ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/4 rup. 30
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/4 rup. 30

Ibibazo vy’abasomyi

Umukirisu yoba akwiye kunywa ibinyobwa canke gufungura ibifungurwa birimwo ibintu bikabura ubwenge vyitwa kafeyine?

Bibiliya ntibuza abakirisu kwihereza ibintu birimwo kafeyine, nk’ikawa, icayi n’ibindi binyobwa bimeze nka co (maté), shokola be n’ibinyobwa bimwebimwe bisosa. Ariko rero, Ivyanditswe birimwo ingingo ngenderwako zishobora kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. Reka tubanze twihweze igituma abantu bamwebamwe birinda ibinyobwa be n’ibifungurwa birimwo kafeyine.

Impamvu imwe nyamukuru ni uko kafeyine yoshobora kubonwa ko ari nk’umuti ugira ico uhinduye ku kuntu umuntu yumva amerewe, ugakabura ubwenge. Irashobora kandi kwizizira umuntu. Igitabu kimwe abakora ibijanye n’ivy’imiti bakunda kwikorako, kivuga giti: “Kwihereza igihe kirekire ibintu birimwo kafeyine nyinshi vyoshobora gutuma umubiri ubimenyera bikongera bikizizira umuntu. Umuntu ahagaritse bukwi na bukwi kwihereza ibirimwo kafeyine, hari ibimenyetso bishobora kwigaragaza, nk’ukuza arameneka umutwe, ugushavura, uguhagarika umutima, ukugira amaganya be n’ukugira ibizunguzungu”. Ibimenyetso vyigaragaza iyo umuntu ahevye kwihereza ibirimwo kafeyine vyiyumviriwe ko vyoshirwa mu gitabu kimwe kivuga ibijanye n’ibimenyetso vy’ingorane zo mu mutwe (Diagnostic and Statistical Manual of Mental Disorders), bigashirwa hamwe n’ibimenyetso vyigaragaza iyo umuntu yahevye ibindi bintu bifise ubukari bigira ico bikoze ku bwenge. Birumvikana rero kuba abakirisu bamwebamwe boshobora kugira amakenga ku bijanye no kwihereza ibirimwo kafeyine, kubera yuko bipfuza kwirinda kuba abiziziwe n’ikintu kinaka, bakaba kandi bipfuza kugaragaza ukwirinda canke ukwigumya.​—Ab’i Galatiya 5:23.

Hari abemera yuko kafeyine ishobora kugira ico ikoze ku magara y’abantu no ku magara y’umwana ataravuka. Abakirisu bategerezwa gukunda Imana ‘n’ubugingo bwabo bwose’, akaba ari co gituma badakora ikintu na kimwe kigabanya imyaka yabo yo kubaho. Vyongeye, kubera yuko bategekwa gukunda bagenzi babo, baririnda ibintu vyoshobora kugirira nabi umwana ataravuka.​—Luka 10:25-27.

None kugira amakenga ku bijanye n’uko kwihereza ibirimwo kafeyine bishobora kugirira nabi amagara, vyoba bifise ishingiro? Abahinga bose ntibahuza ku bijanye n’uko kwihereza ibintu birimwo kafeyine bishobora guteza indwara zitandukanye. Abashakashatsi bamwebamwe mbere bavuga yuko ikawa ituma umuntu agira amagara meza. Mu 2006, ikinyamakuru citwa Time cavuze giti: “Ivyigwa vyagizwe mu ntango vyabaye nk’ivyerekana [yuko kafeyine] yoba ishobora gutera kanseri y’uruhago, indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso be n’izindi ndwara. Ubushakashatsi buherutse kugirwa ntibwabeshuje gusa menshi muri ayo makuru, ariko kandi bwaravuze yuko kwihereza ibirimwo kafeyine biri n’akamaro kanini. Bisa n’uko kafeyine ikingira igitigu ngo nticononekare, igakingira indwara yitiriwe Parkinson, indwara y’igisukari, indwara yitiriwe Alzheimer, indwara y’agasaho k’indurwe, intuntu, kumbure igakingira mbere na kanseri z’ubwoko bumwebumwe”. Ikinyamakuru kimwe cavuze ku bijanye no kwihereza ibirimwo kafeyine giti: “Birumvikana ko igihambaye ari ukutarenza urugero”.

Umukirisu ku giti ciwe akwiye kwifatira ingingo yisunze uburyo atahura amakuru aboneka muri iki gihe ajanye na kafeyine, akisunga kandi ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zisa n’izijanye n’ico kibazo. Nk’akarorero, umukirisu yibungenze yoshobora guhitamwo kwirinda ibirimwo kafeyine mu gihe cose co kwibungenga nimba abona ko vyogirira nabi uwo aba yibungenze. Hamwe umukirisu yoba abona ko mu gihe atabandanije kwihereza ibirimwo kafeyine bituma aba umuntu adateba gushavura canke bigatuma yumva ameze nk’uwurwaye, hari aho yohanurwa kwirinda kwihereza ibintu nk’ivyo, n’imiburiburi mu gihe gito (2 Petero 1:5, 6). Abandi bakirisu bakwiye kwubahiriza ingingo nk’iyo uwo mukirisu aba yifatiye, ntibamuhatire kubona ibintu nk’uko bo babibona.

Ingingo wofata ku bijanye n’ibinyobwa be n’ibifungurwa birimwo kafeyine yaba iyihe, niwame wibuka impanuro Paulo yatanze igira iti: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana”.​—1 Ab’i Korinto 10:31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika