‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’
Yehova arahezagira abitanga
HARI umugabo umwe yama agira urugendo n’ikinga aca mw’ishamba rya manyenye ryo muri Kameruni. Aramara amasaha agenda n’ikinga, aca mu mabarabara yuzuyemwo amazi no mu rushanga, agaca ahantu h’akaga, kugira akomeze abandi. Hari abavukanyi bo muri Zimbabwe bagira urugendo rw’ibirometero 15 n’amaguru, bakajabuka inzuzi zuzuye, bakuye impuzu n’ibirato bakabishira ku mutwe kugira ntibijobe. Ivyo vyose babigira kugira baje kwigisha umugwi umwe uri ukwa wonyene. Ahandi na ho, hari umugore umwe azinduka isaha cumi z’ubuca kugira aje kwigisha umuforomakazi ashobora kuronka umwanya wo kwiga Bibiliya w’isaha imwe gusa mu mutwenzi.
Abo bantu bagira mwene ako kigoro bahuriye ku ki? Bose ni abasuku b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova bakora igikorwa co kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Mu basuku b’igihe cose harimwo abatsimvyi basanzwe n’abadasanzwe, abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi, be n’abandi ibihumbi n’ibihumbi bitanze bavyishakiye bakorera mu nyubakwa za Beteli ziri hirya no hino kw’isi. Agatima ko kwitanga ni ko kabarangaa.
Babitumwa n’imvo zibereye
Ivyabona vya Yehova bariko baragamburuka ya nkeburo intumwa Paulo yaha Timoteyo igira iti: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri” (2 Timoteyo 2:15). Mugabo none, ni igiki gituma Ivyabona ibihumbi amajana bakora umurimo w’igihe cose?
Iyo ubajije abasuku b’igihe cose igituma bitanga cane mu murimo wa Yehova, bishura yuko mu bituma bitanga harimwo urukundo bakunda Imana be n’abantu nka bo (Matayo 22:37-39). Ivyo birabereye rwose kubera yuko, iyo bataba babitumwa n’urukundo, akigoro ako ari ko kose bagira kaba ari ak’impfagusa.—1 Ab’i Korinto 13:1-3.
Barakora umurimo usaba kwitanga
Abakirisu biyeguye bose baritavye aka kamo Yezu yateye kagira gati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye”, NW] ankurikir[a]” (Matayo 16:24). Kwiyanka bisobanura kwemera tuvyigombeye kuba aba Yehova Imana na Yezu Kirisitu no kuyoborwa na bo. Ivyo vyatumye abatari bake bitanga ngo bakore ubusuku bw’igihe cose.
Ivyabona benshi baragira utwigoro dukomeye kugira bagure umurimo barangurira Yehova. Rimbura ivy’umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi asanzwe yitwa Júlia afise imyaka 56 w’i São Paulo muri Berezile. Yibuka ibi: “Hari umuvukanyi w’Umushinwa yanterefonye kugira ambaze niba noshima kwiga igishinwa. Kubera imyaka nari mfise, sinari bwiyumvire ivyo kwiga urundi rurimi. Mugabo, haciye imisi nk’ingahe, naremeye kurwana urwo rugamba. Ubu ndashobora gutanguza mu gishinwa ibiyago bishingiye ku Vyanditswe”.
Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Peru bivuga ibi: “Muri iyi myaka iheze, abatsimvyi basanzwe amajana n’amajana baragiye gukorera mu vyibare ata wari bwabihabwe, baragaragaza agatima k’uburindutsi n’agatima k’ukwitanga. Bagiye gukorera mu bisagara vya kure aho usanga hari ibintu bimwebimwe vya nkenerwa bitaboneka, hakaba n’ahantu usanga kuronka akazi bigoye. Abo bavukanyi n’abavukanyikazi bariteguriye kugira uko bashoboye kwose kugira ngo bagume mu vyibare barungitswemwo. Ariko igihambaye kuruta ibindi, ni uko igikorwa co mu ndimiro barangura kizana ivyiza vyinshi mu mihingo itari mike. Abacungezi b’ingenzi bavuga yuko imigwi mishasha yashoboye gushingwa bivuye ku twigoro twagizwe n’abo batsimvyi basanzwe bafise agatima ko kwitanga”.
Abakirisu bamwebamwe baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bafashe abo basangiye ukwizera (Abaroma 16:3, 4). Ehe raba ivyo umucungezi w’umuzunguruko umwe akorera mu karere kamwe ko muri Afirika katabaguwe n’intambara avuga: “Imbere yo gushika kw’ibariyeri ya nyuma yari hagati y’uturere tugenzurwa n’abaroberi be n’utugenzurwa na Leta, twe n’umukenyezi wanje twagiye tubona intwazangabo zine z’abaroberi be n’ababacungerera umutekano badukikuje, baca batangura kutubazagiza barondera kumenya abo turi, iyo tuva n’iyo tuja. Bariko basuzuma karangamuntu zacu, basanze tuva mu karere kagenzurwa na Leta, baca rero batangura kutwikeka. Hinge rero banyagirize ngo ndi umutasi, baca bafata ingingo yo kunta mu runogo. Narabasiguriye abo turi, amaherezo barahava baraturekura”. Ese ukuntu amashengero yakengurutse kubona uwo mugabo n’umugore bitanga barashoboye kuyagendera!
Naho mwene abo basuku b’igihe cose bahura n’ingorane, ntikibuza ko batera biyongera kw’isi yose (Yesaya 6:8). Abo bakozi b’abanyabwira barakunda cane agateka batewe ko gukorera Yehova. Hari n’abandi bantu amamiliyoni bariko barashemeza Yehova, bafise mwene ako gatima ko kwitanga. Imihezagiro Yehova na we abahunda ni agasenga (Imigani 10:22). Mu kwizigira yuko Yehova azobandanya kubahezagira no kubafata mu mugongo, mwene abo bakozi b’abanyabwira baragaragaza agatima nka kamwe ka wa mwanditsi wa Zaburi yaririmba ati: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.—Zaburi 121:2.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005, septembre-octobre.
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe”.—ZABURI 110:3
[Uruzitiro ku rup. 8]
YEHOVA ARIKUNDIRA ABASUKU BIWE BAMWIHEBEYE
“Mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami”.—1 Ab’i Korinto 15:58.
“Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo”.—Abaheburayo 6:10.