Nukoreshe neza ukurondera kumenya ibintu kwawe
“Umuntu ni ikiremwa gikunda kubaza ibibazo. Dutangura kubaza ibibazo kuva tukivuka . . . Vyoshobora mbere kuvugwa yuko kahise k’abantu kagizwe n’ibibazo twebwe abantu twagiye turabaza be n’inyishu twatanze kuri ivyo bibazo.”—Vyavuzwe na Octavio Paz, umuryoshamvugo wo muri Megizike.
NI IGIKI gituma umuhinga mu vy’ugukinjika yiyumvira uburyo bushasha bwo gutegura imfungurwa? Ni igiki gisunikira umuntu agenzura uturere kugira ingendo ziteye akaga aja mu bibanza vya kure cane? Ni igiki gituma umwana aza arabaza ibibazo vyinshi cane? Akenshi cane usanga ikibituma ari ukurondera kumenya ibintu.
Weho bite? Ivyiyumviro bishasha canke icipfuzo co kuronkera inyishu ibibazo bishimishije, vyoba bikuvyurira agatima ko kurondera kumenya ibintu? Nk’akarorero, ubuzima bukomoka hehe? Ni kubera iki turi ng’aha kw’isi? Imana yoba ibaho? Kuva mu bwana, tubitumwe no kurondera kumenya ibintu, abenshi muri twebwe turabaza ibibazo mwene ivyo, tukarondera no kumenya imvo n’imvano y’ibintu. Igihe hari iciyumviro kidushimishije, turakora uko dushoboye kwose kugira ngo tumenye ibishoboka vyose ku bicerekeye. Ukurondera kumenya ibintu rero, birashobora gutuma umuntu ashika ku bintu vyiza cane vyinshi. Ariko ntiwumve, birashobora gukwega ingorane, eka mbere bigatera akaga.
Urakeneye kwiyubara no kugira uburimbane
Abantu benshi baramaze kwumva aka kagani kavuga ngo “inkunzi ya vyose irabizira.” Ni vyo, mu gihe umuntu atokoresha neza ukurondera kumenya ibintu, birashobora kumukwegera akarambaraye. Nk’akarorero, umwana abitumwe n’ukurondera kumenya ibintu yoshobora gukora kw’ishiga rishushe, maze ivyo bikagira ingaruka mbi cane. Ku rundi ruhande, kuba abantu barondera kumenya ibintu birashobora kutuvyurira umutima wo kurondera kumenya ibintu bimwe vyimbitse, tukamenya imvo n’imvano yavyo. Ariko none, ubwo vyoba biranga ubukerebutsi kurondera kumenya ikintu cose coba kidukwegereye?
Biragaragara ko hariho ibintu bitabereye ko tumenya kubera yuko bishobora kutugirira nabi. Kurondera kumenya ibijanye n’amashusho yerekana ivy’ubushegabo, ubupfumu, canke inyigisho z’utudumbidumbi tw’amadini kibure iz’imigwi y’intagondwa birashobora kutugirira nabi bitagoranye. Muri iyo mice be no mu yindi, vyoba vyiza twiganye wa mwanditsi wa Zaburi w’Umuheburayo, uwasenze ati: “Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi.”—Zaburi 119:37.
Hariho kandi ibintu wosanga ubwavyo atari bibi kubimenya yamara ugasanga vy’ukuri ata co bimaze kandi bidakenewe. Nk’akarorero, hari ivyiza vyoba biri mu kumenya utuntu twose two mu buzima bw’abantu bazwi cane canke ba rurangiranwa mu vyo gukina amasenema, mu kumenya ibintu vyose umugwi wose w’ivy’inkino washitseko canke ivyo umukinyi wese yashitseko, canke mu kumenya utuntu twose ku bijanye n’udukoresho tugezweho kibure ubwoko bushasha bw’imiduga iherutse gusohoka? Ku bantu nka bose, kuba mu gitigiri c’abitwa ngo ni abahinga muri ivyo bintu usanga ata kintu na kimwe c’ingirakamaro bibashikanako.
Akarorero kadusunikira kugira ico dukoze
Mu vy’ukuri, hariho ivyiza biva mu kurondera kumenya ibintu. Rimbura akarorero k’uwitwa Alexander von Humboldt, uno akaba yari umuhinga w’Umudagi wo mu kinjana ca 19 yiga ibidukikuje akaba yari n’uwugendura uturere, uwo akaba ari we yitiriwe imikuba yiswe Humboldt yisuka ku nkombe z’ibahari mu Burengero bwo muri Amerika y’Epfo.
Igihe kimwe Humboldt yavuze ati: “Kuva nkiri umwana mutoya nari mfise icipfuzo gikomeye co kugira ingendo nja mu turere twa kure, utwo Abanyaburaya batari bwagendere cane.” Yavuze ko ico cipfuzo cavyutse igihe yumva “mu muzirikanyi wiwe haduka ugukwēgerwa [n’utwo turere] bimwe bikomeye cane.” Igihe yari afise imyaka 29, yaragendeye uturere two muri Amerika yo hagati be n’utwo muri Amerika y’Epfo mu rugendo yagize mu ntumbero yo kurondera kwubura ibintu, runo rukaba rwamaze imyaka itanu. Yisunze amakuru yagiye aratororokanya, yaratunganije igitabu kigizwe n’imbumbe 30, ikirimwo urukurikirane rw’ibintu yagiye aribonera mu ngendo yagize.
Humboldt yarashaka kumenya ibintu vyose; uri urugero rw’ubushuhe n’urw’ubukanye rw’ibahari, uri amafi yaba muri iyo bahari, canke ibiterwa yabona ku nzira. Yaraduze imisozi, aragenzura inzuzi, yongera aragira ingendo mu mabahari. Ubushakashatsi Humboldt yagize bwarabereye siyansi yo muri kino gihe umushinge mu mice itari mike. Ivyo vyose vyatanguranye n’icipfuzo gikomeye yari afise co kumenya ibintu, kandi ico cipfuzo kitigera gihera yarakigumanye mu buzima bwiwe bwose. Mu majambo yavuzwe n’umwanditsi wo muri Amerika yitwa Ralph Waldo Emerson, “Humboldt yari umwe mu bantu b’ibitangaza . . . baboneka rimwe na rimwe, nk’aho boba baboneka kugira ngo batwereke ivyo ubwenge bw’umuntu bushoboye, ni ukuvuga ububasha be n’urugero vy’ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira.”
Umuce bibereye ko twogiramwo ubushakashatsi
Ni ivy’ukuri yuko abantu bakeya cane muri twebwe ari bo usanga uko ivyabo vyifashe bibaha akaryo ko kuba abagenzura ivy’uturere bazwi mw’isi canke ako kugira ico baterereye mu bintu siyansi imaze kwubura. Ariko rero, hariho umuce umwe w’ibintu dukwiye kumenya, uwo dushobora gukoreshamwo ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira, maze tukironkera ivyiza biruta kure n’iyo ibindi vyose twokura mu kumenya ikindi kintu ico ari cose. Yezu Kristu yaravuze ibijanye n’ico kintu mw’isengesho yatuye Se wiwe wo mw’ijuru. Yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”—Yohani 17:3.
Ubumenyi bwerekeye Imana y’ukuri, iyitwa Yehova, n’ubwerekeye Umwana wayo Yezu Kristu, burashobora kuzanira ivyiza umuntu arondera kumenya ibintu, mu mice itandukanye ata yandi makuru n’amwe yoshobora kubigira. Niwibuke vya bibazo vyerekeye ubuzima vyavugwa mu ntango y’iki kiganiro. Twoshobora kuvyongerako n’ibi: Ni kubera iki mw’isi hari ugucumukura kwinshi cane? Abantu boba bazokwonona isi bongere banayisangangure? Vyongeye, ni igiki Imana izokora kugira ngo yiyemeze neza ko abantu batazoshikirwa n’ikintu nk’ico? Kuronka inyishu z’ivyo bibazo ntibizotuma gusa duhaza icipfuzo dufise co kumenya ibintu. Nk’uko Yezu yabivuze, ‘ubwo ni bwo buzima budahera.’ Ni kubera iki twokwemera tudakeka yuko ivyo ari ko biri?
Ni kubera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ku bijanye na ryo, intumwa Paulo yanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 3:16, 17.
Niwiyumvire nawe, iyo ntumwa yavuze yuko Bibiliya iduha ubumenyi bushobora gutuma turonka ibikenewe kugira ngo dukore ikintu ciza cose. Irashobora kudufasha kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Vyongeye, turazi yuko ubumenyi Imana ifise be n’ubukerebutsi bwayo biruta kure n’iyo ivy’umuntu uwo ari we wese. Umuhanuzi Yesaya yarahumekewe kugira ngo yandike aya majambo akomeye yavuzwe n’Imana, ayagira ati: “Ivyiyumviro vyanje [si] vyo vyiyumviro vyanyu, kand’inzira zanyu [si] zo nzira zanje, ni k’Uhoraho agize. Mbere nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu.”—Yesaya 55:8, 9.
Woba wipfuza kumenya ibijanye n’inzira ziri hejuru z’Imana be n’ivyiyumviro vyayo biri hejuru? Ukurondera kumenya ibintu kwawe, kwoba kukuvyurira umutima wo gushaka kumenya ico Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga ku bijanye n’inzira z’Imana be n’ivyiyumviro vyayo? Woba ushashaye kwiga ibijanye n’ivyo Imana izokora kugira ngo irangize ugucumukura kwose be n’ibijanye n’ivyiza ibikiye abantu bayigamburukira? Bibiliya igutera aka kamo kagira gati: “Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe: Hahirwa ūmuhungirako.”—Zaburi 34:8.
Ukuri gufise ububasha kwo mw’Ijambo ry’Imana kurashobora kugira ico gukoze cane ku muntu w’umutima nziraburyarya nka kurya nyene umuco ushobora kugira ico ukoze ku muntu awubonye ari bwo bwa mbere. Intumwa Paulo yaravyuriwe umutima wo kuvuga ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Abaroma 11:33) Ikizwi coco ni uko tutazokwigera dutahura bimwe vyuzuye ubutunzi buri mu bumenyi n’ubukerebutsi vy’Imana. Imbere yacu hariho icizigiro ciza c’uko tutazokwigera turambirwa n’ukwama twubura ikintu gishasha.
Nuyizigame!
Ni ivy’ukuri yuko abenshi cane muri twebwe tutazokwigera tuba abagenduzi b’uturere canke abahingura ibintu ba rurangiranwa. Kandi birashoboka ko mu kiringo kigereranye tumara, tutazokwigera dutahura ikintu cose twipfuza gutahura. Naho ari ukwo, ntureke ubushobozi ufise bwo kurondera kumenya ibintu ngo bugende burayama. Nuzigame inyota yo kwipfuza kuronka ubumenyi, iyo Imana yaturemanye ibigiranye urukundo rwinshi.
Nukoreshe neza iyo ngabirano nziza cane Imana yaduhaye wongere utsimbataze ugutahura nyakuri kw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya. Niwabigira, uzogira ubuzima buri n’ico buvuze wongere ugire umunezero muri kino gihe, kandi uzoshobora kwitegana umushasharo kuzobigira ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose [Imana] yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.”—Umusiguzi 3:11.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 21]
Woba uzi ko . . .
• Ibinjana n’ibindi imbere y’uko Christophe Colomb be na Magellan bavuga ukuntu isi imeze, Bibiliya yari yaravuze ko uno mubumbe utabase ariko ko wiburungushuye?—Yesaya 40:22.
• Kera cane imbere y’uko abagendera mu bigendajuru babona ko isi ata kintu na kimwe kiyifashe, Bibiliya yari yaravuze yuko yenetse ku busa?—Yobu 26:7.
• N’imiburiburi imyaka 2.500 imbere y’uko umuganga w’Umwongereza yitwa William Harvey yubura ibijanye n’ingene amaraso atembera mu mubiri w’umuntu, Bibiliya yari yaravuze ko umutima ari ryo sôko ry’ubuzima?—Imigani 4:23, NW.
• Mu myaka nka 3.000 iheze, Bibiliya yari yaravuze mu majambo yoroshe ko inzinguzingu y’amazi yo kw’isi ari kimwe mu bintu bidukikije bituma ubuzima bushoboka kw’isi?—Umusiguzi 1:7, NW.
Ntibitangaje none kubona ivyo bintu vyemezwa na siyansi vyaravuzwe muri Bibiliya kera cane imbere yuko abantu babitahura canke bavyubura? Mu vy’ukuri, muri Bibiliya harimwo amakuru menshi y’agaciro akenewe cane mu buzima, ayo ushobora kwubura.
[Ifoto ku rup. 19]
Uyu ni Alexander von Humboldt