Tubeho tutacinezereza
“Icatumye [Kirisitu] apfira bose kwar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza”.—2 AB’I KORINTO 5:15.
1, 2. Ni ibwirizwa irihe ryo mu Vyanditswe ryafashije abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere gutsinda agatima ko kwikunda?
HARI mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi. Mu masaha ari ku rushi, yari agiye gutanga ubuzima bwiwe ku bw’abomwizeye bose. Muri iryo joro, Yezu yarabwiye abigishwa biwe b’intahemuka ibintu vyinshi bihambaye. Muri ivyo bintu harimwo ibwirizwa ryerekeye kamere yohavuye iba ikimenyetso kiranga abayoboke biwe. Yavuze ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.—Yohana 13:34, 35.
2 Abakirisu b’ukuri bategerezwa kugiriranira urukundo rw’ukwitanga bakongera bagashira ivyo abandi bakeneye imbere y’ivyo ubwabo bakeneye. Ntibakwiye no kugonanwa ‘kwigura abakunzi babo’ (Yohana 15:13). None abakirisu bo mu ntango bakiriye gute iryo bwirizwa rishasha? Mu gitabu ciwe rurangiranwa (Apologétique), umwanditsi wo mu kinjana ca kabiri yitwa Terituliyano yarasubiyemwo amajambo abandi bavuze ku vyerekeye abakirisu. Yanditse ati: ‘Raba yemwe ingene bakundana n’ingene umwe wese yiteguriye gupfira mugenziwe!’.
3, 4. (a) Ni kubera iki dukwiye kurwanya agatima k’ukwikunda? (b) Tugiye kwihweza iki muri kino kiganiro?
3 Na twebwe nyene dutegerezwa ‘kubandanya kwakirana imitwaro, tugashikana gutyo icagezwe ca Kirisitu’ (Ab’i Galatiya 6:2). Ariko rero, ukwikunda ni imwe mu ntambamyi zikomeye zitubuza kugamburuka icagezwe ca Kirisitu no ‘gukunda Uhoraho Imana yacu n’imitima yacu yose n’ubugingo bwacu bwose n’ubwenge bwacu bwose be no gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda’ (Matayo 22:37-39). Kubera yuko turi abanyagasembwa, usanga tuguma dushaka kwikwegerako. Ca ushirako n’imikazo yo mu buzima bwa misi yose, agatima ko guhiganwa kiganje mu mashure canke ku kazi, be n’urugamba rwo kuronka ivya nkenerwa mu buzima. Ivyo bica bituma ako gatima dusanganywe k’ukwikwegerako karushiriza gukomera. Ako gatima ko kurondera kwikwegerako ntaho kariko karaja. Intumwa Paulo yabuye ati: “Mu misi y’iherezo . . . abantu bazoba bikunda gusa”.—2 Timoteyo 3:1, 2.
4 Igihe Yezu yari mu kurangiza ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yarabwiye abigishwa biwe intambwe zitatu zobafasha gutsinda agatima ko kwikwegerako. Izo ntambwe ni izihe, kandi twokwungukira gute ku nyigisho yatanze?
Umuti ruhasha!
5. Igihe Yezu yariko aramamaza mu Buraruko bwa Galilaya ni igiki yahishuriye abigishwa biwe, kandi ni kubera iki vyabavunye umutima?
5 Yezu yariko aramamaza hafi y’i Kayisariya h’i Filipi mu Buraruko bwa Galilaya. Aho hantu hatekanye kandi hateye igomwe hashobora kuba hasa n’ahabereye kwisamariza, ha kworohereza agatima k’ukwiyanka. Ariko rero, igihe Yezu yari ngaho, yaratanguye guserurira abigishwa biwe yuko ‘akwiye kuja i Yeruzalemu akababazwa uburyo bwinshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, akicwa, maze akazurwa ku musi ugira gatatu’ (Matayo 16:21). Ese ingene abigishwa biwe bategerezwa kuba baravunywe umutima n’iyo nkuru, kubera yuko gushika ico gihe bari biteze yuko Indongozi yabo ishinga Ubwami bwayo kw’isi!—Luka 19:11; Ivyakozwe 1:6.
6. Ni kubera iki Yezu yahambariye cane Petero?
6 Ako kanya Petero yaciye “[yihereranya Yezu], aja mu vyo kumutonganya ati: ‘Ntirikabe Mukama, ivyo ntibizogushikira n’intete’”. None Yezu yavyakiriye gute? “Yezu ahindukiye, abwira Petero ati: ‘Vaho, genda wa shetani we! Unyosha nabi, kuko ivyiyumviro vyawe bidasa n’ivy’Imana, bisa n’ivy’abantu’”. Ese ingene abo bantu babiri babona ibintu mu buryo butandukanye cane! Yezu yaremeye n’umutima ukunze ingendo y’ukwitanga Imana yari yaramushingiye, ikaba ari ingendo yohavuye imushikana ku gupfira ku giti co kubabarizwako mu mezi makeya gusa yari gukurikira. Petero yaremesheje agatima ko kwiyorohereza. Yavuze ati: “Ntirikabe”. Petero mu vy’ukuri nta migabo mibi yari afise. Ariko rero, Yezu yaramuhambariye kubera yuko yari yirekeranye akoshwa na Shetani. Petero yari afise ‘ivyiyumviro bitasa n’ivy’Imana, ariko vyasa n’ivy’abantu’.—Matayo 16:22, 23, UB.
7. Nk’uko biri muri Matayo 16:24, ni ingendo iyihe Yezu yavuze ko abayoboke biwe babwirizwa gukurikira?
7 Amajambo nk’amwe Petero yabwira Yezu turashobora kuyumva no muri iki gihe. Isi yama ituremesha ngo ivy’ukwiyanka ‘ntibikatubeko’ canke ngo ‘ntitwirirwe turigora mu buzima’. Ariko Yezu wewe yaturemesheje kugira inyifato yo mu mutima itandukanye rwose n’iyo. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye”, NW], ankurikir[a]” (Matayo 16:24). Bibiliya imwe (The New Interpreter’s Bible) ivuga iti: “Ayo majambo si akamo gaterwa abo hanze ngo babe abigishwa, ahubwo ni ubutumire buhabwa abamaze kwitaba akamo ka Kirisitu ngo bazirikane ku co bisobanura kuba umwigishwa”. Abizera ni bo babwirizwa gutera izo ntambwe zitatu Yezu yavuze, nk’uko ziboneka muri ico canditswe. Reka twihweze intambwe imwimwe ukwayo.
8. Sigura ico bisobanura kwiyanka.
8 Ubwa mbere, dutegerezwa kwiyanka. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwiyanka” ryerekana umutima wo kuvuga ngo “oya” ku vyipfuzo vy’ubwikunzi canke ku kwiyorohereza. Kwiyanka si ugupfa kuza turacishamwo tugaheba ibinezereza bimwebimwe; eka ntibinasigura yuko duca tubaho mu buryo bwo kwibabaza canke kwigirira nabi. ‘Ntituciganza’ mu buryo bw’uko twemera guha Yehova ubuzima bwacu bwose n’ibintu vyose biri muri bwo (1 Ab’i Korinto 6:19, 20). Aho kuba abantu bikwegerako, ubuzima bwacu tubushingira ku gukorera Imana. Kwiyanka bisobanura kwiyemeza gukora ivyo Imana igomba, naho vyoba bihushanye n’ivyo twebwe abanyagasembwa twishakira. Twerekana yuko twihebeye Yehova we musa igihe tumwiyeguriye maze tukabatizwa. Duca rero twigora kugira tubeho twisunga ukwiyegura kwacu mu misi yose dusigaje kubaho.
9. (a) Igihe Yezu yari kw’isi, igiti co kubabarizwako cagereranya iki? (b) Ni mu buryo ki twikorera igiti cacu co kubabarizwako?
9 Intambwe igira kabiri ni iy’uko dutegerezwa kwikorera igiti cacu co kubabarizwako. Mu kinjana ca mbere, igiti co kubabarizwako cagereranya ugucumukura, agateterwe be n’urupfu. Mu bisanzwe, inkozi z’ikibi gusa ni zo zicirwa ku giti co kubabarizwako canke ibiziga vyazo bikamanikwa ku giti. Mu gukoresha iyo mvugo rero, Yezu yashaka kwerekana yuko umukirisu ategerezwa kuba yiteguriye kwemera guhamwa, guteterezwa, canke mbere kwicwa, kubera yuko atari uw’isi (Yohana 15:18-20). Kubera ko ingingo za gikirisu tugenderako zidutandukanya n’abandi, isi yoshobora ‘kuturementaniriza’ (1 Petero 4:4). Ivyo birashobora gushika igihe turi kw’ishure, ku kazi, washaka no mu muryango (Luka 9:23). Yamara rero, twemera kwihanganira agasuzuguro k’isi kubera yuko tubaho tutacinezereza. Yezu yavuze ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru” (Matayo 5:11, 12). Tubivuge tubisubire, gutoneshwa n’Imana ni co kintu gihambaye.
10. Kubandanya gukurikira Yezu birimwo ibiki?
10 Ubwa gatatu, Yezu Kirisitu yavuze yuko dutegerezwa kubandanya kumukurikira. Nk’uko igitabu c’inyizamvugo kimwe (An Expository Dictionary of New Testament Words) c’uwitwa Vine kibivuga, gukurikira umuntu bisobanura kujana na we, ‘mugafata inzira imwe’. Muri 1 Yohana 2:6 havuga hati: “Ūvuga kw ahora [mu Mana], akwiye na we kugenda [nk’uko Kirisitu] yagenda”. None Yezu yagenda gute? Urukundo Yezu yakunda Se wiwe wo mw’ijuru n’abigishwa biwe nta kibanza na gitoya rwaha agatima ko kwikunda. Paulo yanditse ati: ‘Kirisitu ntiyinezereje’ (Abaroma 15:3). N’igihe nyene Yezu yaba yumva arushe canke ashonje, yashira ivyo abandi bakeneye imbere y’ivyo we ubwiwe yaba akeneye (Mariko 6:31-34). Yezu kandi yarihata n’inkomezi nyinshi mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no kwigisha. None tweho ntidukwiye kumwigana igihe turangura igikorwa twashinzwe co ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, tubigisha kwitondera ivyo Yezu yatugeze vyose’ (Matayo 28:19, 20)? Muri ivyo vyose, Kirisitu yaradusigiye icitegererezo, kandi dutegerezwa ‘kugera ikirenge mu ciwe’.—1 Petero 2:21.
11. Ni kubera iki bihambaye ko twiyanka, tukikorera igiti cacu co kubabarizwako, tukongera tukabandanya gukurikira Yezu Kirisitu?
11 Birahambaye ko twiyanka, tukikorera igiti cacu co kubabarizwako, tukongera tukabandanya gukurikira umwe Karorero kacu. Tubigenjeje gutyo tuba twirinze agatima ko kwikunda, ari na ko ntambamyi ikomeye itubuza kugaragaza urukundo rw’ukwitanga. Vyongeye, Yezu yavuze ati: “Ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka. Kand’umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw’icīru? Cank’umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?”.—Matayo 16:25, 26.
Ntidushobora gusaba abami babiri
12, 13. (a) Ni igiki cari kiraje ishinga wa mutegetsi w’umusore yasaba impanuro Yezu? (b) Ni impanuro iyihe Yezu yahaye uwo musore, kandi kubera iki?
12 Inyuma y’amezi nk’angahe Yezu ashimitse ku vy’uko abigishwa biwe bakeneye kwiyanka, hari umutegetsi w’umusore yari umutunzi yaje kuri we, maze amubwira ati: “Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubu[zima] budashira?”. Yezu yamubwiye kubandanya ‘kwitondera ivyagezwe’, hanyuma aca arasubiramwo bikeya muri vyo. Uri uwundi ati: “Ivyo vyose naravyitondeye”. Biboneka ko uwo musore yavugishije ukuri be n’uko yari yarakoze uko ashoboye kwose kugira akurikize amabwirizwa yo mu Vyagezwe. Ni co gituma yabajije ati: “Har’ikindi mpajije?”. Mu kwishura uwo musore, Yezu yaramuteye akamo kadasanzwe ati: “Asangw’ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire”.—Matayo 19:16-21.
13 Yezu yarabonye yuko uwo musore atari gukorera Yehova n’umutima wiwe wose, atabanje kwikurako ikintu gihambaye camusamaza mu buzima, na co kikaba cari amatungo yiwe. Umwigishwa nyakuri wa Kirisitu ntashobora gusaba abami babiri. “Nt[a]shobora gusaba Imana n’Itunga” (Matayo 6:24). Akeneye kugira ‘ijisho riremuruye’ riguma rishinzwe ku bintu vy’impwemu (Matayo 6:22, NW). Kwikurako ivyo utunze ukabiha abakene ni icerekana agatima k’ukwitanga. Mu gushumbusha uwo mutegetsi w’umusore ku bw’amatungo yari kuba ahevye, Yezu yamuhaye akaryo ntangere ko kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru. Kuri uwo musore, ubwo butunzi bwosiguye kuzoronka ubuzima budahera no kuzohava afadikanya na Kirisitu kuganza mw’ijuru. Uwo musore ntiyari yiteguriye kwiyanka. “[Yagiye] ababaye, kuko yar’afise itunga ryinshi” (Matayo 19:22). Ariko rero, abandi bayoboke ba Yezu bo bavyakiriye ukundi.
14. Abarovyi bane bavyakiriye gute igihe Yezu yabasaba kumukurikira?
14 Nk’imyaka ibiri imbere y’aho, Yezu yari yateye akamo nk’ako nyene abarovyi bane ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Babiri muri bo yabasanze bariko bararoba, bandi babiri na bo bariko barabarira insenga zabo. Yezu yababwiye ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu”. Bose uko ari bane amaherezo bararetse igikorwa cabo co kuroba maze bakurikira Yezu ubuzima bwabo bwose.—Matayo 4:18-22.
15. Icabona ca Yehova umwe wo mu gihe ca none yemeye kugira ivyo ahevye gute kugira akurikire Yezu?
15 Muri iki gihe, abakirisu benshi bariganye akarorero k’abo barovyi bane, aho kwigana aka wa mutegetsi w’umusore yari atunze. Baremeye guheba itunga n’akaryo ko kuba abahambaye muri ino si kugira bakorere Yehova. Uwitwa Deborah avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 22, nategerejwe gufata ingingo ikomeye”. Asigura ati: “Nari maze amezi ashika atandatu niga Bibiliya, nkaba nashaka kwegurira ubuzima bwanje Yehova, ariko umuryango wanje warandwanije rwose. Uravye amahera bari bafise, bari bafise ayo bipfuka n’ayo bisasira, bakaba babona yuko mbaye Icabona vyobasuzuguje mu kibano. Bampaye amasaha 24 ngo mpitemwo kimwe: ukuba mu bihinda canke ukuri kwa Bibiliya. Ntavavanuye n’Ivyabona, umuryango wacu ntiwonyemereye gutorana. Yehova yaramfashije gufata ingingo ibereye yongera arampa inkomezi zo kuyikurikiza. Ubu maze imyaka 42 mu murimo w’igihe cose, kandi sinicuza na gato. Kwamirira kure ubuzima bushingiye ku bwikunzi no ku vy’ukwinezereza vyarandinze ukwumva ata co nimariye, bindinda n’amagorwa, ari na vyo biruhije abo mu muryango iwacu. Mfadikanije n’umunega wanje, narafashije abantu barenga 100 kumenya ukuri kwa Bibiliya. Kuri jewe, abo bana bo mu buryo bw’impwemu bari n’agaciro kuruta itunga ry’umubiri naho ryoba ringana iki”. Hari n’ibindi Vyabona vya Yehova amamiliyoni babona ibintu nk’ukwo nyene. Weho bite?
16. Twokwerekana gute ko tutakibaho twinezereza?
16 Icipfuzo co kutabaho tucinezereza catumye Ivyabona vya Yehova ibihumbi bakora igikorwa c’ubutsimvyi, ni ukuvuga ukwamamaza Ubwami igihe cose. Abandi uko ivyabo vyifashe bitabemerera gukora ubusuku bw’igihe cose, baratsimbataje agatima k’ubutsimvyi bongera barashigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami uko bashoboye kwose. Abavyeyi baragaragaza agatima nk’ako nyene igihe batanga umwanya munini bakongera bagaheba ivyo bikundira kugira bahe abana babo indero yo mu buryo bw’impwemu. Twese ntihabuze ukuntu dushobora kwerekana yuko ivyungura Ubwami biza imbere y’ibindi mu buzima bwacu.—Matayo 6:33.
Ni urukundo rwa nde rutugobera?
17. Ni igiki kituvyurira umutima wo kwemera kugira ivyo duhevye?
17 Kugira urukundo rw’ukwitanga si icoroshe. Ariko zirikana ku kitugobera kubigira. Paulo yanditse ati: “Urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra, kand’ico tuzi tudakekeranya n’uk’umwe yapfiriye bose. . . . Kand’icatumye apfira bose kwar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15). Urukundo rwa Kirisitu ni rwo rutugobera ngo ntitubeho tucinezereza. Mbega ukuntu ico ari ikintu gikomeye kituvyurira umutima wo kugira ico dukoze! Ko Yezu yadupfiriye, wumva none tudakwiye kubaho tumunezereza? Nkako, gukenguruka urukundo rugera kure Imana na Kirisitu badukunze, vyaratugobereye kwegurira Imana ubuzima bwacu no kuba abigishwa ba Kirisitu.—Yohana 3:16; 1 Yohana 4:10, 11.
18. Ni kubera iki ingendo yo kubaho twitanga ari ngirakamaro?
18 Kubaho tutacinezereza vyoba ari ngirakamaro? Inyuma y’aho wa mutegetsi w’umusore w’umutunzi yankiye kwitaba akamo Yezu yari amuteye agaca yigira, Petero yabajije Yezu ati: “Mbega twebge ko twaretse vyose tukagukurikira; none tuzohabga iki?” (Matayo 19:27). Petero hamwe n’izindi ntumwa bari bariyanse koko. None boronse impera nyabaki? Yezu yabanje kuvuga ivy’agateka botewe ko gufadikanya na we kuganza mw’ijuru (Matayo 19:28). Ico gihe nyene yaravuze imihezagiro umwe wese mu bayoboke biwe yoronse. Yagize ati: “Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubganje no kubg’ubutumwa bgiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none . . . kandi mu gihe kizoza azohabga ubu[zima] budashira” (Mariko 10:29, 30). Ivyo turonka biraruta kure n’iyo ivyo twahevye. None ba dawe, ba mawe, basaza bacu, bashiki bacu be n’abana bacu bo mu buryo bw’impwemu, ntibarusha agaciro ikintu ico ari co cose twahevye ku bw’Ubwami? None hagati ya Petero na wa mutegetsi w’umusore yari atunze, ni nde yagize ubuzima bushimishije rwose kuruta uwundi?
19. (a) Agahimbare nyakuri kava ku ki? (b) Twihweza iki mu kiganiro gikurikira?
19 Yezu yarerekanye mu mvugo no mu ngiro yuko agahimbare katava ku kwikwegerako, ahubwo ko kava ku gutanga no ku gukorera abandi (Matayo 20:28; Ivyakozwe 20:35). Iyo tubayeho tutacinezereza ariko tukabandanya gukurikira Yezu, turumva ko dushize akanyota rwose mu buzima muri iki gihe tukongera tukagira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera muri kazoza. Igihe twiyanse rero, duca tuba aba Yehova. Duca ducika abaja b’Imana canke abagurano bayo. Ni kubera iki ubwo bugurano bumara akanyota? Ivyo bikora iki ku ngingo dufata mu buzima? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo bibazo.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki dukwiye kurwanya agatima k’ubwikunzi?
• Bisobanura iki kwiyanka, kwikorera igiti cacu co kubabarizwako no kubandanya gukurikira Yezu?
• Ni igiki kituvyurira umutima wo kubaho tutacinezereza?
• Ni kubera iki kugira ubuzima bwo kwitanga ari ngirakamaro?
[Ifoto ku rup. 11]
“Ntirikabe Mukama”
[Ifoto ku rup. 13]
Ni igiki cabujije wa mutegetsi w’umusore yari atunze gukurikira Yezu?
[Ifoto ku rup. 15]
Urukundo ruragobera Ivyabona vya Yehova gukora ari abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete