Kubera iki abantu bakora ikibi?
NI ABANTU bake bohakana yuko twese turi n’akanenge, akaba ari co gituma duhuba, tugakora ibintu duhava tukicuza. Ariko none, ivyo vyoba bisigura igituma hakorwa ibintu bibi vyinshi bikomakomeye na bitobito hafi imisi yose, vyaba ivyo ubwacu tubona canke twumva, kibure ivyo tumenya biciye ku bimenyeshamakuru?
Naho turi n’akanenge, abantu muri rusangi baremera yuko hariho uturimbi tujanye n’inyifato runtu tudakwiye kwigera turenga be n’uko dushoboye kwirinda gukora ikibi. Vyongeye, abenshi ntiboharira yuko kwihenda atari cokimwe no kuvuga ikinyoma ceruye cambika ibara umuntu, be n’uko gukomeretsa umuntu biturutse kw’isanganya atari cokimwe no kumwica wari wabiteguye. Naho ari ukwo, ibintu vy’agahomerabunwa usanga akenshi bikorwa n’abantu bo mu kibano ubona umengo bameze nk’abandi. Kubera iki none? Ni kubera iki abantu bakora ikibi?
Bibiliya iradufasha gutahura ivy’ico kibazo. Irerekana itihenda imvo nyamukuru zituma abantu bakora ivyo bazi ko ari bibi. Raba ivyo ivuga.
▪ “Agahahazo gashobora gutuma umuntu w’inkerebutsi akora nk’umusazi.”—UMUSIGUZI 7:7.
Bibiliya iriyemerera yuko bishika abantu bagakora ivyo batokoze, bivanye n’uko ibintu vyifashe. Hari mbere n’abokora ivy’ububisha barondera gushika ku vyo babona ko ari wo muti w’ingorane n’akarenganyo. Igitabu kimwe kivuga ivyerekeye iterabwoba (Urban Terrorism) kigira giti: “Akenshi usanga imvo nyamukuru ituma umuntu akora ivy’iterabwoba ari ukuba yarashegeshwe vy’ukuri n’ibintu bikomeye cane biboneka ko bigoye guhindura bijanye n’ivya politike, ivy’imibano be n’ivy’ubutunzi.”
▪ “Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.”—1 TIMOTEYO 6:10.
Hari abavuga yuko n’abantu bameze neza usanga bata ubuntu bageze kw’ifaranga. Abantu bamwebamwe baboneka ko ari intore kandi b’umutima mwiza mu bihe bisanzwe, iyo bageze ku mahera urayoberwa iyo wababonye bagacika abantu b’abayobe kandi bakora ikibi. Iyumvire nawe ubukozi bw’ikibi bwinshi buturuka ku mwina: uri ukwambura abantu utwabo hakoreshejwe iterabwoba, uri ukubanyaga, uri ugukora forode, uri ukunyuruza abantu, eka mbere n’ubwicanyi.
▪ “Kubera ko urubanza rwo guhasha igikorwa kibi rutashikijwe ningoga, ni co gituma umutima w’abana b’abantu wiyemeje rwose muri bo gukora ikibi.”—UMUSIGUZI 8:11.
Ico canditswe kirerekana ukuntu abantu usanga bakunda kwiyumvira yuko umuntu ashobora gukora ivyo yishakiye vyose ntihagire uwumurya urwara, igihe abategetsi bataba barikanuye. Ukwo ni ko usanga bimeze ku batwara umuduga biruka cane, abiba inyishu z’ibibazo, abanyuruza itunga ry’igihugu, canke abakora ibibi biruta ivyo. Igihe ivyaha bitama vyahanywe canke igihe abantu badatinya ko bofatwa, abantu bari basanzwe bubahiriza amategeko boshobora kwubahuka gukora ivyo batokoze. Ikinyamakuru kimwe (Arguments and Facts) kivuga yuko “kuba inkozi z’ikibi zijandajandira ntizihanwe bisa n’ibiremesha abanyagihugu basanzwe gukora ibibi vy’agahomerabunwa.”
▪ “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.”—YAKOBO 1:14, 15.
Abantu bose vyoshika bakagira ivyiyumviro bitabereye. Uko bukeye uko bwije, turacucagirwa ivyiyumviro be n’ibigeragezo bitagira uko bingana bitwosha gukora ibitabereye. Mu bihe vya Bibiliya, abakirisu babwiwe bati: “Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu.” (1 Abakorinto 10:13) Naho ari ukwo, ingene biheza bikagenda bivana n’ico umuntu ahitamwo gukora, ni ukuvuga guca ubwo nyene yikuramwo ico ciyumviro kibi canke na ho kucigumizamwo akakireka kigakura. Ico canditswe co mw’ikete ryahumetswe rya Yakobo kiratugabisha yuko umuntu aretse icipfuzo kibi ‘kigatwara inda,’ bitabura kuvyara ibikorwa bibi.
▪ “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”—IMIGANI 13:20.
Nta wofatira mu rwara akosho keza canke kabi abo twifatanya bashobora kutugirako. Akatari gake abantu usanga bakora ivyo batipfuza gukora bitewe n’akosho k’urunganwe canke bivanye n’uko ‘ugendana na Suneba ugasuneba nka we’ nk’uko bakunze kubivuga, maze bikavamwo ingaruka ziteye agahinda. Mu mvugo ya Bibiliya, “ibijuju” si abantu batagira ubwenge, ahubwo ni abiyobagiza impanuro ziranga ubukerebutsi zo mw’Ijambo ry’Imana. Twaba tukiri bato canke dukuze, tudakoresheje ubukerebutsi mu guhitamwo abagenzi be n’abo twifatanya, ni ukuvuga tutisunze ingingo ngenderwako nziza zo muri Bibiliya, twokwitega ko ‘tuzokwibonerako.’
Iyo mirongo yo muri Bibiliya hamwe n’iyindi myinshi irasigura mu buryo burashe igituma abantu kumbure muri rusangi bameze nk’abandi, usanga bahava bagakora ibintu bibi, mbere n’ibintu vy’agahomerabunwa. Ego ni ko, gutahura imvo zituma abantu bakora ibintu biteye ubwoba birafasha. Ariko none, umuntu yoba yokwizigira yuko ibintu bizohinduka bikamera neza? Egome. Kukaba nkako, Bibiliya ntisigura gusa igituma abantu bakora ikibi, ariko kandi irasezerana yuko mwene ubwo bukozi bw’ikibi buzovaho ubutakigaruka. None ivyo bintu Bibiliya isezerana ni ibihe? Ibibi vyose bikorwa mw’isi vyoba vy’ukuri bizohera? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.