Ukuroranirwa ukurabira ku ki?
UWITWA Jesse Livermore, akaba yabonwa na benshi ko ari umudandaza w’i Wall Street aroraniwe kuruta abandi bose bakora urudandaza rwo kuvanga imitahe, yari azwi ko ari umuntu yafata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bijanye n’ubudandaji. Ico vyavuyemwo ni uko yirundanirije ubutunzi bwinshi cane. Yambara impuzu nziza cane kuruta izindi zose, akaba mu nzu yagutse y’ivyumba 29, akagira n’umuduga wirabura wo mu bwoko buzimvye cane bwitwa Rolls-Royce be n’umushoferi amutwara.
Davida yariko arondera kuroranirwa muri ubwo buryo. Kubera ko yari icegera c’umukuru w’ishirahamwe rikomeye rikora ivy’ugucapa amashusho no gufata amafoto akongera akaba umuyobozi ajejwe kugenzura ibikorwa vyaryo, yari ashoboye kuzoba umukuru w’urwego runaka rw’iryo shirahamwe. Yari ashashaye kugira ubutunzi n’icubahiro. Ariko rero, David yarifatiye ingingo yo gutanga imihoho. Yavuze ati: “Nari nzi yuko ntazosubira kuronka akandi kazi kinjiza amafaranga menshi nk’ako ko kuba umuyobozi”. Wibaza ko David yoba yari yihenze mu gufata iyo ngingo?
Abantu benshi bibaza yuko ukuroranirwa ari ukuronka ubutunzi, ukuba umuntu yemerwa cane, canke ahambaye. Ariko rero, abafise ubutunzi boshobora kuguma bumva muri bo ko hari ico babuze, bakumva kandi ko ubuzima ata co bumaze. Biboneka ko ivya wa mushingantahe Livermore ari ko vyari bimeze. Naho yari atunze, mu buzima yama ashikirwa n’ibintu bivuna umutima, ivyago be n’ibintu biteye umubabaro cane. Yaragize intuntu, aza arubaka ingo zisambuka, kandi we n’abana biwe ntibari bacumvikana. Amaherezo, umushingantahe Livermore, amaze gutakaza vyinshi mu vyo yari atunze, umusi umwe yaricaye mu kabare ko mw’ihoteli imwe y’abantu bifise maze atangura gucura intimba kubera ivyo bintu yari yatakaje. Yarasavye agacupa, aca atora agatabu kiwe yandikamwo utuntu gapfunikishije urushato, hanyuma yandikira umukenyezi wiwe agakete ko kumusezera. Ahejeje nya gacupa, yaciye agenda mu kumba babikamwo impuzu karimwo umuco mukeyi maze ariyahura.
Naho mu vy’ukuri hashobora kuba hariho n’izindi mvo zatumye yiyahura, ivyo bintu vyashitse biratanga ikimenyamenya c’uko aya majambo Bibiliya ivuga ari ay’ukuri: “Abagomba kuba abatunzi . . . bītobekeranisha imibabaro myinshi”.—1 Timoteyo 6:9, 10.
Vyoba bishobora kuvugwa yuko abaraba ukuroranirwa kw’umuntu bafatiye ku butunzi afise, ku kibanza afise canke ku kumenyekana cane, boba barabira ku bintu bitari vyo? Wewe ubwawe woba ubona ko uroraniwe? Kubera iki? Urabira ku ki kugira ngo umenye ko ari ukwo biri? Ni ibiki ufatirako kugira ubone ko umuntu aroraniwe? Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino impanuro zamye ari ngirakimazi zatumye abantu amamiliyoni bashobora kuroranirwa. Reka turabe ingene na wewe nyene ushobora kuroranirwa.
[Akajambo k’epfo]
a Si ko yitwa.