ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/3 rup. 7-11
  • Nuronkere umunezero mu mubano wanyu w’abubatse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuronkere umunezero mu mubano wanyu w’abubatse
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Turemera kuyoboka ubuyobozi bwa Yehova
  • Ni ibiki bituma umubano w’abubatse uroranirwa?
  • Nube uwemera kwiyorosha mu mubano wanyu
  • Ntimwemere kwiyorosha imbere ya wa Mubesheranyi
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Umubano wanyu nugume ugizwe n’“igitsibo c’imigozi itatu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/3 rup. 7-11

Nuronkere umunezero mu mubano wanyu w’abubatse

‘Ubwenge ni bwo bwubaka urugo, kandi [“ugutahura”, “NW”] ni kwo kurukomeza’.​—IMIG. 24:3.

1. Imana yerekanye gute ubukerebutsi ku bijanye na wa muntu wa mbere?

DATA WA TWESE wo mw’ijuru w’inkerebutsi arazi icotubera ciza. Nk’akarorero, Imana yari izi yuko kugira ngo umugambi wayo uranguke, bitari ‘vyiza ko umuntu yibana wenyene’ mw’itongo ry’i Edeni. Ikintu nyamukuru cotumye uwo mugambi uranguka kwari uko abantu bubakana kugira ngo bavyare abana maze ‘bakuzura isi’.​—Ita. 1:28; 2:18.

2. Ni indinganizo iyihe Yehova yashizeho ku bw’ineza y’umuryango w’abantu?

2 Yehova yavuze ati: “Hinge ndamuronderere umufasha [“abe umwuzuzo wiwe”, NW]”. Imana yaciye isinziriza ubutikoma uwo muntu wa mbere, maze ikura urubavu rumwe mu mubiri wiwe utunganye, irukoramwo umugore. Igihe Yehova yazanira Adamu uwo mugore yari atunganye, ari we Eva, uwo mugabo yaciye avuga ati: “Uyu ni igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje: azokwitwa Umugore kuko yakūwe mu Mugabo”. Eva mu vy’ukuri yari umwuzuzo wa Adamu. Umwe wese yogaragaje kamere yisangije, ariko bompi bari batunganye kandi baremwe mw’ishusho y’Imana. Ukwo ni ko Yehova yatunganije umubano wa mbere. Adamu na Eva ntibagonanywe mu kwemera iyo ndinganizo Imana yari ishizeho yotumye bafashanya kandi bagashigikirana.​—Ita. 1:27; 2:21-23.

3. Abantu benshi babona gute ingabirano y’ukwabirana, kandi ivyo bituma havyuka ibibazo ibihe?

3 Ikibabaje ni uko agatima k’ubugarariji ari ko kiganje mw’isi muri iki gihe. Ingorane ivyo bitera ntiziva ku Mana. Benshi barakengera iyo ngabirano y’ukwabirana itangwa n’Imana, bakabona ko ari ikintu cataye igihe, gituma abantu bavunika umutima canke bagiranira amatati. Mu bantu benshi bashinga izabo, usanga ivyo kwahukana ari ikintu gisanzwe. Abana boshobora kutagaragarizwa igishika ca kivyeyi, ndetse ugashobora gusanga abavyeyi babo babacako kugira ngo bironderere inyungu zabo bwite. Abavyeyi benshi usanga banka kwemera kwiyorosha, mu gihe kubigenza gutyo vyotuma hagati yabo harangwa amahoro n’ubumwe. (2 Tim. 3:3) Uti none umubano w’abubatse ushobora gute kuguma urangwamwo umunezero muri ibi bihe bitoroshe turimwo? Kuba abemera kwiyorosha birangura uruhara uruhe mu gutuma dushobora gutsinda ikintu ico ari co cose cotuma umubano usambuka? Ni ibiki twokwigira ku turorero two mu gihe ca none tw’abatumye umubano wabo uguma urangwamwo umunezero?

Turemera kuyoboka ubuyobozi bwa Yehova

4. (a) Ni ubuyobozi ubuhe Paulo yatanze ku bijanye n’ukwabirana? (b) Abakirisu bagamburuka bakurikiza gute ubwo buyobozi Paulo yatanze?

4 Intumwa Paulo yarahaye abapfakaye ubuyobozi bwahumetswe buvuga yuko mu gihe bahisemwo gusubira kwubaka izabo, bakwiye kubigira “mu Mukama gusa”. (1 Kor. 7:39) Ivyo ntivyari bishasha ku bakirisu bari basanzwe bakuriye mw’idini ry’Abayuda. Rya Tegeko Imana yaha Isirayeli ryarerekana neza ko batari bakwiye ‘gusabiranira’ n’umuntu n’umwe wo mahanga ya gipagani yari abakikije. Yehova yaratanze kandi insobanuro ishimika ku kaga kari mu kwirengagiza iyo ngingo mfatirwako y’Imana. Yavuze ati: “Kuko [uwutari Umwisirayeli yo]hindura abahungu banyu, ntibagendanire Uhoraho, ariko bagasaba izindi mana; ivyo bigatuma uburake bg’Uhoraho bubaziriringira, agaca abarandura ako kanya”. (Gus. 7:3, 4) None Yehova yiteze ko abasavyi biwe bo mu gihe ca none bagira impagararo iyihe ku bijanye n’ivyo? Ni ivyumvikana ko umusavyi w’Imana akwiye guhitamwo kwubakana n’uwo “mu Mukama”, ni ukuvuga uwo basangiye ugusenga yiyeguye, akabatizwa. Kwemera kuyoboka ubuyobozi bwa Yehova mu vyerekeye iryo hitamwo ni ingendo iranga ubukerebutsi.

5. Yehova be n’abakirisu bubatse babona gute indagano z’ukwabirana?

5 Imana ibona ko indagano z’ukwabirana ari nyeranda. Ku bijanye n’umubano wa mbere, Umwana w’Imana ubwayo ari we Yezu, yavuze ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye”. (Mat. 19:6) Umwanditsi wa Zaburi aratwibutsa yuko kugira indagano atari ikintu co gufata minenegwe, ati: “Uz’ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe”. (Zab. 50:14) Naho abubakanye bashobora kwitega kuzogira umunezero mwinshi, indagano bagiriranira ku musi w’ubugeni zirahambaye cane kandi zituma bagira ico babazwa.​—Gus. 23:21.

6. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Yefuta?

6 Rimbura ivyerekeye Yefuta, uwigeze kuba umucamanza muri Isirayeli mu kinjana ca 12 B.G.C. Yaraganiye Yehova ati: “Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje, ngatabaruka amahoro mvuye kurwana na bo, ūzobanza gusohoka mu nzu yanje kunsanganira, azoba uwawe, Uhoraho, nanje nzomutanga kw ikimazi c’ukwoswa”. Aho Yefuta aboneye ko umukobwa wiwe, umwana wiwe w’ikinege, ari we yaje kumusanganira igihe yari asubiye muhira iwe i Misipa, yoba yararondeye kwihindukiza mw’ijambo ku bijanye n’iyo ndagano yari yaragize? Haba n’intete. Yavuze ati: “Navyikuriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza”. (Abac. 11:30, 31, 35) Yefuta yarashikije ico yari yarasezeraniye Yehova, naho ivyo vyasobanura yuko atoronse uwomukomotseko yokwitiriwe izina ryiwe. Indagano Yefuta yagize yari itandukanye n’indagano z’ubugeni, ariko ukuba yarayishikije birabera akarorero keza abanega n’abakenyezi bakirisu ku bijanye n’indagano zabo.

Ni ibiki bituma umubano w’abubatse uroranirwa?

7. Ni amahinduka ayahe abaherutse gushinga urwabo bakenera kugira?

7 Abubakanye benshi baribuka igihe cabo co kureshanya, ico wasanga kirangwamwo urukundo rukomeye. Ese ingene vyabahimbara kumenya uwo bari bagiye kwubakana! Uko barushiriza kumara umwanya bari kumwe, ni ko barushiriza kumenyana. Ariko rero, umubano wabo waba watunganijwe babanje kureshanya canke ukaba watunganijwe ivyo kureshanya bitabaye, igihe amaherezo baba umugabo n’umugore, harabaye amahinduka akomeye cane. Hari umunega yiyemerera ati: “Ingorane nyamukuru twagize mu ntango y’umubano wacu yari iyijanye n’ukubona ko tutari tukiri abirebange. Twaramaze igihe kinaka tutoroherwa no kugumiza mu kibanza kibereye ubugenzi dusanzwe dufitaniye n’abagenzi bacu be n’ubucuti dusanzwe dufitaniye n’incuti zacu”. Uwundi munega ubu amaze imyaka 30 yubatse urwiwe, yarabonye mu ntango z’umubano wiwe ko kugira ngo agire uburimbane, mu vyiyumviro vyiwe yategerezwa “kuguma abona abantu babiri”. Imbere y’ukwemera ubutumire bunaka canke kugira ico asezeranye, abanza kuvugana n’umukenyezi wiwe maze akabona gufata ingingo, ivyo akabagira yitwararitse ineza bahurizako bose. Muri ico gihe, kuba umuntu yemera kwiyorosha usanga bifasha.​—Imig. 13:10.

