Inkuru y’ubuzima
Mu ‘buzima bwa none’ ndaryimara!
NK’UKO VYAVUZWE NA TED BUCKINGHAM
Nari maze imyaka itandatu ntanguye ubusuku bw’igihe cose, hakaba kandi hari haciye amezi atandatu nubatse, nza mbona mfashwe giturumbuka n’indwara y’ubukangwe. Hari mu mwaka wa 1950, nkaba nari mfise imyaka 24 gusa. Amezi icenda namaze mu bitaro yarampaye umwanya utari muto wo kuzirikana ku buzima bwanje. None ko nari mugaye, vyotugendeye gute muri kazoza twe n’umukenyezi wanje Joyce?
MU 1938, dawe, uwutigeze aba umunyedini, yararonse ikopi y’igitabu Intwaro (mu congereza)a. Uruhagarara rwari ruhari mu vya politike be n’ukuba vyari vyitezwe ko hagiye gutera intambara bishobora kuba ari vyo vyatumye yemera kwakira ico gitabu. Ico nzi co ntiyigeze agisoma, mugabo mawe, uwari yaratwawe n’ivy’idini, yaragisomye. Ubutumwa yasomye muri ico gitabu ntibwatevye gutuma agira ico akoze bidatevye. Yaciye ava mw’idini ry’abangilikani, vyongeye naho dawe yamurwanya, yaracitse Icabona ca Yehova w’intahemuka, kandi yagumye ari ukwo gushika ku rupfu rwiwe mu 1990.
Mawe ni we yanjanye ari bwo mbere kw’ikoraniro rya gikirisu ku Ngoro y’Ubwami y’i Epsom, mu Bumanuko bwa Londres. Ishengero ryikoraniriza mu nyubakwa yahora idandarizwamwo, maze turumviriza insiguro yafashwe ku cuma gisohora amajwi, yashikirijwe na J. F. Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri ico gihe. Sinzokwigera ndayibagira.
Amabombe yariko acucagirwa ku gisagara ca Londres yatumye akaga kiyongera. Kubera iyo mpamvu, mu 1940 dawe yarafashe ingingo yo kwimurira umuryango ahantu hatekanye kuruta, muri Maidenhead, kakaba ari agasagara gatoyi kari ku bilometero 45 mu Buseruko bwa Londres. Ivyo vyaratugiriye akamaro kubera yuko abantu 30 bari bagize ishengero ryaho batubereye isoko ryiza ry’indemesho. Fred Smith, akaba yari umukirisu akomeye mu vy’impwemu yabatijwe mu 1917, yaranyitwararitse mu buryo budasanzwe yongera aramenyereza kuba umwamamaji kirumara mu busuku. Ndacamukengurukira rwose ku bw’akarorero yampaye no ku kuntu yamfashije abigiranye urukundo.
Ntangura umurimo w’igihe cose
Nabatijwe muri Ntwarante mu 1941 mfise imyaka 15 y’amavuka, mbatirizwa mu ruzi Tamise, uwo musi hakaba hari hakanye. Muri ico gihe, mukurwanje Jim yari amaze kuba umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose. Ubu, we hamwe n’umukenyezi wiwe Madge baba i Birmingham, bakaba baje kuhaba inyuma y’aho bamariye ikiringo kitari gito c’ubuzima bwabo bakorera Yehova mu gikorwa co kugendera amashengero be n’intara mu Bwongereza. Mushikanje mutoyi ari we Robina n’umunega wiwe Frank, na bo nyene baguma bakorera Yehova ari intahemuka.
Nari umunyabigega mw’ihinguriro rikora impuzu. Umusi umwe umuyobozi w’iryo hinguriro yarampamagaye mu biro vyiwe, ambwira yuko nshobora kuzokora igikorwa gituma mpembwa menshi co kuza ndaraba ibidandazwa iryo hinguriro rikeneye kurangura. Ariko rero, nari maze igihe niyumvira gukurikira akarorero ka mukurwanje, akaba ari co gituma ndabigiranye urupfasoni ntaciye nemera ako kazi umukoresha yagomba kuzompa, nongera ndamusigurira igituma. Ntari ndavyiteze, yarankeje n’igishika kubera nipfuza gukora ico gikorwa ca gikirisu ciza cane. Nuko rero inyuma y’ihwaniro ry’intara ryabereye i Northampton mu 1944, naciye mba umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose.
I Exeter mu ntara ya Devon ni ho natanguye kurungikwa. Ico gihe, ico gisagara cariko kirakira imvune casizwemwo n’amabombe yo mu gihe c’intambara. Naba mu cumba cari gisanzwe kibamwo abatsimvyi babiri ari bo Frank Middleton na Ruth, bakaba barangaragariza umutima mwiza. Nari mfise imyaka 18 gusa y’amavuka nkaba kandi nari nzi bike ku bijanye no kumesa hamwe no guteka, mugabo ibintu vyararushirije kugenda neza uko nagiye ndamenya ivyo bikorwa.
Uwo twajana kwamamaza yari umuvukanyi w’imyaka 50 yitwa Victor Gurd, akaba yari umunya Irlande yakoze igikorwa co gushinga intahe kuva mu myaka ya 1920. Yaranyigishije gukoresha umwanya wanje ku rutonde mu buryo ngirakamaro, kurushiriza gukunda ugusoma Bibiliya, no gutahura agaciro ko gukoresha impinduro zitandukanye za Bibiliya. Muri iyo myaka namaze ndiko ndamenyerezwa, akarorero Victor yampaye ko kuba umuntu akomeye kw’ibanga cari co kintu nyene nari nkeneye.
Urugamba rwo kutagira aho mpengamiye
Intambara yariko irarangira, mugabo abakuru b’intwaro baguma barondera abakiri bato ngo baje mu gisoda. Nari nararengutse imbere ya sentare mu 1943 i Maidenhead aho nashoboye gusigura neza igituma ntashobora kwiyandikisha kubera ko nari umusuku yamamaza Injili. Naho ivyo nasiguye batavyemeye, nafashe ingingo yo kwimukira i Exeter kugira mbandanye ubusuku bwanje. Muri ico gisagara ni ho narengukijwe imbere ya sentare yaho. Umucamanza amaze kuncira igihano co kumara amezi atandatu nkora ibikorwa biruhisha mw’ibohero, yambwiye yuko ababajwe n’uko atemerewe kuncira igihano c’igihe kirekire kuruta ico. Aho mariye kurangiza ayo mezi atandatu, naciye nsubira gufungwa ayandi mezi ane.
Kubera ko ari jewe gusa nari Icabona muri iryo bohero, abari bacunze iryo bohero banyita Yehova. Vyarantera ubuyega kwitaba igihe baba bahamagaye iryo zina, kandi nkaba nabwirizwa kwitaba, mugabo ese ukuntu kari agateka kwumva izina ry’Imana ritangazwa ku musi ku musi! Vyatumye izindi mbohe zimenya yuko impagararo nari mfise bwa Cabona ca Yehova ishingiye kw’ijwi ryanje ryo mu mutima ari yo yatumye nshirwa mw’ibohero hamwe na bo. Mu nyuma, uwitwa Norman Castro yararungitswe muri iryo bohero nyene, maze ntibaba bakinyita rya zina. Baciye batwita Musa na Aroni.
Barankuye i Exeter banjana i Bristol, amaherezo banjana mw’ibohero ry’i Winchester. Ubuzima ntibwama bwifashe neza, mugabo vyaradufashije kuba abantu bakunda gutwenza. Twe na Norman twaranezerejwe no guhimbariza hamwe Icibutso c’urupfu rwa Yezu igihe twari i Winchester. Francis Cooke, uwari yatugendeye mw’ibohero, yaradushikirije insiguro iryoshe.
Amahinduka yabaye mu myaka yakurikiye intambara
Kw’ihwaniro ryabereye i Bristol mu 1946, igihe hashikirizwa igitabu gifasha kwiga Bibiliya gifise umutwe uvuga ngo “Que Dieu soit reconnu pour vrai!”, narahuye n’inkumi nziza yitwa Joyce Moore, na we nyene akaba yari umutsimvyi akorera i Devon. Ubugenzi bwacu bwarakomeye, maze twubakana inyuma y’imyaka ine i Tiverton aho nari nsigaye mba kuva mu mwaka wa 1947. Twaciye tuba mu cumba co gupanga twarihira amashilingi 15 ku ndwi (nk’amarundi 1.200). Bwari ubuzima buryoshe pe!
Mu mwaka wa mbere w’ubugeni bwacu, twimukiye mu gisagara ca Brixham amaja mu Bumanuko, kikaba ari igisagara ciza cane kirimwo ikivuko, ahatanguriye ubuhinga bwo kuroba amafi bakoresheje insenga zikwegwa n’ubwato. Ariko rero, haciye igihe gito, narafashwe n’ubukangwe igihe nari ngiye kw’ihwaniro i Londres. Naratakaje ubwenge. Mu nyuma narakuwe mu bitaro, hakaba hari haciye amezi icenda, nk’uko nabivuze mu ntango y’iyi nkuru. Ikiganza canje c’iburyo n’amaguru yanje yompi vyari vyamugaye, n’ubu bikaba bikimugaye, bikaba vyabaye ngombwa ko ngendera ku kibando. Umukenyezi wanje nakunda cane yarambereye umugenzi twamana atigera yihebura yongera ambera isoko ry’indemesho, na canecane kubera ko yashoboye kubandanya akora ubusuku bw’igihe cose. Ariko none ico gihe twari kuvyifatamwo gute? Nari ngiye kwibonera yuko ukuboko kwa Yehova kutigera kuba kugufi.
Umwaka ukurikira twaritavye iteraniro ryabereye i Wimbledon mu gisagara ca Londres. Ico gihe sinagendera ku kibando. Igihe twari kuri iryo teraniro twarahuye na Pryce Hughes, uwari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza mu Bwongereza. Yaciye andamutsa, avuga ati: “Uzi n’inkuru? Turagukeneye mu gikorwa co mu muzunguruko!”. Sinari bwigere ndonka indemesho ikomeye nk’iyo! Noba nari kubishobora? Twe na Joyce twaribajije ivy’ico kibazo, mugabo kubera ko twamaze indwi yose tumenyerezwa tukaba kandi twari twizigiye Yehova n’umutima wacu wose, twarasubiye mu Bumanuko bushira Uburengero bw’Ubwongereza, aho narungitswe gukorera bwa mucungezi w’umuzunguruko. Ico gihe nari mfise imyaka 25 y’amavuka, mugabo gushika n’ubu ndibuka nkongera nkakenguruka ubugwaneza n’ukwihangana nagaragarijwe n’ivyo Vyabona bamfashije rwose.
Mu mice itandukanye yose y’igikorwa ca gitewokarasi, twe na Joyce twabonye ko kugendera amashengero ari vyo vyatumye twe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bakirisu turushiriza kuba abagenzi. Kubera ko ata muduga twari dufise, twagenda n’igariyamoshi canke n’ibisi. Naho nari nkiriko ndimenyereza kubaho nisunga aho amagara yanje ageza kubera indwara nari ndwaye, twarashishikaye kurangura imirimo yacu gushika mu 1957. Bwari ubuzima bumara akanyota, mugabo muri uyo mwaka haraje urundi rugamba.
Tuja mu murimo w’ubumisiyonari
Igihe twaronka ubutumire bwo kwitaba ishure rigira 30 ry’i Gileyadi, akamwemwe kaciye kadusya. Kubera ko nariko ndamenyera ubumuga bwanje, twe na Joyce twaremeye n’umunezero ubwo butumire. Dufatiye ku vyo twari twariboneye, twari tuzi ko Yehova yama aduha inkomezi mu gihe turondera gukora ivyo agomba. Amezi atanu twamaze twigishwa mu buryo bunogangije kw’ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, riri ahantu heza cane, ahitwa South Lansing i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaheze ningoga. Iryo shure ryari rigizwe ahanini n’abubakanye baba basanzwe bakora igikorwa co kugendera amashengero. Igihe babaza abanyeshure nimba hari abashaka kwitanga ngo baje gukorera mu bindi bihugu ari abamisiyonari, twaciye twemera kwitanga tubikunze hamwe n’abandi. None tworungitswe hehe? Mu Buganda, mu Buseruko bwa Afirika!
Kubera ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe mu Buganda muri ico gihe, nagiriwe inama yo kuba muri ico gihugu hanyuma nkarondera akazi. Tumaze kugira urugendo rurerure mw’igariyamoshi no mu bwato, twarashitse i Kampala mu Buganda. Abakozi bakora ku biro bijejwe kuraba abinjira n’abasohoka mu gihugu ntibanezerejwe no kutubona, ari na co gituma baciye batwemerera kumarayo amezi makeyi gusa. Ayo mezi arangiye, twaciye dutegekwa gukura meza. Tubisabwe n’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, twaciye tuja muri Rodeziya yo mu Buraruko (ubu ikaba yitwa Zambiya). Dushitseyo, twaragize umunezero ntangere igihe twabonana na bane mu bo twiganye i Gileyadi, abo na bo akaba ari Frank Lewis n’umukenyezi wiwe Carrie, hamwe na Hayes Hoskins n’umukenyezi wiwe Harriet. Haciye igihe gito turi ng’aho, twaciye turungikwa gukorera muri Rodeziya yo mu Bumanuko (ubu ikaba yitwa Zimbabwe).
Twagiye na gariyamoshi maze ari bwo bwa mbere turakubita ijisho amasumo ateye igomwe y’ikiyaga Vigitoriya imbere y’uko dushika i Bulawayo. Twamazeyo igihe gito tubana n’umuryango wa McLuckie, abo na bo bakaba bari mu Vyabona batanguye kuba ng’aho. Twarahimbawe no kumenyana na bo neza mu myaka 16 yakurikiye.
Tumenyera amahinduka
Maze indwi zibiri menyerezwa gukorera mu karere ko muri Afirika, naragenywe ngo mbe umucungezi w’intara. Gushinga intahe mu mashamba yo muri Afirika vyasaba kwitwaza amazi, imfungurwa, ibisaswa, ivyambarwa, icuma cerekana isenema n’icuma gitanga umuyagankuba, ikintu cagutse co kwerekanirako amasanamu, be n’ibindi bintu vyaba bikenewe. Ivyo vyose twabipakira mw’ikamyo ikomeye yashobora guca ahantu huzuye ibidunduri.
Nakorana n’abacungezi b’imizunguruko b’Abanyafirika, Joyce na we, abigiranye umutima ukunze, agafasha abakenyezi n’abana babo baba na bo nyene bari kumwe natwe. Kugendera mu karere ka Afirika gashasheko amashamba kandi kariko udusaka hirya no hino, birashobora kuba ibiruhisha, na canecane igihe hashushe ku murango, mugabo bidatevye nasanze mu mimerere y’iyo ntara binyorohera gukorana amagara make nari mfise, ivyo bikaba vyatumye nkenguruka cane.
Abantu baho muri rusangi bari abakene. Abenshi bari baratwawe n’imigenzo be n’ukwemera ibintazi, kandi wasanga bafise abagore benshi; yamara barubaha cane Bibiliya. Mu turere tumwetumwe, amakoraniro y’ishengero yagirirwa munsi y’ibiti bininibinini bitanga igitutu, ku mugoroba na ho bakamurikirwa n’amatara akoresha peteroli yaba amanitse ahantu. Imisi yose twarumva akoba igihe twaba turiko turiga Ijambo ry’Imana turi munsi y’ijuru ryuzuye inyenyeri, uwo ukaba ari umuce umwe w’ibintu vy’akaroruhore Imana yaremye.
Kwerekana amasenema y’ishirahamwe Watch Tower mu bibanza vyo muri Afirika vyagenewe guhuriramwo abantu, ni ikindi kintu ntazokwigera nibagira. Ishengero ryashobora kuba rigizwe n’Ivyabona 30, mugabo igihe twaba dutegekanya kwerekana isenema, twaba tuzi yuko hashobora kuza abantu 1.000 canke barenga!
Ego ni ko, mu ntara zishushe umuntu arashobora kuza arabangamirwa n’indwara, mugabo birahambaye ko umuntu aguma abona ko ibintu bizogenda neza. Twe na Joyce twaragerageje kuvyifatamwo neza: narashoboye kuza ndihanganira ka malariya, Joyce na we akihanganira indwara ziterwa na amibe.
Mu nyuma twaragenwe ngo tuje gukorera ku biro vy’ishami vy’i Salisbury (ubu hakaba hitwa Harare), aho twatewe agateka ko gukorana n’abandi basuku ba Yehova b’intahemuka, muri bo hakaba harimwo Lester Davey na George hamwe na Ruby Bradley. Leta yarangenye ngo nzoze ndahagarikira ubugeni, ivyo bikaba vyaratumye nshobora guhagarikira ubugeni bw’abavukanyi b’Abanyafirika, gutyo nkaza ndakomeza umubano w’ababiranye wa gikirisu mu mashengero. Haciye imyaka mikeyi, naratewe akandi gateka. Nari kuza ndagendera amashengero yose yo muri ico gihugu adakoresha indimi z’Abanyafirika. Mu kiringo c’imyaka irenga cumi, twe na Joyce twarahimbawe no kumenyana n’abavukanyi bacu muri ubwo buryo, twongera turanezerezwa n’ukuntu batera imbere mu vy’impwemu. Muri ico kiringo nyene twaragendera abavukanyi bacu bo muri Botswana n’abo muri Mozambike.
Dusubira kwimuka
Haciye imyaka myinshi iteye umunezero turi mu Bumanuko bwa Afirika, twarasubiye kurungikwa ngo tuje gukorera muri Siyera Lewone, muri Afirika yo mu Burengero, aho hakaba hari mu 1975. Bidatevye twaragiye kuba ku biro vy’ishami kugira ngo turangure igikorwa cacu gishasha, ariko kikaba kitamaze igihe kirekire. Nararwaye nongera ngira intege nke kubera ko nari nafashwe na malariya ikaze, amaherezo biba ngombwa ko nja kuvurirwa i Londres, aho nahanuwe kudasubira muri Afirika. Ivyo vyaratubabaje cane, mugabo twe na Joyce twarahawe ikaze n’igishika cinshi mu muryango wa Beteli w’i Londres. Abavukanyi benshi b’Abanyafirika bo mu mashengero atari make y’i Londres na bo batumye twumva twisanze. Igihe natora mitende, twaragerageje kumenyera ubuzima bushasha, maze nsabwa kuraba urwego rujejwe kugura ibikenewe. Bivanye n’iyongerekana ryagiye riraba mu myaka yakurikiye, ico gikorwa cabaye igisaba ko umuntu acitwararika cane.
Mu ntango z’imyaka ya 1990, umukenyezi wanje nakunda cane Joyce yarafashwe n’indwara yo mu bwonko (yitwa sclérose latérale amyotrophique), maze apfa mu 1994. Yari umukenyezi w’umunyarukundo, w’umugumyabanga, kandi w’intahemuka, yama yiteguriye guhuza n’ukuntu ivyaza biradushikira vyaba vyifashe kwose. Kugira ngo nihanganire ikintu kibabaje nk’ico, narabonye ko bihambaye kuguma mbona neza ibintu mu buryo bw’impwemu no kuguma mpanze amaso kazoza. Kwama nsenga Yehova ngo amfashe kwumira ku rutonde rwiza rw’ibikorwa bijanye n’ivy’Imana, harimwo no kwamamaza inkuru nziza, na vyo nyene biramfasha kuguma nkoresha ubwenge bwanje mu buryo bushitse.—Imigani 3:5, 6.
Gukorera kuri Beteli ni agateka, bikaba n’uburyo bwiza bwo kubaho. Hariyo abakiri bato benshi cane mwokorana, be n’ibintu vyinshi bibatera umunezero mwese. Umwe mu mihezagiro turonka ni igitigiri c’abashitsi batari bake baza kutugendera ng’aha i Londres. Rimwe na rimwe ndabonana n’abagenzi banje nkunda cane bava mu bihugu vyo muri Afirika nigeze gukoreramwo, bigaca binyibutsa ibintu vyiza vyinshi. Ivyo vyose biramfasha kubandanya kuryimara mu “bu[zima] bga none”, no kwitegana icizigiro ubuzima “ubuzoza”.—1 Timoteyo 4:8.
[Akajambo k’epfo]
a Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1928, mugabo ntikigicapurwa.
[Ifoto ku rup. 25]
Aha nari kumwe na mawe mu 1946
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kumwe na Joyce ku musi w’ubugeni bwacu mu 1950
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari kw’ihwaniro ryabereye i Bristol mu 1953
[Amafoto ku rup. 27]
(Amaja haruguru) nariko nkorana n’umugwi uri ukwa wonyene, (amaja ibubamfu na ho) nari kumwe n’ishengero ryo muri Rodeziya yo mu Bumanuko, ubu hakaba hitwa Zimbabwe