ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/11 rup. 8-12
  • Narize kwizigira Yehova mperejeko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Narize kwizigira Yehova mperejeko
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Niga kwizigira Yehova
  • Nkorera ubutsimvyi mw’ishamba
  • Twamamaza dukoresheje umuduga uriko icuma kirekura amajwi
  • Intambara ituma haba amahinduka menshi
  • Dukingirwa na Yehova
  • Duhamagarwa ngo tuje mu gisoda
  • Nubaka urwanje nkongera nkagira ayandi mabanga
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/11 rup. 8-12

Inkuru y’ubuzima

Narize kwizigira Yehova mperejeko

NK’UKO VYAVUZWE NA AUBREY BAXTER

Mu 1940, igihe kimwe ari ku wa gatandatu ku mugoroba, abagabo babiri baranteye, barankubita cane gushika aho nikubita hasi. Abapolisi babiri bari bahagaze hafi y’aho, aho kuntabara, basemereye bantuka bongera bakeza izo nkozi z’ikibi. Ibintu vyabaye mu buzima bwanje vyatumye mfatwa bunyamaswa vyatanguye nko mu myaka itanu imbere y’aho, igihe nakora ahantu bacukura ibizuku. Reka ndabagire ku muriri.

NAVUTSE mu 1913, mvukira i Swansea, ico kikaba ari igisagara kiri ku nkengera y’ikiyaga mu gihugu ca Nouvelle-Galles du Sud, muri Ositaraliya, nkaba ndi umuhungu agira gatatu mu bahungu bane. Igihe nari maze imyaka itanu, umuryango wacu wose warafashwe na ca kiza ruhonyanganda ciswe Inyonko yo muri Esupanye, iyahitanye abantu amamiliyoni kw’isi yose. Twaragize amahirwe twese turarusimba. Ariko rero, mu 1933, twarashikiwe n’icago mawe arapfa afise imyaka 47. Yari umukenyezi akunda ivy’Imana, akaba yari yararonse imbere y’igihe imbumbe zibiri z’igitabu Lumière. Izo mbumbe zafasha kwiga Bibiliya zatangwa n’Ivyabona vya Yehova.

Ico gihe, nakora ahantu bacukura ibizuku. Kubera ako kazi kasaba gukora ibiringo bigufibigufi mugabo birimwo vyinshi, mu nyuma bikagabanuka, narashobora gutwara ivyo bitabu ku kazi, nkabisomera kw’itara ryari ku gikofero canje. Hadaciye na kabiri narabonye ko nari nubuye ukuri. Naratanguye kandi kwumviriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya Ivyabona bacisha ku nsamirizi. Umunezero wanje warongerekanye igihe dawe na benewacu bose batangura gushimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya.

Mu 1935, twarasubiye guterwa n’icago murumunanje Billy arafatwa n’indwara y’umusonga aca arapfa. Yari afise imyaka 16 gusa. Ariko rero, ico gihe umuryango wacu warahumurijwe n’icizigiro c’izuka (Ibikorwa 24:15). Dawe na bakurwanje, ari bo Verner na Harold be n’abakenyezi babo bahavuye begurira Imana ubuzima bwabo. Mu bo mu nzu iwacu ni jewe jenyene nkiriho. Ariko rero, umukenyezi agira kabiri wa Verner yitwa Marjorie be n’umukenyezi wa Harold yitwa Elizabeth, na bo nyene baracagira uruhara mu murimo wa Yehova.

Niga kwizigira Yehova

Natanguye kubonana n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere mu mpera z’umwaka wa 1935, igihe umukenyezi umwe aturuka mu gihugu ca Ukraine yatugendera aje kw’ikinga. Ku w’iyinga wakurikiye, naritavye ikoraniro rya gikirisu ari bwo bwa mbere, kandi mu ndwi yakurikiye, narifatanije n’uwo mugwi kugira nje mu busuku bwo mu ndimiro. Icabona yariko ararongora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, yarampaye udutabu nka tungahe, hanyuma ntari ndanavyiteze, andungika ndi jenyene! Nshitse ku muryango wa mbere, naragize ubwoba bwinshi cane ku buryo numvise umenga isi yotuma imira! Ariko uwo nasanze kuri uwo muhana yararyohewe yongera mbere aremera kwakira udutabu.

Ivyanditswe nk’ico mu Musiguzi 12:1 be n’ico muri Matayo 28:19, 20 vyarankoze ku mutima cane, kandi nashaka kuba umutsimvyi, ni ukuvuga umusuku w’igihe cose. Dawe yaranshigikiye. Naho ntari bwabatizwe, niyemeje ko ku wa 15 Mukakaro 1936, ari ho nabutanguriye. Kuri iyo tariki, naragiye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Sydney, aho nasabwe kuja gukorana n’umugwi w’abatsimvyi 12 bakorera i Dulwich Hill, ako kakaba ari akarere kari inyuma y’igisagara ca Sydney. Abo batsimvyi baranyigishije ingene bakoresha akamashini gasya ingano bakoresha ico gihe kugira ngo baronke ifu, gutyo bakagabanya amahera bakoresha mu gusuma.

Nkorera ubutsimvyi mw’ishamba

Inyuma y’aho mbatirijwe mu mpera z’uwo mwaka, narungitswe gukorera hagati mu gisagara ca Queensland ndi kumwe n’abandi batsimvyi babiri ari bo Aubrey Wills na Clive Shade. Mu vyo twari dufise harimwo akaduga ka Aubrey, amakinga makeya, icuma ngendanwa kirekura amajwi twakoresha mu gusamiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya, ihema, iryahavuye riba inzu twabayemwo mu myaka itatu yakurikiye, ibitanda bitatu, imeza, hamwe n’isafuriya yo guteka. Igihe kimwe ku mugoroba, ari jewe ndamukiwe guteka, nibajije ko nza guteka ico nokwita mama ngo ni imfungurwa zidasanzwe zo ku mugoroba zigizwe n’imboga n’iporici. Ariko nta n’umwe muri twebwe yashoboye kuzirenza ururinga. Naciye ndabiha ifarasi yari hafi y’aho. Yaravyimotereje, irazunza umutwe, maze ica irigira! Sinasubiriye kwigira umuhinga mu vyo guteka.

Twahavuye dufata ingingo yo guhetura ningoga akarere kacu mu kukagaburamwo ibice bitatu, maze umwe wese agakorera muri kimwe. Akenshi bwira ndi kure cane y’aho twaba ku buryo ntashobora gushika i muhira n’ikinga, akaba ari co gituma rimwe na rimwe nashobora kwaka indaro ku bantu b’abakiranyi bo mu rutoke. Igihe kimwe naraye ku gitanda ciza utoraba mu cumba c’abashitsi co kw’iyororero rimwe, bukeye bw’aho naraye hasi, ahantu hasa nabi mu karuri k’umuhigi w’ibikoko vyitwa kanguru, hirya no hino y’aho nari ndyamye hakaba hari ibirundo vy’insato zinuka. Akenshi narara mw’ishamba. Igihe kimwe, imbwebwe zarankikuje mugabo ziri kure ku buryo ntashobora kuzibona mu mwiza ariko narumva ingene zatontomwa. Namaze ijoro rwose ntagohetse. Bukeye nasanze atari jewe zarondera, ariko ko zironderera inyama zari zatawe ng’aho.

Twamamaza dukoresheje umuduga uriko icuma kirekura amajwi

Twarakoresheje neza umuduga uriko icuma kirekura amajwi, mu kwamamaza Ubwami bw’Imana. Mu Buraruko bwa Queensland mu gisagara ca Townsville, igipolisi caratwemereye kukivugiriza mu gisagara hagati. Ariko rero, kuvuza insiguro yafashwe vyatumye bamwe mu bo mu muhari witwa Armée du Salut bashangashirwa, bano bakaba baciye batubwira ngo tuhave. Igihe twanka, batanu muri bo bafashe ka kaduga kacu barakanyiganza n’ibiguvu vyinshi. Ico gihe nari muri ko ndi mu buhinga bw’ivyuma! Vyasa n’ibitaranga ubukerebutsi gukovya tubereka ko dufise uburenganzira bwo kukivuza, akaba ari co gituma igihe abo bagabo bigirayo twaciye twikurira meza.

Mu gisagara ca Bundaberg hari umugabo yari yashimishijwe yadutije akato kugira ngo dushobore kurungika amajwi dukoresheje ca cuma turi mu ruzi rwitwa Burnett, ugwaca muri ico gisagara. Aubrey na Clive baciye bagendera muri ako kato bafise ca cuma kirekura amajwi, nanje nsigara ku nzu twari twakose. Muri iryo joro, ijwi rikomeye ryari ryarafashwe rya Joseph F. Rutherford wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, ryarasamiranye i Bundaberg, ritangaza ubutumwa bukomeye bushingiye kuri Bibiliya. Tuvugishije ukuri, ivyo vyari ibihe biteye umunezero cane vyasaba ko abasavyi b’Imana bagira uburindutsi n’ukwizera.

Intambara ituma haba amahinduka menshi

Hataraca igihe Intambara ya kabiri y’isi yose itanguye muri Nyakanga 1939, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo waraciye irya n’ino ibijanye n’ukuba umukirisu adakwiye kugira aho ahengamiye mu vya politike no mu vy’intambara. Mu nyuma, narashoboye guhimbarwa n’uko nari narize ayo mayagwa yaje hageze. Ico gihe, inyuma y’imyaka itatu twamaranye na Aubrey hamwe na Clive twarashinzwe ibikorwa vyatumye dutandukana. Nagenywe kuba umucungezi w’ingenzi mu Buraruko bwa Queensland, ico kikaba cari igikorwa cotumye ukwizigira Yehova kwanje kugeragezwa kenshi.

Muri Myandagaro mu 1940, nakoreye mw’ishengero ry’i Townsville, iryarimwo abatsimvyi bane, ari bo Percy na Ilma Iszlauba be n’abavukana Norman Bellotti na Beatrice Bellotti. Haheze imyaka itandatu, Beatrice yahavuye aba umukenyezi wanje. Igihe kimwe ku wa gatandatu ku mugoroba, umugwi twarimwo urangije gushinga intahe kw’ibarabara, ni ho haba ca gitero navuga mu ntango. Yamara, ako karenganyo nta kindi kashitseko atari ukunyongerereza ingoga mu murimo wa Yehova.

Abigeme babiri bavukana b’abatsimvyi ari bo Una Kilpatrick na Merle Kilpatrick bariko baramamaza n’umwete mwinshi mu Buraruko. Naramaranye na bo umusi uteye umunezero mu busuku, hanyuma baransaba ko nobajabukana uruzi n’ubwato bagiye kuraba umuryango washimishijwe. Ivyo vyasaba ko noga nkazana akato kari kaboheye ku nkombe yo hakurya, hanyuma nkajabukana abo bigeme bavukana. Ariko rero igihe nashikira ako kato, nasanze ata ngafe zihari! Twahavuye tumenya ko ari uwuturwanya yari yazinyegeje. Mugabo ivyo ntivyatubujije ico dukora. Nari naramaze imyaka itari mike nkora akazi ko gufasha abantu bagize ingorane bariko baroga, kandi nari nkizi kwoga cane. Ku bw’ivyo, naciye mbohera mu nda umugozi w’inanga y’ako kato, ndagakwega gushika aho ba bigeme bari, nca ndabajabukana. Yehova yarahezagiye utwigoro twacu, kuko uwo muryango wari washimishijwe wahavuye ucika Ivyabona.

Dukingirwa na Yehova

Ku bw’imvo z’umutekano, igisirikare carashinze ibariyeri hepfo gatoyi y’igisagara ca Innisfail. Kubera ko nari mfise uburenganzira bwo kuba muri ico gisagara, narashobora kuronka uruhusha rwo kucinjiramwo, ubwo burenganzira bukaba bwaragira akamaro kanini igihe abaserukira abandi bavuye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova baba baje kutugendera. Kugira bashobore kurengana kuri iryo bariyeri, nabanyegeza mu gice cihishije co munsi y’intebe y’inyuma y’umuduga wanje.

Ico gihe hariho ubukene bw’igitoro ku buryo umuntu wese yari afise amalitiro manaka ahabwa, ku bw’ivyo imiduga myinshi wasanga ifise icuma gikwega gaze ivuye mu makara ariko araka kikayirungika mu moteri. Narashobora kugenda mw’ijoro mfise imizigo y’amakara irunze ha hantu umuvukanyi yaba yinyegeje. Igihe naba mpagaze kw’ibariyeri, narazubaza abayirinze mu kuguma nakije cane imoteri kugira niyemeze ko ahaba hari amakara hashushe rwose. Muri iryo joro narabwiye abarinze iyo bariyeri nsemerera nti: “Hamwe noramuka nzimije imoteri, vyotuma gaze n’umwuka bitavangana neza, hanyuma bikangora gusubira kuyatsa”. Ubushuhe, urwamo, be n’ivyotsi uwo muduga wariko ararekura, vyarababujije amahoro baca barawusuzuma ningoga hanyuma barandekura.

Muri iyo misi, nari nahawe igikorwa co gutunganya ihwaniro ry’intara mu gisagara ca Townsville, iryari kwitabwa n’Ivyabona bo muri ako karere. Ibifungurwa vyariko biratangwa kubera hari ubukene bwavyo, kandi kugira ngo turonke ivyo twari dukeneye vyasaba ko vyemezwa n’umutegetsi mukuru wo ng’aho. Ico gihe, abavukanyi bacu bakirisu bariko baratabwa mu mvuto bahorwa ukutagira aho bahengamiye. Ni co gituma igihe nasaba kubonana n’uwo mutegetsi, nibajije nti: ‘Noba ndiko ndakora ibiranga ubukerebutsi canke ndiko ndakoza agati mu ntozi?’. Ariko ntiwumve, narashishikaye nk’uko nari nabigiriwe inama.

Uwo mutegetsi yari yicaye inyuma y’urumeza amahero, yaransavye ngo nicare. Igihe namubwira ikingenza, yaciye apfunga isura aca antungira urutsure. Mu nyuma yarasubiye kumera neza aca avuga ati: “Ushaka ibifungurwa bingana gute?”. Naramuhereje urutonde ruriko ibintu bike cane uravye ukuntu ivyo twari dukeneye vyangana. Yararusuzumye araheza avuga ati: “Ibi bisa n’uko bidahagije. Vyoba vyiza bibaye nk’ibi incuro zibiri”. Navuye mu biro vyiwe nkengurukira cane Yehova, uwari ahejeje kunyereka ikindi kintu cotuma ndamwizigira.

Muri Nzero mu 1941, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova carabujijwe muri Ositaraliya. Abantu benshi baratwikeka mbere bakanatwagiriza yuko dusumira urusaku Abayapani. Igihe kimwe, abapolisi n’abasoda buzuye imodoka zibiri barashwaye mw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami, rikaba ryari itongo riri ahitwa Atherton Plateau, twari twaraguze kugira turirime. Bariko bararondera icuma kirasa umuco, ico batwagiriza ko dukoresha mu gukebura umwansi. Twagirizwa kandi ko twari twateye ibigori ku buryo umuntu abiravye ari mu ndege ashobora gutora ico twashatse kuvuga! Ariko ntiwumve, ivyo birego vyose vyaragaragaye ko ari ibinyoma.

Kubera ko igikorwa cacu cari kibujijwe, twabwirizwa kuba maso no guhindura uburyo bwo gukora igihe twaba turiko turatanga ibitabu. Nk’akarorero, igihe hasohoka ca gitabu Children (Abana) nararonse ikarato yavyo ndi i Brisbane ndayifatana urugendo mw’igariyamoshi nja mu Buraruko, aho nagenda ndasiga ibitabu ku bituro ahaba hari ishengero. Kugira ngo abapolisi n’abasoda ntibugurure iyo karato ngo barabe ibirimwo, nagenda twaye umusumeno ukoreshwa n’umuyagankuba, maze nkawubohera kuri iyo karato imbere y’uko nururuka. Naho ayo mayeri yari asanzwe, ntibigeze bayahinyura. Abasavyi ba Yehova barumvise baruhuriwe igihe ukwo kubuzwa kwavaho muri Ruheshi 1943, ukwavuzwe n’umucamanza umwe ko “kutari guhuje n’amategeko, ko abakugize batari babanje kwiyumvira kandi ko kari agacinyizo”.

Duhamagarwa ngo tuje mu gisoda

Mu mwaka wakurikiye, twe na Aubrey Wills hamwe na Norman Bellotti twarahamagawe ngo tuje mu gisoda. Aubrey na Norman bahamagajwe indwi imwe imbere y’uko mpamagazwa, baca bacirwa umunyororo w’amezi atandatu. Ico gihe, ibiro vya posita vyariko birafata ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi birungikiwe abari bazwi ko ari Ivyabona, ariko ntibafata ivyaba birungikiwe abagirishije abonema. Twaciye dushingwa igikorwa co kurondera abo bantu bagirishije abonema hanyuma tukagira amakopi y’ivyo binyamakuru maze kukayakwiragiza mu Vyabona bagenzi bacu. Muri ubwo buryo, twararonka imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu ubudasiba.

Igihe nacirirwa umunyororo nari nsanzwe niteze uw’amezi atandatu, naciye ubwo nyene nunguruza urubanza, nk’uko ibiro vy’ishami vy’i Sydney vyari vyaratugiriye inama. Intumbero twari dufise yari iyo kuba turatebeje urwo rubanza gushika hagenywe uwundi arangura ico gikorwa. Ico gihe ntari bwapfungwe, naboneyeho akaryo ko kugendera bamwe mu Vyabona 21 bari bapfungiwe mu Buraruko bwa Queensland. Nka bose bari mw’ibohero rimwe, kandi uwari ahagarikiye iryo bohero yaratwanka urunuka. Igihe namwibutsa yuko abakuru b’ayandi madini bashobora kugendera ababo bahapfungiwe, yaciye ashangashirwa, aca arakankama ati: “Iyaba vyari ivyo nigirira, Ivyabona vya Yehova bose nobatondesheje umurongo nkabarasa!”. Abarinzi b’ibohero baciye banterera hanze.

Igihe hagera ko urubanza rwanje rusubira kwumvirizwa, narahawe uwumburanira nk’uko vyasabwa n’amategeko. Naho vyari ukwo, mu vy’ukuri ni jewe niburanira, ivyo bikaba vyasigura ko niheka cane kuri Yehova, na we akaba atampemukiye (Luka 12:11, 12; Abafilipi 4:6, 7). Igitangaje, urwo rubanza nararutsinze kubera ko umukarani yari yujuje nabi idosiye!

Mu 1944, nashinzwe gukorera mu muzunguruko munini ugizwe n’akarere ko mu Bumanuko bwa Ositaraliya, ako mu Buraruko bwa Vigitoriya, hamwe n’igisagara ca Sydney muri Nouvelle-Galles du Sud. Mu mwaka wakurikiye, kw’isi yose haratangujwe isekeza ryo gushikiriza insiguro, kandi umushikirizansiguro wese yategerezwa gutegura insiguro yiwe bwite, akayishingira ku rucacagu rwari rwatanzwe ruri ku rupapuro rumwe. Gushikiriza insiguro zimara isaha imwimwe rwari urundi rugamba, mugabo twarazitanze twizigiye Yehova duherejeko kandi yarahezagiye utwigoro twagize.

Nubaka urwanje nkongera nkagira ayandi mabanga

Muri Mukakaro mu 1946, narubakanye na Beatrice Bellotti, duca dukorera hamwe ubutsimvyi. Twaba mu gikonteneri gikwegwa n’umuduga gikozwe mu tubaho. Akigeme kacu kitwa Jannyce (Jann), kakaba ari na ko kana konyene dufise, kavutse muri Kigarama mu 1950. Twarakoreye ubutsimvyi ahantu hatandukanye, harimwo igisagara ca Kempsey, muri Nouvelle-Galles du Sud akaba ari twebwe twenyene twari Ivyabona ng’aho. Imisi yose ku w’iyinga twaraja ku ngoro ya Leta yo muri ako karere twabamwo, nkaba nagenda niteguriye gushikiriza insiguro ya bose twaba twatangaje dukoresheje udupapuro tw’ubutumire. Naramaze amezi nk’angahe numvirizwa gusa na Beatrice be n’akayoya Jann. Ariko rero, ata gihe kirekire kihaciye haratanguye kuza haraza umwumwe. Ubu i Kempsey hari amashengero abiri ateye imbere.

Igihe Jann yari amaze imyaka ibiri, twarimukiye i Brisbane. Aho amariye amashure, twarakoze ubutsimvyi uko tugize umuryango mu kiringo c’imyaka ine, tubukorera mu gisagara ca Cessnock muri Nouvelle-Galles du Sud imbere y’uko dusubira i Brisbane gufasha nyina wa Beatrice, uwari akitswe n’amagara. Ubu mfise agateka ko gukora ndi umukurambere mw’ishengero ry’i Chermside.

Twe na Beatrice turakengurukira Yehova ku bw’imihezagiro itagira uko ingana yaduhunze, ushizemwo n’agateka yaduteye ko gufasha abantu 32 kumumenya. Ku ruhande rwanje, ndakengurukira Yehova kuba yarampaye umukenyezi nkunda cane, naho yatekereza kandi akaba n’umugwaneza, yarwanira ukuri kwa Bibiliya adatinya. Urukundo yakunda Imana, ukuba yarayizigira be n’ukuba yari afise ‘ijisho riremuruye’ vyatumye aba umukenyezi n’umuvyeyi abishoboye vy’ukuri (Matayo 6:22, 23; Imigani 12:4). Twe na we twoshobora kuvuga n’umutima wacu wose duti: “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho”.​—Yeremiya 17:7.

[Akajambo k’epfo]

a Inkuru y’ubuzima ya Percy Iszlaub iri mu nomero y’iki kinyamakuru yo ku wa 15 Rusama 1981 (mu gifaransa).

[Ifoto ku rup. 9]

Uyu ni wa muduga ufise icuma kirekura amajwi twakoresha mu Buraruko bwa Queensland

[Ifoto ku rup. 10]

Aha nariko ndafasha abigeme bavukana bitwa ba Kilpatrick gusunika umuduga wabo mu gihe c’imvura mu Buraruko bwa Queensland

[Ifoto ku rup. 12]

Ku musi w’ubugeni bwacu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika