Nurondere ukuroranirwa nyakuri
“Uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi [ukorane] ubukerebutsi.”—YOS. 1:8.
1, 2. (a) Abantu benshi basigura gute ukuroranirwa? (b) Ushobora gute kumenya ukuntu ubona ibijanye no kuroranirwa?
KURORANIRWA bisobanura iki? Ubajije abantu ico kibazo, baguha inyishu zitandukanye cane. Nk’akarorero, benshi basigura ko kuroranirwa ari ukuba umuntu yarashitse ku bintu bidasanzwe mu vy’ubutunzi, mu vy’akazi, canke mu vy’amashure. Abandi baraba ukuroranirwa bafatiye ku migenderanire bafitaniye n’abandi, ni ukuvuga ukuntu bumvikana n’abagize umuryango, abagenzi canke abo bakorana. Uwukorera Imana yoshobora mbere gusanisha ukuroranirwa n’ibanga afise mw’ishengero canke ivyo yashitseko mu busuku.
2 Kugira ngo umenye ukuntu ubona ibijanye no kuroranirwa, woshobora kwandika amazina y’abantu nka bangahe ubona ko baroraniwe, ni ukuvuga abo ushima kandi wubaha kuruta abandi. Ni ikintu cibonekeje ikihe bahuriyeko? Boba ari abatunzi canke ba rurangiranwa? Boba ari abantu bahambaye? Inyishu utanga zoshobora guhishura neza ikiri mu mutima wawe, kandi ivyo vyoshobora kugira ikintu kinini bikoze ku mahitamwo ugira no ku migambi ukurikirana.—Luka 6:45.
3. (a) Yosuwa yabwirizwa gukora iki kugira ngo atume inzira yiwe iroranirwa? (b) Ni ibiki tugira turimbure?
3 Igihambaye kuruta ni ukuba Yehova abona ko turoraniwe, kubera ko ubuzima bwacu buhagaze ku kuba dushimwa na we. Igihe Yehova yashinga Yosuwa igikorwa kitoroshe co kuyobora Abisirayeli akabashikana mu Gihugu c’isezerano, yamubwiye gusoma rya Tegeko rya Musa “umurango n’ijoro” no kwitwararika kugamburuka ivyanditswe muri ryo. Imana yamukuye amazinda iti: “[Ni] ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.” (Yos. 1:7, 8) Kandi urazi ko Yosuwa yaroraniwe koko. Tweho bite? Twoshobora gute kumenya nimba tubona ibijanye no kuroranirwa nk’uko Imana ibibona? Kugira ngo tubimenye, reka turimbure ubuzima bw’abagabo babiri bavugwa muri Bibiliya.
SALOMO YOBA YARARORANIWE?
4. Ni kubera iki vyovugwa ko Salomo yaroraniwe?
4 Salomo yararoraniwe bimwe bidasanzwe mu buryo bwinshi. Uti kubera iki? Kubera ko yamaze imyaka itari mike atinya kandi agamburukira Yehova, uno akaba yaramuhezagiye cane. Uribuka ko igihe Yehova yamubwira ngo agire ico amusavye, uwo mwami yasavye ubukerebutsi bwo kuyobora abantu. Imana yaciye imuhezagira mu kumuha ubukerebutsi n’ubutunzi. (Soma 1 Abami 3:10-14.) Ubukerebutsi bwiwe bwari “bwagutse kuruta ubukerebutsi bw’Abanyabuseruko bose no kuruta ubukerebutsi bwa Misiri bwose.” Salomo yarabaye rurangiranwa “mu mahanga yose yari irya n’ino.” (1 Abm. 4:30, 31) Ku bijanye n’ubutunzi, inzahabu yaronka buri mwaka zonyene zapima amatoni nka 25. (2 Ngo. 9:13) Yari umuhanga mu vy’ukuvuga, mu vy’ukwubaka no mu vy’urudandaza. Egome, igihe Salomo yari afise impagararo igororotse imbere y’Imana, yari aroraniwe.—2 Ngo. 9:22-24.
5. Salomo yashitse ku nsozero iyihe ku bijanye n’abo Imana ibona ko baroraniwe?
5 Ivyo Salomo yanditse mu gitabu c’Umusiguzi birerekana ko atiyumvira yihenda yuko abafise itunga canke abahambaye ari bo gusa baroranirwa bakongera bakagira umunezero. Yanditse ati: “Naramenye yuko ata kintu kiriho kibarutira kunezerwa no gukora iciza mu buzima; kandi ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.” (Umus. 3:12, 13) Yaratahura yuko ivyo bintu binezereza biri n’ico bivuze vy’ukuri ku muntu ashimwa n’Imana, ni ukuvuga afitaniye na yo imigenderanire myiza. Salomo yavuze atihenda ati: “Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.”—Umus. 12:13.
