Isi yuzuyemwo akarenganyo
WOBA wemera ko tubaye mw’isi yuzuyemwo akarenganyo? Nta gukeka yuko uvyemera. Si ivy’imbeshere, twaba dufise ubuhanga bungana gute, twaba dutegekanya gute mu buryo buranga ubukerebutsi ukuntu tuzobaho, ntituba dufise ikitwemeza neza ko tuzogira amatungo, ko tuzororanirwa mu buzima, canke mbere ko tuzoronka ibifungurwa. Akenshi usanga ibintu bigenze nk’uko wa mwami w’inkerebutsi wa kera Salomo yabivuze ati: “Abanyabgenge [si] bo baronka indya, kand’abakerebutse [si] bo baronka itunga, kand’abahanga [si] bo batona”. Kubera iki? Nk’uko Salomo abandanya avuga, ni kubera ko “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose”.—Umusiguzi 9:11.
‘Iyo ibihe vy’ubugesera bije giturumbuka’
Ni vyo, “ibihe n’ibiza ku muntu”, ibisobanura akenshi ko hari ibintu bishika bigahurirana n’uko umuntu ari aho hantu, kenshi na kenshi bironona imigambi tuba twarashinze twitonze be n’ivyo tuba twiteganye umushasharo. Salomo avuga ko turi ‘nk’amafi afatwa n’urusenga rw’ubugesera, nk’inyoni zifatwa n’umutego, iyo ibihe vy’ubugesera bije giturumbuka’ (Umusiguzi 9:12). Nk’akarorero, abantu amamiliyoni barakora bagatama barima imirima kugira baronke ivyo bazogaburira imiryango, ariko ugasanga bashikiwe n’‘ibihe vy’ubugesera’ imvura ntigwe maze uruzuba rugaturira imirima yabo.
Abandi na bo baragerageza gufasha, yamara ugasanga akenshi n’imfashanyo amakungu atabaza abashikiwe n’‘ibihe vy’ubugesera’ isa n’iyirimwo akarenganyo. Nk’akarorero, mu mwaka umwe muri iyi myaka iheze, mu ntumbero yo kurwanya inzara, “[Afirika] yose uko ingana yaronse imfashanyo ingana gusa n’ica gatanu c’amahera yakoreshejwe muri ya ntambara yabera mu Kigobe c’Abarabu”. Ivyo bivugwa n’urwego rumwe rukomeye cane rujejwe gutabara. Ubona cari ikintu kiranga ubutungane kuba ibihugu bitunze vyarasohoye amahera angana gutyo mu ntambara vyariko birwana mu gihugu kimwe gusa, ariko bigaha Afirika yose uko yakabaye ica gatanu gusa c’ayo mahera mu ntumbero yo gupfupfahaza imibabaro n’amarushwa vyatewe n’ikigoyi? N’ikindi kandi, ubona biranga ubutungane kubona abantu benshi bimererewe neza mu vy’umubiri mu gihe ica kane c’abantu baba kw’isi bakiri mu bukene butovugwa, canke mu gihe abana imiliyoni zine bapfa uko umwaka utashe bahitanywe n’indwara bari bashoboye gukingirwa? Eka ntibiranga ubutungane na gato!
Ariko ntiwumve, iyo ‘ibihe vy’ubugesera bije giturumbuka’, ntivyama vyatumwe n’“ibihe n’ibiza ku muntu”. Hariho n’inguvu z’ububasha ziturengeye rwose ziganza ubuzima bwacu zikongera zigatuma ibidushikira biba. Ivyo vyarigaragaje i Beslan muri Alaniya mu gatasi ko mu 2004, igihe abantu amajana bicwa mu mishamirano ikaze yariko iba hagati y’abagira iterabwoba n’abajejwe umutekano. Benshi muri abo bantu bapfuye bari abana bagitangura umwaka wa mbere w’amashure. Ego ni ko, mu gihe c’iyo mishamirano, nta wari azi uwuza kuhasiga ubuzima canke uwuza kurokoka. Ariko rero, impamvu nyamukuru yatumye haba ivyo ‘bihe vy’ubugesera’ yari imishamirano y’abantu.
Vyoba none bizokwama gutyo?
Abantu bamwebamwe, iyo bariko bavuga ivy’akarenganyo, bakunze kwivugira bati: “Mugabo ubuzima ni ukwo buri. Ibintu vyamye gutyo kandi ni ko bizokwama”. Ku bwabo, akaruta akandi kazokwama kakamira, kandi umutunzi azokwama arya imitsi umukene. Bavuga yuko ivyo hamwe n’“ibihe n’ibiza ku muntu” bizokwama bidushikira igihe cose umuryango w’abantu uzoba ukiriho.
None ibintu vyoba koko bitegerezwa kumera gutyo? Vyoba bizoteba bigashoboka ko abakoresha ububangukirwe bwabo mu buryo bw’ubwenge baronka impera ikwiranye n’ivyo babiriye akuya? Hoba hari uwushobora kugira ico akoze kugira ngo ahindure rimwe rizima ibintu mw’isi yuzuyemwo akarenganyo? Raba ivyo ikiganiro gikurikira kibivugako.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
MAXIM MARMUR/AFP/Getty Images