Naho afise ubumuga, ntiworaba ishaka afise ry’ibikorwa
UBONYE Leonardo ari bwo bwa mbere, hari aho utomubonamwo umuntu ashoboye gukora igikorwa co kwubaka. Nta kuboko gukwiye na kumwe afise, kubera yuko yagize isanganya biturutse ku kazi yakora maze amaboko yiwe agacika agasigara ari ibice. Ariko rero, naho Leonardo afise ubumuga, yarigeze gukora cane kw’ishantiye imwe y’i Acajutla mu gihugu ca El Salvador, nk’uko iyo foto ivyerekana.
Kugira ngo Leonardo agire uruhara muri ico gikorwa co kwubaka, yarihinguriye ibikoresho bimufasha. Mu gukoresha igipawa, acisha agace k’imbere k’ukuboko kwiwe kw’iburyo mu kuma gafise igitoboro yashize ku mutwe w’umuhini w’ico gipawa, maze abigiranye ubuhanga akaza arayora ivu ariterera mu nkorofani. Mu gishingo ca twa duparasitike bafatako mu gusunika inkorofani, yafashe utwuma tumeze nk’ibikomo atwambika ku maboko y’inkorofani kugira ngo ashobore kuyisunika ata wundi amufashije. Ni igiki none camuvyuriye umutima wo kugira uruhara muri ico gikorwa co kwubaka?
Leonardo yari afise icipfuzo co kugira uruhara mu kwubaka Ingoro y’Ubwami, ico kikaba ari ikibanza abagize ishengero rinaka ry’Ivyabona vya Yehova basengeramwo. Yari afise ibintu vyinshi yokwitwaza kugira ngo ntagire uruhara muri ico gikorwa co kwubaka. Yari afise akazi akora kamutwara umwanya munini, yari afise ubumuga, kandi yari asanzwe ari umukozi w’ishengero mw’ishengero yarimwo. Naho ari ukwo, yaripfuza gukora ivyo ashoboye vyose kugira ngo asukurire Imana mu kugira uruhara no muri ico gikorwa co kwubaka.
Woba usukurira Imana ufise mwene ako gatima? Leonardo, aho kwitwaza ubumuga yari afise, yarakoresheje ubwenge bwiwe arihingurira ibikoresho kugira ngo ashobore kugira uruhara mu gikorwa atari gushobora iyo atabigenza gutyo. Yariko akorera Imana ‘n’ubwenge bwiwe bwose’ (Matayo 22:37). Abagira uruhara mu kwubaka Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose, baba bafise ubumuga canke bakomeye, usanga bafise agatima ko kwitanga babikunze. Amakoraniro bagira, uwo ari we wese arashobora kuyitaba, ukaba rero nawe uhawe ikaze.