6. Akarorero ka Salomo kadufasha gute kumenya ukuroranirwa nyakuri ukwo ari kwo?
6 Salomo yamaze imyaka agendera mu gutinya Imana. Dusoma yuko “[yabandanije] gukunda Yehova mu kugendera mu vyagezwe vya Dawidi se wiwe.” (1 Abm. 3:3) Ntiwovuga none ko ukwo ari ukuroranirwa nyakuri? Salomo ayobowe n’Imana yarubatse urusengero rw’akaroruhore ku bw’ugusenga kw’ukuri yongera arandika ibitabu vya Bibiliya bitatu. Naho tutokwitega gukora nk’ivyo, akarorero Salomo yatanze igihe yari umwizigirwa ku Mana karashobora kutwereka ukuntu twotahura ukuroranirwa nyakuri ukwo ari kwo be n’ukuntu twogushikako. Ku bijanye n’ivyo, uribuka ko Salomo ahumekewe yanditse yuko itunga, ubukerebutsi, ukuba rurangiranwa be n’ububasha ari ubusa, yamara ivyo bikaba ari vyo abantu benshi muri iki gihe bofatirako mu kuvuga ko umuntu aroraniwe. Mwene ivyo bintu nta co bimaze vy’ukuri, ni “ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” Ntumaze kubona none ko abantu benshi bakunda ubutunzi baguma babuhahamiye? Kandi akenshi usanga bahagaritswe umutima n’ivyo bafise. Vyongeye, umusi uri izina ubutunzi bwabo buzoja ku bandi.—Soma Umusiguzi 2:8-11, 17; 5:10-12.
7, 8. Salomo yahemutse gute, kandi vyavuyemwo iki?
7 Urazi kandi ko Salomo yahavuye aheba ingendo yo kugamburuka adahemuka. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo, abagore biwe bari barahengekeye umutima wiwe ku gukurikira izindi mana; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye ku vyerekeye Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi se wiwe. . . . Salomo atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova.”—1 Abm. 11:4-6.
8 Yehova, abigiranye ishavu ribereye, yabwiye Salomo ati: “Kubera ko . . . [utagumije] isezerano ryanje n’ivyagezwe vyanje nagutegetse, nzogushikura ubwami ata kabuza, ndabuhe koko umusuku wawe.” (1 Abm. 11:11) Mbega ukuntu biteye agahinda! Naho Salomo yari yararoraniwe mu buryo bwinshi, yahavuye ahemukira Yehova. Salomo yarananiwe mu muce w’ubuzima uhambaye kuruta iyindi yose, na wo ukaba ari ukuba umwizigirwa ku Mana. Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Noba niyemeje kuraba neza ko icigwa nigiye ku buzima bwa Salomo kizomfasha kuroranirwa?’
UKURORANIRWA NYAKURI
9. Twisunze ukuntu isi ibona ibintu, Paulo yoba yararoraniwe? Sigura?
9 Ubuzima bwa Paulo bwari butandukanye cane n’ubw’Umwami Salomo. Paulo ntiyari afise intebe y’ubwami y’amasenge eka kandi ntiyasangira inzimano n’abami. Ahubwo nyabuna, vyarashika agasonza, akanyoterwa, akicwa n’ubukanye akongera akagenda gusa. (2 Kor. 11:24-27) Igihe Paulo yemera Yezu ko ari we Mesiya, nta kibanza c’iteka yari agifise mw’idini ry’Abayuda. Ahubwo nyabuna, indongozi z’idini ry’Abayuda zaramwanse. Yarapfunzwe, arakubitwa ibimoko, arakubitwa ingage yongera araterwa amabuye. Paulo yariyemereye ko we n’abakirisu bagenziwe batutswe, barahamwa bongera barambikwa ibara. Yanditse ati: “Twacitse nk’umwanda w’isi, umucafu w’ibintu vyose, gushika n’ubu.”—1 Kor. 4:11-13.
10. Ni kubera iki vyobonwa ko Paulo yanse kuroranirwa?
10 Intumwa Paulo akiri umusore yitwa Sauli, ivyiwe vyasa n’ivyifashe neza cane. Kubera ko yavukiye mu muryango ushobora kuba wabonwa ko uhambaye, akigishwa na Gamaliyeli umwigisha yubahwa, yahavuye yandika ati: “Naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu runganwe rwanje.” (Gal. 1:14) Sauli yari azi neza igiheburayo n’ikigiriki, akagira ubwenegihugu bw’Abaroma, ivyo bikaba vyatuma aronka uturusho. Iyo ahitamwo kuguma akurikirana ukwo kuroranirwa kwo mw’isi, birashoboka yuko yari kuba rurangiranwa akongera agatekanirwa mu vy’amahera. Aho kubigenza gutyo, yahisemwo ingendo abandi babona ko ari ubupfu gusa, harimwo kumbure na bamwebamwe mu ncuti ziwe. Uti kubera iki?
11. Ni ibintu ibihe be n’ihangiro irihe Paulo yaha agaciro, kandi kubera iki?
11 Paulo yarakunda Yehova kandi yaripfuza gushimwa na we aho kwipfuza ubutunzi no kuba uwuhambaye mu bantu. Paulo amaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, yarahaye agaciro incungu, ubusuku bwa gikirisu, icizigiro co kuba mw’ijuru, ivyo bikaba ari ibintu isi ititaho na gato. Paulo yaratahuye yuko hariho ikibazo gitegerezwa gutorerwa inyishu. Shetani yari yaravuze ko ashobora kubuza abantu gukorera Imana. (Yobu 1:9-11; 2:3-5) Naho Paulo yashikiwe n’ibigeragezo bimeze gute, yari yiyemeje kuba umwizigirwa ku Mana, akaguma mu gusenga kw’ukuri. Iryo ni ryo hangiro ribuze mu vyo isi yisunga mu kuvuga ko umuntu aroraniwe.
12. Ni kubera iki wahisemwo gushingira icizigiro cawe ku Mana?
12 Woba ufise umwiyemezo nk’uwo wa Paulo? Naho bitama vyoroshe kubaho umuntu ari umwizigirwa, turazi ko bituma ahezagirwa na Yehova akongera agashimwa na we, ivyo bikaba ari vyo bituma umuntu aroranirwa vy’ukuri. (Imig. 10:22) Ubu turahungukira, kandi turashobora koko kwitega kuzoronka imihezagiro muri kazoza. (Soma Mariko 10:29, 30.) Turafise rero imvo zumvikana zo kudashingira icizigiro cacu “ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo [tukagishingira] ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe.” ‘Turibikira nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira ducakire ubuzima nyakuri.’ (1 Tim. 6:17-19) Egome, turashobora kwemera tudakeka na gato yuko mu myaka ijana, mbere mu myaka igihumbi canke irenga, tuzoshobora gutereza amaso inyuma maze tukavuga duti: “Nahisemwo ukuroranirwa nyakuri pe!”
AHO ITUNGA RYAWE RIRI
13. Yezu yatanze impanuro iyihe ku bijanye no kurundanya amatunga?
13 Yezu yavuze ku bijanye n’amatunga ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi, aho udukoko n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba. Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru, aho ata dukoko canke ingese bikegeta, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe. Kuko aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba.”—Mat. 6:19-21.
14. Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi kurondera amatunga yo mw’isi?
14 Itunga umuntu afise kw’isi ryoshobora kuba atari amahera gusa. Twovuga ko hoshobora kubamwo na vya bintu Salomo yandika abantu bafatirako mu kuvuga yuko umuntu aroraniwe, ivyo na vyo akaba ari icubahiro, ukuba rurangiranwa canke ububasha. Yezu yaseruye iciyumviro gisa na kimwe Salomo yaserura mu gitabu c’Umusiguzi, ico na co kikaba ari uko amatunga yo mw’isi atamara na kabiri. Nk’uko ushobora kuba umaze kubibona mw’isi igukikuje, amatunga nk’ayo yose arahera kandi arashobora gukamangana bitagoranye. Porofeseri F. Dale Bruner yanditse ku bijanye na mwene ayo matunga ati: “Birazwi neza ko kuba rurangiranwa ari ikintu gihindagurika. Uno musi umuntu aravugangwa bugaca yibagiwe. Ivy’ubutunzi usanga vyifashe neza uno mwaka, uwukurikira ugasanga vyifashe nabi. . . . [Yezu] arakunda abantu. Abahimiriza kwirinda ukwihebura kubwirizwa gushika bivuye ku buninahazwa bumara akanya nk’ak’urume rumara. Ntibumara kabiri. Yezu ntashaka ko abigishwa [biwe] bavunika umutima. ‘Buri musi isi iracurangura umuntu yari yiyicariye kw’isonga ryayo.’” Naho abantu benshi bokwemera ayo majambo, ni bangahe bareka ukuri kuri muri yo kugahindura ukuntu babona ubuzima? Weho bite?
15. Ni ukuroranirwa ukuhe dukwiye kwihatira gushikako?
15 Indongozi z’amadini zimwezimwe zarigishije yuko ari bibi kwihatira kuroranirwa be n’uko umuntu akwiye guhagarika akigoro kose agira kugira abishikeko. Ariko rero, urabona ko Yezu atariko ariyamiriza kugira ako kigoro. Ahubwo, yariko arahimiriza abigishwa biwe kwerekeza utwigoro twabo ku kindi kintu, abakebura kurundanya “amatunga [adahera] mw’ijuru.” Icipfuzo cacu gihambaye kuruta ibindi vyose gikwiye kuba ico kwihatira kuroranirwa mu buryo Yehova ashaka. Egome, amajambo ya Yezu aratwibutsa ko ari twe twihitiramwo ico tuzokurikirana. Ariko rero, birazwi yuko tuzokurikirana ikiri mu mutima wacu, igifise agaciro kuri twebwe.
16. Ni igiki dushobora kwizigira tudakeka?
16 Nimba twipfuza guhimbara Yehova, turashobora kwizigira yuko azokwitwararika ko turonka ivyo dukeneye. Yoshobora kureka tukamara igihe gito dushonje canke tunyotewe, nk’uko vyagendeye intumwa Paulo. (1 Kor. 4:11) Ariko rero, turashobora kwizigira tudakeka impanuro ya Yezu iranga ubukerebutsi igira iti: “Ntimukigere mwiganyira ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ Kuko ivyo vyose ari vyo amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera. Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.”—Mat. 6:31-33.
NURONDERE KUBA UWURORANIWE IMBERE Y’IMANA
17, 18. (a) Ukuroranirwa nyakuri kuvana n’iki? (b) Ukuroranirwa ntikuvana n’iki?
17 Ng’iki iciyumviro nyamukuru: Ukuroranirwa nyakuri kwacu ntikuvana n’ivyo twashitseko canke ukuntu isi itubona. Vyongeye, ukuroranirwa nyakuri ntikurabirwa ku kuba umuntu afise ibanga kanaka mw’ishengero rya gikirisu. Ariko rero, umuhezagiro nk’uwo urashobora kuba ufitaniye isano n’ico ukuroranirwa gushingiyeko vy’ukuri, ico na co akaba ari ukugamburukira Imana kwacu no kuba umwizigirwa kuri yo, iyidusubiriza umutima mu nda iti: “Ikironderwa mu babwiriza ni uko umuntu asangwa ari umwizigirwa.” (1 Kor. 4:2) Dutegerezwa kuguma turi abizigirwa. Yezu yavuze ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.” (Mat. 10:22) Ntiwemera none ko gukizwa ari ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko umuntu aroraniwe?
18 Uzirikanye ivyo bintu twavuze, urashobora kubona ko kuba umwizigirwa ku Mana ata sano bifitaniye n’ukuba umuntu ahambaye, amashure, ubutunzi, canke ikibanza umuntu afise mu kibano; eka kandi kuba umwizigirwa ntibivana n’ubwenge, ubuhanga canke ububangukirwe. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, turashobora kuba abizigirwa ku Mana. Mu basavyi b’Imana bo mu kinjana ca mbere, harimwo abatunzi n’aboro. Impanuro Paulo yahaye abo batunzi yo “gukora ivyiza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi” yarumvikana. Abo batunzi n’abo boro barashobora “[gucakira] ubuzima nyakuri.” (1 Tim. 6:17-19) Ivyo ni ko biri no muri iki gihe. Twese dufise akaryo kamwe be n’ibanga rimwe: Dutegerezwa kuguma turi abizigirwa no kuba “abatunzi mu bikorwa vyiza.” Tubigenjeje gutyo, tuzoba abaroraniwe imbere y’Umuremyi wacu twongere tugire umunezero wo kumenya ko tumuhimbara.—Imig. 27:11.
19. Mu bijanye no kuroranirwa, wiyemeje iki?
19 Hari aho utoshobora guhindura ukuntu ivyawe vyifashe, mugabo urashobora gucungera ukuntu uvyifatamwo. Niwihatire kuba umwizigirwa uko ivyawe vyoba vyifashe kwose. Akigoro ugira si ak’impfagusa. Niwizigire yuko Yehova azoguhezagira cane, ubu n’ibihe bidahera. Ntiwigere wibagira aya majambo Yezu yabwiye abakirisu barobanuwe ati: “Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima.” (Ivyah. 2:10) Emwe, ukwo ni kwo kuroranirwa nyakuri!