ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/6 rup. 25-29
  • ‘Ivyibutswa vyawe birampimbara’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ivyibutswa vyawe birampimbara’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Tugume turi intahemuka ku ndinganizo z’Imana
  • Icibutswa kituburira
  • Tugume tudahumanye
  • Twumvire ivyibutswa vy’Imana
  • Woba Ukunda Ivyibutswa vya Yehova mu Buryo Buhebuje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ivyibutsa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Dawidi na Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ubuzima bwawe bwoba buganzwa n’ukuntu ivyawe biba vyifashe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/6 rup. 25-29

‘Ivyibutswa vyawe birampimbara’

“Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha”.​—ABAROMA 15:4.

1. Yehova aturonsa gute ivyibutswa, kandi ni kubera iki tubikeneye?

YEHOVA araronsa abasavyi biwe ivyibutswa kugira ngo abafashe kumenya uko bovyifatamwo mu mikazo yo muri ibi bihe bigoye. Bimwebimwe muri ivyo vyibutswa tubironka igihe turiko twisomera Bibiliya, ibindi na vyo tukabironka biciye ku vyo dushikirizwa ku makoraniro ya gikirisu canke biciye ku masasanuro ahatangirwa. Vyinshi mu vyo dusoma canke twumvira ku makoraniro usanga atari bishasha kuri twebwe. Dushobora kuba tumaze kwumva canke gusoma ibisa n’ivyo. Ariko rero, kubera ko dukunda kwibagira, twama dukenera kugira ivyo twibukijwe ku bijanye n’imigambi ya Yehova, amabwirizwa yiwe be n’ubuyobozi aturonsa. Turakwiye gukenguruka ivyibutswa vy’Imana. Biraturemesha mu kudufasha kugumiza ku muzirikanyi impamvu zatumye duhitamwo kubaho duhimbara Imana. Ntibitangaje rero kuba umwanditsi wa Zaburi yaririmbiye Yehova ati: “[“Ivyibutswa vyawe”, NW] birampimbara”.​—Zaburi 119:24.

2, 3. (a) Ni kubera iki Yehova yashimye ko inkuru zigana ivy’abantu bavugwa muri Bibiliya zizigamwa gushika no mu gihe cacu? (b) Ni inkuru izihe zo mu Vyanditswe tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

2 Ijambo ry’Imana, naho rimaze ibinjana n’ibindi ryanditswe, rirafise ububasha (Abaheburayo 4:12). Riratwiganira inkuru z’ukuri z’ubuzima bw’abantu bavugwa muri Bibiliya. Naho imigenzo be n’ivyiyumviro abantu bari bafise mu bihe vya Bibiliya ubu vyahindutse cane, ingorane dutegerezwa kunyinyana usanga akenshi zisa n’izo banyinyana ico gihe. Inkuru nyinshi zazigamwe muri Bibiliya ku bwacu usanga zitwereka uburorero bukora ku mutima bw’abantu bakunda Yehova kandi bamusukurira badahemuka naho baba bari mu bihe bigoye. Izindi na zo ziratwereka inyifato Imana yanka iyo ari yo. Yehova yaratumye izo nkuru zerekeye abantu bamwebamwe, zaba nziza canke mbi, zandikwa muri Bibiliya kugira ngo zitubere ivyibutswa. Ivyo birahuye n’ivyo intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba”.​—Abaroma 15:4.

3 Reka twihweze inkuru zitatu zo mu Vyanditswe: inkuru yerekeye ukuntu Dawidi yavyifashemwo ku bijanye na Sauli, iyerekeye Ananiya na Safira, be n’iyerekeye inyifato Yozefu yagize ku bijanye na muka Potifari. Imwimwe yose muri zo iratwigisha ivyigwa ngirakamaro.

Tugume turi intahemuka ku ndinganizo z’Imana

4, 5. (a) Ibintu vyari vyifashe gute hagati y’Umwami Sauli na Dawidi? (b) Dawidi yavyifashemwo gute amaze kubona ko Sauli amufitiye inzigo?

4 Umwami Sauli yarahemukiye Yehova kandi ntiyaba akibereye kuganza abasavyi ba Yehova. Imana yaciye rero imuheba maze ibwira umuhanuzi Samweli kurobanuza amavuta Dawidi kugira ngo aze abe ari we aba umwami wa Isirayeli. Igihe Dawidi yerekana ubuhizi mu rugamba maze abantu bakamuvugiriza impundu, Sauli yaciye atangura gufata Dawidi nk’umukeba. Sauli yaragerageje akatari gake kumukuraho. Ariko muri ivyo bihe vyose Dawidi yarashoboye kurusimba kubera ko Yehova yari kumwe na we.​—1 Samweli 18:6-12, 25; 19:10, 11.

5 Vyarabaye ngombwa ko Dawidi amara imyaka n’iyindi abaho yimukanga yongera yinyegeza. Igihe Dawidi yaronka akaryo ko kwica Sauli, bagenziwe baciye bamuhimiriza kumwica, bamubwira yuko Yehova yari agabuye uwo mwansi wiwe mu maboko yiwe. Mugabo Dawidi yaranse. Ukudahemuka kuri Yehova be n’ukwubaha ikibanza Sauli yari afise bwa mwami yarobanujwe amavuta aganza abasavyi b’Imana, ni vyo vyatumye yanka kumwica. Yehova si we none yari yaragenye Sauli ngo abe umwami wa Isirayeli? Yehova ni we kandi yomukuye muri ayo mabanga mu gihe yobonye ko kibereye. Dawidi yabona ko ivyo ata burenganzira afise bwo kubijamwo. Muri ivyo bihe, Dawidi amaze gukora uko ashoboye kwose kugira ngo atume inzigo Sauli yari amufitiye igabanuka, yavuze ati: “Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo. Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta”.​—1 Samweli 24:3-15; 26:7-20.

6. Ni kubera iki inkuru yerekeye Dawidi na Sauli iri n’ico ivuze kuri twebwe?

6 Iyo nkuru iratwigisha icigwa gihambaye cane. Vyoba bimaze gushika ukibaza igituma ingorane zimwezimwe zivyuka mw’ishengero rya gikirisu? Kumbure hariho umuntu kanaka ariko akora ibitabereye. Inyifato yiwe ishobora kuba ubwayo ata kibi gikomeye irimwo, mugabo wewe ukumva ikubujije amahoro. Muri ico gihe wovyifatamwo gute? Kubera ko witaho ineza y’uwo mukirisu mugenzawe ukaba kandi wipfuza kuguma uri intahemuka kuri Yehova, hari aho wohitamwo kuyaga na we ubigiranye umutima mwiza, ufise intumbero yo kumwigarurira. None nka hamwe iyo ngorane yobandanya, woca ukora iki? Umaze gukora uko ushoboye kwose, hari aho woshima kubirekera mu maboko ya Yehova. Ni ko Dawidi yabigenjeje.

7. Mu kwigana Dawidi, dukwiye kuvyifatamwo gute igihe turenganijwe canke igihe hari abatwiyumvira ukutari kwo?

7 Canke ushobora kuba uriko ushikirwa n’ingorane bitewe n’akarenganyo ko mu kibano, kibure bitewe n’uko bakwiyumvira ukutari kwo kubera idini urimwo. Kumbure ubu hari ikintu gito cane woshobora gukora ku bijanye n’iyo ngorane, canke na ho ugasanga nta kintu na kimwe woshobora gukora. Kwihanganira ivyo bintu birashobora kuba urugamba, mugabo ukuntu Dawidi yavyifashemwo igihe yarenganywa biratwigisha. Amazaburi Dawidi yanditse arerekana mu buryo bukora ku mutima amasengesho avuye ku mutima yatuye Imana kugira ngo imurinde kugwa mu vyara vya Sauli, akongera akerekana ukudahemuka kwiwe kuri Yehova be n’ukuntu yarazwa ishinga n’ukuninahazwa kw’izina ry’Imana (Zaburi 18:1-6, 25-27, 30-32, 48-50; 57:1-11). Dawidi yagumye ari intahemuka kuri Yehova naho Sauli yabandanije kumurenganya imyaka n’iyindi. Na twebwe turakwiye kuguma turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe naho twoba turiko turarenganywa, canke naho abandi bokora iki. Turashobora kugumiza umutima mu nda twizigiye tudakeka ko Yehova azi neza uko ivyacu vyifashe.​—Zaburi 86:2.

8. Ivyabona vya Yehova bo muri Mozambike bavyifashemwo gute igihe ukudahemuka kwabo kuri Yehova kwageragezwa?

8 Akarorero kamwe ko muri iki gihe cacu k’abagumye bumiye kuri Yehova mu gihe c’ibigeragezo, ni ak’abakirisu bo muri Mozambike. Mu 1984, ibigwati babamwo vyaratewe akatari gake n’abantu bitwaje ibirwanisho bo mu muhari umwe warwanya ubutegetsi, ibintu birasahurwa, amazu araturirwa, n’abantu baricwa. Ubiravye, nta kintu kinini abo bakirisu b’ukuri bari bashoboye gukora kugira ngo bikingire. Ababa muri ako karere barahatiwe kwinjira muri uwo muhari w’abantu bitwaje ibirwanisho canke kuwushigikira mu bundi buryo. Ivyabona vya Yehova bo babona ko ivyo biteye kubiri n’impagararo yabo ya gikirisu yo kutagira aho bahengamiye. Abo muri uwo muhari ishavu ryaranize babonye ko Ivyabona banse kubashigikira. Ivyabona bashika 30 barishwe muri ico gihe c’umudurumbanyo, yamara abo basavyi b’Imana bagumye ari intahemuka naho baterwa ubwoba babwirwa ko bicwaa. Nka kumwe kwa Dawidi, barihanganiye akarenganyo ariko amaherezo baratsinda.

Icibutswa kituburira

9, 10. (a) Uburorero bumwebumwe bwo mu Vyanditswe bushobora gute kutugirira akamaro? (b) Ni ikibi ikihe cari mu vyo Ananiya na Safira bakoze?

9 Ivyashikiye abantu bamwebamwe bavugwa mu Vyanditswe biratubera ivyibutswa vyo kutuburira ku bijanye n’inyifato dukwiye kwirinda. Nkako, Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’abantu bakoze ibitabereye maze barashikirwa n’inkurikizi zavyo, bamwe bakaba mbere bari abasavyi b’Imana (1 Ab’i Korinto 10:11). Imwe muri izo nkuru ni iya Ananiya na Safira, abo bakaba bari umugabo n’umugore bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ry’i Yeruzalemu.

10 Inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., vyarabaye ngombwa ko abari baherutse kuba abakirisu bari basigaye i Yeruzalemu kugira ngo bungukire ku kwifatanya n’intumwa, bafashwa mu vy’umubiri. Bamwebamwe mu bagize iryo shengero baragurishije amatongo yabo kugira ngo bafashe ntihagire uwugira ivyo akena (Ivyakozwe n’intumwa 2:41-45). Ananiya na Safira baragurishije itongo maze bazanira intumwa igice gusa c’amahera ryaguzwe, bavuga yuko ngo ico gice batanze ari yo mahera yose barigurishije. Mu bisanzwe, Ananiya na Safira bari gushobora gutanga ayo bashatse yose, yaba make canke menshi, mugabo imvo bayatanganye yari mbi, kandi ivyo bakoze vyarimwo ukubesha. Bagomba gusiga abandi inkore ku maso ku buryo baboneka ko bariko bakora vyinshi, na ho shwi. Intumwa Petero, ayobowe n’impwemu yera, yarashize ahabona ububeshi bwabo n’uburyarya bwabo, kandi Yehova yarabishe.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:1-10.

11, 12. (a) Wovuga ivyanditswe bimwebimwe biremesha kuba inzirabugunge? (b) Kuba inzirabugunge bizana ivyiza ibihe?

11 Hamwe vyoshika tugashaka kugoreka ukuri kugira ngo abantu batubone neza, ese inkuru y’ivyashikiye Ananiya na Safira yoca itubera icibutswa gikomeye! Abantu nkatwe twoshobora kubahenda, ariko Yehova we, emwe, naho tworaramwo (Abaheburayo 4:13). Ivyanditswe biraduhimiriza akatari gake kubwirana ukuri, kubera ko abanyabinyoma ata kibanza bazoronka mw’isi izoba yakuwemwo abadakora ibigororotse (Imigani 14:2; Ivyahishuriwe 21:8; 22:15). Impamvu ituma twirinda kuvuga ibinyoma iratomoye. Uwuremesha ikinyoma si uwundi atari Shetani wa Mucokoranyi.​—Yohana 8:44.

12 Kwama turi inzirabugunge mu buzima bwacu birazana ivyiza vyinshi cane. Nk’akarorero, turagira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi tukongera tugahimbarwa no kuba abandi batwizigira. Akatari gake, hari abakirisu baronse akazi canke barakagumamwo, kubera ko ari inzirabugunge. Ariko rero, iciza kiruta ibindi vyose turonka, ni uko kuba inzirabugunge bituma tugiranira ubucuti n’Imana Mushoboravyose.​—Zaburi 15:1, 2.

Tugume tudahumanye

13. Ni ibiki vyashikiye Yozefu, kandi yavyifashemwo gute?

13 Yozefu, wa muhungu w’umwe sekuruza w’imiryango Yakobo, yaragurishijwe ngo abe umuja afise imyaka 17. Mu nyuma Yozefu yagiye kuba umushumba mu rugo rw’Umunyamisiri umwe yakora ku kirimba yitwa Potifari, inabuja akaba yahavuye amugomwa. Uno yaripfuza kuryamana na Yozefu, uwari umusore mwiza w’umunyakaranga, kandi uko bukeye yama amubwira ati: “Ngo turyamane”. Yozefu yari kure y’ab’iwabo, mu gihugu aho ata n’umwe yari amuzi. Yari gushobora kuryamana n’uwo mugore kandi ntihagire uwubimenya. Yamara, igihe amaherezo muka Potifari yasumira Yozefu, uno yaciye atungwa n’ayo yameze.​—Itanguriro 37:2, 18-28; 39:1-12.

14, 15. (a) Ni kubera iki inkuru ya Yozefu iri n’ico ivuze kuri twebwe? (b) Ni kubera iki umukirisukazi umwe yakengurutse cane kuba yarumviye ivyibutswa vy’Imana?

14 Yozefu yari yarerewe mu muryango utinya Imana, akaba yaratahura yuko bitabereye ko abantu batubakanye bahuza ibitsina. Yabajije ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?”. Biboneka ko yashitse kuri ico ciyumviro yisunze ivyo yari azi ku bijanye n’ingingo mfatirwako Imana yari yarashingiye abantu yavuzwe muri Edeni, iyo na yo ikaba ari iy’uko umugabo ategerezwa kugira umugore umwe gusa, n’umugore akagira umugabo umwe gusa (Itanguriro 2:24). Kuzirikana kuri ukwo kuntu Yozefu yavyifashemwo birashobora kugirira akamaro abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Mu mihingo imwimwe, ivyo guhuza ibitsina usanga abantu babibona ibisanzwe ku buryo abakiri bato banka gukora ivy’ubusambanyi usanga bagenzi babo babatwenga. Ivy’ukurenga ibigo na vyo bireze. Uca ubona rero ko inkuru ya Yozefu ari icibutswa gihuje n’igihe turimwo. N’ubu ingingo ngenderwako y’Imana ntiyahindutse: gusambana no kurenga ibigo ni ivyaha (Abaheburayo 13:4). Benshi mu bohejwe baraja mu vy’uguhuza ibitsina kutabereye bariyemerera yuko hari impamvu ikomeye yo kuvyirinda. Zimwezimwe mu ngaruka zishika umuntu atavyipfuza, ni ukwumva ko witesheje agaciro, kugira ijwi ryo mu mutima rikubuza amahoro, kwumva inzigo, ugutwara inda, hamwe n’indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Nk’uko Ivyanditswe bibitwibutsa, umuntu asambana aba ariko “acumu[ra] ku mubiri wiwe”.​—1 Ab’i Korinto 5:9-12; 6:18; Imigani 6:23-29, 32.

15 Umuvukanyikazi umwe w’umwirebange yitwa Jennyb ari n’imvo yo gukenguruka ivyibutswa vy’Imana. Ku kazi, hari umugabo w’akaranga umwe bakorana yatanguye kuza aramwikundishako. Abonye ko Jenny ata co abinezweko, yaciye arushirizaho. Jenny ubwiwe avuga ati: “Kuguma ntahumanye vyarambereye urugamba, narirya usanga umuntu yumva agatima keze igihe hari uwo badasangiye igitsina amweretse ko amwitwararika”. Yamara, Jenny yahavuye amenya ko uwo mugabo ata kindi yarondera atari gusambana na we nk’uko yabigiranye n’abandi bagore. Igihe yumva ko bitanguye kumugora kwigumya, yaringinze Yehova ngo amufashe kuguma ari intahemuka kuri we. Jenny yasanze ivyo yize mu kugira ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu vya gikirisu vyamubereye nk’ivyibutswa vyamukabuye kugira ngo agume ari maso. Kimwe muri ivyo vyibutswa yari ya nkuru yerekeye Yozefu na muka Potifari. Asozera ati: “Magingo nguma niyibutsa ukuntu nkunda Yehova, sinkwiye gutinya ngo nzohava nkora ico caha kingana gutyo, ngacumura kuri we”.

Twumvire ivyibutswa vy’Imana

16. Kuza turasubira gusoma ibijanye n’abantu bavugwa muri Bibiliya no kubizirikanako, bishobora gute kutugirira akamaro?

16 Turashobora kurushiriza gukenguruka ingingo mfatirwako za Yehova mu kugira akigoro ko gutahura igituma yashimye ko inkuru zimwezimwe zizigamwa mu Vyanditswe ku bwacu. Ni igiki zitwigisha? Ni kamere izihe abantu bavugwa muri Bibiliya bagaragaje dukwiye kwigana canke kwirinda? Mw’Ijambo ry’Imana haravugwa abantu amajana n’amajana. Vyoba vyiza abo bose bakunda kwigishwa n’Imana batsimbataje ugukunda ubukerebutsi bujana mu buzima, ushizemwo n’ivyigwa dushobora kwigira ku burorero Yehova yazigamye neza. Iki kinyamakuru carasohoye akatari gake ibiganiro bivuga ivy’abantu usanga inkuru zabo ziri n’ico zitwigisha. Ubona gute ugiye urafata umwanya wo kuza urasubira kuzihweza?

17. Ivyibutswa vya Yehova wewe ubibona gute, kandi kubera iki?

17 Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona ingene Yehova yitwararikana urukundo abariko bihatira gukora ivyo agomba! Ni ivy’ukuri yuko tudatunganye, nk’uko nyene n’abagabo be n’abagore bavugwa muri Bibiliya batari batunganye. Ariko rero, inkuru z’ivyo bakoze ni ngirakamaro cane kuri twebwe. Twumviye ivyibutswa vya Yehova, turashobora kwirinda gukora amakosa akomeye, tukigana uturorero twiza tw’abagendeye mu nzira z’ukugororoka. Nitwabigenza gutyo, tuzoshobora kuririmba nka kumwe wa mwanditsi wa Zaburi yaririmba ati: “Hahirwa abitondera ivyo [Yehova] yihanikirije [ari vyo “vyibutswa vyiwe”, NW], bakamurondeza umutima wose. Umutima wanje witondeye [“ivyibutswa vyawe”, NW], kandi ndabikunda bihebuje”.​—Zaburi 119:2, 167.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1996, urupapuro rwa 160-162.

b Izina ryarahinduwe.

Wokwishura gute?

• Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku nyifato Dawidi yagize ku bijanye na Sauli?

• Inkuru ya Ananiya na Safira itwigisha iki?

• Ni kubera iki inkuru ya Yozefu iri n’ikintu gihambaye ivuze kuri twebwe?

[Ifoto ku rup. 26]

Ni kubera iki Dawidi atemeye ko Sauli yicwa?

[Ifoto ku rup. 27]

Inkuru ya Ananiya na Safira itwigisha iki?

[Ifoto ku rup. 28]

Ni igiki catumye Yozefu yamirira kure ukuryosharyoshwa ngo akore ivy’ubusambanyi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika