Icipfuzo ca Adryana
ADRYANA, ni agakobwa k’imyaka itandatu kaba i Tulsa muri Oklahoma, aho akaba ari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ako gakobwa kari gafise icipfuzo nk’ico umwanditsi wa Zaburi Dawidi yari afise, uwaririmvye ati: “Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: n’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe”.—Zaburi 27:4.
Igihe Adryana yari afise amezi atandatu gusa, baramutoye indwara ishobora kwica yo mu bwoko bwa kanseri (yitwa neuroblastome) itera ikivyimba gifatira mu dutsi nsozabwenge. Iyo ndwara yaramumugaje amaguru yose. Abaganga baramubaze kenshi bongera baramuha n’imiti yofashe mu kiringo c’umwaka.
Se wa Adryana, uno akaba afise ukwemera kw’ivy’idini gutandukanye n’ukwa Adryana na nyina, yaravuganye n’ishirahamwe rimwe maze arisaba yuko umukobwa wiwe bomujana ahantu rurangiranwa kw’isi ho kwisamariza. Imbere y’uko iryo shirahamwe rivyemera, ryabanje kubaza utubazo Adryana. Yarakengurutse kubona baramuzirikanye mugabo aca ababwira ko ahubwo yipfuza kugendera Beteli y’i New York, ico kikaba ari icicaro gikuru kiyobora igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose. Adryana amaze kumenya ivyo se yari yasavye iryo shirahamwe, yarasenze Yehova kugira ngo amuronse akaryo ko kugendera Beteli. Naho mu ntango iryo shirahamwe ryiyumviriye yuko Beteli atari ahantu umwana yoshima cane kugendera, ryaremeye ko uwo mwana yoja kuhagendera se wiwe abimukundiye.
Adryana aherekejwe na nyina, na mukuruwe, be n’umugenzi wiwe umwe, yarafashe urugendo aja i New York kugendera Beteli ari bwo bwa mbere. Adryana yavuze ati: “Yehova yaranyishuye. Nari nzi neza ko Yehova yotwemereye kugendera Beteli. Nariboneye ukuntu ibitabu, ibinyamakuru be n’amabibiliya bihingurwa. Biraruta kuja ahantu ho kwisamariza”.
Adryana “[yararavye] ubgiza bw’Uhoraho” yongera arihweza akenguruka cane ibikorwa bikorerwa ku cicaro gikuru c’abasavyi ba Yehova bo muri kino gihe. Uratumiwe nawe kugendera Beteli. Uretse icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i New York, mu yindi mihingo itandukanye yo kw’isi hariho n’ibiro vy’amashami bikukira ico cicaro gikuru.