ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/11 rup. 4-7
  • Hoba hari uwushobora vy’ukuri guhindura isi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari uwushobora vy’ukuri guhindura isi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nta ko abantu batagira ngo bayihindure
  • Ibituma amahinduka adashoboka
  • Kubera iki yaretse bigatsimbatara?
  • Yezu Kirisitu ni we azohindura ibintu vyose rimwe rizima
  • ‘Kugira neza ntukavyibagire’
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Inkuru nziza ku boro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Igihe Ata Mubabaro Uzoba Ukiriho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/11 rup. 4-7

Hoba hari uwushobora vy’ukuri guhindura isi?

“Abakene batubwira ko imbere ya vyose bakeneye amahoro n’umutekano, hanyuma bakaronka uburyo bwo kwisununura mu buzima. Bashaka yuko mu bihugu vyabo no mu bindi bihugu vyo kw’isi hoshirwaho intunganyo zitarimwo akarenganyo kugira ngo utwigoro bagira ntituburabuzwe n’ububasha bukomeye bw’ibihugu bitunze be n’amashirahamwe atunze”.

IVYO vyavuzwe n’umuyobozi w’urwego mpuzamakungu rumwe rujejwe gutabara ariko aradondora ivyo abakene bipfuza. Kukaba nkako, ayo majambo yavuze yoshobora kudondora neza icipfuzo abantu bose bashikirwa n’amabi be n’akarenganyo biri mw’isi bafise. Bose barashashaye kubona isi irangwamwo amahoro n’umutekano nyakuri. Isi nk’iyo yoba izoteba ikabaho? Mu vy’ukuri, hoba hari uwufise ububasha n’ubushobozi vyo guhindura isi yuzuyemwo akarenganyo?

Nta ko abantu batagira ngo bayihindure

Abantu benshi baragerageje. Nk’akarorero, hari Umwongerezakazi umwe yitwa Florence Nightingale wo mu kinjana ca 19 yamaze ubuzima bwiwe ateza imbere ivyo kubungabunga abarwayi mu buryo burimwo isuku kandi burimwo ikibabarwe. Mu gihe ciwe, aho hakaba hari imbere y’uko ya miti yica imigera be n’imwe yitwa antibiyotike yica imikorobi mu mubiri itangura gukoreshwa, kwa muganga abarwayi ntibabungabungwa nk’uko tubibona ubu. Inkuru imwe ivuga iti: “Abaforoma bari abantu batize, abantu badafise isuku, kandi bari bazwi rwose ko ari imborerwa n’ibihumbu”. None Florence Nightingale yoba yararoraniwe mu twigoro yagize two kugira amahinduka mu vy’ukubungabunga abarwayi? Egome yararoraniwe. Cokimwe na we, hari abantu bitwararikana kandi bazira ubwikunzi badaharurika baroraniwe bimwe biboneka mu mice myinshi y’ubuzima, aho tukaba twovuga nko mu vy’ukwigisha gusoma no kwandika, mu vy’indero, mu vy’ubuvuzi, mu vy’uburaro, no mu vy’ugutanga imfungurwa. Ubwo ni uburorero bukeyi gusa tuvuze. Ivyo vyatumye ba ntahonikora amamiliyoni bisununura bimwe biboneka mu buryo babayeho.

Naho ari ukwo, ntitworenza uruho rw’amazi kuri iki kintu kibabaje kiriho: abantu amamiliyoni amajana baracacumukuzwa n’intambara, ubugizi bwa nabi, indwara, ikigoyi, be n’ibindi vyago bishika. Urwego rumwe rwo muri Irilande rujejwe gutanga imfashanyo ruvuga ko “ubukene buhitana abantu 30.000 ku musi”. Mbere na ca kintu abaharaniye amahinduka mu vy’intwaro muri kahise bagiye barondera ko cohava, ni ukuvuga ubuja, nta ho cagiye. Igitabu kimwe kivuga yuko “ubu hari abaja benshi cane kuruta abantu bose bakuwe muri Afirika mu gihe ca rwa rudandaza rwo kwambukana abaja bacishijwe mw’ibahari Atalantike”.​—Disposable People​—New Slavery in the Global Economy.

Ni igiki none catumye utwigoro abantu bagize two guhindura ibintu vyose mu buryo bushitse kandi buramba ata co tuvamwo? Vyoba gusa vyatumwe n’ububasha bukomeye bw’abatunzi n’abanyabubasha, canke hariho n’ikindi cabitumye?

Ibituma amahinduka adashoboka

Ijambo ry’Imana rirerekana ko Shetani wa Mucokoranyi ari we ntambamyi ihambaye ituma utwigoro twose abantu bagira two guhindura isi kugira ngo irangwemwo ubutungane vy’ukuri ata co tuvamwo. Intumwa Yohani atubwira yuko “isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Kukaba nkako, ubu Shetani ‘ariko azimiza abari kw’isi bose’ (Ivyahishuriwe 12:9). Magingo akosho kiwe kabi katarakurwaho, abagirirwa nabi be n’abarenganywa bo, ntibazokwigera babura. None ico kintu kibabaje catewe n’iki?

Ba bavyeyi bacu ba mbere ari bo Adamu na Eva bari bahawe isi yari igenewe kuba iparadizo itagiramwo agahaze umuryango wose w’abantu wobayemwo, emwe isi ‘nziza cane’ (Itanguriro 1:31). Ni nde none yatumye ibintu bihinduka? Nta wundi atari Shetani. Yarahaririye avuga ko Imana idafise uburenganzira bwo gushinga amategeko yogenga abantu. Ni nk’aho yashatse kuvuga yuko Imana itegeka mu buryo burimwo akarenganyo. Yaroheje Adamu na Eva ngo bahitemwo ingendo y’ubwigenge kugira ngo bashobore kwihitiramwo ikibi n’iciza (Itanguriro 3:1-6). Ivyo vyavuyemwo intambamyi igira kabiri ituma utwigoro abantu bagira two kuzana isi irangwa ubutungane ata co tuvamwo. Iyo ntambamyi, ni icaha n’agasembwa.​—Abaroma 5:12.

Kubera iki yaretse bigatsimbatara?

Hari aboshobora kubaza bati: ‘Mugabo none, ni kubera iki Imana yaretse icaha n’agasembwa bigatsimbatara? Ni kubera iki itaciye ikoresha ububasha bwayo butagira aho bugarukira kugira ngo irandure abo bagarariji hanyuma itanguze abandi bantu?’. Ubiravye umenga uwo ni wo wari umuti woroshe. Ariko rero, ivy’ugukoresha ububasha biravyura ibibazo bikomeye. Si ivy’ukuri none yuko ugukoresha ububasha nabi ari kimwe mu bintu nyamukuru usanga aboro n’impahazwa bo mw’isi bidogera? None igihe umutegetsi atwaza igikenye akoresheje ububasha afise kugira akureho umuntu wese adashigikira ivyiyumviro vyiwe, ntibica bituma abantu b’imitima igororotse bibaza ibibazo?

Imana, kugira ikure amazinda abantu b’imitima nziraburyarya yuko itari umutegetsi w’igikenye akoresha nabi ububasha, yahisemwo kureka Shetani na ba bantu ba mbere b’abagarariji ngo ntibisunge amabwirizwa yayo be n’ingingo ngenderwako zayo mu vyo bakora, ariko ibareka gusa ngo babigire mu gihe kiri n’aho kigarukira. Haciye igihe vyogaragaye yuko uburyo Imana itegeka ari bwo buryo bwonyene bugororotse. Ico gihe cokwerekanye kandi ko ivyo Imana itubuza vyose ibitubuza ku neza yacu. Mu vy’ukuri, ingaruka zibabaje zatewe n’ukugarariza ubutegetsi bw’Imana zarerekanye ko ivyo ari ukwo biri. N’ikindi kandi, zarerekanye ko Imana ifise imvo yumvikana yo gukoresha ububasha bwayo bwinshi kugira ngo ikureho ubukozi bw’ikibi bwose igihe cose izobigombera. Kandi aho si kera ga!​—Itanguriro 18:23-32; Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 37:9, 10, 38.

Magingo Imana itarabihagurukira, turacafatiwe mpiri mu bintu vy’akarenganyo, ‘tukanihira hamwe kandi tukaramukirwa hamwe’ (Abaroma 8:22). Naho twokora iki kugira ngo duhindure ibintu, ntidushobora kurandura Shetani. Eka mbere, ntidushobora kurandurana n’imizi agasembwa ko ntandaro y’imibabaro yose idushikira. Nta bushobozi na bukeyi dufise bwo gutorera umuti ingaruka ziterwa n’icaha twarazwe na Adamu.​—Zaburi 49:7-9.

Yezu Kirisitu ni we azohindura ibintu vyose rimwe rizima

Ivyo vyoba bisobanura yuko ibintu bitakivayo? Habe na mba. Hariho uwufise ububasha burengeye ubw’umuntu w’inyama n’amaraso yashinzwe igikorwa co guhindura ibintu vyose rimwe rizima. Uti uwo na we ni nde? Ni Yezu Kirisitu. Muri Bibiliya avugwa ko ari Umukuru yagenywe n’Imana kugira aronse ubukiriro umuryango w’abantu.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:31.

Ubu arindiriye ko “igihe” cashinzwe n’Imana gishika kugira ngo atangure kugira ico akoze (Ivyahishuriwe 11:18). None, neza na neza azokora iki? “[Azo]hindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere” (Ivyakozwe n’intumwa 3:21). Nk’akarorero, Yezu “azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. . . . Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano” (Zaburi 72:12-16). Imana isezerana yuko biciye kuri Yezu Kirisitu “[izo]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi” (Zaburi 46:9). Isezerana yuko “[ata muntu n’umwe azoba aba kw’isi yayo izoba yahumanuwe a]zovuga, ati Ndarwaye”. Impumyi, ibipfamatwi, ibimuga, emwe eka abantu bose barwaye, bazosubira kugira amagara meza atagira akanenge (Yesaya 33:24; 35:5, 6; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Mbere n’abapfuye kera bazohungukira. Isezerana gusubiza bazima abapfuye biturutse ku karenganyo n’agahahazo.​—Yohana 5:28, 29.

Yezu Kirisitu ntazozana amahinduka y’igice canke amahinduka y’igihe gito. Azorandurana n’imizi ibintu vyose bituma hatabaho isi irangwa n’ubutungane vy’ukuri. Azokuraho icaha n’agasembwa yongere asangangure Shetani wa Mucokoranyi n’abo bose bakurikira ingendo yiwe y’ubugarariji (Ivyahishuriwe 19:19, 20; 20:1-3, 10). Amarushwa n’ugucumukura Imana yabaye iraretse mu gihe gitoyi ‘ntibizosubira guhaguruka ubugira kabiri’ (Nahumu 1:9). Ivyo ni vyo Yezu yashaka kuvuga igihe yatwigisha gusaba yuko Ubwami bw’Imana buza be n’uko ivyo igomba biba “mw isi nk’uko biba mw ijuru”.​—Matayo 6:10, ni twe dushimitse.

Hari aho woca uvuga uti: ‘Mugabo none, Yezu ubwiwe si we yavuze ngo “aboro muzobahorana”? None ivyo ntivyerekana ko akarenganyo n’ubukene bizokwamaho?’ (Matayo 26:11, UB). Ego ni ko, Yezu yaravuze ko aboro bokwamyeho. Ariko rero, imirongo ikikije ayo majambo yavuze, hamwe n’imihango itangwa n’Ijambo ry’Imana, birerekana ko yashaka kuvuga ko aboro bokwamyeho magingo uru runkwekwe rw’ibintu rukiriho. Yari azi yuko ata muntu n’umwe yokwigeze ashobora gukura kw’isi ubukene n’akarenganyo. Yari azi kandi yuko ivyo vyose yobihinduye. Vuba, agiye guhindura ibintu vyose bibe bisha, habe “ijuru risha [be] n’isi nsha” itazoba ikirangwamwo imibabaro, indwara, ubukene n’urupfu.​—2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:1.

‘Kugira neza ntukavyibagire’

Ivyo vyoba none bisobanura yuko gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi bantu ata co bimaze? Eka data. Bibiliya ituremesha gufasha abandi igihe bari mu ngorane no mu bintu bibabaje. Wa mwami w’inkerebutsi wa kera Salomo yanditse ati: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora” (Imigani 3:27). Intumwa Paulo na we aduhimiriza ati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire”.​—Abaheburayo 13:16.

Yezu Kirisitu ubwiwe yaturemesheje gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi. Yaratanze ca kigereranyo c’Umusamariya yubuka ku muntu yari yakubiswe aranozwa yongera aramburwa utwo yari afise. Yezu yavuze yuko nya Musamariya ‘yatewe akagongwe’ n’uwo muntu gushika n’aho akoresha ibintu vyiwe bwite mu gupfuka inguma z’uwo mugabo yari yakubiswe no mu kumufasha kugira atore mitende (Luka 10:29-37). Uwo Musamariya w’ikigongwe ntiyahinduye isi, mugabo yarahinduye ikintu gikomeye ku buzima bw’uwundi muntu. Na twebwe turashobora kugira nk’ukwo nyene.

Ariko rero, Yezu Kirisitu arashobora gukora n’ibindi turetse gusa ugufasha abantu. Arashobora vy’ukuri guhindura ibintu vyose, kandi si we abona burakeye ngo abigire. Niyahindura ibintu, abarenganywa muri iyi si yuzuyemwo akarenganyo bazoshobora kugira ubuzima bumeze neza kuruta bongere bagire amahoro n’umutekano nyakuri.​—Zaburi 4:8; 37:10, 11.

Magingo tukirindiriye ko ivyo bishika, nimuze ntitugonanwe gukora ivyo dushoboye vyose, haba mu vy’impwemu canke mu vy’umubiri, kugira ‘tugirire neza’ abantu bose bahabonera muri iyi si yuzuyemwo akarenganyo.​—Ab’i Galatiya 6:10.

[Ifoto ku rup. 5]

Florence Nightingale yaratumye haba amahinduka aboneka mu vy’ukubungabunga abarwayi

[Abo dukesha]

Iyi foto tuyikesha National Library of Medicine

[Amafoto ku rup. 7]

Abayoboke ba Kirisitu baragirira neza abandi

[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]

The Star, Johannesburg, S.A.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika