ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/10 rup. 12-16
  • Ukuntu Yehova yishura isengesho rivuye ku mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Yehova yishura isengesho rivuye ku mutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Baja inama yo kurwanya abasavyi ba Yehova
  • Ikintu nyamukuru cari kimuraje ishinga
  • ‘Ahantu hera uba’
  • Akarorero kerekana ko Yehova azotahukana intsinzi
  • Dusenge dusaba ko ubusegaba bwa Yehova bwokwemezwa
  • Ni nde ahambaye cane mu buzima bwawe?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Igice ca 2
    Niwumvirize Imana
  • Harumagedoni—Intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Harumagedoni—Intango iteye akanyamuneza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/10 rup. 12-16

Ukuntu Yehova yishura isengesho rivuye ku mutima

“Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—ZAB. 83:18, NW.

1, 2. Abantu benshi bumvise bamerewe gute igihe babona izina ry’Imana ari bwo bwa mbere, kandi ni ibibazo ibihe umuntu yoshobora kwibaza?

UBU haraheze nk’imyaka ingahe, umukenyezi umwe ababajwe cane n’icago cateye hafi y’aho yaba. Kubera ko yavukiye mu muryango w’abantu basenga muri gatolika ya Roma, yaragiye gusaba imfashanyo umupatiri w’aho yaba, ariko uno ntiyashatse mbere no kuvugana na we. Ni co gituma yaciye asenga Imana ati: “Sinzi uwo uri we . . . , ariko ndazi ko uriho. Ndakwinginze umfashe ndakumenye!” Haciye akanya gato, Ivyabona vya Yehova baramugendeye maze baramuronsa impumurizo be n’ubumenyi yarondera. Mu bintu vyinshi bamwigishije, harimwo n’ukumumenyesha yuko Imana ifise izina ry’uruharo ari ryo Yehova. Kumenya ivyo vyaramukoze ku mutima cane. Yavuze ati: “Iyumvire nawe, iyo ni yo Mana nari naripfuje kumenya kuva nkiri umwana!”

2 Abatari bake barumvise bamerewe nk’ukwo nyene. Akenshi izina Yehova baribonye ari bwo bwa mbere igihe basoma Zaburi 83:18 muri Bibiliya. Muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, uwo murongo ugira uti: “Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Ariko none, woba urigera wibaza igituma Zaburi ya 83 yanditswe? Ni ibiki vyotuma umuntu wese yemera yuko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri? Ni igiki dushobora kwigira kuri iyo zaburi muri iki gihe? Ivyo bibazo biraza kurimburwa muri iki kiganiro.a

Baja inama yo kurwanya abasavyi ba Yehova

3, 4. Zaburi ya 83 yanditswe na nde, kandi ni akaga akahe adondora?

3 Nk’uko agatwe ka Zaburi ya 83 kavyerekana, iyo zaburi ni ‘indirimbo ya Asafu.’ Uwanditse iyo zaburi ashobora kuba yakomoka ku Mulewi Asafu, uno akaba yari umucuraranzi akomeye wo mu gihe c’ingoma y’Umwami Dawidi. Muri iyo zaburi, uwo mwanditsi aratakambira Yehova ngo agire ico akoze kugira ngo aburanire ubusegaba bwiwe yongere atume izina ryiwe rimenyekana. Iyo zaburi itegerezwa kuba yanditswe haheze igihe gitoyi Salomo apfuye. Uti kubera iki? Kubera yuko mu gihe c’ingoma ya Dawidi be n’iya Salomo, umwami w’i Tiro yari afitaniye ubucuti bwiza na Isirayeli. Ariko igihe Zaburi ya 83 yandikwa, abantu b’i Tiro bari basigaye barwanya Abisirayeli kandi bari bagiye ku ruhande rw’abansi babo.

4 Uwo mwanditsi wa zaburi aravuga amahanga cumi yariko araja inama yo guhonya abasavyi b’Imana. Abo bansi bari bakikuje Isirayeli kandi yabatondetse muri ubu buryo: “Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; kandi n’Abanyamowabu n’Abahagiri; n’Abagebalu n’Abamoni n’Abamaleki, n’Abafilisitiya n’ababa i Tiro: n’Abashuri na bo bafatanije na bo.” (Zab. 83:6-8) Iyo zaburi yerekeza ku bihe bintu vyabaye muri kahise? Hari abavuga yuko iyo zaburi yerekeza ku gitero ingabo zari zagiye hamwe z’Abamoni, Abanyamowabu, be n’ababa ku Musozi Seyiri zagavye kuri Isirayeli mu gihe ca Yehoshafati. (2 Ngo. 20:1-26) Abandi na bo biyumvira yuko ivuga ukuntu Isirayeli muri kahise kayo kose, yagiye iragirirwa nabi n’amahanga yari ayikikuje.

5. Abakirisu muri iki gihe bungukira gute kuri Zaburi ya 83?

5 Uko vyoba biri kwose, bigaragara ko Yehova Imana yahumekeye uwanditse iyo ndirimbo itunganijwe mu buryo bw’isengesho igihe ihanga ryiwe ryari riri mu kaga. Iyo zaburi kandi iraremesha abasavyi b’Imana muri iki gihe, abagiye barashikirwa muri kahise kabo kose n’ibitero bikurakuranwa baterwa n’abansi baba biyemeje kubahonya. Kandi nta nkeka ko izodukomeza muri kazoza ka hafi igihe Gogi w’i Magogi azokoranya ingabo ziwe mu kigoro ka nyuma azogira ko guhonya abasenga Imana mu mpwemu no mu kuri bose.​—Soma Ezekiyeli 38:2, 8, 9, 16.

Ikintu nyamukuru cari kimuraje ishinga

6, 7. (a) Umwanditsi wa zaburi asenga asaba iki mu majambo atangura dusanga muri Zaburi ya 83? (b) Ni igiki cari kiraje ishinga uwo mwanditsi wa zaburi gusumba ibindi vyose?

6 Umviriza ukuntu umwanditsi wa zaburi aserura inyiyumvo ziwe mw’isengesho, ati: “Mana, reka kwihorera, Mana, ntupfe kunuma, ntiwirengagize: kukw abansi bawe bateye umuvurungano; abakwanka bavyukije umutwe. Banogangiriza inama y’ubugunge abantu bawe, . . . Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, ni wewe bashiriyeh’amasezerano.”​—Zab. 83:1-3, 5.

7 Ni igiki cari kiraje ishinga uwo mwanditsi wa zaburi gusumba ibindi? Birumvikana ko ategerezwa kuba yari arajwe ishinga n’ibijanye n’umutekano wiwe bwite be n’uw’umuryango wiwe. Yamara, mw’isengesho ryiwe yavuze canecane ibijanye n’ukuntu izina rya Yehova ryariko rirasigwa iceyi be n’ukuntu ihanga ryitirirwa iryo zina ryari ribangamiwe. Ese na twebwe twese twoguma tubona ibintu muri ubwo buryo kandi tubigiranye uburimbane, uko twihanganira imisi ya nyuma igoye y’ino si ishaje.​—Soma Matayo 6:9, 10.

8. Amahanga yaja inama yo kurwanya Isirayeli yari afise iyihe ntumbero?

8 Uwo mwanditsi wa zaburi arasubiramwo amajambo abansi ba Isirayeli bavuga bati: “Ni muze tubarandure, ntibabe bakiba ihanga, kugira ngw izina ry’Abisirayeli ntiribe ricibukwa ukundi.” (Zab. 83:4) Mbega urwanko ayo mahanga yari afitiye abasavyi Imana yitoranirije! Ariko hariho iyindi mpamvu yatuma baja inama. Baripfuza cane ishamvu ya Isirayeli maze bakihaya bavuga bati: “Twinyagire umurwa w’Imana.” (Zab. 83:12) Hoba hari ikintu nk’ico cabaye muri kino gihe cacu? Egome!

‘Ahantu hera uba’

9, 10. (a) Mu bihe vya kera, ahantu heranda Imana yaba hari hehe? (b) Ni imihezagiro iyihe amasigarira y’abasizwe be n’“izindi ntama” bironkera muri kino gihe?

9 Mu bihe vya kera, Igihugu c’isezerano vyavugwa ko ari ahantu heranda Imana iba. Niwibuke rwa ruririmbo rwo kwigina intsinzi Abisirayeli baririmvye inyuma y’aho barokorewe bakuwe mu Misiri. Baririmvye bati: “Kubg’imbabazi zawe warōngōye abantu wacunguye: wabarōngōje inkomezi zawe mu nzira ija ahantu hēra, ah’uba.” (Kuv. 15:13) Mu nyuma, aho ‘hantu Imana iba’ hahavuye hagirwa n’urusengero hamwe n’ abaherezi barwo n’umurwa mukuru ari wo Yeruzalemu, be n’umuryango w’abami bakomoka kuri Dawidi kandi bicara ku ntebe yashinzwe na Yehova. (1 Ngo. 29:23) Ntibitangaje rero kubona Yezu yarise Yeruzalemu ko ari “igisagara c’Umwami ahambaye.”​—Mat. 5:35.

10 Tuvuge iki muri kino gihe cacu? Mu 33 G.C., ihanga rishasha ari ryo “Isirayeli y’Imana,” ryaravutse. (Gal. 6:16) Iryo hanga, irigizwe n’abavukanyi ba Yezu Kristu basizwe, ryararanguye igikorwa Isirayeli y’umubiri yahavuye inanirwa kurangura, ico na co kikaba ari ugushingira intahe izina ry’Imana. (Yes. 43:10; 1 Pet. 2:9) Yehova yabasezeraniye ibisa n’ivyo yari yarasezeraniye Isirayeli ya kera ati: “Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.” (2 Kor. 6:16; Lew. 26:12) Mu 1919, Yehova yarashize amasigarira ya “Isirayeli y’Imana” mu kibanza c’ubutoni, kandi ico gihe bararazwe “igihugu,” ni ukuvuga akarere ko mu buryo bw’impwemu baranguriramwo igikorwa cabo aho bari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 66:8) Kuva mu myaka ya 1930, amamiliyoni y’“izindi ntama” yaragiye ku ruhande rwabo. (Yoh. 10:16) Agahimbare be n’ugusagamba mu vy’impwemu abo bakirisu bo muri kino gihe bafise, biratanga ikimenyamenya gikomeye c’uko Yehova ari we abereye kuba Segaba. (Soma Zaburi 91:1, 2.) Mbega ukuntu ivyo bituma Shetani ashangashirwa!

11. Abansi b’Imana baguma bafise umugambi nyamukuru uwuhe?

11 Muri iki gihe c’iherezo cose, Shetani yarasunikiye abantu bo ngaha kw’isi bamushigikiye kurwanya amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo bagize izindi ntama. Ivyo vyarashitse mu Buraya bwo mu Burengero mu gihe c’intwaro y’Abanazi be no mu Buraya bwo mu Buseruko mu gihe c’intwaro y’Abakomunisita bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Vyarashitse kandi no mu bindi bihugu vyinshi, kandi bizosubira gushika, na canecane mu gihe ca ca gitero ca nyuma ca Gogi w’i Magogi. Muri ico gitero, abarwanya abasavyi ba Yehova boshobora kwigarurira amatongo be n’amatungo yabo, nk’uko abansi babigize muri kahise. Ariko rero, intumbero nyamukuru ya Shetani yamye ari iyo kuduherengeteza uko tugize umugwi kugira ngo izina twahawe n’Imana ntirizosubire kwibukwa. None Yehova avyifatamwo gute kuri mwene ukwo kurwanya ubusegaba bwiwe? Nusubire wihweze amajambo ya wa mwanditsi wa zaburi.

Akarorero kerekana ko Yehova azotahukana intsinzi

12-14. Umwanditsi wa zaburi avuga ibijanye n’intsinzi zibiri izihe zabaye muri kahise hafi y’igisagara ca Megido?

12 Raba ukwizera gukomeye uwo mwanditsi wa zaburi afise yuko Yehova ashoboye guhindura ubusa imigambi y’amahanga yanka abasavyi biwe. Muri iyo zaburi aravuga intsinzi zibiri ruhasha Isirayeli yatahukanye ku bansi bayo hafi y’igisagara ca kera ca Megido, ico gisagara kikaba ari co ciganzira igice kinini c’ikiyaya citwa Megido. Mu ci, ahantu Uruzi Kishoni rwahora ruca, hose umuntu arashobora kuhabona muri ico kiyaya. Imvura nyinshi yo mu rushana imaze kugwa, urwo ruzi ruca rwuzura muri ico kiyaya. Kumbure ni co gituma urwo ruzi rwitwa kandi “amazi y’i Megido.”​—Abac. 4:13; 5:19.

13 Nko ku bilometero 15 uvuye mu kiyaya c’i Megido, hari umusozi witwa More aho hakaba ari ho, mu gihe c’Umucamanza Gideyoni, ingabo zari ziyunze z’Abamidiyani, Abamaleki be n’ab’i burasirazuba zari zikoraniye kugira zirwane intambara. (Abac. 7:1, 12) Ingabo nkeyi za Gideyoni zahavuye zigabanywa gushika ku bagabo 300 gusa, ariko babifashijwemwo na Yehova baratsinze ingabo nyinshi cane z’abansi. Uti gute? Mu gukurikiza ubuyobozi buva ku Mana, barakikuje mw’ijoro aho abansi babo bari bakambitse, bakaba bari bafise imibindi yari inyegejwemwo ibimuri. Igihe Gideyoni yabaha ikimenyetso, abo bagabo baciye bamena iyo mibindi maze ibimuri vyari binyegeje bica biribonekeza. Muri uwo mwanya nyene, baciye bavuza inzamba maze biha akamo bati: “Inkota n’iy’Uhoraho na Gideyoni!” Abansi baciye baja mu muvurungano batangura kwicana hagati yabo; abacitse kw’icumu na bo biruka bajabuka Uruzi Yorodani. Muri ico gihe nyene, abandi Bisirayeli baciye baja mu gukurikirana umwansi. Abansi bose hamwe uko ari abasoda 120.000 barishwe.​—Abac. 7:19-25; 8:10.

14 Nko ku bilometero bitandatu hirya y’umusozi More, uvuye mu kiyaya c’i Megido, hari Umusozi Tabori. Aho ni ho Umucamanza Baraki yari yakoranirije ingabo z’Abisirayeli 10.000 kugira batane mu mitwe n’ingabo za Yabini umwami w’Umunyakanani yatwara i Hazori, izari zihagarikiwe n’umugabisha w’ingabo yitwa Sisera. Izo ngabo z’Abanyakanani zari zifise imikogote 900 y’indwano, ku makurudumu yayo hakaba hariko ivyuma birebire bisongoye vyashobora kwica umuntu. Igihe ingabo z’Abisirayeli zitagira ibirwanisho zari zikoraniye ku Musozi Tabori, ingabo za Sisera zagiye mu kiyaya kubera ko zumva yuko zishobora gutsinda. Maze, “Uhoraho [ashwiragiza] . . . imikogote yose ya Sisera n’ingabo ziwe zose.” Biboneka ko haciye hagwa imvura nyinshi yatumye iyo mikogote inyika mu rushanga kubera yuko Uruzi Kishoni rwari rwuzuye. Izo ngabo zose zarishwe n’Abisirayeli.​—Abac. 4:13-16; 5:19-21.

15. (a) Umwanditsi wa zaburi asenga asaba ko Yehova yokora iki? (b) Izina ry’intambara ya nyuma y’Imana ritwibutsa iki?

15 Umwanditsi wa zaburi aratakambira Yehova ngo agirire ikintu nk’ico amahanga abangamiye Isirayeli mu gihe ciwe. Asenga avuga ati: “Ubagire nk’uko wagize Abamidiyani, nk’uko wagize Sisera na Yabini ku ruzi rwitwa Kishoni: bāyogereye kuri Endori, bācitse intabire y’imisozi.” (Zab. 83:9, 10) Biri n’ico bivuze kubona intambara ya nyuma y’Imana yo kurwanya isi ya Shetani yitwa Haru–Magedoni (bisobanura ngo “Umusozi wa Megido”), canke Harumagedoni. Iryo zina riratwibutsa intambara zikomakomeye zabereye hafi y’i Megido. Intsinzi Yehova yatahukanye muri izo ntambara za kera, ziradukura amazinda yuko azotsinda ata kabuza mu ntambara ya Harumagedoni.​—Ivyah. 16:13-16.

Dusenge dusaba ko ubusegaba bwa Yehova bwokwemezwa

16. Ni gute amaso y’abarwanya abasavyi b’Imana ‘yuzuye isoni’ muri kino gihe?

16 Muri iyi “misi ya nyuma,” Yehova yagiye arahindura ubusa utwigoro twose twagizwe two kuzimanganya abasavyi biwe. (2 Tim. 3:1) Ivyo vyatumye ababarwanya bamaramara. Muri Zaburi 83:16 hari haravyerekanye igihe havuga hati: “Wuzuze mu maso habo isoni, kugira ngo barondere izina ryawe, Uhoraho.” Mu bihugu bitari bike, abarwanya Ivyabona vya Yehova barananiwe bimwe vy’akamaramaza mu twigoro bagize two kubanumya. Muri ivyo bihugu, ukwumira kw’ibanga be n’ukwihangana kw’abasenga ya Mana imwe nsa y’ukuri vyarabereye intahe abantu b’imitima igororotse, kandi benshi ‘bararondeye izina rya Yehova.’ Mu bihugu vyinshi aho Ivyabona vya Yehova bigeze kuba bahamwa bimwe bibi, ubu hariyo abasavyi ba Yehova bahimbawe bashika ku bihumbi mirongo eka mbere no ku bihumbi amajana. Ese ukuntu ari intsinzi Yehova yatahukanye! Vyongeye, urazi ukuntu ivyo bituma abansi biwe bumva bamaramaye!​—Soma Yeremiya 1:19.

17. Ni igihe kigoye ikihe cimirije gushikira abantu, kandi ni amajambo ayahe tuzoca twibuka?

17 Ego ni ko, turazi yuko urugamba rutararangira. Kandi turabandanya kubwira abantu inkuru nziza, mbere n’abaturwanya. (Mat. 24:14, 21) Ariko rero, akaryo mwene abo baturwanya bahabwa muri kino gihe ko kwigaya maze bakarokoka, vuba kagiye kurangira. Ukwezwa kw’izina rya Yehova ni kwo guhambaye cane gusumba ukurokoka kw’abantu. (Soma Ezekiyeli 38:23.) Igihe amahanga yose yo kw’isi azoja hamwe kugira ngo agerageze guhonya abasavyi b’Imana, tuzoca twibuka aya majambo umwanditsi wa zaburi yavuze mw’isengesho ati: “Bamāramāre, bahagarike imitima gushitsa ibihe bidashira, bicwe n’isoni, bayogere.”​—Zab. 83:17.

18, 19. (a) Ni igiki kirindiriye abiyemeje kurwanya ubusegaba bwa Yehova? (b) Kuba iyemezwa rya nyuma ry’ubusegaba bwa Yehova ryegereje, bigira ico bikoze gute kuri wewe?

18 Abiyemeje kurwanya ubusegaba bwa Yehova bagiye gushikirwa n’iherezo rimaramaje. Ijambo ry’Imana rihishura yuko “abatagamburukira inkuru nziza,” gutyo bakazosangangurwa kuri Harumagedoni, bazoshikirwa n’“ugutikizwa kw’ibihe bidahera.” (2 Tes. 1:7-9) Agatikizo kabo be n’ukurokoka kw’abasenga Yehova mu kuri bizoba ari ikimenyamenya kijijura c’uko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. Mw’isi nshasha, iyo ntsinzi ikomeye ntizokwigera yibagiranwa. Abazosubira kuba bazima biciye kw’“izuka ry’abagororotse n’abatagororotse” bazokwiga ibijanye n’ibikorwa bihambaye vya Yehova. (Ibik. 24:15) Mw’isi nshasha, bazobona ibimenyamenya bijijura vy’ubukerebutsi buri mu kubaho twisunga ubusegaba bwa Yehova. Vyongeye, abicisha bugufi bari muri bo ntibazoteba kujijuka yuko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri.

19 Ese ukuntu Umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru yateguriye abasavyi biwe b’abizigirwa kazoza keza igitangaza! Wumva none utavyurirwa umutima wo gusenga usaba Yehova ko yotanga inyishu ya nyuma ya rya sengesho umwanditsi wa zaburi yamutura ati: “[Abansi bawe] bicwe n’isoni, bayogere: kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa [“Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose,” NW]”?​—Zab. 83:17, 18.

[Akajambo k’epfo]

a Imbere yo kurimbura iki kiganiro, woshobora kwungukira ku gusoma Zaburi ya 83 kugira ngo umenye neza ibivugwamwo.

Woshobora kubisigura?

• Ni ibiki vyariko birashikira Isirayeli igihe Zaburi ya 83 yandikwa?

• Ni ikintu nyamukuru ikihe cari kiraje ishinga umwanditsi wa Zaburi ya 83?

• Ni bande Shetani arwanya cane muri kino gihe?

• Yehova amaherezo azokwishura gute isengesho dusanga muri Zaburi ya 83:18?

[Ifoto ku rup. 15]

Intambara zabereye hafi y’igisagara ca kera ca Megido zifitaniye isano gute na kazoza kacu?

Uruzi Kishoni

Harosheti

Msz. Karumeli

Ikiyaya c’i Yezireli

Megido

Tanaki

Msz. Gilibowa

Iriba ry’i Harodi

More

Endori

Msz. Tabori

Ikiyaga c’i Galilaya

Uruzi Yorodani

[Ifoto ku rup. 12]

Ni igiki catumye umwanditsi umwe wa zaburi yandika isengesho rivuye ku mutima yatuye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika