Ubukozi bw’ikibi bwose Buzovaho Ata Kabuza!
IMANA yaraduhaye Ijambo ryayo ryahumetswe, rikaba ryerekana imvo zituma abantu bakora ikibi. Yaraduhaye n’ubushobozi bwo kwihitiramwo be n’ubwo kwigumya, bukaba budushoboza guhitamwo kudakora ikibi. (Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19) Kubera yuko dufise ubwo bushobozi, turashobora kumenya no kwemanga udutima tubi utwo ari two twose twoba dufise maze tugakora ibikenewe kugira ngo dukosore ibintu. Kwirinda gukora ikibi bizotuma amaherezo twebwe hamwe n’abandi tugira agahimbare.—Zaburi 1:1.
Ariko naho umwe wese muri twebwe yita ku rutare kugira yirinde gukora ikibi, isi irabandanya gusinzikazwa n’ubukozi bw’ikibi bugirwa n’abantu nkatwe. Bibiliya iratuburira iti: “Umenye ibi: yuko mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Kugira yerekane igituma iyo misi iba ‘iyigoye kwihanganira,’ ibandanya iti: “Abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana, bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo; abo rero ubace kure.”—2 Timoteyo 3:1-5.
Ushobora kuba wabonye imvugo ngo “imisi ya nyuma” mu majambo y’ubuhanuzi ari aho haruguru. None iyo mvugo uyitahura gute? Nk’uko abantu boshoka bavyumva, kuvuga ngo “imisi ya nyuma” vyerekana yuko hari ikintu kanaka kiri mu kurangira. Uti ico coba ari igiki? Raba ico Imana isezerana mw’Ijambo ryayo.
Ababisha bazoherengetezwa.
“Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—ZABURI 37:10, 11.
“Yehova arinda abamukunda bose, mugabo ababisha bose azobazimanganya.”—ZABURI 145:20.
Nta gahahazo kazoba kakiriho.
“Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—ZABURI 72:12, 14.
“Ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya bi[ve] mu buja bw’ukubora, bi[gire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”—ABAROMA 8:21.
Abantu bazoronswa ibintu bakeneye.
“Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.”—MIKA 4:4.
“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”—YESAYA 65:21, 22.
Ubutungane buzosasagara.
“Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro . . . ? Ndabibabwiye: Izotuma batunganirizwa ningoga.”—LUKA 18:7, 8.
“Yehova akunda ubutungane, kandi ntazoheba intahemuka ziwe. Vy’ukuri zizorindwa gushika igihe kitagira urugero.”—ZABURI 37:28.
Isi izoba yuzuye ubugororotsi.
“Ubugororotsi ni bwo ababa ku butaka bwimbuka bazokwiga.”—YESAYA 26:9.
“Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.”—2 PETERO 3:13.
Abantu bariko barahinduka muri iki gihe
Nta gukeka ko twese twohimbarwa n’iyo mihango. Ariko ni igiki none cotwemeza ko izoranguka? Mu vy’ukuri, ikibitwemeza kiriho muri kino gihe. Uti ni ikihe? Ni uko abantu amamiliyoni kw’isi yose bashoboye guhinduka bariyambura ubwikunzi, ubuhumbu canke ubukazi maze bariga kuba inzirabugunge n’imvugakuri, abanyamahoro n’abanyabuntu. Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bagize umuryango w’abavukanyi barenga imiliyoni indwi ukwiye kw’isi yose. Bararengera ukudahuza gufatiye kw’ibara ry’urukoba, ubwoko, ubwenegihugu, ivya politike be n’ivy’ubutunzi, ari na vyo vyamye kuva kera bituma haba urwanko, ubukazi n’ugusesa amaraso.a Kuba abantu bariko barahinduka muri ubwo buryo, ni ikintu gikomeye gituma twizera yuko imihango y’Imana izoranguka ku rugero runini cane.
Ni igiki none gituma abantu bahinduka gutyo? Inyishu tuyisanga mu wundi muhango Bibiliya itanga wanditswe n’umuhanuzi Yesaya. Yanditse ati:
“Ibingira rizoza riramara igihe ribana vy’ukuri n’umwagazi w’intama w’isuguru, n’ingwe izoryama hamwe n’umwagazi w’impene, n’inyana n’intambwe y’umukangara y’umugāra be n’igikoko cagaburiwe neza vyose hamwe; kandi agahungu gatoyi ni ko kazobiyobora. . . . Mbere n’intambwe izorya ubwatsi nk’ishūri. Kandi umwana yonka azokinira koko ku mwobo w’imvuvyi; kandi umwana w’umucuko azoshira vy’ukuri ukuboko kwiwe ku mwimba w’inzoka y’ubumara ucamwo umuco. Ku musozi mweranda wanje wose, nta kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye; kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.”—Yesaya 11:6-9.
Ubwo buhanuzi bwoba buriko buvuga gusa ibijanye n’igihe ibikoko bizoba bibana amahoro n’abantu? Oya si ivyo gusa. Agace ka nyuma k’ayo majambo karerekana igituma haba ihinduka. Kagira gati: “Isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” None ubumenyi bw’Imana bwoba butuma ibikoko bihindura inyifato? Habe namba. Mugabo ubwo bumenyi burashobora gutuma abantu bahinduka, kandi burabigira koko! Ubwo buhanuzi bwari bwaravuze yuko abantu bashobora kuba bari bafise udutima tw’ubunyamaswa botwikuyemwo maze bagatsimbataza kamere nk’iya Kristu bivuye ku kwiga no gushira mu ngiro ivyo Bibiliya yigisha.
Raba nk’akarorero ivyashikiye Pedro.b Igihe yiyunga ku muhari ukora ivy’iterabwoba, yabona yuko yariko aharanira ubutungane. Amaze kuronka inyigisho, bamutegetse kuja aho inyamiramabi zikambitse kugira ngo ahasambuze amabombe. Igihe yariko aravyitegurira, yarafashwe. Pedro yamaze amezi 18 mw’ibohero, akaba yarahashishikariye umugambi wiwe w’ubugumutsi. Muri ico gihe nyene, muka Pedro yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Pedro avuye mu gasho, yaciye na we nyene atangura kwiga Bibiliya, kandi ivyo yiga ku vyerekeye Yehova Imana vyaramuvyuriye umutima wo kugira ibintu bikomeye ahinduye mu nyifato yiwe no mu kuntu yabona ubuzima. Pedro avuga ati: “Ndakengurukira Yehova kubona ntigeze vy’ukuri nkora amaraso mu myaka namaze nkora ivy’iterabwoba. Ubu ndakoresha inkota y’impwemu y’Imana, ari yo Bibiliya, kugira nshikirize abantu ubutumwa bw’amahoro n’ubutungane nyakuri, ni ukuvuga ya nkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.” Pedro yaranagendeye ha hantu yari yahoze afise umugambi wo gusambura, ajayo agiye gushikiriza ubutumwa buvuga ivy’amahoro be n’isi itarimwo ubukazi.
Akosho gakomeye Ijambo ry’Imana rishobora kugira ku bantu karatuma turushiriza kugira imvo zo kwizera ko umuhango Imana yatanze w’uko ubukozi bw’ikibi bwose buzohera uzoranguka ata kabuza. Egome, hazogera igihe abantu ntibabe bagikora ikibi, kuko bazoba barahindutse bakamera neza. Yehova agiye vuba gukuraho uwatanguje ubukozi bw’ikibi, ni ukuvuga Shetani, ari na we ayobora ivy’isi atibonekeza. Bibiliya ivuga iti: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Ariko vuba azokurwaho. Abigira akagaramaruganda bakanka guheba ingeso zabo z’ububisha, na bo nyene bazojana na we. Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubaho muri ico gihe ciza igitangaza!
None umuntu akwiye gukora iki kugira ngo ako kazoza ntikaze kamucike? Niwibuke yuko “ubumenyi bwa Yehova” ari bwo butuma abantu bahinduka muri iki gihe, bukaba ari na bwo nyene buzotuma haba amahinduka kw’isi yose muri kazoza kegereje. Wironkeje ubumenyi butarimwo amakosa bwa Bibiliya ukongera ukabushira mu ngiro nk’uko Pedro yabigize, na wewe nyene urashobora kwitegana igishika kuzokwibera mw’isi izoba ‘ibamwo ubugororotsi.’ (2 Petero 3:13) Tukuremesheje rero kutagisha akaryo ugifise ko kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana n’ubwerekeye Yezu Kristu, kuko ivyo bishobora gutuma wironkera ubuzima budahera.—Yohani 17:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi, raba agatabu Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Si ko yitwa.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]
Na wewe nyene urashobora kwitegana igishika kuzokwibera mw’isi izoba ‘ibamwo ubugororotsi.’—2 PETERO 3:13