Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Obadiya, ica Yona be n’ica Mika
“IVYO Obadiya yeretswe” (Obadiya 1). Ayo ni yo majambo atangura mu gitabu co muri Bibiliya ca Obadiya. Muri ico gitabu uwo muhanuzi yanditse mu 607 B.G.C., nta kindi kintu na kimwe avuga ku bimwerekeye, uretse gusa ko amenyesha izina ryiwe. Mu gitabu carangiye kwandikwa imyaka irenga 200 imbere y’aho, umuhanuzi Yona aravuga adahisha ivyamushikiye mu gikorwa yashinzwe c’ubumisiyonari. Ikiringo c’imyaka 60 Mika yamaze akora igikorwa co kumenyesha ubuhanuzi kiri hagati y’ibiringo Obadiya na Yona bavugiyemwo ubuhanuzi, ico kikaba gihera mu 777 B.G.C. gushika mu 717 B.G.C. Nta kindi Mika avuga ku bimwerekeye uretse gusa ko avuga yuko ava mu “ [gasagara kitwa] Moresheti” be n’uko ijambo rya Yehova ryamujeko “ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda” (Mika 1:1). Kuba uwo muhanuzi amenyereye ivy’ubuzima bw’abantu bo mu gifuri, biragaragarira mu bigereranyo akoresha kugira ngo ashire ahabona ivyiyumviro nyamukuru vy’ubutumwa ashikiriza.
EDOMU “[HA]ZORANDURWA [HA]HENEBEREZWE”
Ku bijanye na Edomu, Obadiya avuga ati: “Kubg’inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe”. Uwo muhanuzi aracibuka neza ibikorwa vy’ubunyamaswa Abanyedomu baherutse gukorera abo mu nzu ya Yakobo, ni ukuvuga Abisirayeli. Mu 607 B.G.C., igihe Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu, Abanyedomu ‘barihagarariye baraba utw’ininga’, bongera bagira urunani n’ingabo z’“abanyamahanga” zari zateye.—Obadiya 10, 11.
Ariko abo mu nzu ya Yakobo bo, bazosubira kumera nk’uko bari ubwa mbere. Ubuhanuzi bwa Obadiya bugira buti: “Ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba [a]hēra”.—Obadiya 17.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
5-8—Kuba ugusangangurwa kwa Edomu kugereranywa n’ukuza kw’abambuzi mw’ijoro be n’ukw’abamuzi b’inzabibu, bitekeye iyihe nsobanuro? Iyo abasuma baza kuba ari bo binjiye mu gihugu ca Edomu, bari gutwara ivyo bari bakeneye gusa. Iyo baza kuba ari abimbuzi binjiye muri ico gihugu, bari gusigaza ivyimburwa bikeya vyo guhumba. Ariko rero Edomu nihatemba, amatungo yaho azosesangurwa bimwe vyitondewe kandi hazosahurwa urukombamazi n’‘abo bari bifatanije’, ni ukuvuga ba Banyababiloni.
10—Ni gute Edomu ‘haranduwe, hagaheneberezwa’? Nk’uko vyari vyarabuwe, ihanga rya Edomu, iryari rigizwe n’intwaro be n’abanyagihugu baba mu karere kandondwa ko kw’isi, ryarazimanganye. Nabonide umwami wa Babiloni yarigaruriye Edomu amaja hagati y’ikinjana ca gatandatu B.G.C. Mu kinjana ca kane B.G.C., akarere ka Edomu kabamwo Abanabate, Abanyedomu na bo bakaba bategerejwe kuja kuba mu Bumanuko bw’Ubuyuda, mu karere ka Negebu, akahavuye kitwa Idumaya. Inyuma y’aho Abaroma basanganguriye Yeruzalemu mu 70 G.C., Abanyedomu barazimanganye.
Ivyigwa tuhigira:
3, 4. Kubera yuko Abanyedomu baba mu karere kagizwe n’ibitandara, k’imisozi ihanamye cane be n’imyonga miremire, ivyo bikaba vyatuma bitoroha ko abansi babatera, bashobora kuba baribwira babigiranye ubwishime yuko batekaniwe kandi ko ata cobakoma. Yamara imanza za Yehova ntizihungwa.
8, 9, 15. Ubukerebutsi bw’abantu be n’inkomezi zabo, ntibishobora kubakingira ku “musi w’Uhoraho”.—Yeremiya 49:7, 22.
12-14. Abanyedomu barabera akarorero kaburira abaryoherwa igihe abasavyi b’Imana bashikiwe n’amakuba. Yehova ntiyirengagiza ugufatwa nabi kw’abasavyi biwe.
17-20. Ubu buhanuzi bubura ibijanye no gusubiza umutamana abo mu nzu ya Yakobo bwatanguye kuranguka igihe amasigarira yasubira i Yeruzalemu avuye i Babiloni mu 537 B.G.C. Ijambo rya Yehova ryama nantaryo riranguka. Turashobora kwizigira imihango yiwe tugaherezako.
“NINEWE HA[ZO]KOMVOMVORWA”
Aho kugamburuka itegeko ry’Imana ryo “[kuja] i Ninewe, ca gisagara kinini, [aka]kibūrira” mu kugishikiriza ubutumwa bw’urubanza, Yona ahungira mu karere gahushanye n’ako arungitswemwo. Biciye ku gusuka “umuyaga ukomeye mu kiyaga” be no ku gukoresha “urufi runini”, Yehova aragarukana Yona maze agasubira kumushinga igikorwa co kuja ku murwa mukuru wa Ashuri.—Yona 1:2, 4, 17; 3:1, 2.
Yona arinjira i Ninewe maze agashikiriza ubutumwa budakikiriza, mu kuvuga ati: “Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa” (Yona 3:4). Yona “araraka” kubera ikintu atari yiteze kivuye mu gikorwa arangura co kwamamaza. Yehova arakoresha “ikibonobono” kugira ngo ahe Yona icigwa ku bijanye n’imbabazi.—Yona 4:1, 6.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:3—Ubwo vy’ukuri igisagara ca Ninewe cangana n’ahantu h’“urugendo rw’imisi itatu”? Egome. Mu bihe vya kera, bishoboka ko umuntu avuze Ninewe abantu baca babona ico gisagara ushizemwo n’utundi turere, utwava ahitwa i Korosabadi mu Buraruko tugashika ahitwa Nimroud mu Bumanuko. Utwo turere twose dufata iryo zina Ninewe, tugize akarere kameze nk’ikwadarato ifise inkikuro y’ibilometero 100.
3:4—Ubwo vyoba vyarabaye ngombwa ko Yona yiga ururimi rw’Abashuri kugira ngo abwire ubutumwa Abanyaninewe? Birashoboka ko Yona yoba yari asanzwe azi ururimi rw’Abashuri, canke na ho akaba yahawe ku gitangaro ubushobozi bwo kuruvuga. Ikindi kintu gishoboka ni uko ubutumwa bwiwe budomako yoba yabushikiriza mu giheburayo, maze uwundi muntu akabusigura. Nimba yabushikiriza mu giheburayo, amajambo yavuga ashobora kuba yaratuma abantu barushiriza kurondera kubwumviriza.
Ivyigwa tuhigira:
1:1-3. Gutegekanya n’ibigirankana gukora ibindi bikorwa kugira ngo umuntu ntagire uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, ni icerekana ko akorana imvo mbi. Umuntu abigenza gutyo, ni nk’aho aba ahunze igikorwa yashinzwe n’Imana.
1:1, 2; 3:10. Imbabazi za Yehova ntizigarukira kw’ihanga rimwe canke ku bwoko bumwe, kibure ku mugwi munaka w’abantu. “Uhoraho agirira neza bose, imbabazi ziwe ziri ku vyo yaremye vyose”.—Zaburi 145:9.
1:17; 2:10. Imisi itatu n’amajoro atatu Yona yamaze mu nda ya rwa rufi runini, vyerekeza mu buryo menyeshakazoza ku rupfu rwa Yezu be no kw’izuka ryiwe.—Matayo 12:39, 40; 16:21.
1:17; 2:10; 4:6. Yehova yararokoye Yona mu kiyaga cari casuriranije. Imana kandi “[yaramejeje] ikibonobono, gitagarara hejuru y’aho Yona ari, kugira ngo kimubere igitūtu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo”. Abasavyi ba Yehova bo muri kino gihe barashobora kwizigira ko Imana yabo, ku bw’ubuntu-mvarukundo bwayo, izobakingira ikongera ikabarokora.—Zaburi 13:5; 40:11.
2:1, 2, 9, 10. Yehova arumviriza amasengesho y’abasavyi biwe akongera akitwararika ugutakamba kwabo.—Zaburi 120:1; 130:1, 2.
3:8, 10. Imana y’ukuri ‘yarigaruye’, mu yindi mvugo yarahinduye ivyiyumviro, ku bijanye n’ivyago yari yagereye Abanyaninewe, maze “ntiyabibatēza”. Uti kubera iki? Kubera yuko Abanyaninewe “bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi”. No muri iki gihe, urubanza rwo guhana rw’Imana rurashobora kwirindwa mu gihe umucumuzi yogaragaza ukwigaya nyakuri.
4:1-4. Nta muntu n’umwe ashobora gutuma Imana ishinga akarimbi mu kugaragaza imbabazi zayo. Turakwiye kugaba kugira ngo ntitunebagure inzira za Yehova ziranga imbabazi.
4:11. Yehova abigiranye ukwihangana arareka ubutumwa bw’Ubwami bukamamazwa mw’isi yose kubera yuko, nk’uko yabigize kuri ba bantu 120.000 b’i Ninewe, agirira ikibabarwe abantu “batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso”. None wumva tweho tutari dukwiye kugirira ikibabarwe abantu bo mu cibare cacu maze tugakorana umwete igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa?—2 Petero 3:9.
‘UBUHANZA BWABO BUZOKWONGERANYWA’
Mika arashira ku kabarore ivyaha Isirayeli n’Ubuyuda bikora, akabura ko imirwa mikuru y’ivyo bihugu izoba imisaka, akongera akamenyesha ibijanye no gusubizwa umutamana. Samariya izocika “nk’ikigūngūzi c’amabuye co mu ndimiro”. Kubera yuko Isirayeli be n’Ubuyuda vyafashe ingendo yo gusenga ibigirwamana, birabereye ko ivyo bihugu bigira “ubuhanza”, ni ukuvuga bikozwa isoni. Biciye ku kujanwa mu bunyagano, ubuhanza bwabo burongeranywa bukamera “nk’ubg’ikinyakabaka”, bikaba biboneka ko ubwo ari ubwoko bw’igisiga gifise amoya makeyi cane ku mutwe. Yehova asezerana ati: “Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe” (Mika 1:6, 16; 2:12). Bivuye ku ndongozi zononekaye be no ku bahanuzi bagarariza, i Yeruzalemu na ho nyene “ha[zo]hinduk[a] ibirundo vy’amasakamburira”. Mugabo Yehova ‘azokoraniriza [abasavyi biwe] hamwe’. Muri “Betelehemu Efurata” hazova “ūzoba segaba mu Bisirayeli”.—Mika 3:12; 4:12; 5:2.
Yehova yoba yararenganije Isirayeli? Ivyo asaba vyoba birenze urugero? Habe namba! Ico Yehova asaba abamusenga ni ‘ugukora ibiroranye, gukunda kugira imbabazi be n’ukwicisha bugufi’ mu kugendana n’iyo Mana yabo (Mika 6:8). Ariko rero abantu bo mu gihe ca Mika, barabaye nabi cane ku buryo “ūrusha abandi kumera neza ame[ra] nk’umukere, kand’ūbaye ūrusha abandi kugororoka [aba] insobane kuruta uruzitiro rw’amahwa”, ivyo bigatuma uwubegera wese agira intuntu n’umubabaro. Mugabo uwo muhanuzi abaza ati: “N’iyihe Mana ihwanye na [Yehova]?”. Imana izosubira kugirira imbabazi abasavyi bayo maze ‘iterere ivyaha vyabo vyose i bwina mu kiyaga’.—Mika 7:4, 18, 19.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:12—Ubuhanuzi bwerekeye “kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli” bwarangutse ryari? Iranguka ryabwo rya mbere ryabaye mu 537 B.G.C., igihe amasigarira y’Abayuda basubira mu gihugu cabo c’amavukiro bavuye mu bunyagano i Babiloni. Mu bihe vya none, ubwo buhanuzi burangukira kuri “Isirayeli y’Imana” (Abagalatiya 6:16). Kuva mu 1919, abakirisu basizwe barakoranirijwe hamwe “nk’intama mu ruhongore” (NW). Bamaze gushirwa hamwe n’“isinzi rinini” ry’abagize “izindi ntama”, na canecane kuva mu 1935, ‘barayogoye’ (NW) (Ivyahishuwe 7:9; Yohani 10:16). Bari hamwe, barashigikira ugusenga kw’ukuri babigiranye umwete.
4:1-4—“Mu misi y’iherezo”, ni gute Yehova “[acira] imanza amoko menshi, [‘akongera akagorora ibintu ku bijanye n’amahanga akomeye’, NW]”? Imvugo “amoko menshi” be na “amahanga akomeye” ntizerekeza ku migwi y’ibihugu canke ku nzego z’ivya politike. Ahubwo, izo mvugo zerekeza ku bantu bava mu mahanga yose babaye abasavyi ba Yehova. Yehova araca imanza akongera akagorora ibintu ku bijanye n’abo bantu, mu buryo bw’impwemu.
Ivyigwa tuhigira:
1:6, 9; 3:12; 5:2. Samariya yarasanganguwe n’Abashuri mu 740 B.G.C., ico gihe Mika akaba yari akiriho (2 Abami 17:5, 6). Abashuri baraje gushika i Yeruzalemu mu gihe c’ingoma ya Hezekiya (2 Abami 18:13). Yeruzalemu haraturiwe n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. (2 Ngoma 36:19). Nk’uko vyari vyaravuzwe, Mesiya yaravukiye i “Betelehemu Efurata” (Matayo 2:3-6). Ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova ryama riranguka.
2:1, 2. Ese ukuntu vyoba birimwo akaga hamwe twovuga ko dukorera Imana, mugabo tukitwararika kubanza kurondera amatungo aho kubanza kurondera “ubwami n’ubugororotsi bwayo”.—Matayo 6:33; 1 Timoteyo 6:9, 10.
3:1-3, 5. Yehova yiteze ko abaja imbere abandi mu basavyi biwe bakora ibiranga ubutungane.
3:4. Nimba dushaka ko Yehova yishura amasengesho yacu, dutegerezwa kutamogorera icaha canke ngo tugire ubuzima burimwo tubiri.
3:8. Igikorwa twajejwe co kwamamaza inkuru nziza, iyirimwo ubutumwa bwerekeye imanza z’Imana, dushobora kukirangura mu gihe gusa dukomezwa n’impwemu nyeranda ya Yehova.
5:5. Ubu buhanuzi bwerekeye Mesiya buradukura amazinda yuko igihe abasavyi b’Imana basugerejwe n’abansi babo, “abungere ndwi”, ico kikaba ari igitigiri kigereranya ikintu cuzuye, be n’“abaganwa munani”, ni ukuvuga igitigiri kinini c’abagabo babishoboye, baca bahagurutswa kugira bayobore abasavyi ba Yehova.
5:7, 8. Ku bantu benshi, muri kino gihe abakirisu basizwe bameze “nk’ikime kivuye k’Uhoraho”, ni ukuvuga umuhezagiro uva ku Mana. Uko ni ko biri kubera yuko Yehova akoresha abasizwe kugira ngo bamamaze ubutumwa bw’Ubwami. Biciye ku gushigikira bivuye inyuma abasizwe mu gikorwa barangura co kwamamaza, abagize “izindi ntama” barafasha mu gutuma abantu baruhurirwa mu vy’impwemu (Yohani 10:16). Ese ukuntu ari agateka kugira uruhara muri ico gikorwa gituma abandi baruhurirwa vy’ukuri!
6:3, 4. Turakwiye kwigana Yehova Imana maze tukagaragariza ubuntu n’ikibabarwe abantu mbere usanga bigoye kubana na bo canke abagoyagoya mu vy’impwemu.
7:7, NW. Uko duhangana n’ingorane mu nsozero y’ivy’iy’isi mbi, ntidukwiye gucika intege. Ahubwo riho, nka kumwe kwa Mika, turakeneye “kugaragaza agatima ko kurindira Imana [yacu]”.
7:18, 19. Nk’uko Yehova afise umutima ukunze wo kuduharira amakosa dukora, ni ko na twebwe dukwiye kugira umutima ukunze wo guharira abaducumurako.
Nubandanye ‘kugendera mw’izina rya Yehova’
Abantu barwanya Imana n’abasavyi bayo, “[ba]zorandurwa [ba]heneberezwe” (Obadiya 10). Yamara, turashobora gutuma Yehova agarura uburake bwiwe mu gihe twokwumvira imburi ziwe maze ‘tukareka inzira mbi’ (Yona 3:10). “Mu misi y’iherezo”, ni ukuvuga muri iki kiringo c’“imisi ya nyuma”, ugusenga kw’ukuri kuriko kurashirwa hejuru cane y’amadini yose y’ikinyoma, kandi abantu bagamburuka bariko barasendanisha baja muri kwo (Mika 4:1; 2 Timoteyo 3:1). Ese rero twogira umwiyemezo wo “[ku]gendera mw izina [‘rya Yehova’, NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira”!—Mika 4:5.
Mbega ivyigwa ngirakamaro dukura mu gitabu ca Obadiya, ica Yona be n’ica Mika! Naho haheze imyaka irenga 2.500 vyanditswe, ubutumwa buri muri vyo ni ‘buzima kandi burafise ububasha’, mbere no muri kino gihe.—Abaheburayo 4:12.
[Ifoto ku rup. 13]
Obadiya yavuze imbere y’igihe ati: “[Edomu] [ha]zorandurwa [ha]heneberezwe”
[Ifoto ku rup. 15]
Mika ‘yaragaragaje agatima ko kurindira Yehova’. Na wewe urashobora kukagaragaza
[Ifoto ku rup. 16]
Igikorwa co kwamamaza ni agateka dukwiye guha agaciro