Ebla: Igisagara ca kera cari caribagiwe cuburwa
Mu ci ryo mu 1962, uwitwa Paolo Matthiae, akaba ari umusore w’Umutaliyano acukura utwa kera, yarihweje yitonze ibiyaya vyo mu Buraruko bushira uburengero bwa Siriya, avyihweza atazi ko hari ico yokwubuye. Muri Siriya habonwa ko naho umuntu yohacukura ata co yohakura. Yamara, ubucukuzi bwatanguye kugirwa haciye imyaka ibiri i Tell Mardikh, ahari nko ku birometero 60 mu Bumanuko bwa Alepo, bwovuyemwo ico abantu benshi ubu babona ko ari ‘ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose vyatowe mu bucukuzi bw’ivya kera bwagizwe mu kinjana ca 20’.
IVYANDIKO vya kera biharangatuwe ku bintu vyaremeje yuko higeze kubaho igisagara citwa Ebla. Ariko rero, nta n’umwe yari azi agatumba boshoboye kwuburamwo ico gisagara mu dutumba twinshi twari dukwiragiye hirya no hino mu ntara zo mu Buseruko bwo Hagati. Muri ivyo vyandiko hari icavuga ingene Sarugoni umwami w’i Akadi yanesheje “Mari, Yaramuti na Ebla”. Mu kindi candikano na ho, umwami w’Umunyasumeriya yitwa Gudeya yaravuze ibijanye n’ibiti vy’agaciro yaronse bivuye mu “misozi yo muri Ibla [ari ho Ebla]”. Izina Ebla ryarabonetse kandi i Karnak mu Misiri, mu rutonde rumwe rw’ibisagara vya kera Farawo Tutumozisi wa gatatu yigaruriye. Uca rero utahura igituma abacukuzi b’utwa kera bari baragerageje gutora aho igisagara ca Ebla cari giherereye.
Ariko rero, ubundi bucukuzi bwagizwe bwaragize ico buvamwo. Mu 1968, harubuwe igice c’igishusho c’umwami wa Ebla yitwa Ibbit-Lim. Ico gice c’ico gishusho cari giharangatuweko indagano mu rurimi rw’iki Akadi ikaba yerekana ko cari careguriwe ikimanakazi citwa Ishtar “cari rurangiranwa muri Ebla”. Ni vyo, ivyacukuwe vyaratanguye gushira ahabona “ururimi rutari ruzwi, kahise katari kazwi be n’imico kama itari izwi”.
Mu mwaka wa 1974 ushira uwa 1975 ni ho vyemezwa yuko i Tell Mardikh ari ho hari Ebla ya kera, igihe bubura ibisate biriko inyandiko ya twa tumenyetso twa kera tumeze nk’udusumari, kuri vyo hakaba haragaruka kenshi iryo zina rya kera. Ubucukuzi bwarerekanye kandi yuko ico gisagara cari carabaye aho hantu n’imiburiburi incuro zibiri. Inyuma y’ikiringo ca mbere ico gisagara ca Ebla camaze gikomeye cane, carasanganguwe. Mu nyuma carongeye kwubakwa yamara kirasubira gusangangurwa, gica kimara ibinjana n’ibindi caribagiranywe.
Cari igisagara kimwe cagiye kirabaho mu buryo butandukanye
Ibisagara vyinshi vya kera vyari vyubatswe mu biyaya inzuzi zaba zarigeze gucamwo, nk’ibiyaya biri hagati y’Uruzi Tigiri n’Uruzi Efurate, ahantu wasanga hashobora kurimwa cane. Ibisagara vya mbere bivugwa muri Bibiliya vyari muri Mezopotamiya (Itanguriro 10:10). Bisa n’uko izina Ebla risobanura “Igitandara cera”, rikaba ryerekeza ku bibuye vy’imonyi ico gisagara cari cubatsweko. Biboneka yuko bahisemwo aho hantu kubera ivyo bibuye vyatuma haboneka amazi ava mu kuzimu, ayo na yo akaba yari ngirakamaro narirya hari mu karere kari kure y’inzuzi nkurunkuru.
Kubera ko mu karere ka Ebla hatagwa imvura nyinshi, abantu baho barima gusa ibiterwa vy’udutete, imizabibu, be n’ibiti vy’imyelayo. N’ikindi kandi, ako karere kari keza ku bijanye n’ukworora ibitungwa, na canecane intama. Kubera ko igisagara ca Ebla cari giherereye ahantu heza cane mu vy’ubucuruzi, ni ukuvuga hagati y’Ikiyaya ca Mezopotamiya be n’inkengera y’Ikiyaga Mediterane, cari ikibanza ciza mu vy’urudandazwa rw’imbaho, urw’amabuye y’agaciro kabayabaye be n’urw’ivyuma. Ico gisagara cari mu karere kabamwo nk’abantu 200.000, ic’icumi cabo bakaba baba ku murwa mukuru.
Ibisigarira vy’ikirimba amahero cari kihari biremeza yuko ico gihe igisagara ca Ebla cari gikomeye cane. Kugira umuntu ashike muri ico kirimba yaca mw’irembo ryari rifise uburebure bw’amaduga buva nko ku metero 12 gushika kuri 15. Ico kirimba cari cagiye kiragurwa uko igihe carengana kubera ko intwaro yatera irushiriza kuba iyikomeye yaguma ikenera aho ikorera. Abategetsi bari bungunganije mu buryo buhanitse, ni ukuvuga ko umwami n’umwamikazi wiwe bafashwa n’“abakuru” be na ba “buramatari”.
Haratowe utuntu two mw’ibumba tubase hamwe n’utumanyagu twa mwene utwo tuntu bishika 17.000. Mu ntango, utwo tumanyagu be n’utwo tuntu two mw’ibumba twari dukwiye, twose hamwe dushobora kuba twari tugize udukwiye turenga 4.000, tukaba twari twabitswe neza mu tubati tw’imbaho. Ivyo bintu vyatowe birerekana yuko urudandazwa rwo muri Ebla rwashika kure. Nk’akarorero, ico gisagara carakorana ivy’ubudandaji na Misiri, nk’uko vyerekanwa n’ibimenyetso vy’i bwami vy’abafarawo babiri. Ivyari kuri utwo tuntu tubase ahanini vyari vyanditse mu nyandiko y’utumenyetso twa kera tumeze nk’udusumari y’Abanyasumeriya. Mugabo hari ivyari mu kinya Ebla, urwo rukaba rwari ururimi rwa kera cane rw’abantu b’Abasemite rwashoboye gusomwa bivuye kuri ivyo vyatowe. Abantu bo mu bihugu vya Buraya batohoza ivyo muri Aziya baratangajwe no kwubura ururimi rwa kera cane rw’Abasemite nk’urwo. Birashimishije kwumva ko tumwetumwe muri mwene utwo tuntu tubase turiko intonde zanditswe mu ndimi zibiri, ikinya Ebla be n’ikinyasumeriya. Igitabu Intango y’iterambere ry’ibisagara muri Ebla (mu gitaliyano) cita utwo tuntu “inyizamvugo za kera cane kuruta izindi tuzi”.
Biboneka ko Ebla cari gikomeye cane mu vya gisirikare, kubera yuko ibishusho bibajwe vyacukuwe vyerekana abarwanyi bo muri Ebla bariko barica abansi babo canke bariko barerekana imitwe baciye. Yamara, ubwiza butangaje ico gisagara ca Ebla cari gifise bwarangiye igihe Ashuri na Babiloni vyariko birarushiriza gukomera. Ntivyoroshe kumenya ukuntu ivyo bintu vyagenze, mugabo bisa n’uko Sarigoni wa mbere (atari umwe Sarigoni avugwa muri Yesaya 20:1) ari we yabanje gutera Ebla mu nyuma na ho giterwa n’umwuzukuru wiwe Naram-Sin. Ivyacukuwe birerekana yuko ukwo gutana mu mitwe kwari gukaze be n’uko ibitero vyagizwe vyaranzwemwo ibintu vy’ubunyamaswa.
Ariko rero, nk’uko twamaze kubivuga, hashize igihe ico gisagara carasubiye kwubakwa, mbere kiraba igikomeye muri ako karere. Ico gisagara gishasha cubatswe hakurikijwe umugero utomoye neza, ivyo bikaba vyatuma kiboneka ko ari kinini kandi gikwegera. Mu gasagara kaho gatoya hari ikibanza ceranda ceguriwe ca kimanakazi Ishtar, ico kigirwamana kikaba kandi cabonwa n’Abanyababiloni ko ari ikimanakazi c’irondoka. Ushobora kuba warumvise ibijanye n’Irembo rurangiranwa rya Ishtar, iryubuwe mu bihomvagurike vy’igisagara ca Babiloni. Hari inyubakwa nini bimwe bidasanzwe y’i Ebla isa n’iyari itungiwemwo intambwe abantu bafata ko ari nyeranda ku kimanakazi Ishtar. Ivyo bituzanye ku bijanye n’idini muri Ebla.
Idini muri Ebla
Igisagara ca Ebla, cokimwe n’ibindi bisagara vyose vyo mu ntara zo muri Aziya ya kera, cari gifise ibimana vyinshi. Muri ivyo harimwo icitwa Bayali, icitwa Hadadi (iryo rikaba ari izina risa n’igice c’amazina y’abami bamwebamwe b’Abasiriya), be n’icitwa Dagoni (1 Abami 11:23; 15:18; 2 Abami 17:16). Ivyo bimana vyose abo muri Ebla baravyubaha. Mbere baranatera iteka n’ibimana vy’ayandi mahanga. Ivyatowe mu bucukuzi vyerekana yuko, canecane mu kimpumbi ca kabiri B.G.C., aba kera bahoze ari abami na bo nyene bari bagizwe nk’ibimana bisengwa.
Abantu bo muri Ebla ntibizigira ibimana vyabo ijana kw’ijana. Igisagara ca Ebla casubiye kwubakwa cari gifise kandi uruzitiro rw’agahebuza rugizwe n’impome zibiri, urushobora kuba rwaratangaza abansi babo abo ari bo bose. Uruhome rw’inyuma rwari rufise inkikuro y’ibirometero hafi bitatu. N’ubu umuntu arashobora kubona neza aho zaca.
Mugabo rero, ico gisagara ca Ebla cari casubiye kwubakwa, cahavuye gisangangurwa. Bishoboka yuko nko mu 1600 B.G.C., Abaheti ari bo banesheje ubwa nyuma ico gisagara cari cahoze ari ica rutura. Hari icese ca kera kivuga yuko igisagara ca Ebla “camenaguwe nk’urwavya rw’ibumba”. Nticatevye kwibagiranwa. Urwandiko rumwe rwanditswe n’abarwanyi bo mu ntambara z’amadini bagendagenze i Yeruzalemu mu 1098, ruravuga aho ico gisagara cari kiri, rukavuga ko cari mu gace kari ukwa konyene ko muri iyo ntara, kitwa Mardikh. Igisagara ca Ebla carigeze kwibagirwa nka rwose maze gisubira kwuburwa haciye ibinjana vyinshi.
[Uruzitiro ku rup. 14]
IGISAGARA CA EBLA NA BIBILIYA
Hari ikiganiro casohowe mu 1976 mu kinyamakuru kimwe (Biblical Archeologist) catumye incabwenge mu vya Bibiliya zirondera kumenya vyinshi. Uwasobanuye ivyari vyanditswe kuri twa tuntu two mw’ibumba tubase twatowe mu gisagara ca Ebla yarerekanye ko mu bintu vyari vyanditse kuri ivyo bisate hashobora kuba harimwo amazina y’abantu n’ay’ibibanza yahavuye yandikwa muri Bibiliya haciye ibinjana. Incabwenge zimwezimwe, kumbure mu kwiyumvira ibirenze ku vyo ico kiganiro casohoye, zaratanguye kwandika yuko igisagara ca Ebla cari caratanze ibimenyamenya bishingiye ku vyacukuwe vyerekana yuko inkuru iri mu gitabu c’Itanguriro ari iyo kwizigirwaa. Umujezuwite yitwa Mitchell Dahood yavuze ko twa “tuntu two mw’ibumba tubase [twavuye mu gisagara ca Ebla] turiko turatuma ibintu vyo muri Bibiliya bitahora bitahurwa neza birushiriza gutahurika”. Nk’akarorero, yiyumviriye yuko utwo tuntu twoshoboye kurasa umuco ku vyerekeye “ikibazo co kumenya aho izina ry’Imana ya Isirayeli ryatangurira gukoreshwa”.
Ubu ivyo vyandikano biriko birarimburwa n’abantu batagira aho bahengamiye na gato. Kubera ko igiheburayo n’ikinya Ebla ari indimi zavugwa n’Abasemite, nta woharira yuko amazina amwamwe y’ibisagara canke y’abantu atoshobora kuba asa n’ayo muri Bibiliya. Yamara, ivyo ntivyerekana ko yerekeza ku hantu hamwe canke ku bantu bamwe. Turarindiriye turabe urugero ivyacukuwe mu gisagara ca Ebla bizogezako mu gufasha ku bijanye n’ivyigwa abantu bagira kuri Bibiliya! Ku bijanye n’izina ry’Imana, umwanditsi wa ca kiganiro co muri ca kinyamakuru (Biblical Archeologist) yarahakanye ko atigeze avuga yuko izina “Yahweh” ryari riri muri vya bisomwa vyatowe mu gisagara ca Ebla. Incabwenge zimwezimwe zibona ko akamenyetso ko muri ya nyandiko y’utumenyetso kasobanuwe ngo ja kerekana gusa kimwe muri vya bimana vyinshi vyo muri Ebla, mu gihe abandi bahinga batari bake bo bavuga ko ako kamenyetso ari ikimenyetso gusa kijanye n’indimburo. Uko vyoba biri kwose, ako kamenyetso ntikerekeza kuri ya Mana imwe nsa y’ukuri, ari yo Yehova.—Gusubira mu vyagezwe 4:35; Yesaya 12:2; 45:5.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ikiganiro kivuga ukuntu ubucukuzi bushigikira inkuru yo muri Bibiliya, raba ikigabane ca 4 c’igitabu La Bible : Parole de Dieu ou des hommes?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ikarata ku rup. 12]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
IKIYAGA KININI
KANANI
SIRIYA
Alepo
Ebla (Tell Mardikh)
Uruzi Efurate
[Abo dukesha ifoto]
Umucukuzi w’ivya kera: Missione Archeologica Italiana a Ebla-Università degli Studi di Roma ‘La Sapienza’
[Ifoto ku rup. 13]
Uyu ni umugufu w’inzahabu wo kuva mu 1750 B.G.C.
[Ifoto ku rup. 12, 13]
Ibisigarira vya ca kirimba amahero
[Ifoto ku rup. 13]
Iki ni igicapo abanyatugenegene bacapuye ca twa tuntu two mw’ibumba tubase twabitswe mu cumba babikamwo utwa kera
[Ifoto ku rup. 13]
Aka ni akantu ko mw’ibumba kabase kariko ya nyandiko y’utumenyetso tumeze nk’udusumari
[Ifoto ku rup. 13]
Ubu ni ubuhiri bw’i bwami bwo mu Misiri bwo mu 1750-1700 B.G.C.
[Ifoto ku rup. 13]
Umurwanyi wo muri Ebla n’imitwe y’abansi
[Ifoto ku rup. 14]
Iyi ni inkingi yari yeguriwe ikimanakazi Ishtar
[Abo dukesha ifoto]
Missione Archeologica Italiana a Ebla-Università degli Studi di Roma ‘La Sapienza’
[Abo dukesha ifoto ku rup. 13]
Amasanamu yose (kiretse ibisigarira vya ca kirimba) tuyakesha: Missione Archeologica Italiana a Ebla-Università degli Studi di Roma ‘La Sapienza’