Tube abemera kwiyorosha n’abatarenza urugero
“Ushishikare kubibutsa . . . kuba abagira ibitegereka”.—TITO 3:1, 2.
1, 2. Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’ukuba abemera kwiyorosha, kandi ni kubera iki ivyo bibereye?
YEHOVA Data wa twese wo mw’ijuru w’umunyarukundo afise ubukerebutsi butagira aho bugarukira. Kubera turi ibiremwa vyiwe, ni we turondererako ubuyobozi mu buzima bwacu. (Zab. 48:14) Wa mwigishwa mukirisu Yakobo atubwira yuko “ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose [ari] ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanur[e] abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobek[e]”.—Yak. 3:17.
2 Intumwa Paulo aduhimiriza ati: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose”a. (Flp. 4:5) Kristu Yezu ni Umukama akaba na we Mutwe w’ishengero rya gikirisu. (Ef. 5:23) Ese ingene bihambaye ko umwumwe wese muri twebwe agira ibitegereka, tukemera Kristu akatuyobora kandi tukaba abemera kwiyorosha mu vyo tugiriranira n’abandi!
3, 4. (a) Tanga akarorero kerekana ivyiza turonka igihe twemeye kwiyorosha. (b) Ni ibiki tugiye kurimbura?
3 Turungukira ku kwama twiteguriye kuba abemera kwiyorosha mu buryo buri ku burimbane. Reka tubitangira akarorero. Aho mu Bwongereza bamenyeye umugambi ugayitse bahora bicura wa bagaterabwoba, abafata ingendo mu ndege muri rusangi basa n’abaciye bitegurira gukurikiza amategeko yabasaba kutaba bakigenda bafise ibintu bari basanzwe bemererwa gutwara. Nk’igihe turiko turatwara umuduga, turabona ko bikenewe kwemera kwiyorosha ku bw’ineza y’abandi bashoferi, nk’igihe bariko baca mw’ihuriro ry’amabarabara, kugira ngo twiyemeze neza ko uwo ari we wese ata sanganya yogira kandi ko uruja n’uruza rubandanya neza.
4 Kuri benshi muri twebwe, kwemera kwiyorosha usanga bitama vyoroshe. Kugira ngo dufashwe muri ivyo, reka turimbure imice itatu ijanye n’ukwemera kwiyorosha, iyo na yo ikaba ari imvo zidusunikira kubigira, ukuntu tubona ubukuru be n’urugero dukwiye gushikanako mu kwemera kwiyorosha.
Ni kubera iki dukwiye kuba abamera kwiyorosha?
5. Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, ni igiki cashobora gutuma umushumba ahitamwo kwigumanira na shebuja?
5 Hariho akarorero ko mu bihe vy’imbere y’ubukirisu gashimika ku mvo nziza ikwiye kudusunikira kuba abamera kwiyorosha. Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, Abaheburayo baba baracitse abashumba bategerezwa kuba abidegemvya mu mwaka ugira indwi bashumbiye ba shebuja babo canke mu mwaka wa Yubile, ivyo bikaba vyaba mu gihe c’uwo ari wo wose muri iyo myaka waba utanguye gushika. Mugabo umushumba yarashobora kwihitiramwo kuguma ashumvye. (Soma Kuvayo 21:5, 6.) Ni igiki cashobora gutuma umushumba agira iryo hitamwo? Urukundo ni rwo rwatuma uwo mushumba yigumira munsi y’ubukuru bwa shebuja yaba amwitwararika.
6. Urukundo rufitaniye isano gute n’ukuba abemera kwiyorosha?
6 Urukundo dukunda Yehova ni na rwo rutuma tumwegurira ubuzima bwacu maze tukabaho twisunga ukwo kwiyegura kwacu. (Rom. 14:7, 8) Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko dukurikiza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo”. (1 Yoh. 5:3) Urwo rukundo ntirurondera inyungu zarwo bwite. (1 Kor. 13:4, 5) Igihe hari ivyo tugiriranira n’abandi, urukundo dukunda bagenzi bacu ni rwo rudusunikira kwemera kwiyorosha, tukareka ivyabo bikaba ari vyo biza imbere y’ivyacu. Aho kureka ngo agatima k’ubwikunzi kiganze, turitwararika ivy’abandi.—Flp. 2:2, 3.
7. Kuba abemera kwiyorosha birangura uruhara uruhe mu busuku bwacu?
7 Vyaba ivyo tuvuga canke ivyo dukora, nta na kimwe gikwiye gutsitaza abandi. (Ef. 4:29) Nkako, urukundo ruzodusunikira kwirinda gukora ikintu cose cobuza abantu bakuriye ahantu hatandukanye n’aho twakuriye kandi b’imico itandukanye n’iyacu gutera imbere mu bijanye n’ugusukurira Yehova. Ivyo usanga akenshi bidusaba kuba abemera kwiyorosha. Nk’akarorero, abavukanyikazi b’abamisiyonari basanzwe bitunganya mu buryo bunaka canke bambara mwene twa duhuzu tworoshe kandi dufata (bita collant) ntibumira ku vyo kwitunganya canke kwambara muri ubwo buryo mu turere aho usanga inyifato runtu yabo yoshobora gutera amakenga kandi igatsitaza abandi.—1 Kor. 10:31-33.
8. Urukundo dukunda Imana rushobora kudufasha gute kwifata nk’‘abato’?
8 Urukundo dukunda Yehova ruradufasha kwamirira kure ubwibone. Inyuma y’impari zabaye hagati ya ba bigishwa ku bijanye n’umukuru muri bo, Yezu yaciye ahagarika umwana mutoyi hagati yabo. Yasiguye ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye. Kuko uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese ari we mukuru”. (Luka 9:48; Mrk. 9:36) Umwumwe wese muri twebwe yoshobora gusanga ari urugamba rukomeye kwifata nk’“umuto”. Agasembwa twarazwe be n’impengamiro dufise y’ubwibone vyoshobora gutuma turondera kuba barurangiranwa, ariko ukwicisha bugufi kuzodufasha kwemera kwiyorosha.—Rom. 12:10.
9. Ni igiki dutegerezwa kwemera icese kugira ngo tube abemera kwiyorosha?
9 Kugira ngo tube abemera kwiyorosha, dutegerezwa kwemera icese ubukuru bwashinzwe n’Imana. Abakirisu bose b’ukuri baremera icese ya ngingo ngenderwako ihambaye ijanye n’uwuri umutwe. Ivyo intumwa Paulo yaravyeretse neza Abakorinto, igihe yavuga ati: “Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana”.—1 Kor. 11:3.
10. Kuba twemera kwiyorosha ku bijanye n’ubukuru bwa Yehova bigaragaza iki?
10 Igihe twemera kwiyorosha ku bijanye n’ubukuru bw’Imana, tuba tugaragaje ko twizera kandi twizigira yuko ari yo Data wa twese w’umunyarukundo. Arazi neza ibidushikira vyose kandi arashobora kuduha impera dukwiranye. Kuguma twibuka ico kintu biradufasha cane igihe abandi batadufatanye icubahiro canke bashavuye bikabananira kwigumya. Paulo yanditse ati: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose”. Paulo yarashimitse kuri iyo mpanuro mu gutanga iri tegeko rigira riti: “Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga’”.—Rom. 12:18, 19.
11. Dushobora gute kwerekana ko turiko twemera kwiyorosha ku bijanye n’ububemutwe bwa Kristu?
11 Ubukuru bwashinzwe n’Imana ni ikindi kintu dutegerezwa kwemera kworohera mw’ishengero rya gikirisu. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 1 hadondora Kristu Yezu afise “inyenyeri” z’ishengero mu kuboko kwiwe kw’ukuryo. (Ivyah. 1:16, 20) Mu bisanzwe, izo “nyenyeri” zigereranya inama z’abakurambere bo mu mashengero, ari bo bacungezi. Abo bacungezi bagenywe baremera kwiyorosha ku bijanye n’ububemutwe bwa Kristu bakongera bakigana ukuntu yafata abandi abigiranye umutima mwiza. Abagize ishengero bose barayoboka indinganizo Yezu yashizeho y’uko “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ari we abaronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. (Mat. 24:45-47) Muri iki gihe, kuba dufise umutima ukunze wo kwiga ayo mayagwa no kuyashira mu ngiro biragaragaza ko twebwe ubwacu twemera kwiyorosha ku bijanye n’ububemutwe bwa Kristu, ubwo na bwo bukaba buremesha amahoro n’ubumwe.—Rom. 14:13, 19.
Dukwiye kuba abemera kwiyorosha ku rugero rungana iki?
12. Ni kubera iki kuba abemera kwiyorosha biri n’aho bigarukira?
12 Ariko rero, kuba abemera kwiyorosha ntibisobanura ko duca tudohoka ku kwizera kwacu canke ku ngingo ngenderwako ziva ku Mana twisunga. Ni impagararo iyihe abakirisu bo mu ntango bagize igihe indongozi z’idini zabategeka guhagarika kwigisha bishimikije izina rya Yezu? Petero n’izindi ntumwa bavuganye ubutinyutsi bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu”. (Ibik. 4:18-20; 5:28, 29) Ku bw’ivyo, bishitse muri iki gihe abategetsi bakagerageza kuduhata ngo tureke kwamamaza inkuru nziza, ntitureka, twoshobora guca duhindura uburyo twakoresha kugira ngo tuvyifatemwo mu buryo buranga ukwiyubara. Mu gihe batubujije gukora ubusuku bw’inzu ku nzu na ho, twoshobora kurondera ubundi buryo bwo kuyaga n’abantu maze tukabandanya kugamburukira Imana mu bijanye n’igikorwa yadushinze. N’igihe nyene “abakuru bari hejuru” batubujije kugira amakoraniro, turahurira hamwe mu migwi mitomito tubigiranye ukwiyubara.—Rom. 13:1; Heb. 10:24, 25.
13. Yezu yavuze iki ku bijanye n’ukwemera kwiyorosha imbere y’abafise ubukuru?
13 Yezu yarerekanye muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi yuko bikenewe kwemera kwiyorosha ku bijanye n’ubukuru, igihe yavuga ati: “Nimba umuntu ashaka kuja kukwitwarira muri sentare ngo atware impuzu yawe y’imbere, reka n’umutamana wawe awutware; kandi nimba umuntu afise ububasha aguhatiye kugira ico umukorera mu kujana na we ahareha n’intambwe igihumbi, jana na we intambwe ibihumbi bibiri”. (Mat. 5:40, 41)b Kwitwararika abandi no kugira icipfuzo co kubafasha na vyo nyene biratuvyurira umutima wo gutera izindi ntambwe igihumbi, ni ukuvuga gukora ibirenga ivyo dusabwe.—1 Kor. 13:5; Tito 3:1, 2.
14. Ni kubera dukwiye kutigera twemera kwiyorosha ku bijanye n’ubuhuni?
14 Ariko rero, icipfuzo cacu co kwemera kwiyorosha ntigikwiye kwigera na rimwe gituma tworohera abahuni. Ku bijanye n’ivyo, turakeneye kugira impagararo itomoye kandi ishikamye kugira ngo tuzigame ukudahumana kw’ukuri twigisha be n’ubumwe bw’ishengero. Ku vyerekeye “abavukanyi b’ikinyoma”, Paulo yanditse ati: “Abo ntitwaboroheye mu kubayobokera, eka, habe n’isaha imwe, kugira ngo ukuri kw’inkuru nziza kugume muri mwebwe”. (Gal. 2:4, 5) Bishitse hakagira ubuhuni bwaduka, abakirisu biyeguye bazoguma bashikamye ku bigororotse.
Abacungezi barakwiye kuba abemera kwiyorosha
15. Ni mu buryo ki abacungezi bakirisu bashobora kuba abemera kwiyorosha igihe bari mu nama?
15 Imwe muri kamere abagenwa kuba abacungezi basabwa kugaragaza ni iyijanye n’ukuba biteguriye kwemera kwiyorosha. Paulo yanditse ati: “Umucungezi akwiye rero kuba . . . uwugira ibitegereka”. (1 Tim. 3:2, 3) Ivyo ni ntahara canecane igihe abagabo bagenywe bahuriye hamwe kugira ngo barimbure ibijanye n’ishengero. Imbere y’uko hafatwa ingingo, umwe wese mu baba bahari arafise uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe mu buryo butomoye, naho nyene atari ngombwa ngo umukurambere wese agire ico avuze. Mu gihe c’uguhana ijambo, umukurambere yoshobora guhindura ukuntu yari asanzwe abona ibintu uko aguma atega yompi abandi igihe bashikiriza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zijanye n’ikiba kiriko kirihwezwa. Aho kunana no kwumira ku vyiyumviro vyiwe bwite, umukurambere ahumuye aremera akiyorosha. Mu ntango z’ikiyago, woshobora gusanga hari higeze kuba ivyiyumviro bitandukanye ku kibazo kinaka, ariko ukuzirikana gufatanije n’isengesho kuraremesha ubumwe hagati y’abakurambere bifata ruto kandi bemera bakiyorosha.—1 Kor. 1:10; Soma Abanyefeso 4:1-3.
16. Ni agatima akahe umucungezi mukirisu akwiye kugaragaza?
16 Mu mirimo yose umukurambere mukirisu ajejwe, arakwiye kwihatira kuguma akurikiza urutonde rwa gitewokarasi. Ako gatima gakwiye kwigaragaza no mu bijanye n’ukuntu aragira ubusho, kakamufasha kwitwararika abandi no kubagaragariza ubugwaneza. Petero yanditse ati: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; atari ku bw’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye”.—1 Pet. 5:2.
17. Abagize ishengero bose bashobora gute kugaragaza agatima ko kwemera kwiyorosha mu vyo bagiriranira n’abandi?
17 Abageze mu zabukuru bo mw’ishengero barakenguruka imfashanyo y’agaciro bahabwa n’abakiri bato kandi bakabafatana iteka. Abakiri bato na bo barubaha ababakurira bamaze igihe kitari gito basukurira Yehova. (1 Tim. 5:1, 2) Abakurambere bakirisu bararaba abakwije ibisabwa bashobora gushinga amabanga amwamwe, bakabamenyereza kwitwararika ubusho bw’Imana. (2 Tim. 2:1, 2) Umukirisu wese ku giti ciwe arakwiye guha agaciro impanuro Paulo yatanze ahumekewe igira iti: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazogira ico babazwa; kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe”.—Heb. 13:17.
Tube abemera kwiyorosha uko tugize umuryango
18. Ni kubera iki bibereye ko abagize umuryango bagaragaza agatima ko kwemera kwiyorosha?
18 Agatima ko kwemera kwiyorosha karakenewe kugaragazwa no mu bagize umuryango. (Soma Abakolosayi 3:18-21.) Bibiliya irerekana uruhara rw’umwumwe wese mu bagize umuryango wa gikirisu. Serugo ni we mutwe w’umukenyezi wiwe akongera akaba ari na we ajejwe ubwa mbere na mbere ibanga ryo guha ubuyobozi abana. Umukenyezi ategerezwa kwemera ubukuru bw’uwo bubakanye, kandi abana bakwiye kwihatira kuba abantu bagamburuka, iyo ikaba ari ingendo ihimbara Umukama rwose. Umwe wese mu bagize umuryango arashobora kugira ico aterereye kugira ngo mu rugo harangwe ubumwe n’amahoro mu kuba umuntu yemera kwiyorosha mu buryo bubereye kandi butarimwo ukurenza urugero. Bibiliya irimwo uturorero tumwetumwe tudufasha kubona neza ico ciyumviro.
19, 20. (a) Erekana itandukaniro riri hagati y’akarorero ka Eli be n’aka Yehova mu bijanye n’ukwemera kwiyorosha. (b) Ni ivyigwa ibihe abavyeyi bashobora kwigira kuri utwo turorero?
19 Igihe Samweli yari akiri umwana mutoyi, Eli yari umuherezi mukuru wa Isirayeli. Yamara rero, abahungu ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi, bari “abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’Uhoraho”. Eli yarumva amakuru mabi aberekeye, ayo na yo akaba yaranavuga yuko basambana n’abagore bakora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. None yakoze iki? Eli yababwiye yuko ata muntu n’umwe yosenze abasabira, niba bariko bacumura kuri Yehova. Ariko vyaramunaniye kubakosora no kubatoza indero. Ico vyavuyemwo ni uko abo bahungu ba Eli babandanije ingendo yabo igayitse. Amaherezo, Yehova abigiranye ubutungane, yarashinze yuko bakwiriye igihano c’urupfu. Aho Eli yumviye ko bapfuye, na we nyene yaciye apfa. Mbega ingaruka ibabaje! Biragaragara rero ko ukuba Eli yaremeye kwiyorosha mu buryo butabereye, ivyo na vyo akaba yabigize mu kureka abahungu biwe bakabandanya bakora nya bibi, kitari ikintu kigororotse.—1 Sam. 2:12-17, 22-25, 34, 35; 4:17, 18.
20 Mu buryo butandukanye n’ivyo, rimbura ivyo Imana yigeze kugirira abamarayika bayo. Umuhanuzi Mika yareretswe mu buryo bukomeye Yehova akoranije abamarayika biwe. Yehova yarabajije abo bamarayika uwokwemeye kwosha Umwami Ahabu wa Isirayeli kugira ngo atume uwo mwami w’umubisha atemba. Yehova yarumvirije ivyiyumviro abamarayika batandukanye batanze. Mu nyuma umumarayika umwe yaravuze ko yobikoze. Yehova yaciye amubaza ingene yari kubigenza. Yehova yarashimye iciyumviro uwo mumarayika ashikirije maze aca amushinga kugishira mu ngiro. (1 Abm. 22:19-23) Ku vyerekeye twebwe abantu buntu, ubona none iyo nkuru abagize umuryango badashobora kugira ivyigwa bayigiyeko ku bijanye n’ukuba abemera kwiyorosha? Biraba vyiza umunega mukirisu akaba na serugo yitwararitse ivyiyumviro umukenyezi wiwe be n’abana biwe bashikiriza. Ku rundi ruhande, abakenyezi n’abana barakwiye kumenya ko mu gihe bashikirije iciyumviro canke icipfuzo kinaka, hari aho vyokenerwa rero yuko baba abemera kwiyorosha mu kwubaha ubuyobozi butangwa n’uwo Ivyanditswe biha uburenganzira bwo gufata ingingo.
21. Ni igiki tuza kurimbura mu kiganiro gikurikira?
21 Ese ukuntu dukurira ubwatsi Yehova ku bw’ivyo vyibutswa biranga urukundo n’ubukerebutsi bijanye n’ukuba abemera kwiyorosha! (Zab. 119:99) Ikiganiro cacu gikurikira kiraza kurimbura ukuntu kuba abemera kwiyorosha mu buryo butarimwo ukurenza urugero bigira ico biterereye kugira ngo umubano w’abubatse urangwemwo akanyamuneza.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo yo mu rurimi rwo mu ntango intumwa Paulo yakoresheje mu vyanditswe vyinshi ahindurwa ngaha ngo “kugira ibitegereka”, atanga iciyumviro co kwemera kwiyorosha kandi iyo mvugo usanga igoye guhindura ukoresheje ijambo rimwe gusa. Igitabu kimwe kivuga yuko kugira ibitegereka “bisobanura kugira umutima ukunze wo guhebera abandi ivyo ufitiye uburenganzira no kwerekana ko ubitwararika kandi ko ubagaragariza ubugwaneza”. Iyo mvugo rero isobanura kuba uwemera kwiyorosha, ikaba idashimika ku vy’uko utegerezwa gukurikiza urudome ku rundi itegeko rinaka canke kurwanira agateka kawe.
b Raba ikiganiro kivuga ngo “Igihe ubwirijwe gukora igikorwa”, co mu Munara w’Inderetsi wo ku 15 Ruhuhuma 2005, ku rupapuro rwa 23-26.
Wokwishura gute?
• Ni ivyiza ibihe bishobora kuzanwa n’ukuba twemera kwiyorosha?
• Abacungezi bashobora gute kugaragaza agatima ko kwemera kwiyorosha?
• Ni kubera iki agatima ko kwemera kwiyorosha gakenewe mu buzima bwo mu muryango?
[Ifoto ku rup. 4]
Abakurambere barigana ukuntu Kristu yafata abandi abigiranye umutima mwiza
[Ifoto ku rup. 6]
Igihe abakurambere b’ishengero bagize inama, agatima ko kwemera kwiyorosha hamwe n’ukuzirikana babijanishije n’isengesho biraremesha ubumwe