ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/5 rup. 14-15
  • Gukorana Ubwenge—Ni kubera iki ari ikintu c’imbonekarimwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukorana Ubwenge—Ni kubera iki ari ikintu c’imbonekarimwe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Tuyironka gute?
  • Ivyiza vyayo ni ibihe?
  • “Umunyamakenga agenda agavye”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • ‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/5 rup. 14-15

Gukorana Ubwenge​—Ni kubera iki ari ikintu c’imbonekarimwe?

“MBEGA basha urya muntu yabaye gute? Ntiyari akwiye gukora ikintu nk’ico”. Ivyo bivugwa n’uwabonye ivyari bihejeje kuba. Uwundi na we agenda azunza umutwe, atavyumva na gato, avugira mu ntamatama ati: “Iyo aba yari afise ubwenge na bukeyi, ivyo bintu nta vyo yopfuye yaragize”. Woba umaze kwumva abantu bavuga amajambo nk’ayo? Ariko none, ‘gukorana ubwenge’ ni ukuvuga iki?

‘Gukorana ubwenge’ ni ugukora ibintu ‘ata guhwihwisha’, ‘ukuba utahura ibintu’, ‘ukuba ufise ubukerebutsi ngirakimazi canke uzi gutandukanya icatsi n’ururo’. Ni ukuvuga yuko uba ufise ubushobozi bwo kuraba hagati y’ikintu n’ikindi ugaca ufata ingingo ukoresheje ubwenge. Vyumvikana ko gukorana ubwenge bisaba gukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira. Abantu benshi barareka abandi akaba ari bo biyumvira mu kibanza cabo. Baremera gufatirwa ingingo n’inzego menyeshamakuru, urunganwe rwabo, canke ivyiyumviro vya benshi.

Gukorana ubwenge bisa n’ivyabuze cane mw’isi ya kino gihe ku buryo umugabo umwe yihweza ibintu n’ibindi yavuze ati: ‘Vy’ukuri, gukorana ubwenge ni ikintu c’imbonekarimwe’. Tworonka gute iyo kamere y’ugukorana ubwenge? Ivyiza vyayo ni ibihe?

Tuyironka gute?

Naho bisaba igihe, ukwiyumvira twitonze be n’akigoro kaboneka kugira ngo dutsimbataze ukubona ibintu neza tukamenya no kuraba neza hagati y’ikintu n’ikindi, turashobora koko gukorana ubwenge. Rimbura ibintu bitatu bishobora kudufasha kuronka iyo kamere.

Niwige Bibiliya wongere ukurikize impanuro itanga. Bibiliya, iyanditswe mu mvugo nziza ibaho no mu buryo bwumvikana neza, irafasha cane kuronka ubukerebutsi no kubona ibintu neza (Abanyefeso 1:8). Nk’akarorero, intumwa Paulo ahanura abakirisu bagenziwe ati: “Ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira” (Ab’i Filipi 4:8). Mu gihe twokwama dukurikiza iyo mpanuro, twocika abantu bazi gutandukanya icatsi n’ururo kandi biyubara.

Niwigire ku vyo ugenda urabona mu buzima. Mu kwerekana ko hariho isano hagati y’ugukorana ubwenge n’ivyo umuntu agenda arabona mu buzima, umuryoshamvugo w’Umunyasuwisi yavuze ati: “Gukorana ubwenge . . . bigizwe n’ivyo umuntu agenda arabona be n’ukubona ikintu imbere y’igihe [ni ukuvuga imbere y’uko kiba]”. Vy’ukuri, “imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye” (Imigani 14:15). Umuntu arashobora gutsimbataza kamere y’ugukorana ubwenge biciye ku kwihweza ibintu, ku kumenyerezwa, no ku vyo agenda arabona mu buzima. Uko igihe kirengana, turashobora kugenda turamenya gukora ibintu neza kuruta. Ariko rero, kwigira ku makosa dukora bisaba ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto. Agatima abantu bo muri iyi misi y’iherezo bafise ko kwirārīra, kwibona be no kuba intagondwa, ntikaranga ugukorana ubwenge.​—2 Timoteyo 3:1-5.

Nuhitemwo abagenzi neza. Abo twifatanya baradufasha canke bakatubera intambamyi mu bijanye n’ugukoresha ubukerebutsi be n’ugukorana ubwenge. Mu Migani 13:20 havuga hati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka”. Ntidutegerezwa kwemera ivyiyumviro vy’abantu batagamburukira Imana kandi birengagiza Ijambo ryayo. Mu Migani 17:12 havyerekana mu kuvuga hati: “Umuntu yopfuma ahūra n’igikōko citwa idubu ciciwe ibibgana vyaco, hakw ahūrira n’igipfu mu bupfu bgaco”.

Ivyiza vyayo ni ibihe?

Gutsimbataza kamere y’ugukorana ubwenge birazana akunguko. Bituma ubuzima burushiriza kuryoha, bikongera bikatuziganiriza umwanya. Iyo kamere irashobora no kugabanya umubabaro ukunze kuzanwa n’ugukora ibisunitswe n’impemu. Abatazi gutandukanya icatsi n’ururo baritera ingorane mu buzima. Bibiliya ivuga iti: “Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha” (Umusiguzi 10:15). Mwene abo bantu barashobora kuguma bakora batama gushika n’aho basanzara, mugabo ugasanga vy’ukuri ata kintu c’akamaro na kimwe bashikako.

Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro nyinshi cane ku bijanye n’isuku, ukuganira n’abandi, ukuba abanyabikorwa, ukuntu umuntu yovyifatamwo mu bukene, be no ku yindi mice myinshi y’ubuzima. Abantu amamiliyoni barashobora kwemeza yuko ukuroranirwa mu buzima bwabo kwavanye n’urugero bagezako mu kwisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya, ivyo bikaba vyarabafashije kugaragaza ubukerebutsi.

Gukorana ubwenge bituma tutaba abantu bakurikiza gusa urutonde rw’amabwirizwa canke amategeko yashinzwe ku kantu kose. Biradufasha gushitsa amabanga tujejwe. Yamara, gukorana ubwenge ntibisubirira ukwironsa ubumenyi. Mu Migani 1:5 havuga hati: ‘Umunyabwenge yumve, yunguke ubwenge’. Turakwiye kandi kwiga gusuzuma amakuru turonka, tugashika ku vyiyumviro vy’ukuri dufatiye kuri ayo makuru. Ivyo biradufasha ‘kugendana ubwenge’.​—Imigani 28:26.

Ukwifata ruto be n’ugukorana ubwenge vyama bijana. Naho dushobora kuba twipfuza gukora ibintu vyinshi tuba tujejwe, turakeneye kuba abantu bazi gutandukanya icatsi n’ururo kandi tukaguma dukora ibihuje n’ubushobozi dufise. Ego ni ko, intumwa Paulo atubwira ngo twame dufise “vyinshi [d]ukora mu gikorwa c’Umukama” (1 Ab’i Korinto 15:58, NW). Mugabo iyo nkeburo ikwiye kurimbanywa n’ingingo ngenderwako iri mu Musiguzi 9:4 igira iti: “Imbga ibona iruta intambge ipfuye”. Kwitwararika neza amagara yacu uko dukorera Yehova, birashobora gutuma turamba tukongera tukabandanya gukora. Gukorana ubwenge birashobora kudufasha kugira uburimbane butuma dushobora kurangura ibikenewe tutiriwe turatakaza umunezero wacu. Vyemere, gukorana ubwenge birazana ivyiza vyinshi.

[Ifoto ku rup. 14]

Bibiliya irimwo impanuro nziza umukimba

[Ifoto ku rup. 15]

Kamere y’ugukorana ubwenge umuntu ashobora kuyironka biciye ku kwihweza ibintu, ku kumenyerezwa, no ku vyo agenda arabona mu buzima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika