Ryoba ari “izina ridakwiye kuvugwa”?
MU GISAGARA citwa Saint Louis co muri Leta ya Missouri, ikiri ku nkombe y’uruzi, hari urwinjiriro rugizwe n’ikintu cihese nk’umuheto gifise imetero 192 z’uburebure bw’igihagararo, ico kintu kikaba ari co cibutso kirekire gusumba ibindi vyose muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iruhande y’ico cibutso hariho urusengero atari rurerure cane rukunze kwitwa ngo ni Katedarare ya kera (Old Cathedral).
Mu kudondora ibintu biranga ukuntu urwinjiriro rw’urwo rusengero rwubatswe, agatabu kamwe kavuga ibirwerekeye (The Story of the Old Cathedral), akasohowe n’abakuru b’urwo rusengero, kavuga gati: “Hejuru y’urubaraza, hariho agace keza cane kubatswe nk’inyabutatu, hagati na hagati yako hakaba hashishimweko rya zina ry’Imana ridakwiye kuvugwa, iriri mu bidome vy’igiheburayo bininibinini bikuyengejweko inzahabu.” Nk’uko iyo foto ivyerekana, izo ndome zine z’igiheburayo יהוה (YHWH), izerekana izina ry’Imana, ziraboneka neza cane.
Igihe iyo katedarare yubakwa mu 1834, abakukira iyo diyoseze y’i Saint Louis bategerezwa kuba barabona ko iryo zina ryari mu mero y’izo ndome zine z’igiheburayo, ryari rikwiye kugira ikibanza gihambaye cane. Ni kubera iki none iryo zina ry’Imana ribonwa ko “ridakwiye kuvugwa”?
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’abagatolika (New Catholic Encyclopedia) kirasigura ikintu cabaye haciye igihe gitoyi Abayuda bavuye mu bunyagano barimwo i Babiloni, aho hakaba hari mu kinjana ca gatandatu B.G.C. Kivuga giti: “Izina Yahweh [izo zikaba ari za ndome zine zongewemwo indome zivuga] ryaratanguye guhabwa icubahiro kidasanzwe, maze haca haduka umugenzo wo kurisubiriza n’ijambo ADONAI [Umukama] canke ijambo ELOHIM [Imana]. . . . Uwo mugenzo wahavuye utuma ukuntu iryo zina Yahweh ryaturwa mu buryo bwiza vyibagirwa.” Ukwo ni ko abantu bahagaritse gukoresha izina ry’Imana. Amaherezo, inyaturo nyayo ya kera y’iryo zina yaratakaye maze kuri bo iryo zina ry’Imana rica riba iridakwiye kuvugwa.
Naho tutoshobora kumenya tudakeka ukuntu neza na neza izina ry’Imana ryaturwa, igihambaye ni uko kurikoresha bituma turushiriza kuyiyegereza. None woshima yuko abagenzi bawe baguhamagara ngo “mushingantahe” canke “mupfasoni,” canke riho woshima ko baguhamagara mw’izina ryawe ry’uruharo? Naho abo bagenzi bawe boba bavuga urundi rurimi, gutyo bakaba batatura neza na neza iryo zina ryawe nk’uko bikwiye, none no muri ico gihe ntiwoshima yuko baguhamagara mw’izina ryawe? Ukwo nyene ni ko bimeze ku bijanye n’Imana. Ishaka ko dukoresha izina ryayo ry’uruharo, ari ryo Yehova.
Mu kirundi, inyaturo “Yehova” iramenyerewe n’abantu benshi. None wumva bitabereye yuko abantu bose bakunda Imana boyitura bakoresheje iryo zina ryayo ry’uruharo, gutyo bakayiyegereza? Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.