ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/14 rup. 2
  • Ni igiki gituma umuntu aroranirwa vy’ukuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki gituma umuntu aroranirwa vy’ukuri?
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wororanirwa vy’ukuri
    Be maso!—2014
  • Nurondere ukuroranirwa nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene ushobora kuroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
Ibindi
Be maso!—2014
g 10/14 rup. 2
Umugore aronse agashimwe

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ni igiki gituma umuntu aroranirwa vy’ukuri?

NTA kintu kibabaje nko kwiyumvira ko waroraniwe mu buzima kandi atari ko biri. Wopfuma ubona ko utaroraniwe maze ukaraba ico wokora. N’imiburiburi urakura icigwa ku vyagushikiye, bigatuma ikindi gihe uvyifatamwo neza.

Ukuroranirwa kw’uruhendo kwokwo si ukwo. Kurashobora gutuma wiyumvira ko ivyawe vyifashe neza kandi atari ko biri. Hari igihe uza kubona ko ukeneye kugira ico ukoze, amazi yamaze kurenga inkombe.

Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu Kristu yabajije ati: “Mbega umuntu vyomumarira iki niyunguka isi yose mugabo agaheba ubuzima bwiwe?” (Matayo 16:26) Ico kibazo kirajanye neza n’ivyerekeye abantu biruka inyuma y’amahera be n’ibintu bashobora kuyagura. Biyumvira ko ari yo nzira yo kuroranirwa kandi atari vyo na gato. Umuhanuzi mu vy’akazi yitwa Tom Denham yanditse ati: “Kwama wiyumvira gusa ivy’ukuduzwa igiti, kuronka amahera menshi canke ibintu vyinshi, ntibituma wumva ko uhimbawe mu mutima. Kwiyumvira ko uroraniwe kubera ko ufise amahera menshi ni ukwihenda kandi uzoruhira kwumva ko hari ico ubuze.”

Nta gukeka ko abantu benshi muri kino gihe boshigikira ico ciyumviro. Mw’itohoza rimwe ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, barasavye abantu ngo bavuge ibintu 22 “bituma umuntu aroranirwa mu buzima.” “Ukugira amahera menshi” vyaje mu kibanza ca 20. Ivyaje mu vya mbere vyabaye kugira amagara meza, kugira imigenderanire myiza n’abandi no kuba ufise akazi wiyumvamwo.

Biraboneka ko abantu benshi bashobora kukubwira itandukaniro riri hagati y’ukuroranirwa nyakuri n’ukuroranirwa kw’uruhendo. Ariko rero, birabagora gufata ingingo zerekana ko bazi ico ari co ukuroranirwa nyakuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika