Mari igisagara cari gikomeye cane co mu bugaragwa
“AKAMWEMWE kariko karansya igihe nashika mu cumba ndyamamwo kuri uwo mugoroba, twe n’abasangirakivi banje tumaze kwigina ikintu ciza cari cadushikiye”. Ivyo vyiganwa n’umucukuzi w’ivya kera w’Umufaransa yitwa André Parrot. Muri Nzero 1934, ahitwa Tell Hariri, hafi y’agasagara kitwa Abu Kemal ku Ruzi Efurate muri Siriya, Parrot hamwe n’umugwi wiwe barazukuruye igishusho cari canditseko ngo “Lamgi-Mari, umwami wa Mari, umuherezi mukuru wa Enlil”. Ico kintu bari bahejeje kwubura carabateye akamwemwe.
Igisagara ca Mari cari kigiye cuburwa! None ico kintu cubuwe gifitiye akamaro akahe abatohoji ba Bibiliya?
Kidufitiye akahe kamaro?
Naho abantu bari bazi yuko igisagara ca Mari cabayeho bafatiye ku bivugwa mu bisomwa vya kera, ahantu nyezina cari giherereye hamaze igihe kirekire hatazwi. Nk’uko abimuzi b’ibisomwa b’Abanyasimeriya babivuga, igisagara ca Mari cari co cicaro c’umuryango w’abami bashobora kuba barigeze kuganza intara yose ya Mezopotamiya. Kubera yuko igisagara ca Mari cari cubatswe ku nkengera z’Uruzi Efurate, cari giherereye ahantu heza mw’ihuriro ry’amabarabara yakoreshwa mu vy’ubucuruzi yahuza Ikigobe c’Abarabu na Ashuri, Mezopotamiya, Anatoliya be n’inkengera z’Ikiyaga Mediterane. Ibidandazwa vyaba birimwo n’imbaho, ivyuma be n’amabuye, vyose bikaba vyari bikenye cane i Mezopotamiya, vyabanza guca muri ico gisagara. Amakori yatangishwa kuri ivyo bidandazwa yaratungishije rwose igisagara ca Mari, atuma gishobora kuba igikomeye cane muri iyo ntara. Ariko rero, ukwo gukomera kwararangiye igihe Siriya yigarurirwa na Sarigoni w’i Akadi.
Inyuma y’aho igisagara ca Mari kimariye kwigarurirwa na Sarigoni, camaze ikiringo c’imyaka yababa 300 gitwarwa na ba buramatari b’abasoda. Muri ico kiringo, ico gisagara carasubiye gusagamba ku rugero runaka. Ariko rero, ku butegetsi bw’umutware waco wa nyuma yitwa Zimri-Lim, igisagara ca Mari cariko kirasubira hasi. Zimri-Lim yaragerageje gukomeza inganji yiwe biciye ku ntsinzi za gisirikare, ku masezerano, no ku gushingiranira n’abandi bantu. Mugabo nko mu mwaka wa 1760 B.G.C., Umwami Hammurabi wa Babiloni yarigaruriye yongera arasangangura ico gisagara, aba ahagaritse ico Parrot yise “ikibano giteye imbere mu vy’imico kama n’akaranga cari kimwe mu bibano bikomeye kuruta ibindi vyo mw’isi ya kera”.
Igihe inteko za Hammurabi zasangangura igisagara ca Mari, zarafashije zitabizi abacukuzi b’ivya kera be n’abatohozakahise bo mu gihe ca none. Igihe zasenyura ibihome vy’amatafari mabisi, zarazitse inyubakwa zimwezimwe gushika ku burebure bw’imetero zitanu ahantu hamwehamwe, gutyo zirazikingira ukwononekara kwogiye kurahaba uko igihe kihaciye. Abacukuzi b’ivya kera barazukuruye ibisigarira vy’insengero n’ibirimba, hamwe n’utugenegene twinshi cane be n’inyandiko ibihumbi ziharangatuwe, ivyo bikaba vyaragize ico bihishuye ku karanga n’imico kama vya kera.
Ni kubera iki turondera kumenya ibijanye n’ibisigarira vy’igisagara ca Mari? Rimbura igihe Aburahamu umwe sekuruza w’imiryango yari akiri kw’isi. Aburahamu yavutse mu mwaka wa 2018 B.G.C., hakaba hari haciye imyaka 352 wa Mwuzure uhambaye uteye. Yari mw’iyaruka rigira cumi uvuye kuri Nowa. Aburahamu abitegetswe n’Imana, yaravuye mu gisagara yamukamwo ca Uri, maze aja i Harani. Mu mwaka wa 1943 B.G.C., igihe Aburahamu yari afise imyaka 75 y’amavuka, yaravuye i Harani aja mu gihugu c’i Kanani. Umucukuzi w’ivya kera w’Umutaliyano yitwa Paolo Matthiae avuga ati: “Ukwimukanga kwa Aburahamu kuva i Uri gushika i Yeruzalemu [mu gihugu c’i Kanani] kwabaye mu gihe ca Mari”. Rero, iyuburwa ry’igisagara ca Mari riradufitiye akamaro kubera yuko rishobora kudufasha kubona mu bwenge ingene isi umusavyi w’Imana w’intahemuka Aburahamu yabayemwo yari imezea.—Itanguriro 11:10–12:4.
Ivyo bisigarira bihishura iki?
Ivyo gusenga vyari bisagamvye mu gisagara ca Mari nk’uko nyene vyari bimeze n’ahandi hose muri Mezopotamiya. Gukorera imana zaho vyabonwa nk’ikintu abantu babwirizwa kugira. Imbere y’uko abantu bafata ingingo izo ari zo zose zihambaye, babanza kurondera kumenya ico imana zigomba. Abacukuzi b’ivya kera barubuye ibisigarira vy’insengero zitandatu. Muri izo nsengero harimwo Urusengero rw’Intambwe (urwo bamwebamwe babona yuko ari urusengero rw’imana Dagoni ya yindi ivugwa muri Bibiliya) be n’udusengero twa Ishtar imanakazi y’irondoka, hamwe n’imana-zuba yitwa Shamash. Izo nsengero mu ntango zarimwo igishusho c’ikimana cashikanirwa ibimazi kikanaturwa amasengesho. Abasenzi wasanga bashira ku ntebe zo mu rusengero amashusho aberekana bariko barasenga bamwenyura, biyumvira yuko ayo mashusho abandanya gusenga. Parrot yagize ati: “Ishusho, co kimwe n’ibuji ikoreshwa mu gusenga kw’Abagatolika muri kino gihe mugabo ku rugero runini kuyiruta, mu bisanzwe cari ikintu gisubirira umuyoboke”.
Ikintu gihambaye rwose kuruta ibindi cubuwe mu bisigarira vya Tell Hariri ni ibisigarira vy’ikirimba c’umwami cari kigizwe n’inyubakwa nyinshi, icitirirwa uwakibayemwo ubwa nyuma, akaba yari Umwami Zimri-Lim. Umucukuzi w’ivya kera w’Umufaransa yitwa Louis-Hugues Vincent kubera ubwiza bwa nya kirimba, yakidondoye yuko cari “ikirezi mu nyubakwa za kera cane zo mu Buseruko”. Kubera ko ico kirimba cubatswe ahantu hangana na hegitari zibiri n’inusu, carimwo ivyumba n’imbuga vyababa 300. Mbere no mu gihe ca kera cane, ico kirimba cabonwa ko ari kimwe muri vya bintu vy’akaroruhore vyo mw’isi. Uwitwa Georges Roux mu gitabu yanditse (Ancient Iraq), avuga ati: “[Ico kirimba] cari rurangiranwa cane ku buryo Umwami wa Ugariti, uwaba ku nkengera ya Siriya, atagonanwe kurungika umuhungu wiwe ku bilometero 600 hagati mu gihugu, ata kindi abigiriye atari ukugira ngo aje kuraba ‘inzu ya Zimri-Lim’”.
Imbere y’uko abahagendera bashika ku mbuga yagutse, babanza kwinjira muri ico kirimba kizitiwe baciye mw’iyinjiriro rimwe rudende rihagatiwe n’iminara. Umwami wa nyuma w’igisagara ca Mari ari we Zimri-Lim yicaye ku ntebe y’ubwami iri ahantu hakirurutse yaritwararika ibibazo bijanye n’igisoda, ubucuruzi, n’ibijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu, agaca imanza, akongera akakira abashitsi be n’intumwa z’ibindi bihugu. Hariho uburaro bw’abashitsi, abo umwami atasiba gutereka ibinyobwa n’ibifungurwa mu gihe c’amazimano ahambaye. Ibifungurwa vyaba bigizwe n’inyama z’inka, iz’intama, iz’ingeregere, amafi, iz’inkoko n’iz’imbata, izo nyama zikaba zaba zitaze, zokeje, canke zitetse, zose zikaba zatanganwa agasupu karimwo igitungurusumu, be n’uruvange rw’imboga n’amaforomaji. Udufungurwa two kurenzako twaba tugizwe n’ivyamwa bisanzwe, ivyumishijwe canke ivyamwa bisizwe isukari be n’udukate dusosa twokejwe mu maforoma ahinguwe mu buryo budasanzwe. Kugira ngo abashitsi bizimye akanyota, bahabwa inzoga canke umuvinyu.
Ivy’isuku na vyo nyene ntivyahara muri ico kirimba. Harubuwe ubwogero bwarimwo ibibesani bogeramwo bikozwe mw’ibumba rituriwe be n’utuzu twa surwumwe tutari utw’ikizungu. Hasi be no ku mpome amaja hepfo muri ivyo vyumba bahasiga ikaburimbo kugira ntihononekare. Amazi mabi yasohoka aciye mu mifurege y’amatafari, kandi imiringoti ikozwe mw’ibumba isizwe ikaburimbo kugira ngo ntive iracakoreshwa na bugingo n’ubu, hakaba haciye imyaka nka 3.500. Igihe abagore batatu bo mu ncoreke z’umwami bafatwa n’indwara yica, haratanzwe amategeko akaze. Umugore nk’uwo arwaye yategerezwa gushirwa ukwa wenyene maze akamara igihe akumiriwe. “Nta muntu n’umwe yanywera ku gikombe anywereyeko, yarira ku meza aririyeko, yicara ku ntebe yicayeko”.
Dushobora kwigira iki ku vyandiko vya kera vyatororokanijwe?
Parrot n’abo bari bafatanije barubuye ibisate vyababa 20.000 vyanditswe mu rurimi rw’Abanyakadi rwakoresha utumenyetso tumeze nk’udusumari. Ivyo bisate vyari bigizwe n’amakete be n’ivyandiko bijanye n’intwaro be n’ibijanye n’ubutunzi. Muri ivyo vyandiko vya kera vyatororokanijwe, ica gatatu cavyo gusa ni co kimaze gusohorwa. Naho ari ukwo, ivyo bimaze gusohorwa biri mu mbumbe 28. None bimaze iki? Uwitwa Jean-Claude Margueron, akaba ari umuyobozi mukuru w’Umugwi ujejwe ivyo gutohoza ibisigarira vy’igisagara ca Mari, avuga ati: “Igihe tutari bwaronke ivyatororokanijwe ku bisigarira vy’igisagara ca Mari, twasa n’abatazi ikintu na kimwe kuri kahise, ku kuntu ivyo mu kibano vyari bitunganije, be no ku buzima bwa misi yose mu ntara ya Mezopotamiya be na Siriya, mu ntango z’ikimpumbi ca kabiri [B.G.C.]. Tubikesheje ivyo vyandiko vya kera vyatororokanijwe, twarashoboye kwandika inkuru y’ako kahise”. Nk’uko Parrot yabivuze, ivyatororokanijwe “birahishura amasano atangaje ari hagati y’abantu bavugwa muri ivyo bisate n’ivyo tubwirwa n’Isezerano rya Kera ku gihe ca basekuruza b’imiryango”.
Vyongeye, ibisate vyubuwe mu gisagara ca Mari vyaratumye ibisomwa bimwebimwe vyo muri Bibiliya birushiriza gutahurika. Nk’akarorero, ivyo bisate birerekana yuko kwigarurira abagore b’umwansi be n’incoreke ziwe cari “ikintu ntahara abami bagira ico gihe”. Impanuro wa muhemu Ahitofeli yahaye Abusalomu umwana w’Umwami Dawidi yo kuryamana n’incoreke za se, nticari ikintu gishasha.—2 Samweli 16:21, 22.
Kuva mu 1933, haramaze kuba amasekeza 41 yo gucukura ivya kera i Tell Hariri. Ariko rero, muri hegitari 110 zigize igisagara ca Mari, umunani gusa ni zo zimaze gusuzumwa. Birashoboka rwose yuko hakiriho n’ibindi bintu vyinshi bizotorwa muri Mari, ca gisagara cari gikomeye cane co mu bugaragwa.
[Utujambo tw’epfo]
a Ikindi kandi, bisa n’ibishoboka rwose yuko Abayuda bari batwawe inyagano i Babiloni inyuma y’isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C. baciye ku nkokoro z’ibisigarira vy’igisagara ca Mari.
[Ikarata ku rup. 10]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ikigobe c’Abarabu
Uri
MEZOPOTAMIYA
Uruzi Efurate
MARI
ASHURI
Harani
ANATOLIYA
KANANI
Yeruzalemu
Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
[Ifoto ku rup. 11]
Muri iki candiko Umwami Iahdun-Lim wa Mari yariratiye ivyo yari yarubatse
[Ifoto ku rup. 11]
Iyuburwa ry’iki gishusho ca Lamgi-Mari ryatumye akaranga k’igisagara ca Mari kamenyekana neza
[Ifoto ku rup. 12]
Ebih-Il, umwe mu bategetsi bakuru ba Mari, ariko arasenga
[Ifoto ku rup. 12]
Umukiruruko wari mu kirimba c’umwami, ahashobora kuba hari hahagaze igishusho c’imanakazi
[Ifoto ku rup. 12]
Ibisigarira vy’igisagara ca Mari, vyerekana ahantu hubakishijwe amatafari mabisi
[Ifoto ku rup. 12]
Ubwogero bwo mu kirimba
[Ifoto ku rup. 13]
Igisate c’ibuye cerekana intsinzi y’Umwami Naram-Sin, uwigaruriye igisagara ca Mari
[Ifoto ku rup. 13]
Ibisate vyababa 20.000 vyanditsweko hakoreshejwe utumenyetso tumeze nk’udusumari ni vyo vyatowe mu bisigarira vy’ikirimba
[Abo dukesha ifoto ku rup. 10]
© Mission archéologique française de Tell Hariri - Mari (Syrie)
[Abo dukesha ifoto ku rup. 11]
Icandiko: Musée du Louvre, Paris; igishusho: © Mission archéologique française de Tell Hariri - Mari (Syrie)
[Credit line on page 12]
Igishusho: Musée du Louvre, Paris; umukiruruko be n’ubwogero: © Mission archéologique française de Tell Hariri - Mari (Syrie)
[Credit line on page 13]
Igisate c’ibuye cerekana intsinzi: Musée du Louvre, Paris; ibisigarira vy’ikirimba: © Mission archéologique française de Tell Hariri - Mari (Syrie)