“Iri ni ryo zina ry’Imana ryeranda kandi rihambaye cane kuruta ayandi yose”
Ayo majambo yavuzwe na Nicholas w’i Cusa mu nsiguro yatanze mu mwaka wa 1430.a Yari umuntu yipfuza kumenya ibintu vyinshi, nk’akarorero akibanda canecane ku kwiga ibijanye n’ikigiriki, igiheburayo, filozofiya, tewolojiya, ibiharuro, be n’ibijanye n’imibumbe. Afise imyaka 22, yarabaye dogoteri mu bijanye n’amategeko agenga Ekeleziya Gatolika ya Roma. Mu 1448 yaragenywe ngo abe umukaridinali.
Haraciye imyaka hafi 550 Nicholas w’i Cusa ashinze ikigo cishinze kubungabunga abageze mu za bukuru kiri i Kues, ikizwi ubu kw’izina rya Bernkastel-Kues, kino kikaba ari igisagara kiri nko ku bilometero 130 mu bumanuko bwa Bonn, mu Budagi. Iyo nyubakwa nyene ubu irimwo ububiko bw’ibitabu bw’i Cusa, buno bukaba bushinguye ivyandikano vy’iminwe birenga 310. Kimwe muri vyo ni icitwa Codex Cusanus 220, ico ushobora gusangamwo ya nsiguro y’i Cusa yashikirizwa mu 1430. Muri iyo nsiguro yiswe ngo In principio erat verbum (Mu ntango Jambo yariho), Nicholas w’i Cusa yakoresheje ijambo ry’ikilatini Iehoua mu kwandika izina Yehova.b Ku rupapuro rwa 56 tuhasanga aya majambo yerekeye izina ry’Imana, agira ati: “Imana ni yo yaritanze. Ni ya Tetaragarama, ni ukuvuga izina rigizwe n’indome zine. . . . Iri ni ryo zina ry’Imana ryeranda kandi rihambaye cane kuruta ayandi yose.” Ivyo Nicholas w’i Cusa yavuze birahuza no kuba izina ry’Imana riboneka mu gisomwa c’intango c’Ivyanditswe vy’igiheburayo.—Kuv. 6:3.
Guhera mu ntango z’ikinjana ca 15, iyo codex ni kimwe mu vyandikano vyariho kuva kera kuruta ibindi, aho dusanga za ndome zine z’igiheburayo zihindurwa ngo Iehoua. Ico kimenyamenya canditswe ni ikindi kintu gishinga intahe ko uburyo butari bumwe izina ry’Imana ryandikwamwo rikaguma rifitaniye isano n’izina Yehova, bwabaye bwo buryo bwo kwandika izina ry’Imana bumenyerewe gusumba ubundi bwose mu binjana n’ibindi.
[Utujambo tw’epfo]
a Vyongeye, Nicholas w’i Cusa yari azwi ku mazina Nikolaus Cryfts (Krebs), Nicolaus Cusanus, be na Nikolaus von Kues. Kues ryari izina ry’igisagara yavukiyemwo co mu Budagi.
b Iyo nsiguro yashigikira ivy’Ubutatu.
[Ifoto ku rup. 16]
Ububiko bw’ibitabu bw’i Cusa