8, 9. (a) Ni kubera iki guseruranira neza akari ku mutima bihambaye? (b) Ni mu mice iyihe guhuza n’uko ibintu biba vyifashe uzosanga bifasha, kandi kubera iki?

8 Rimwe na rimwe usanga umubano w’abubatse uhuza abantu babiri bakuriye mu mico kama itandukanye. Aho ni ho biba canecane bikenewe ko bayaga badahishanya. Uburyo bwo guseruriranira akari ku mutima usanga butandukanye. Kwihweza ukuntu uwo mwubakanye avugisha incuti ziwe birashobora kugufasha kumumenya neza kuruta. Hari igihe ivyo umuntu avuga usanga atari vyo bihishura ivyiyumviro vyiwe vy’ibwina mu mutima ariko uburyo abivuga ugasanga ni bwo bubihishura. Vyongeye umuntu arashobora kwigira vyinshi ku bitavuzwe. (Imig. 16:24; Kol. 4:6) Ugutahura ni ntahara kugira ngo umubano ubemwo agahimbare.​—Soma Imigani 24:3, “NW”.

9 Ku bijanye n’uguhitamwo utuntu two kwisamaza umuntu yikundira canke ivyo kwiruhura, benshi basanze bihambaye ko bahuza n’uko ibintu biba vyifashe. Imbere y’ukwabirana, hari aho uwo mwubakanye yoba yahora aza aramara umwanya ari mu vyo kwinonora imitsi canke mu bindi bintu vyo kwiruhura. None vyoba bibereye ko hagira ivyo muhindura ubu? (1 Tim. 4:8) Ico kibazo nyene mwocibaza no ku bijanye n’umwanya mumarana n’incuti zanyu. Ni ivyumvikana rero ko abubakanye bakeneye umwanya ukwiye kugira ngo bashobore gukurikiranira hamwe ivy’impwemu be n’ibindi bikorwa.​—Mat. 6:33.

10. Kuba abemera kwiyorosha bizogira ico biterereye gute ku bucuti bwiza buri hagati y’abavyeyi n’abana babo bamaze gushinga urwabo?

10 Igihe umusore yubatse urwiwe, arasiga se na nyina, kandi ukwo ni ko nyene bishobora kuvugwa no ku nkumi. (Soma Itanguriro 2:24.) Naho biri ukwo, ubuyobozi Imana itanga bujanye n’ugutera iteka so na nyoko bubandanya bukora no muri ico gihe. Ku bw’ivyo, n’igihe nyene umusore n’inkumi bamaze kwubaka urwabo, birashoboka ko baza baramarana umwanya n’abavyeyi babo, ba sebukwe be na ba inabukwe babo. Umunega umwe amaze imyaka 25 yubatse urwiwe, avuga ati: “Birashika ugasanga ntivyoroshe kugira uburimbane hagati y’ibintu bitandukanye uwo mwubakanye, abavyeyi biwe, abo bavukana be n’abo mu muryango wawe bipfuza canke bakeneye. Mu gufata ingingo y’uburyo bwo kuvyifatamwo neza kuruta, nasanze amajambo yo mw’​Itanguriro 2:24 afasha cane. Ego ni ko, umuntu ategerezwa kuguma ari umwizigirwa ku bandi bagize umuryango wiwe kandi akaba ari n’ivyo ajejwe kuri bo, yamara ico canditswe caranyeretse ko kuba umwizigirwa ku wo twubakanye ari vyo biza mu kibanza ca mbere”. Ni co gituma abavyeyi bakirisu, abo usanga ari abantu bemera kwiyorosha, bazokwubahiriza ivy’uko abana babo bubatse urwabo ubu bagize uwundi muryango, aho usanga umugabo ari we canecane ajejwe ibanga ryo kuwuyobora.

