“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!”
“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra”.—ZABURI 119:97.
1, 2. (a) Ni ibiki vyashikiye umwanditsi wa Zaburi ya 119? (b) Yavyifashemwo gute, kandi kubera iki?
UMWANDITSI wa Zaburi ya 119 yarashikiwe n’ibintu bigoye cane. Abansi b’abanyabwibone batubaha ivyagezwe vy’Imana baramutwengera mw’ijigo bakongera bakamwambika ibara mu kumwagiriza ibinyoma. Abaganwa baramugiriye inama bongera baramuhama. Abanyakibi baramukikuje, mbere n’ubuzima bwiwe burageramirwa. Ivyo vyose vyatumye umutima wiwe ‘ushongeshwa n’umubabaro’ (Zaburi 119:9, 23, 28, 51, 61, 69, 85, 87, 161). Igihe uwo mwanditsi wa Zaburi yari muri ivyo bihe bigoye, yaririmvye ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra”.—Zaburi 119:97.
2 Vyoba vyiza uciye wibaza uti: “Ivyagezwe vy’Imana vyashobora gute guhumuriza uwo mwanditsi wa Zaburi?”. Icamukomeza ni ukuba yarizigira yuko Yehova amwitwararika. Kuba yari azi ivyiza biva ku gukurikiza ivyo vyagezwe, vyatuma ahimbarwa naho yari mu marushwa atejwe n’abansi biwe. Yaratahura yuko Yehova yari yamugiriye neza. N’ikindi kandi, gukurikiza ubuyobozi bwo mu vyagezwe vy’Imana vyatuma arusha ubwenge abansi biwe bose bikongera mbere bikamuzigama. Kwumvira ivyo vyagezwe vyatuma agira amahoro n’ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.—Zaburi 119:1, 9, 65, 93, 98, 165.
3. Ni kubera iki muri iki gihe usanga ku bakirisu bitoroshe kubaho bisunga ingingo mfatirwako z’Imana?
3 Bamwebamwe mu basavyi b’Imana muri iki gihe na bo nyene ukwizera kwabo kuriko kurageragezwa bimwe bikomeye. Hari aho tutoshikirwa n’ibintu bigeramira ubuzima bwacu nk’uko vyashikiye uwo mwanditsi wa Zaburi, yamara tubayeho mu “bihe bigoye”. Abantu benshi tubonana ku musi ku musi usanga badakunda ivy’Imana. Imigambi yabo usanga ari iy’ubwikunzi kandi ishingiye ku guhahamira amaronko, ugasanga ni abantu bafise agatima ko kwishira hejuru no kutubaha abandi (2 Timoteyo 3:1-5). Abakirisu bakiri bato bama babwirizwa kunyinyana n’ibintu bigeramira ukutadohoka kwabo. Kubera ko ibintu vyifashe gutyo, kuguma dukunda Yehova be n’ukuguma dukora ibibereye birashobora kuba urugamba. Dushobora gute none kwikingira?
4. Umwanditsi wa Zaburi yerekanye gute ko akenguruka ivyagezwe vy’Imana, kandi abakirisu boba na bo nyene bakwiye kubikenguruka?
4 Icafashije uwo mwanditsi wa Zaburi kunanira imikazo yarimwo ni ukuba yarahebera umwanya ukuzirikana ku vyagezwe vy’Imana abigiranye ugukenguruka. Gutyo yahavuye akunda cane ivyo vyagezwe. Nkako, hafi umurongo wose wo muri Zaburi ya 119 usanga uvuga umuce munaka w’ivyagezwe vya Yehovaa. Ni ivy’ukuri yuko abakirisu muri iki gihe batagengwa na vya Vyagezwe vya Musa, bimwe Imana yaha ihanga rya Isirayeli rya kera (Ab’i Kolosayi 2:14). Yamara, ingingo ngenderwako ziri muri ivyo Vyagezwe ziguma zifise akamaro. Nk’uko zahumurije uwo mwanditsi wa Zaburi, ni na ko zishobora guhumuriza abasavyi b’Imana bariko banyinyana n’ingorane zo mu buzima bwo muri iki gihe.
5. Ni imice iyihe ya vya Vyagezwe vya Musa tugiye kurimbura?
5 Reka turabe indemesho dushobora gukura kuri iyi mice itatu gusa y’ivyo Vyagezwe vya Musa: ya ndinganizo y’Isabato, ya ntunganyo yo guhumba, be na rya bwirizwa ryabuza kwipfuza ivy’abandi. Muri iyo mice yose, turaza kubona yuko bihambaye cane ko dutahura ingingo ngenderwako ziri muri ivyo vyagezwe kugira ngo dushobore kunyinyana n’ibintu bigoye biranga iki gihe cacu.
Kwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu
6. Ni ibintu ntahara ibihe abantu bose usanga bakenera?
6 Uravye uburyo abantu baremwe, barakenera ibintu bitari bike. Nk’akarorero, ibifungurwa, ibinyobwa n’uburaro, ni ibintu umuntu akenera cane kugira ngo ashobore kuguma afise amagara meza. Ariko rero, ategerezwa kandi kwitaho ivyo ‘akeneye mu vy’impwemu’. Kandi atitayeho ivyo akeneye mu vy’impwemu ntashobora vy’ukuri guhimbarwa (Matayo 5:3, NW). Ico kintu abantu bakeneye kubera ukuntu baremwe, Yehova yabonye ko bihambaye cane ko bacironsa, ku buryo yategetse abasavyi biwe kuza baramara umusi wose buri ndwi bahagaritse ibikorwa vyabo vya misi yose, kugira ngo baciteho.
7, 8. (a) Imana yashizeho gute itandukaniro hagati y’umusi w’Isabato hamwe n’iyindi misi? (b) Isabato yari ifise akamaro akahe?
7 Indinganizo y’Isabato yarashimika ku kamaro ko kwitaho ivy’impwemu. Ijambo “isabato” riboneka muri Bibiliya ari bwo bwa mbere ahavuga ibijanye na ya manu yatangwa mu bugaragwa. Abisirayeli babwiwe yuko bakwiye kwegeranya uwo mutsima w’igitangaro mu misi itandatu. Ku musi ugira gatandatu, bategerezwa kwegeranya “ivyo kurya vy’imisi ibiri” kubera ko ku musi ugira indwi ata manu yaboneka. Umusi ugira indwi wari umusi w’“isabato irobanuriwe Uhoraho”, kuri uwo musi umuntu wese akaba yabwirizwa kuguma i muhira (Kuvayo 16:13-30). Rimwe muri ya Mabwirizwa Cumi ryavuga yuko ata gikorwa na kimwe categerezwa gukorwa ku musi w’Isabato. Uwo musi wari mweranda. Uwaramuka arenze kuri iryo bwirizwa, yaca yicwa.—Kuvayo 20:8-11; Guharūra 15:32-36.
8 Ibwirizwa ryerekeye Isabato ryarerekana ko Yehova yitwararika ineza y’abasavyi biwe mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Yezu yavuze ati: “Isabato yabayeho kubg’umuntu” (Mariko 2:27). Ntiyaha Abisirayeli akaryo ko kuruhuka gusa, mugabo yaranabaha akaryo ko kwiyegereza Umuremyi wabo no kwerekana ko bamukunda (Gusubira mu vyagezwe 5:12). Wari umusi wahebewe ukwironsa ivy’impwemu mu muryango, ugusenga be n’ukuzirikana ku Vyagezwe vy’Imana. Iyo ndinganizo yatuma Abisirayeli badakoresha umwanya wabo wose n’inguvu zabo zose ku bw’ibintu vy’umubiri gusa. Isabato yarabibutsa yuko ubucuti bari bafitaniye na Yehova cari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwabo. Yezu yarasubiyemwo iyo ngingo ngenderwako itigera ihinduka igihe yavuga ati: “Vyanditswe ng’Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana”.—Matayo 4:4.
9. Ya ndinganizo y’Isabato yigisha iki abakirisu?
9 Abasavyi b’Imana ntibagisabwa gukurikiza ivyo kuruhuka ku musi w’isabato busabato y’amasaha 24, yamara indinganizo y’Isabato si ikintu co mu nkuru ya kahise gusa (Ab’i Kolosayi 2:16). Ntitwibutsa none yuko na twebwe dutegerezwa gushira imirimo y’ivy’impwemu imbere y’ibindi vyose? Ibintu vyeranda ntibikwiye kunyohwa n’imyitwarariko y’ivy’umubiri canke ivyo kwisamaza (Abaheburayo 4:9, 10). Umwe wese muri twebwe yokwibaza rero ati: “Ni igiki kiri mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje? Noba ndiko mpa ikibanza ca mbere ukwiyigisha, ugusenga, ukwitaba amakoraniro ya gikirisu be n’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami? Canke ibindi bintu vyoba ari vyo biriko bisubirira iyo mirimo?”. Yehova adusubiriza umutima mu nda yuko mu gihe dushize ivy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, tutazobura ivya nkenerwa mu buzima.—Matayo 6:24-33.
10. Kuza turahebera umwanya ivy’impwemu bishobora gute kutugirira akamaro?
10 Kuza turafata umwanya wo kwiga Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo, tukongera tukaza turazirikana bimwe bigera kure ku vyo bitubwira, birashobora kudufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova (Yakobo 4:8). Haraheze imyaka nka 40 uwitwa Susan atanguye kuza arafata umwanya wo kwiga Bibiliya adahorereza. Uwo Susan ariyemerera yuko mu ntango bitamworoheye na gato. Rwari urugamba. Ariko uko yaza arasoma, ni ko yagenda ararushiriza kubikunda. Ubu, iyo bishitse ntashobore kwiga, arumva ababaye vy’ukuri. Avuga ati: “Kwiyigisha vyaramfashije kubona ko Yehova ari Umuvyeyi. Ndashobora kumwizigira, nkamwihekako, nkongera nkamwiyegereza mw’isengesho ata co ninona. Birankora ku mutima cane kubona ukuntu Yehova akunda abasavyi biwe, ukuntu jewe ubwanje anyitaho be n’ukuntu yamfashije”. Ntiworaba umunezero na twebwe dushobora kwironkera tugiye turironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu tudahorereza!
Icagezwe c’Imana cerekeye guhumba
11. Ya ndinganizo yo guhumba yakora gute?
11 Umuce ugira kabiri w’Ivyagezwe vya Musa werekana ko Imana yitaho ineza y’abasavyi bayo, ni bwa burenganzira bari bafise bwo guhumba. Yehova yategetse yuko igihe Umwisirayeli w’umurimyi yimbuye ivyimburwa mu murima wiwe, aboro bakwiye kwemererwa guhumba ivyo abimbuzi basigaje. Abarimyi bategerezwa kutimbura ivyimburwa vyose vyo ku mibari y’imirima no kudasongonoza imizabibu canke imyelayo yaba yasigaye. Imiganda y’ivyimburwa baba bibagiriye mu mirima ntibari bakwiye kugaruka kuyitora. Iyo yari indinganizo iranga urukundo yafasha aboro, abanyamahanga, impfuvyi be n’abapfakazi. Ni vy’ukuri yuko ukwo guhumba kwasaba aboro gukora bakabira akuya, mugabo urabona ko biciye kuri iyo ndinganizo bataba bakibwirijwe gusegerereza.—Abalewi 19:9, 10; Gusubira mu vyagezwe 24:19-22; Zaburi 37:25.
12. Ya ndinganizo yo guhumba yaha abarimyi akaryo ko gukora iki?
12 Icagezwe cerekeye ivyo guhumba nticavuga ivyo abarimyi bosigira aboro uko bitegerezwa kungana. Ni bo bihitiramwo nimba igice co ku mubari bosiga batimbuye coba kinini canke gito. Gutyo, iyo ndinganizo yarabigisha kugira agatima ko gutanga. Yaraha abarimyi akaryo ko kwerekana ko bakengurukira Nyene kubaha ivyimburwa, narirya ‘uwugirira ikigongwe umukene, aba yubashe [Umuremyi wiwe]’ (Imigani 14:31). Umwe mu babigize ni Bowazi. N’umutima mwiza, yaritayeho ivy’uko Rusi yegeranya ibihagije, uno akaba yari umupfakazi yaza guhumba mu mirima yiwe. Kubera ako gatima ko gutanga Bowazi yagaragaje, Yehova yaramuhezagiye cane.—Rusi 2:15, 16; 4:21, 22; Imigani 19:17.
13. Ca cagezwe ca kera cerekeye guhumba kitwigisha iki?
13 Ingingo ngenderwako iri muri ico cagezwe ntiyahindutse. Yehova yiteze yuko abasavyi biwe baba abantu batanga, na canecane mu gufasha abakene. Uko turushiriza gutanga ni ko tuzorushiriza kuronka imihezagiro. Yezu yavuze ati: “Mutange, namwe muzohabga; ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe”.—Luka 6:37, 38.
14, 15. Dushobora gute kugaragaza agatima ko gutanga, kandi twe n’abo dufasha bishobora kutuzanira ivyiza ibihe?
14 Intumwa Paulo yaduhanuye ngo “tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera” (Ab’i Galatiya 6:10). Gutyo, nta gukeka ko dukeneye kwitwararika gufasha mu buryo bw’impwemu abakirisu bagenzi bacu igihe cose ukwizera kwabo kuriko kurageragezwa. Ariko, boba kumbure bakeneye no gufashwa mu buryo buboneka, nk’akarorero umuntu akabafasha kuja ku Ngoro y’Ubwami canke gusuma? Mw’ishengero urimwo, hoba hariho abageze mu zabukuru, abarwaye canke abo bigora cane kuva muhira boshima ko hagira uwubagendera ngo abaremeshe, kibure abafashe gukora ikintu kinaka? Tugize akigoro ko kwitaho kumenya mwene abo bantu bakeneye gufashwa, Yehova yoshobora kudukoresha mu kwishura amasengesho yabo. Ego ni ko, kwitwararika abandi ni ibanga abakirisu bajejwe, ariko n’uwo nyene kwitwararika uwundi biramugirira akamaro. Kugaragariza urukundo nyakuri abo dusangiye ugusenga bituma tugira umunezero, bigatuma dushira akanyota koko, bikongera bigatuma dushimwa na Yehova.—Imigani 15:29.
15 Ubundi buryo buhambaye abakirisu berekana ko bazira ubwikunzi, ni mu gukoresha umwanya wabo n’inguvu zabo kugira babwire abandi ivyerekeye imigambi y’Imana (Matayo 28:19, 20). Uwumaze kugira umunezero uva ku gufasha uwundi muntu gushika yeguriye ubuzima bwiwe Yehova, arazi neza ko aya majambo Yezu yavuze ari ay’ukuri, akaba agira ati: “Gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga”.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
Kwirinda kwipfuza ivy’abandi
16, 17. Rya bwirizwa rigira cumi ryabuza iki, kandi kubera iki?
16 Umuce wa gatatu wa vya Vyagezwe Imana yaha Isirayeli tugiye kurimbura, ni rya bwirizwa rigira cumi ryabuza kwipfuza ivy’abandi. Ivyagezwe vyavuga biti: “Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’umugurano wiwe, cank’umuguranokazi wiwe, cank’inka yiwe, cank’indogoba yiwe, cank’ikintu na kimwe ca mugenzawe” (Kuvayo 20:17). Nta muntu n’umwe yoshobora kumenya nimba abandi bakurikiza iryo bwirizwa, narirya ata n’umwe ashobora kubona ikiri mu mutima w’uwundi. Ariko rero, iryo bwirizwa ryatuma ivyo Vyagezwe biruta kure n’iyo ubutungane bw’abantu. Ryatuma zina Mwisirayeli wese atahura yuko ari n’ivyo abazwa imbere ya Yehova, we ashoboye kubona impengamiro z’umutima (1 Samweli 16:7). N’ikindi kandi, iryo bwirizwa ryarakora ku kintu nyezina gituma abantu bakora ibintu vyinshi bitabereye.—Yakobo 1:14.
17 Iryo bwirizwa ryabuza kwipfuza ivy’abandi ryararemesha abasavyi b’Imana kwirinda uguhahamira amaronko, umwina be n’ukwiganyira ku bijanye n’ukuntu ubuzima bwabo bwifashe. Vyongeye, ryarabakingira mu gutuma batoshwa ngo bibe canke bakore ivy’ubuhumbu. Dushake tugire gute, hazokwama hariho abantu batunze ibintu dutamarira canke basa n’abaroraniwe mu buryo bumwe canke mu bundi kuturusha. Tudacungereye ivyiyumviro vyacu muri ico gihe, twoshobora gutakaza umunezero wacu, maze tugatangura kunohokera abandi. Bibiliya ivuga yuko ukwipfuza ivy’abandi ari kimwe mu bintu vyerekana ko umuntu afise ‘umutima w’akahebwe’. Mu gihe tutagize ako gatima, biraheza bikatugendera neza kuruta.—Abaroma 1:28-30.
18. Ni agatima akahe kiganje mw’isi muri kino gihe, kandi ni ingaruka mbi izihe gashobora kuvamwo?
18 Agatima kiganje mw’isi muri kino gihe ni akaremesha uguhahamira amaronko n’uguhiganwa. Biciye ku guhayagiza ibidandazwa, ubudandaji butuma twipfuza ibintu bishasha kandi akenshi bukatwereka yuko tudashobora guhimbarwa tutabironse. Ako gatima ni ko neza na neza Ivyagezwe vya Yehova vyiyamiriza. Akandi gatima gafitaniye isano n’ako, ni agatima ko kwipfuza gutera imbere mu buzima vyanka bikunda no kwirundaniriza amatungo. Intumwa Paulo yagabishije ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi”.—1 Timoteyo 6:9, 10.
19, 20. (a) Ku muntu akunda ivyagezwe vya Yehova, ni ibintu ibihe biri n’agaciro koko? (b) Ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?
19 Abakunda ivyagezwe vy’Imana baratahura akaga kari mu vyo guhahamira amaronko, kandi barakingirwa ako gatima. Nk’akarorero, umwanditsi wa Zaburi yasavye Yehova ati: “Uhindurire umutima wanje ku vyo wihanikirije, ariko si ku nyungu mbi. Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe vyambereye agasumbajana k’amafeza n’amazahabu” (Zaburi 119:36, 72). Kwemera tudakeka ko ayo majambo ari ay’ukuri, bizodufasha kugumana uburimbane dukeneye kugira ngo twirinde kugwa mu mutego w’ugukunda amaronko, w’umwina be n’uwo kudahimbarwa n’ukuntu ubuzima bwacu bwifashe. Ikintu nyamukuru kidufasha kuronka inyungu iruta izindi zose, ni “ukwubaha Imana”, si ukwirundaniriza amatungo.—1 Timoteyo 6:6.
20 Ingingo ngenderwako ziri muri vya Vyagezwe Yehova yaha rya hanga rya Isirayeli rya kera zirafise akamaro muri ibi bihe bigoye turimwo, nk’uko nyene zari zifise akamaro igihe Yehova yaha Musa ivyo Vyagezwe. Uko turushiriza kuzishira mu ngiro mu buzima bwacu, ni ko tuzorushiriza kuzitahura, turushirize kuzikunda, maze turushirize guhimbarwa. Ivyo Vyagezwe birimwo ivyigwa vyinshi bidufitiye akamaro, kandi ubuzima bw’abantu bavugwa muri Bibiliya be n’ivyagiye birabashikira, biratwibutsa mu buryo bukora ku mutima akamaro kavyo. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino bimwebimwe muri ivyo vyigwa.
[Akajambo k’epfo]
a Imirongo 176 yose igize iyo zaburi, uretse gusa umurongo wa 4, usanga ivuga amabwirizwa ya Yehova, canke imanza ziwe, canke ivyagezwe vyiwe, canke amateka yiwe, canke ivyo yashinze, canke ivyo yihanikirije, canke amajambo yiwe, canke inzira ziwe, kibure ijambo ryiwe.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki umwanditsi wa Zaburi ya 119 yakunda ivyagezwe vya Yehova?
• Ni igiki abakirisu bashobora kwigira kuri ya ndinganizo y’Isabato?
• Ca cagezwe c’Imana cerekeye guhumba, ni akamaro akahe gifise gushika n’ubu?
• Rya bwirizwa ribuza kwipfuza ivy’abandi ridukingira gute?
[Ifoto ku rup. 21]
Rya bwirizwa ryerekeye Isabato ryashimika ku ki?
[Ifoto ku rup. 23]
Ca cagezwe cerekeye guhumba kitwigisha iki?