Ibirimwo
15 Gitugutu 2008
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
1-7 Kigarama
‘Amaso ya Yehova aca ibibatsi’ arasuzuma abantu bose
URUPAPURO 3
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 160, 34
8-14 Kigarama
Yehova atwitegereza ku bw’ineza yacu
URUPAPURO 7
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 81, 80
15-21 Kigarama
Ukuntu Yehova yishura isengesho rivuye ku mutima
URUPAPURO 12
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 74, 90
22-28 Kigarama
Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
URUPAPURO 21
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 216, 155
29 Kigarama–4 Nzero
Wotanga iki ngo ubandanye kubaho?
URUPAPURO 25
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 177, 212
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
Ikiganiro c’ukwiga ca 1, 2 URUPAPURO 3-11
Ibi biganiro bibiri biradukura amazinda yuko Yehova azi neza ibintu vyose bidushikira. Arakenguruka ukwihangana kwacu kandi arazi ibituraje ishinga. Arazi ibikorwa bitoroshe vyose turangura, kandi nta kintu na kimwe kigira ico gikoze ku basavyi biwe kimucika. Kumenya ivyo bintu biraduhumuriza cane.
Ikiganiro c’ukwiga ca 3 URUPAPURO 12-16
Abenshi muri twebwe turamenyereye amajambo ari muri Zaburi 83:18. Ariko bite ho ku bijanye n’ayandi majambo yo muri iyo zaburi? Iki kiganiro kirerekana ukuntu Zaburi ya 83 ironsa abakirisu indemesho ikomeye muri kino gihe.
Ikiganiro c’ukwiga ca 4 URUPAPURO 21-25
Paulo yavuze ati: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” Gutera iteka abandi bisobanura iki? Ni nde akwiye gutera iteka abandi, kandi ni nde akwiye kuriterwa? Ni uburorero ubuhe dusanga muri Bibiliya? Iki kiganiro kirarimbura mu buryo ngirakamaro ivyerekeye ico ciyumviro.
Ikiganiro c’ukwiga ca 5 URUPAPURO 25-29
Igihe kimwe, Yezu yabajije ati: “Umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe?” Wokwishura gute ico kibazo? Ukuntu ubayeho guhishura iki ku bijanye n’agaciro uha ubuzima bwawe? Iki kiganiro kiragufasha kuzirikana cane kuri ico kibazo ca Yezu gituma umuntu azirikana.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
“Iri ni ryo zina ry’Imana ryeranda kandi rihambaye cane kuruta ayandi yose”
URUPAPURO 16
URUPAPURO 17
Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu makete kuri Tito, Filemoni be no ku Baheburayo
URUPAPURO 30