11, 12. Ni kubera iki inyigisho y’umuryango be n’isengesho ari ibintu bihambaye ku bubatse?

11 Akamenyero keza ko kugira inyigisho y’umuryango ni ntahara. Ivyashikiye imiryango myinshi ya gikirisu birashigikira ico kintu. Hari aho wosanga bitoroshe gutanguza mwene iyo nyigisho canke kuyibandanya. Serugo w’umuryango umwe yiyemera ati: “Iyaba vyoshoboka ko dusubira mu ntango y’umubano wacu maze tukagira ico duhinduye, twokwiyemeje neza yuko tuguma twumiye ku kamenyero keza ko kugira inyigisho y’umuryango”. Yongerako ati: “Urazi ukuntu ari ingabirano nziza igitangaza kubona ingene umukenyezi wanje akamwemwe kamusya bitumwe n’uko haba hari ibintu vyo mu vy’impwemu tumenyera hamwe mu gihe c’inyigisho yacu!”.

12 Gusengera hamwe na vyo nyene birafasha. (Rom. 12:12) Igihe umugabo n’umukenyezi wiwe bunze ubumwe mu gusenga Yehova, ubucuti bwa hafi bafitaniye n’Imana burashobora gukomeza umubano wabo w’abubatse. (Yak. 4:8) Umunega mukirisu umwe asigura ati: “Gusaba imbabazi udatebaganye ku makosa wakoze be no kuyacisha mw’isengesho muturira hamwe ni uburyo bwerekana umubabaro ukomeye wagize mbere no ku kantu gatoyi ariko kababaza”.​—Ef. 6:18.

Nube uwemera kwiyorosha mu mubano wanyu

13. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ku bijanye n’ivyo kurangura amabanga y’abubatse?

13 Abakirisu bubakanye barakwiye kwirinda ibintu vyonona umubano wabo, nka bimwe usanga vyiraye mw’isi yasaze mu vy’igitsina. Ku bijanye n’ivyo, Paulo atanga impanuro igira iti: “Umugabo nahe umugore wiwe ivyiwe; umugore na we nagirire kuno umugabo wiwe. Umugore ntagaba umubiri wiwe bwite, ariko umugabo wiwe ni we awugaba; n’umugabo nyene ntagaba umubiri wiwe bwite, mugabo umugore wiwe ni we awugaba”. Paulo yaciye atanga ubu buyobozi butomoye bugira buti: “Ntimuvyimane, kiretse mwumvikanye ku bw’igihe kinaka”. Uti kubera iki? “Kugira muhebere umwanya ugusenga hanyuma mwongere kuja hamwe, kugira ngo Shetani ntagume abagerageza kubera ukutifata kwanyu”. (1 Kor. 7:3-5) Mu kuvuga ibijanye n’isengesho, Paulo arerekana ivyo umukirisu akwiye gushira imbere. Ariko kandi yarerekanye neza ko umukirisu wese yubatse akwiye kwitwararika ivyo uwo bubakanye akeneye mu vy’umubiri no mu vy’inyiyumvo.

14. Ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zikora gute mu bijanye n’ukurangura amabanga y’abubatse?

14 Umugabo n’umugore barakwiye guseruranira akari ku mutima kandi bagatahura ko ukutagaragarizanya igishika mu vyo kurangura amabanga y’abubatse bishobora gukwega ingorane. (Soma Abafilipi 2:3, 4; gereranya na Matayo 7:12.) Ivyo vyarigaragaje mu miryango imwimwe usanga igizwe n’abadasangiye ukwizera. Naho usanga hari ivyo badahurizako, umukirisu arashobora akenshi gutuma ibintu birushiriza kugenda neza mu kwigenza neza, mu kugaragaza ubuntu no mu gusenyera ku mugozi umwe. (Soma 1 Petero 3:1, 2.) Urukundo ukunda Yehova be n’uwo mwubakanye, bifatanije n’agatima ko kwemera kwiyorosha, bizofasha muri mwene uwo mubano.

15. Kwubaha uwundi birangura uruhara uruhe mu mubano urangwamwo agahimbare?

15 No mu yindi mice nyene, umunega w’umutima mwiza azofatana icubahiro umukenyezi wiwe. Nk’akarorero, azokwitwararika inyiyumvo ziwe no mu bintu bidahambaye. Umunega umwe w’imyaka 47 yiyemerera ati: “Ndacafise vyinshi vyo kwiga muri uwo muce”. Abakenyezi bakirisu bahimirizwa kwubaha cane abanega babo. (Ef. 5:33) Igihe bavuga nabi abanega babo, bagashira ku mugaragaro amakosa bakora, ntibaba namba bariko babagaragariza icubahiro. Mu Migani 14:1 hatwibutsa hati: “Umugore wese w’ubgenge yubaka urugo rwiwe, arik’uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe ubgiwe”.

Ntimwemere kwiyorosha imbere ya wa Mubesheranyi

16. Abubakanye bashobora gute gukurikiza mu mubano wabo amajambo dusanga mu Banyefeso 4:26, 27?

16 “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza wa Mubesheranyi”. (Ef. 4:26, 27) Igihe ayo majambo akurikijwe, birashobora kudufasha gutorera umuti ukutumvikana kwoba hagati y’abubakanye canke kukwirinda. Umuvukanyikazi umwe aravuga ivyo yibuka ati: “Sinibuka ko vyoba vyarigeze gushika hakaba ukutumvikana maze ntitwabiyaga n’umunega wanje, n’igihe nyene vyaba bisaba ko tumara amasaha n’ayandi turiko tugerageza gutorera umuti iyo ngorane”. Bagishinga urwabo, we n’umunega wiwe bariyemeje ko batorangije umusi badatoreye umuti ivyo bobaye batumvikanyeko. Avuga ati: “Twafashe ingingo yo guharirana no kwibagira ivyabaye maze tugatangura umusi uwo ari wo wose ibintu vyifashe neza, naho twobaye twagize ingorane imeze gute”. Gutyo rero, baranse “[guha] ikibanza wa Mubesheranyi”.

17. N’igihe nyene abubakanye boba basa n’abadahuza neza, ni igiki coshobora kubafasha?

17 Bite ho mu gihe wosanga wubakanye n’uwo bisa n’uko mudahuza neza? Hari aho ubu woba wiyumvamwo ko ubucuti mufitaniye n’uwo mwubakanye busa n’ubutarangwamwo urukundo nk’uko bimeze ku bandi. Naho biri ukwo, kuguma wibuka ukuntu Umuremyi abona umubano w’abubatse bizogufasha. Paulo ahumekewe, yahanuye abakirisu ati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, n’uburiri bw’ababiranye ntibugire igihumanya, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo”. (Heb. 13:4) N’ikitokwirengagizwa ni aya majambo agira ati: “Igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba”. (Umus. 4:12) Igihe umugabo n’umugore bitaho bimwe bigera kure ibijanye n’ukwezwa kw’izina rya Yehova, baba bunze ubucuti hagati yabo be no hagati yabo n’Imana. Barakwiye kwita ku rutare kugira ngo batume umubano wabo uroranirwa, ivyo bakabigira bazi ko bizotuma Yehova, We yatanguje umubano w’abubatse, aterwa iteka.​—1 Pet. 3:11.

18. Ni igiki ushobora kwemera udakeka ku bijanye n’umubano w’abubatse?

18 Ata gukeka, birashoboka ko abakirisu baronkera umunezero mu mubano wabo w’abubatse. Kugira ngo ivyo babishikeko, birasaba ko bagira akigoro bakongera bakagaragaza kamere za gikirisu, imwe muri izo ikaba ari ukuba abemera kwiyorosha. Muri iki gihe, ishengero ry’Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi ririmwo abubakanye badaharurwa bagaragaza ko ivyo bishoboka.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki kwironkera akanyamuneza mu mubano w’abubatse atari ikintu kidashoboka?

• Ni ibiki vyotuma umubano w’abubatse uroranirwa?

• Ni kamere izihe abubakanye bakeneye gutsimbataza?

[Ifoto ku rup. 9]

Abubakanye baraseruranira akari ku mutima babigiranye ubukerebutsi imbere y’uko bemera kuzokwitaba ubutumire bunaka canke batanga isango rinaka

[Ifoto ku rup. 10]

Nimwihatire gutorera umuti ivyo mutumvikanako kuri uwo musi nyene, ‘ntimuhe ikibanza wa Mubesheranyi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika