UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ubona wotanga umwanya n’inguvu zawe?
Nk’uko umuhanuzi Yesaya yari yarabivuze, igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kiriko kiratera imbere kuruta ikindi gihe cose. (Yes 54:2) Ivyo bituma dukenera kwubaka Ingoro z’Ubwami nshasha, Ingoro z’amateraniro be n’inyubakwa z’amashami. Tumaze guheza kuzubaka, izo nyubakwa zirakenera kubungabungwa zimwezimwe mu nyuma bikaba ngombwa ko zisanurwa. None ivyo bituronsa akaryo akahe ko guha Yehova umwanya n’inguvu zacu?
Turashobora gufasha igihe umugwi wacu wo gusohoka mu ndimiro uramukiwe gusukura Ingoro y’Ubwami
Turashobora kuja mu bitanga kugira bamenyerezwe kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu
Turashobora kwuzuza urukaratasi Gusaba kwitanga mu bwubatsi ku Rwego rw’igihugu (DC-50) kugira tuze turafasha akaryo kabonetse mu maporoje yo kwubaka canke kubungabunga Ingoro z’Ubwami abera hafi y’aho tuba
Turashobora kwuzuza urukaratasi rw’Ugusaba kuja mu murimo w’abakora bavyishakiye (A-19) kugira dufashe indwi imwe canke irenga mu karere k’ishami ryacu kuri Beteli canke ku yindi nyubakwa y’ishami
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IPOROJE NSHASHA IRIKO IRATUNGANYWA—AGACE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni gute twarushirije gukoresha cane amavidewo kuva mu 2014?
Kugira haboneke ayo mavidewo aguma arushiriza gukenerwa ku bwo gusenga, ni iporoje iyihe iriko iratunganywa, kandi iyo poroje izotangura ryari irangire ryari?
Abitanga bashobora gufasha gute muri iyo poroje?
Nimba twipfuza gufasha mw’iporoje y’i Ramapo, kubera iki dukwiye kwuzuza urukaratasi DC-50 kugira dufashe mu maporoje ya LDC abera hafi y’aho tuba?
Ni ibimenyamenya ibihe vyerekanye ko Yehova ariko arayobora iyo poroje?
Twoshigikira gute iyo poroje n’igihe nyene twoba tudashoboye kwishikira kuri shantiye?