ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/12 rup. 15-19
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova’
  • “Hazoza abacokoranyi bacokorana”
  • Nugume ‘uwurorereye’
  • Bari bakeneye kubona ko ibintu vyihutirwa
  • Tugume tubona ko ibintu vyihutirwa
  • Gumiza Umusi wa Yehova Hafi mu Muzirikanyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ingene tworushiriza kubona ko kwamamaza vyihutirwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/12 rup. 15-19

‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

“Umusi uhambaye [“wa Yehova”, “NW”] uri hafi; uri hafi kand’urihuta”.​—ZEFANIYA 1:14.

1, 2. (a) Ni umusi udasanzwe uwuhe abakirisu biteze? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki?

INKUMI yuzuye akamwemwe si yo izobona umusi w’ubugeni bwayo urashitse. Umuvyeyi yibungenze arindiranye igishika cinshi ivuka ry’uwo yibungenze. Umukozi yumva ko arushe cane, aripfuza rwose yuko akaruhuko kiwe amaze imisi yiteze gatangura. Ni igiki abo bantu bose bahurijeko? Bose biteze umusi udasanzwe, umusi uzogira ico uhinduye ku buzima bwabo. Bafise ivyipfuzo bikomeye yamara bitandukanye cane. Uwo musi biteze amaherezo uzoteba ushike, kandi niwashika bizeye ko uzosanga bawiteguriye.

2 Muri kino gihe, abakirisu b’ukuri na bo nyene bariteganye umushasharo ukuza kw’umusi udasanzwe. Uwo musi udasanzwe ni wa ‘musi wa Yehova’ uhambaye (Yesaya 13:9; Yoweli 2:1; 2 Petero 3:12). Uwo ‘musi wa Yehova’ ugiye kuza ni iki, kandi ukuza kwawo kuzogira ico gukoze gute ku muryango w’abantu? N’ikindi kandi, twokora iki kugira ngo uwo musi niwaza uzosange tuwiteguriye? Birahambaye cane ko turondera kumenya inyishu z’ivyo bibazo ubu, kubera ko ibimenyamenya vyerekana yuko aya majambo akurikira yo muri Bibiliya ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Umusi uhambaye [“wa Yehova”, NW] uri hafi; uri hafi kandi urihuta”.​—Zefaniya 1:14.

‘Umusi uhambaye wa Yehova’

3. ‘Umusi uhambaye wa Yehova’ ni iki?

3 ‘Umusi uhambaye wa Yehova’ ni iki? Mu Vyanditswe, imvugo ‘umusi wa Yehova’ yerekeza ku bihe bidasanzwe aho Yehova yagiye arashitsa urubanza ku bansi biwe akongera akaninahaza izina ryiwe rihambaye. Abantu b’i Buyuda n’i Yeruzalemu b’ibihemu hamwe n’abantu b’i Babiloni no mu Misiri bahahaza abandi, bose barashikiwe n’‘imisi ya Yehova’ igihe yabashitsako imanza ziwe (Yesaya 2:1, 10-12; 13:1-6; Yeremiya 46:7-10). Ariko rero, ‘umusi wa Yehova’ uhambaye kuruta iyindi yose, n’ubu nturashika. Ni “umusi” aho urubanza rwa Yehova ruzoshitswa ku bantu batukishije izina ryiwe. Uwo musi uzotangurana n’isangangurwa rya “Babuloni Hahambaye”, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, maze ushike ku kiringo cawo c’agaheta igihe uru runkwekwe rw’ibintu rubi ruzosangangurwa kuri ya ntambara ya Harumagedoni.​—Ivyahishuriwe 16:14, 16; 17:5, 15-17; 19:11-21.

4. Ni kubera iki abantu benshi bari bakwiye gutinya umusi wa Yehova wegereza wihuta?

4 Abantu benshi, babimenya canke batabimenya, bari bakwiye gutinya uwo musi wegereza wihuta. Uti kubera iki? Biciye ku muhanuzi Zefaniya, Yehova arishura ati: “Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya”. Wewe wumva none uwo musi udateye ubwoba? Vyongeye, uwo muhanuzi avuga ati: “Nzotēza ivyago abantu . . . kuko bancumuyeko jewe Uhoraho”.​—Zefaniya 1:15, 17.

5. Ni ukubona ibintu mu buryo bwiza ukuhe abantu amamiliyoni bafise ku bijanye n’umusi wa Yehova, kandi kubera iki babibona gutyo?

5 Ariko rero, hariho abandi bantu amamiliyoni bobo biteganye umushasharo ukuza kw’uwo musi wa Yehova. Kubera iki? Barazi ko uwo musi uzoba ari umusi aho abagororotsi bazokizwa bakongera bakarokorwa, ukazoba kandi n’umusi aho Yehova ubwiwe azoshirwa hejuru, izina ryiwe rininahaye na ryo rikezwa (Yoweli 3:16, 17; Zefaniya 3:12-17). Kuba abantu bakwiye gutinya uwo musi canke kuwitegana umushasharo, bivana ahanini n’ukuntu babayeho ubu. Kuba uwo musi wegereje, wewe ubibona gute? Woba uwiteguriye? Kuba umusi wa Yehova wegereje vyoba bigira ico bikoze ku buzima bwawe bwa misi yose ubu?

“Hazoza abacokoranyi bacokorana”

6. Abantu benshi babona gute ‘umusi wa Yehova’, kandi ni kubera iki ivyo bidatangaza abakirisu b’ukuri?

6 Naho ibintu vyihutirwa, ivy’uko ‘umusi wa Yehova’ wegereje usanga abantu benshi ata co bibabwira. Baratwengera mw’ijigo bakongera bagatyekeza abababurira yuko wegereje. Abakirisu b’ukuri, ivyo ntibibatangaza. Baribuka ya mburi intumwa Petero yandika igira iti: “Irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bat’Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi”.​—2 Petero 3:3, 4.

7. Ni igiki kizodufasha kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa?

7 Ni igiki kizodufasha kunanira mwene ukwo kubona ibintu mu buryo butabereye maze tukaguma tubona ko ibintu vyihutirwa? Petero atubwira ati: “[‘Ndakabura ubwenge’, UB] [bw]anyu [bu]keye, mbibutsa; kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko” (2 Petero 3:1, 2). Kwumvira imburi zatanzwe n’abahanuzi bizodufasha ‘gukabura ubwenge bwacu bukeye’. Ivyo vyibutswa dushobora kuba tumaze kuvyumva incuro n’izindi, yamara birahambaye cane ko ubu, kuruta ikindi gihe ico ari co cose, tubandanya kwumvira izo mburi.​—Yesaya 34:1-4; Luka 21:34-36.

8. Ni kubera iki benshi biyobagiza ivyibutswa vyo muri Bibiliya?

8 Ni kubera iki none bamwebamwe biyobagiza ivyo vyibutswa? Petero abandanya ati: “Biyobagiza ibigirankana yuko kera hār’amajuru, n’isi yakūwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi. Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira” (2 Petero 3:5, 6, ni twe dushimitse.). Ni vyo, hariho abadashima ko umusi wa Yehova uza. Ntibashaka ko hagira ikintu na kimwe cobabuza kubandanya kwiberaho nk’uko basanzwe bibereyeho. Ntibashaka ko Yehova agira ico ababaza ku bijanye n’uburyo babayeho buranga ubwikunzi! Nk’uko Petero abivuga, babayeho “bakurikira ukwifuza kwabo”.

9. Abantu bo mu gihe ca Nowa be n’abo mu gihe ca Loti bagaragaje agatima akahe?

9 Abo bacokoranyi bariyobagiza “ibigirankana” yuko Yehova mu bihe vyo muri kahise yahagurutse akagira ico akoze mu vyo kw’isi. Yezu Kristu n’intumwa Petero bompi barerekeje ku bihe bibiri mwene ivyo, ni ukuvuga ku “misi ya Nowa” no ku “misi ya Loti” (Luka 17:26-30; 2 Petero 2:5-9). Imbere y’uko wa Mwuzure utera, abantu ntibafashe nka nkama imburi Nowa yatanga. N’imbere y’uko i Sodomu n’i Gomora hasangangurwa, abakwe ba Loti babonye umengo “yar’ameze nk’uwizāgira”.​—Itanguriro 19:14.

10. Yehova avuga iki ku bijanye n’abantu badafata nka nkama imburi?

10 No muri iki gihe ni ko bimeze. Ariko rero, raba ivyo Yehova avuga ku bijanye n’abantu badafata nka nkama imburi. Avuga ati: “[Nzohana] abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora. Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo” (Zefaniya 1:12, 13). Abantu boshobora kubandanya bakora imirimo yabo isanzwe ya misi yose, ariko ivyo babirira akuya nta nyungu y’igihe kirekire bizobazanira. Uti kubera iki? Kubera yuko umusi wa Yehova uzoshika giturumbuka, kandi amatungo ayo ari yo yose bashobora kuzoba barirundanirije ntazobakiza.​—Zefaniya 1:18.

Nugume ‘uwurorereye’

11. Ni impanuro iyihe dukwiye kwamiza ku muzirikanyi?

11 Twebwe ntidukwiye kumera nk’isi idukikije; ahubwo riho, dukwiye kwamiza ku muzirikanyi impanuro yanditswe n’umuhanuzi Habakuki igira iti: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba” (Habakuki 2:3). Naho twebwe abanyagasembwa twobona umengo uwo musi uratevye, dutegerezwa kwibuka yuko Yehova adatevya ibintu. Uwo musi uzoza neza na neza ku gihe cashinzwe, ku gihe abantu batiteze.​—Mariko 13:33; 2 Petero 3:9, 10.

12. Ni igiki Yezu yabuye, kandi ivyo bihushanye gute n’ivyo abayoboke biwe b’intahemuka bakora?

12 Yezu, mu gushimika ku kuntu bihambaye ko tuguma twiteze umusi wa Yehova, yarabuye yuko hariho mbere n’abayoboke biwe vyoshitse ntibabe bakibona ko ibintu vyihutirwa. Yavuze ku biberekeye ati: “[Uwo] mushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: maz’agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: azomucamwo kubiri” (Matayo 24:48-51). Ariko umushumba wo kwizigirwa w’ubwenge wewe, aguma abona ko ibintu vyihutirwa, ntiyigere ahemuka. Umugwi w’umushumba wagumye ugavye wongera urerekana ko witeguye. Yezu yawushinze “kugaba ivy’afise vyose” hano kw’isi.​—Matayo 24:42-47.

Bari bakeneye kubona ko ibintu vyihutirwa

13. Yezu yashimitse gute ku kuntu ukubona ko ibintu vyihutirwa kwobaye gukenewe?

13 Vyari bihambaye cane ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere baguma babona ko ibintu vyihutirwa. Babonye i Yeruzalemu “hakikijwe n’ibitero”, bobwirijwe guca bahunga bakava muri ico gisagara (Luka 21:20, 21). Ivyo vyabaye mu mwaka wa 66 G.C. Raba uburyo Yezu yashimitse ku kuntu abakirisu bo muri ico gihe bokeneye kubona ko ibintu vyihutirwa: “Ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe, ūzoba ari mu mirima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe” (Matayo 24:17, 18). Ko kahise kerekana yuko igisagara ca Yeruzalemu camaze iyindi myaka ine kitarasangangurwa, ni kubera iki none vyabaye ngombwa ko mu 66 G.C. abakirisu bumvira badatebaganye amajambo Yezu yari yarababwiye?

14, 15. Ni kubera iki vyari ngombwa ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagira ico bakoze badatebaganye babonye i Yeruzalemu hakikijwe n’ibitero?

14 Naho mu 70 G.C. ari ho ingabo z’Abaroma zasangangura Yeruzalemu, muri iyo myaka yahaciye imbere y’uko hasangangurwa nta mahoro yaharangwa. Uti kubera iki? Iyo myaka yaranzwemwo ubukazi bwinshi, haseseka n’amaraso menshi. Umutohozakahise umwe avuga yuko ico gihe i Yeruzalemu hari “intambara y’abanyagihugu yasesa amaraso bimwe biteye ubwoba, hakagirwa n’ibintu vy’ubunyamaswa bw’agahomerabunwa”. Abasore bararonderwa kugira ngo baje gukomeza ibihome vyakingira igisagara, bafate ibirwanisho, canke baje mu gisoda. Buri musi baramenyerezwa mu vya gisirikare. Abatashigikira ingingo zose zikabije zafatwa, babonwa nk’ibihemu. Iyo abakirisu bateba kuva muri ico gisagara, bari guhava basanga bageramiwe rwose.​—Matayo 26:52; Mariko 12:17.

15 Twibuke yuko Yezu yavuze ko ‘abobaye bari i Yudaya’ botegerejwe guca batangura guhunga, ntiyavuze ab’i Yeruzalemu gusa. Ivyo vyari bihambaye kubera ko haciye amezi makeyi gusa za ngabo z’Abaroma ziyonjoroye zikava i Yeruzalemu, zaciye zisubira kugaba ibitero. I Galilaya ni ho hatanguye gufatwa mu 67 G.C., maze i Yudaya hagenda buhorobuhoro harigarurirwa mu mwaka wakurikiye. Ivyo vyatumye muri ako karere hasigara harangwa amarushwa atovugwa. Kuva i Yeruzalemu ubwaho ngo uhunge, vyagenda birushiriza kuba urugamba ku Muyuda uwo ari we wese. Amarembo y’igisagara yari acunzwe, kandi uwagerageza guhunga wese yafatwa ko agomba kuja ku ruhande rw’Abaroma.

16. Ni agatima akahe abakirisu bo mu kinjana ca mbere babwirijwe kugaragaza kugira ngo barokoke ico gihe c’amarushwa?

16 Dufatiye kuri ivyo vyose duhejeje kubona, turashobora rero guca dutahura igituma Yezu yashimitse ku kuntu ibintu vyobaye vyihutirwa. Abakirisu bategerezwa kwemera kugira ivyo bahevye, ntibareke ngo ivy’amatungo bibasamaze. Bategerezwa kwemera ‘guheba ivyo bafise vyose’ kugira ngo bumvire imburi Yezu yari yaratanze (Luka 14:33). Abaciye bumvira imburi badatebaganye maze bagahungira hakurya ya Yorodani, bararokoye igufa.

Tugume tubona ko ibintu vyihutirwa

17. Ni kubera iki dukwiye kurushiriza kubona ko ibintu vyihutirwa?

17 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana neza ko tugeze kure mu gihe c’iherezo. Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, turakeneye kurushiriza kubona ko ibintu vyihutirwa. Mu gihe c’amahoro, umusoda ntahagarika umutima kubera intambara canke ngo yumve ko imugeramiye. Yamara, hamwe ivyo vyotuma atabona yuko bihambaye cane ko aguma agavye, mu nyuma akaja yumva arahamagawe kuja ku rugamba atari avyiteze, yoshobora gusanga atari yiteguye, maze agashobora gushikirwa n’inkurikizi ziteye agahinda. No mu vy’impwemu ni ko bimeze. Hamwe twokwirekerana ku buryo buhorobuhoro tugenda turabona ko ibintu bitihutirwa, twoshobora gusanga tutiteguriye kunanira ibitero vyoza bitugana kandi wa musi wa Yehova uje tugasanga uraduhwikiye (Luka 21:36; 1 Ab’i Tesalonike 5:4). Nimba hari ‘abasubiye inyuma bakareka gukurikira Yehova’, ubu ni co gihe co gusubira kumurondera.​—Zefaniya 1:3-6; 2 Ab’i Tesalonike 1:8, 9.

18, 19. Ni igiki kizodufasha kuguma tureretse ‘ukuza kw’umusi wa Yehova’?

18 Ntibitangaje rero kubona intumwa Petero aduhanura kuguma tureretse ‘ukuza kw’umusi wa Yehova’. Ivyo dushobora kubigira gute? Uburyo bumwe ni mu kugira “ingeso zera no mu [gukora] [“ibikorwa vy’ukuyobokera”, UB] Imana” (2 Petero 3:11, 12). Kuguma dukora mwene ivyo bikorwa bizodufasha kurindirana umushasharo ukuza kw’‘umusi wa Yehova’. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kurereka”, rihinduwe urudome ku rundi risobanura “kwihutisha”. Ni ivy’ukuri yuko tudashobora kwihutisha igihe gisigaye ngo umusi wa Yehova uze. Yamara, mu kurindira uwo musi, umwanya uzorushiriza gusa n’uwihuta mu gihe tuguma dukorana umwete umurimo w’Imana.​—1 Ab’i Korinto 15:58.

19 Kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana no ku vyibutswa dusanga muri ryo na vyo nyene bizodufasha “guhahamira” uwo musi, canke ‘kuguma tuwiteze’, nk’uko Bibiliya imwe (The New Testament, yahinduwe n’uwitwa William Barclay) ibivuga (2 Petero 3:12). Muri ivyo vyibutswa harimwo n’ubuhanuzi bwinshi butavuga gusa ivyerekeye ukuza kw’umusi wa Yehova, ariko kandi buvuga ivyerekeye imihezagiro agasenga abaguma ‘barorereye’ Yehova bazoronka.​—Zefaniya 3:8.

20. Ni amajambo yo kuduhimiriza ayahe dukwiye gufata nka nkama?

20 Emwe, ubu ni co gihe c’uko twese dufata nka nkama aya majambo yo kuduhimiriza tubwirwa biciye ku muhanuzi Zefaniya agira ati: ‘Uburake bw’Uhoraho bw’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’uburake bw’Uhoraho utarabashikīra, murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw’isi, bashitsa amabwirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bw’Uhoraho’.​—Zefaniya 2:2, 3.

21. Ni umwiyemezo uwuhe abasavyi b’Imana bazoba bafise mu mwaka wa 2007?

21 Ese ukuntu rero bibereye kubona icanditswe cacaguwe ku bw’umwaka wa 2007 ari iki kivuga giti: ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’. Abasavyi b’Imana baremera badakeka ko uwo musi “uri hafi kandi [ko wi]huta” (Zefaniya 1:14). ‘Ntuzoteba’ (Habakuki 2:3). Mu kurindira uwo musi rero, nimuze tugume turi maso ku bijanye n’ibihe tubayemwo, dutahura yuko iranguka rya nyuma ry’ubwo buhanuzi ryegereje cane!

Woshobora kuvyishura?

• ‘Umusi uhambaye wa Yehova’ ni iki?

• Ni kubera iki benshi biyobagiza ivy’uko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo?

• Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagira ico bakoze badatebaganye?

• Twokora iki kugira ngo turushirize kubona ko ibintu vyihutirwa?

[Ifoto ku rup. 19]

Icanditswe c’umwaka wa 2007 kizoba ari iki: ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’. ​—Zefaniya 1:14.

[Ifoto ku rup. 17]

Nk’uko vyagenze mu gihe ca Nowa, abacokoranyi bazohwikirwa Yehova niyahaguruka akagira ico akoze

[Ifoto ku rup. 18]

Abakirisu bategerezwa guhunga badatebaganye babonye i Yeruzalemu “hakikijwe n’ibitero”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika