato batandukanye n’abo bigana kubera yuko bubaha kandi bigenza neza, barakwiye gukezwa.

Abagize ishengero rya gikirisu barakwiye gutanga akarorero keza ku bijanye n’imico myiza. Urazi ukuntu usanga ari vyiza kubona urwaruka rwo mw’ishengero rugaragaza urupfasoni mu kuvuga ngo “ndakwinginze” na “urakoze”! Igihe abakuze bagaragaza ko bubaha Yehova mu gutega yompi inyigisho itangwa mu gihe c’amakoraniro, abakiri bato bararemeshwa kubigana. Abana barashobora kwiga kwubaha ababanyi babo mu kwihweza uburorero bwiza bw’abagaragaza imico myiza ku Ngoro y’Ubwami. Nk’akarorero, uwitwa Andrew igihe yari afise imyaka ine yari amaze kumenya kuvuga ngo “murantunga,” igihe yaba agira ace ahari abantu bakuze.

Ni ikindi kintu ikihe abavyeyi bokora kugira ngo bafashe abana babo kumenya ivyo bitezweko mu bijanye n’inyifato ibereye? Abavyeyi barashobora gufata umwanya wo kuyaga n’abana babo ku vyigwa bakuye ku burorero bwinshi buri mw’Ijambo ry’Imana kandi barakwiye kubigira.​—Rom. 15:4.

Nubigishe ukoresheje uburorero bwo muri Bibiliya

Birashoboka rwose ko nyina wa Samweli yigishije ako gahungu kiwe kuza karunamira Umuherezi Mukuru Eli. Igihe yajana ka Samweli kw’itaberenakulo, gashobora kuba kari gafise imyaka itatu canke ine gusa. (1 Sam. 1:28) Woba ushobora kumenyereza akana kawe kuramukanya ngo “bwakeye?”, “mwiriwe?”, canke ukundi kuntu bakunze kuramukanya aho iwanyu? Cokimwe n’uwo mwana Samweli, abana bawe na bo nyene barashobora “gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.”​—1 Sam. 2:26.

Ubona gute ukoresheje inkuru zo muri Bibiliya kugira ngo ushire ahabona itandukaniro riri hagati yo kwubaha no kutubaha? Nk’akarorero, igihe wa Mwami w’igihemu wa Isirayeli ari we Ahaziya yashaka kubona umuhanuzi Eliya, yararungitse “umukuru w’abasoda mirongo itanu ari kumwe n’abasoda biwe mirongo itanu” kugira ngo amurengutse. Uwo mukuru w’abasoda yarategetse uwo muhanuzi ngo amukurikire. Ukwo si ko yari akwiye kubwira umuntu aserukira Imana. None Eliya yishuye gute? Yavuze ati: “Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mu majuru ukurigatane n’abasoda bawe mirongo itanu.” Kandi ukwo nyene ni ko vyagenze. Bibiliya ivuga iti: “Umuriro uca uramanuka uvuye mu majuru, umurigatana n’abasoda biwe mirongo itanu.”​—2 Abm. 1:9, 10.

Haciye harungikwa umukuru w’abasoda 50 agira kabiri kugira ngo aje kuzana Eliya. Na we nyene yaragerageje gutegeka Eliya ngo ajane na we. N’ico gihe nyene, umuriro waciye umanuka uvuye mu majuru. Mugabo mu nyuma, umukuru w’abasoda 50 agira gatatu yaragiye iyo Eliya ari. Uwo mugabo yaragaragaje icubahiro. Aho gutegeka Eliya, yarapfukamye maze aramwinginga ati: “Muntu w’Imana y’ukuri, ndakwinginze ubuzima bwanje n’ubuzima bw’aba basuku bawe mirongo itanu bube ubw’agaciro mu maso yawe. Ehe umuriro wamanutse uvuye mu majuru, urigata ba bakuru babiri ba mbere b’abasoda mirongo itanu be n’abasoda babo mirongo itanitanu; mugabo ubu, ubuzima bwanje nibube ubw’agaciro mu maso yawe.” Uwo muhanuzi w’Imana yoba none yari guhamagara umuriro ngo utibukire ku muntu ashobora kuba yari afise ubwoba mugabo akavugana icubahiro nk’ico? Ivyo ntivyobaye vyumvikana! Ahubwo riho, umumarayika wa Yehova yabwiye Eliya ngo ajane n’uwo mukuru w’abasoda. (2 Abm. 1:11-15) Ivyo none ntibishimika ku gaciro ko kwubaha?

Igihe intumwa Paulo yashirwa aho abasoda b’Abaroma bamucungira ku rusengero, ntiyibwiye ko yari afise uburenganzira bwo kugira ico avuze. Abigiranye icubahiro yarabajije umukuru w’abasoda bari bamucunze ati: “Noba nemerewe kugira ico nkubwiye?” Ivyo vyatumye Paulo aronka akaryo ko kugira ico avuze mu kwiburanira.​—Ivyak. 21:37-40.

Igihe Yezu yariko arasambishwa, yarakubiswe ikofe mu maso. Ariko rero, yari azi uburyo bwiza bwo kwerekana ko adashimye ivyo bamugiriye. Yavuze ati: “Nimba mvuze nabi, erekana ico kibi; ariko nimba mvuze neza, unkubitiye iki?” Nta muntu n’umwe yashoboye gutora amahinyu ukwo kuntu Yezu yari avuze.​—Yoh. 18:22, 23.

Ijambo ry’Imana ririmwo kandi uburorero bwerekana ukuntu twovyifatamwo igihe dukosowe mu buryo bukomeye be n’ukuntu twokwemera tubigiranye icubahiro ibintu bimwebimwe bibi twakoze kera canke ivyo twakoze tutabanje kwiyumvira. (Ita. 41:9-13; Ivyak. 8:20-24) Nk’akarorero, Abigayili yarasavye ikigongwe kubera ukuntu umugabo wiwe Nabali yafashe Dawidi mu buryo butaranga urupfasoni. Ikigeretse kuri ukwo gusaba ikigongwe, yarahaye Dawidi ingabirano igizwe n’ibifungurwa vyinshi cane. Dawidi yarakozwe ku mutima cane n’ico kintu Abigayili yakoze ku buryo Nabali amaze gupfa yaciye amutwara ngo amubere umugore.​—1 Sam. 25:23-41.

Niwigishe abana bawe kwubaha, haba mu bijanye no kugaragaza icubahiro mu bintu bitoroshe canke mu bijanye no kugaragaza gusa imico myiza. ‘Kureka umuco wacu ukakira imbere y’abantu’ muri ubwo buryo, ‘biratuma Data wa twese ari mw’ijuru aninahazwa.’​—Mat. 5:16.

[Utujambo tw’epfo]

a Ariko ntiwumve, abavyeyi barakeneye gufasha abana babo kumenya itandukaniro riri hagati yo kwubaha abantu bakuze no kworohera umuntu afise intumbero yo kubagirira nabi. Raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Gitugutu 2007, urupapuro rwa 3-11.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika