ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/11 rup. 10-12
  • Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikintu nyamukuru codufasha
  • Tega ugutwi kugira umenye ingene uwundi yiyumva
  • Gutega ugutwi tubigiranye urukundo si icoroshe
  • Niwigane wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • “Mwiyubare Uburyo Mwumva”
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ni gute twumviriza Imana?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Igice ca 1
    Niwumvirize Imana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/11 rup. 10-12

Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo

“URAKOZE kuntega ugutwi”. Hoba hari uwuheruka kukubwira gutyo? Ese ukuntu ako ari akajambo keza umutima! Umuntu atega ugutwi abandi usanga ashimwa hafi na bose. Duteze ugutwi twitonze, turashobora kuruhurira abantu badundumijwe canke bananijwe n’ingorane. Bisubiye, gutega ugutwi ntibidufasha none gukunda abandi bantu? Mw’ishengero rya gikirisu, gutega ugutwi tubigiranye urukundo ni umuce uhambaye wo ‘kwiyumviranako kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza’.​—Abaheburayo 10:24.

Ariko rero, abantu benshi usanga badatega ugutwi bihagije. Bakunda gutanga impanuro, kwigana ivyabashikiye ubwabo, canke gushikiriza uburyo bo babona ibintu, aho gutega ugutwi ivyo abandi bababwira. Gutega ugutwi, mu vy’ukuri ni ubuhanga. Dushobora gute none kwiga gutega ugutwi tubigiranye urukundo?

Ikintu nyamukuru codufasha

Yehova ni “Umucishabwenge [wacu] Mukuru” (Yesaya 30:20, NW). Arashobora kutwigisha vyinshi ku bijanye no gutega ugutwi. Rimbura ukuntu Yehova yafashije umuhanuzi Eliya. Eliya yaratewe ubwoba n’Umwamikazi Yezebeli, aca arakura meza ahungira mu bugararwa maze avuga ko yipfuza gupfa. Aho mu bugaragwa, umumarayika w’Imana yaravuganye na we. Igihe uwo muhanuzi yariko asigura ubwoba yari afise, Yehova yaramuteze ugutwi maze aca arerekana ububasha bwiwe buhambaye. Uti none vyavuyemwo iki? Eliya ntiyabaye akigira ubwoba, aca asubira ku gikorwa yari yarashinzwe (1 Abami 19:2-15). Ni kubera iki Yehova afata umwanya wo gutega ugutwi ibiraje ishinga abasavyi biwe? Ni kubera yuko abababara (1 Petero 5:7). Ehe ikintu nyamukuru cogufasha kuba umuntu azi gutega ugutwi abandi: nubiteho wongere ubereke ko ubitwararika vy’ukuri.

Igihe umugabo umwe wo muri Boliviya yakora icaha gikomeye, yarakengurutse kubona uwo basangiye ukwizera yaramwitayeho muri mwene ubwo buryo. Uwo mugabo asigura ati: “Ico gihe nari ngeze aho umwansi ashaka. Iyo hatagira umuvukanyi afata akanya ko kuntega ugutwi, vyari gushoboka rwose ko ntana n’akabando umurimo narangurira Yehova. Washaka nta na vyinshi yivugiye, mugabo kumenya vyonyene ko yari yitayeho kuntega ugutwi, vyarankomeje vy’ukuri. Sinari nkeneye ko ambwira umuti w’ingorane yanje; nari nzi ico nategerezwa gukora. Nari nkeneye gusa kumenya ko hari umuntu yitaho ukuntu niyumva. Kuba yaranteze ugutwi vyatumye nticwa n’umwiheburo”.

Yezu Kirisitu ni akarorero gahambaye mu bijanye n’ubuhanga bwo gutega ugutwi tubigiranye urukundo. Gatoyi inyuma y’urupfu rwiwe, babiri mu bigishwa biwe barafashe urugendo baja mu kigwati cari ku birometero 11 uvuye i Yeruzalemu aho bari bavuye. Nta nkeka ko bari bacitse intege. Yezu Kirisitu uwari yamaze kuzuka yaciye atangura kujana na bo. Yarabajije abo bigishwa ibibazo vyitondewe kandi biri n’intumbero kugira amenye ivyari bibaraje ishinga, na bo baraheza barishura. Baraseruye ivyo bari biteze be n’ukuntu bavunywe umutima n’uko bitashitse barongera baravuga n’ukuntu ico gihe bumva batabona ico bari bufate n’ico bari bureke. Yezu yarabitayeho, kandi kuba yarabateze ugutwi abigiranye urukundo vyatumye bitegurira kumwumviriza. Yezu yaciye “abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we”.​—Luka 24:13-27.

Kubanza gutega ugutwi abandi ni uburyo buranga urukundo bwo gutuma na bo badutega ugutwi. Umukenyezi umwe wo muri Boliviya avuga ati: “Dawe na mawe be na databukwe na mabukwe baratanguye kunegura uburyo narera abana banje. Narababazwa cane n’ivyo bavuga, mugabo narumva ko ndi n’ico mpajije bwa muvyeyi. Muri ico gihe, naragendewe n’Icabona ca Yehova w’umugore. Yarambwiye ibijanye n’imihango Imana yatanze. Ariko rero, uburyo yambajije ico niyumvira ni bwo bwanyeretse ko yari yiteguriye kuntega ugutwi. Naramuhaye ikaze mu nzu, hataraca n’akanya nca ndamwiganira ingorane zanje. Yaranteze ugutwi yihanganye. Yarambajije ivyo nipfuriza abana banje be n’ukuntu umunega wanje abibona. Narahumurijwe no kuba nari kumwe n’umuntu yari yiteguriye kugerageza kuntahura. Igihe yatangura kunyereka ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyo mu rugo, nari nzi ko ndiko nyaga n’umuntu yitaho ivyanje”.

Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . ntirurondera ivyarwo” (1 Ab’i Korinto 13:4, 5). Rero, kugira dutege ugutwi tubigiranye urukundo, bisaba ko dushira ivyacu ku ruhande. Hari aho vyosaba ko tuzimya televiziyo, ko dushira hasi ikinyamakuru twariko turasoma, canke ko tuzimya telefone ngendanwa igihe abandi bariko badutura ingorane ikomeye. Gutega ugutwi tubigiranye urukundo bisobanura kwitaho cane ivyiyumviro vy’uwuriko aratuyagira. Bisaba ko twirinda gutangura kuvuga ibitwerekeye mu kuvuga amajambo nk’aya ngo: “Ivyo binyibukije ibintu haciye igihe binshikiye”. Naho kubwira uwundi gutyo atari bibi igihe turiko turayaga n’abagenzi, turakeneye gushira ivyacu ku ruhande igihe umuntu ariko adutura ingorane ikomeye. Mugabo, hariho n’ubundi buryo dushobora kwerekanamwo ko twitwararikana vy’ukuri.

Tega ugutwi kugira umenye ingene uwundi yiyumva

Abagenzi ba wa mugabo Yobu barumvirije insiguro ziwe zitari munsi ya cumi. Ariko ico nticabujije ko Yobu avuga ngo: “Icompa hakagira ūnyumviriza!” (Yobu 31:35). Kubera iki? Kubera yuko naho bamwumvirije, bitamwiruye na gato. Ntibitayeho Yobu canke ngo batahure ukuntu yiyumva. Mu vy’ukuri, ntibumviye akagongwe mugenzi wabo mu kumutega ugutwi babigiranye impuhwe. Yamara, intumwa Petero aduhanura ati: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima” (1 Petero 3:8). Dushobora gute kwerekana ko tubabara uwundi? Uburyo bumwe, ni mu kwerekana ko twitwararika ukuntu yiyumva kandi tukagerageza kumutahura. Kuvuga amajambo aranga impuhwe nk’aya ngo “ivyo bitegerezwa kuba vyari bibabaje yemwe”, canke ngo “utegerezwa kuba wiyumvisemwo ko watahuwe ukutariko”, ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko tumwitwararika. Ubundi buryo dushobora kwerekana ko twitwararika nya muntu ni ugusubiramwo ivyo yavuze mu majambo yacu bwite, gutyo tukaba tumweretse ko twatahuye ivyo yavuze. Gutega ugutwi tubigiranye urukundo ntibisobanura gusa gutega yompi ivyo avuga, ariko kandi bisobanura kugerageza kubona uburyo yiyumva dufatiye ku vyo avuga.

Roberta ni umusuku w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova azi utuntu n’utundi. Yigana ati: “Igihe kimwe, vyarashitse ndumva ubusuku bwanje bunciye intege. Ku bw’ivyo, narasavye umucungezi w’ingenzi ko twoyaga. Yaranteze ugutwi vy’ukuri yongera aragerageza gutahura uburyo niyumva. Mbere yasa n’uwutahura ubwoba nari mfise bw’uko yohava ancishamwo ijisho kubera ukwo kuntu niyumva. Uwo muvukanyi yarankuye amazinda yuko uburyo niyumva cari ikintu gitegereka, kubera ko na we nyene ubwiwe yari yarigeze kwiyumva gutyo. Ivyo mu vy’ukuri vyaramfashije kwumira kw’ibanga”.

Twoba dushobora kwumviriza uwundi, tudashigikiye ivyo avuga? Twoba dushobora kubwira umuntu yuko dushima kubona yatubwiye ukuntu yiyumva? Cane nyene. Tuvuge iki nka hamwe umwana w’umuhungu yoba yarwanye kw’ishure canke igihe umukobwa w’umuyabaga atashe muhira maze akavuga ko afise umuhungu bakundanye? Mbega ntivyorushiriza kuba vyiza umuvyeyi ateze ugutwi maze akagerageza gutahura ivyiyumviro vy’uwo mwana wiwe imbere yo kumusigurira inyifato ibereye n’iyitabereye?

Mu Migani 20:5 havuga hati: “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma”. Niba umuntu w’inkerebutsi kandi azi utuntu n’utundi adahuta aratanga impanuro mu gihe ata wayimusavye, hari aho vyoba ngombwa ko tuyimuvomamwo. Ni ko bimera mu gihe dutega ugutwi tubigiranye urukundo. Bisaba ubwenge canke ubukerebutsi kugira uvome ibiri mu mutima w’umuntu. Kubaza ibibazo birafasha, mugabo dutegerezwa kwiyubara kugira ngo mu bibazo tubaza ntiduhave twinjira mu bitaturaba. Hari aho vyoba ngirakamaro dusavye nyene kuvuga niba yotangurira ku vyo yumva bimworohera. Nk’akarorero, hari aho umukenyezi ashaka kuvuga ingorane afise mu mubano wabo yorushiriza kworoherwa ahereye ku kuvuga ukuntu we n’umunega wiwe bahuye n’ingene bashitse ku kwubakana. Hari aho umuntu yahororokewe mu busuku bwa gikirisu yorushiriza kworoherwa no gutangura gusigura ukuntu yamenye ukuri.

Gutega ugutwi tubigiranye urukundo si icoroshe

Gutega ugutwi igihe umuntu adufitiye ishavu bishobora kutaba icoroshe narirya dusanzwe dufise agatima mvukanwa ko kugomba kwisigura. Ico gihe none dushobora kuvyifatamwo gute? Mu Migani 15:1 hagira hati: “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake”. Gusaba nya muntu ubigiranye umutima mwiza ngo avuge akamubakiye maze ugaca umutega ugutwi wihanganye igihe aba ariko aravuga, ni uburyo bumwe bwo kwishura mu buryo bwiyoroheje.

Iyo abantu babiri bariko barahazuka akenshi usanga ata kindi bariko baragira atari ugusubiramwo ivyo bamaze kuvuga. Umwe wese aba abona ko mugenziwe atariko aramutega ugutwi. Ese ukuntu vyogenda neza hamwe umwe muri bo yoreka kuvuga maze akumviriza vy’ukuri! Ariko ntiwumve, birahambaye ko umuntu yigumya kandi akavugana ukwiyubara n’urukundo. Bibiliya itubwira iti: “[“Uwugumya”, NW] iminwa [yiwe] n’umunyabgenge”.​—Imigani 10:19.

Ubushobozi bwo gutega ugutwi tubigiranye urukundo ntibwizana. Yamara, ni ubuhanga umuntu ashobora kwiga mu kugira akigoro no mu kwigumya. Mu vy’ukuri, ni ubuhanga buhambaye umuntu akwiye kwironsa. Duteze ugutwi vy’ukuri igihe abandi bariko baravuga, tuba tuberetse ko tubakunda. Biratuma kandi tugira agahimbare. Ese rero ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi dutsimbataje ubuhanga bwo gutega ugutwi tubigiranye urukundo!

[Akajambo k’epfo]

a Izina ryarahinduwe.

[Ifoto ku rup. 11]

Igihe dutega ugutwi uwundi, dutegerezwa gushira ivyacu ku ruhande

[Ifoto ku rup. 12]

Gutega ugutwi igihe uwundi yashavuye bishobora kutaba icoroshe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika