Naho bahamwa barahimbawe
“Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye”.—MATAYO 5:11.
1. Yezu yasubirije umutima mu nda gute abayoboke biwe ku bijanye n’agahimbare be n’uruhamo?
IGIHE Yezu yarungika ari bwo bwa mbere intumwa ziwe kwamamaza Ubwami, yaraziburiye yuko bari kuzirwanya. Yazibwiye ati: “Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje” (Matayo 10:5-18, 22). Ariko rero mu nyuma, muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yarasubirije umutima mu nda intumwa ziwe be n’abandi yuko bitobaye ngombwa ngo ukwo kubarwanya kugeramire agahimbare bifitiye kagera ibwina muri bo. Yezu mbere uguhimbarwa yagusanishije n’uguhamwa kw’abakirisu! None uruhamo rwoshoboye gute kuzana agahimbare?
Gucumukura uhorwa ukugororoka
2. Dufatiye ku vyo Yezu na Petero bavuze, ni ukuhe gucumukura kuzana agahimbare?
2 Imvo igira umunani Yezu yavuze ko ituma umuntu agira agahimbare ni iyi: “Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, kuk’ubgami bgo mw ijuru ar’ubgabo” (Matayo 5:10). Ugucumukura ubwavyo si co gituma baba abakwiye guhimbarwa. Intumwa Petero yanditse ati: “Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana”. Yongeyeko ati: “Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo. Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’iryo zina” (1 Petero 2:20; 4:15, 16). Dufatiye ku vyo Yezu yavuze, ugucumukura kuzana agahimbare igihe nyene gucumukura ahorwa ukugororoka.
3. (a) Bisigura iki guhamwa uhorwa ukugororoka? (b) Uruhamo rwagize iyihe ngaruka ku bakirisu bo mu ntango?
3 Ukugororoka nyakwo gupimirwa ku gukora ivyo Imana igomba be no ku kugamburuka amategeko yayo. Gucumukura umuntu ahorwa ukugororoka rero bisigura yuko acumukura kubera yuko ananira umukazo umuhatira kurenga ku ngingo mfatirwako z’Imana canke ku vyo isaba. Intumwa zarahamwe n’indongozi z’Abayuda kubera zanse kureka kwamamaza mw’izina rya Yezu (Ivyakozwe 4:18-20; 5:27-29, 40). Ivyo vyoba vyaragabanije umunezero wazo canke vyoba vyarahagaritse igikorwa cazo co kwamamaza? Ihibambewe! “Bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina. Kand’imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo” (Ivyakozwe 5:41, 42). Urwo ruhamo rwatumye bagira umunezero rwongera rutuma bongereza umwete mu gikorwa co kwamamaza. Mu nyuma abakirisu bo mu ntango barahamwe n’Abaroma kubera yuko banse gusenga umwami w’abami.
4. Imvo zimwezimwe zituma abakirisu bahamwa ni izihe?
4 Mu bihe vya none, Ivyabona vya Yehova barahamwe kubera yuko banse kureka kwamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” (Matayo 24:14). Iyo amakoraniro yabo ya gikirisu abujijwe, bapfuma bemera gucumukura hako bareka gukoranira hamwe nk’uko Bibiliya ibitegeka (Abaheburayo 10:24, 25). Barahamwe bahorwa ukutagira aho bahengamiye kwa gikirisu canke kubera banka gukoresha amaraso ukutari kwo (Yohana 17:14; Ivyakozwe 15:28, 29). Naho ari ukwo, iyo mpagararo yo gushigikira ukugororoka irazanira abasavyi b’Imana amahoro be n’agahimbare vyo mu mutima.—1 Petero 3:14.
Baratukwa bahorwa Kirisitu
5. Ni iyihe mpamvu nyamukuru ituma abasavyi ba Yehova bahamwa muri iki gihe?
5 Imvo igira icenda ituma umuntu agira agahimbare Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku musozi, na yo nyene yerekeye ivy’uruhamo. Yagize ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye” (Matayo 5:11). Impamvu nyamukuru ituma abasavyi ba Yehova bahamwa ni uko atari ab’iyi si mbi. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyo muba ab’isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka” (Yohana 15:19). Intumwa Petero na we nyene yavuze ati: “Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza”.—1 Petero 4:4.
6. (a) Ni kubera iki amasigarira na bagenzi babo basigwa iceyi kandi bagahamwa? (b) Ukwo gusigwa iceyi kwoba kugabanya agahimbare kabo?
6 Twamaze kubona ko abakirisu bo mu ntango bahamwe kubera yuko banse kureka kwigisha mw’izina rya Yezu. Kirisitu yashinze abayoboke biwe iki gikorwa: “Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe 1:8). Amasigarira y’abavukanyi ba Kirisitu basizwe b’abizerwa, afashijwe na bagenzi babo b’intahemuka bo mw’“ishengero ryinshi”, bararangurana umwete ico gikorwa (Ivyahishuriwe 7:9). Ni co gituma Shetani arwanya “abo mu ruvyaro rwiwe basigaye [ni ukuvuga uruvyaro rwa wa “mugore”, ari co gice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana], bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:9, 17). Twebwe Ivyabona vya Yehova, turashingira intahe Yezu, we Mwami w’intwaro y’Ubwami ubu ari ku ngoma, iyo ntwaro yiwe ikaba izokuraho intwaro z’abantu ziterekwa isi nshasha igororotse y’Imana (Daniyeli 2:44; 2 Petero 3:13). Ico ni co gituma dusigwa iceyi kandi tugahamwa, ariko tubona ko duhiriwe kuba duhamwa duhorwa izina rya Kirisitu.—1 Petero 4:14.
7, 8. Abarwanya abakirisu bo mu ntango babagiriza ibinyoma nyabaki?
7 Yezu yavuze yuko abayoboke biwe bakwiye kubona ko bahiriwe n’igihe nyene abantu ‘babarementaniriza ibibi vyose’ kubera we (Matayo 5:11). Ivyo bitegerezwa kuba ari ko vyari ku bakirisu bo mu ntango. Igihe intumwa Paulo yari apfungiwe i Roma nko hagati y’umwaka wa 59 n’uwa 61 G.C., indongozi z’Abayuda zaho zavuze ku vyerekeye abakirisu ziti: “Ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose” (Ivyakozwe 28:22). Paulo na Sila bagirijwe yuko ngo “bāteye isi yose umugūmūko” be n’uko ngo “barenze ivyagezwe vya Kayisari”.—Ivyakozwe 17:6, 7.
8 Mu kwandika ivyerekeye abakirisu bo mu gihe c’Inganji nganzabami y’Abaroma, umutohozakahise K. S. Latourette yavuze ati: “Ibirego baregwa vyari bitandukanye. Kubera yuko abakirisu banka kuja mu birori vya gipagani, baca bitwa abahakanyi. Kubera yuko batisuka cane mu buzima bwo mu kibano, ni ukuvuga imisi mikuru ya gipagani, ivy’ukwinezereza vyakundwa na benshi . . . barabatyekeza ngo baranka abantu. . . . Vyaravugwa yuko abagabo n’abagore bakoranira hamwe mw’ijoro . . . be n’uko ngo haca hakurikira ivy’ubushurashuzi. . . . Kubona [Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu] cahimbazwa hari abizera gusa, vyatuma haba urukurukuru rw’uko abakirisu bama bashikana akana gatoyi kw’ikimazi ngo bagaca banywa amaraso yako bakongera bakarya inyama zako”. Si ivyo gusa, kubera yuko abakirisu bo mu ntango banka gusenga umwami w’abami, baca babagiriza ko ari abansi b’igihugu.
9. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavyifashemwo gute mu binyoma bagirizwa, kandi muri iki gihe ibintu vyifashe gute?
9 Ivyo binyoma ntivyabujije abakirisu bo mu ntango kurangura igikorwa bari barashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Mu mwaka wa 60 ushira uwa 61 G.C., Paulo yarashoboye kuvuga ivy’“ubutumwa bgiza” bwariko ‘bwama imbuto bwongera bugwira mw’isi yose’, vyongeye bwari “bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru” (Ab’i Kolosayi 1:5, 6, 23). No muri iki gihe ni ukwo bimeze. Ivyabona vya Yehova baragirizwa ibinyoma, nk’uko n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavyagirizwa. Ariko rero, ico ntikibuza yuko muri iki gihe igikorwa co kwamamaza Ubwami kiguma gisagamba kandi kikazanira umunezero mwinshi abagikora.
Barahimbarwa no guhamwa nk’uko abavugishwa n’Imana bahamwa
10, 11. (a) Yezu yasozereye gute umwihwezo wiwe w’imvo igira icenda ituma umuntu agira agahimbare? (b) Ni kubera iki abavugishwa n’Imana bahamwe? Tanga uburorero.
10 Yezu yasozereye umwihwezo wiwe w’imvo igira icenda ituma umuntu agira agahimbare, mu kuvuga ati: “Munezerwe . . . , kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere” (Matayo 5:12). Abavugishwa n’Imana Yehova yarungitse kuburira Isirayeli bakiriwe nabi, kandi kenshi barahamwe (Yeremiya 7:25, 26). Intumwa Paulo ivyo yarabishingiye intahe, igihe yandika ati: “Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye . . . ivy’[abandi ba]vugishwa n’Imana, bāheshejwe n’ukwizera . . . bāgerageresh[ejwe] gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero”.—Abaheburayo 11:32-38.
11 Ku ngoma ya wa Mwami w’umubisha Ahabu be n’umugore wiwe Yezebeli, abavugishwa na Yehova benshi baricishijwe inkota (1 Abami 18:4, 13; 19:10). Uwavugishwa n’Imana Yeremiya yarashizwe mu mpatane z’ibiti maze mu nyuma atererwa mu cobo c’urwondo (Yeremiya 20:1, 2; 38:6). Umumenyeshakazoza Daniyeli yaraterewe mu rwobo rw’intambwe (Daniyeli 6:16, 17). Abo bavugishwa n’Imana bose b’imbere y’ubukirisu bahamwe kubera yuko baburaniye ugusenga Yehova gutyoroye. Abavugishwa n’Imana benshi barahamwe n’indongozi z’idini ry’Abayuda. Yezu yise abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo “abana b’abishe abāvugishwa n’Imana”.—Matayo 23:31.
12. Ni kubera iki twebwe Ivyabona vya Yehova tubona ko ari agateka guhamwa nk’uko n’abavugishwa n’Imana ba kera bahamwe?
12 Muri iki gihe, twebwe Ivyabona vya Yehova kenshi duhamwa kubera tugira umwete mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Abatwanka batwagiriza ngo “twinjiza abantu mw’idini ku nguvu”, mugabo turazi yuko n’abasavyi ba Yehova b’abizerwa batwitangiye imbere babwiwe amajambo nk’ayo yo kubatyoza (Yeremiya 11:21; 20:8, 11). Tubona ko ari agateka gucumukura tuzira ico n’abavugishwa n’Imana b’abizerwa ba kera bazize. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana. Eh’abihanganye tubita abahirwe”.—Yakobo 5:10, 11.
Imvo zihambaye zotuma duhimbarwa
13. (a) Ni kubera iki uruhamo rutaduca intege? (b) Ni igiki kidushoboza kuguma dushikamye, kandi ivyo ni ikimenyamenya c’iki?
13 Aho gucibwa intege n’uruhamo, turahumurizwa no kumenya yuko turiko turagera ikirenge mu c’abavugishwa n’Imana, mu c’abakirisu bo mu ntango no mu ca Yezu Kirisitu ubwiwe (1 Petero 2:21). Turakura umunezero ntangere mu Vyanditswe, nk’akarorero aya majambo y’intumwa Petero: “Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse. Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko [i]mpwemu [y]’ubgiza, ari [yo m]pwemu [y]’Imana, [i]ba kuri mwebge” (1 Petero 4:12, 14). Ivyabaye birerekana yuko igihe impwemu ya Yehova iri kuri twebwe ikongera ikadukomeza, ari ho honyene dushobora kuguma dushikamye mu gihe duhamwa. Kuba dushigikiwe n’impwemu yera ni ikimenyamenya c’uko Yehova aduhezagira, kandi ivyo biratuzanira umunezero utagira uko ungana.—Zaburi 5:12; Ab’i Filipi 1:27-29.
14. Ni izihe mpamvu dufise zo kunezerezwa n’uko duhamwa duhorwa ukugororoka?
14 Iyindi mpamvu ituma duhimbarwa n’uko turwanywa tukongera tugahamwa duhorwa ukugororoka, ni uko vyerekana ko tubayeho nk’abakirisu b’ukuri bayobokera Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Abashaka kuyobokera Imana muri Kristu Yezu bose bazohamwa” (2 Timote 3:12, UB). Akamwemwe karadusya iyo tumenye yuko igihe tugumye turi intadohoka mu bigeragezo tuba dutanze iyindi nyishu kuri ca kirego ca Shetani c’uko ngo ibiremwa vya Yehova vyose bimukorera kubera ubwikunzi (Yobu 1:9-11; 2:3, 4). Turanezerezwa no kuba tugira uruhara mw’iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova bugororotse, naho nyene urwo ruhara rwoba ari rutoyi gute.—Imigani 27:11.
Musimbasimbishwe n’umunezero ku bw’impera muzoronka
15, 16. (a) Ni iyihe mvo Yezu yatanze yotuma ‘tunezerwa tukongera tugasimbasimbishwa n’umunezero’? (b) Ni iyihe mpēra ibikiwe abakirisu basizwe mw’ijuru, kandi bagenzi babo bagize “izindi ntama” bobo bazoherwa gute?
15 Yezu yaratanze iyindi mvo yotuma tunezerezwa n’uko twambikwa ibara tukongera tugahamwa nk’uko bahama abavugishwa n’Imana ba kera. Agira asozere iyigira icenda muri za mvo zituma umuntu agira agahimbare, yavuze ati: “Munezerwe, muhimbarwe [canke “musimbasimbishwe n’umunezero”, “NW”] kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru” (Matayo 5:12). Intumwa Paulo yanditse ati: “Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Abaroma 6:23). Emwe, iyo ‘mpera nini’ (UB) ni ubuzima, kandi ubuzima si ikintu twoshobora guca. Ni ingabirano duhabwa ku buntu. Yezu yavuze yuko iyo mpēra iri “mw ijuru” kubera yuko iva kuri Yehova.
16 Abasizwe barahabwa “igitsibo c’ubugingo”, kuri bo ico gitsibo kikaba ari ubuzima budapfa bari kumwe na Kirisitu mw’ijuru (Yakobo 1:12, 17). Abafise icizigiro co kuba kw’isi, ni ukuvuga “izindi ntama”, barindiranye igishika kuragwa ubuzima budahera kw’isi izoba yabaye iparadizo (Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 21:3-5). Kuri iyo migwi yose uko ari ibiri, iyo “mpēra” si ikintu barinda guca. Abasizwe be n’“izindi ntama” bompi baronka impēra yabo bivuye ku ‘buntu ntangere Yehova atugirira tutabibereye’ (NW), bumwe bwakora ku mutima Paulo gushika n’aho avuga ati: “Imana ishimirwe ingabire yayo nzima itovugwa”.—2 Ab’i Korinto 9:14, 15.
17. Ni kubera iki dushobora guhimbarwa igihe duhamwa kandi tukamera nk’aho ‘dusimbasimbishwa n’umunezero’?
17 Intumwa Paulo yandikiye abakirisu, bamwebamwe muri bo bakaba bari bimirije guhamwa bunyamaswa n’Umwami w’abami Nero, ati: “Tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba; ukwo kwizigira ntigutētereza”. Yongeyeko ati: “Munezerwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa” (Abaroma 5:3-5; 12:12). Icizigiro cacu caba ari ico kuja mw’ijuru canke ico kuba kw’isi, impēra turonka kubera tuguma turi abizerwa mu gihe c’ibigeragezo, iraruta kure n’iyo ikintu ico ari co cose dukwiye kuronka. Umunezero uzanwa n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera kugira ngo dukorere Yehova Data wa twese munyarukundo twongere tumushemeze turongowe n’Umwami wacu Yezu Kirisitu, ntugira uko ungana. Ni nk’aho ‘dusimbasimbishwa n’umunezero’.
18. Twokwitega ko amahanga azogira iki igihe iherezo rizoba ryegereje, kandi Yehova azoca akora iki?
18 Mu bihugu bimwebimwe, Ivyabona vya Yehova barahamwe kandi n’ubu bakiriko. Mu buhanuzi Yezu yatanze bwerekeye insozero y’uru runkwekwe rw’ibintu, yagabishije abakirisu b’ukuri ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje” (Matayo 24:9, ni twe dushimitse.). Igihe tuzoba twegereje iherezo, Shetani azotuma amahanga aserura urwanko yanka abasavyi ba Yehova (Ezekiyeli 38:10-12, 14-16). Ivyo bizokwerekana ko hageze yuko Yehova agira ico akoze. “Nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho” (Ezekiyeli 38:23). Gutyo, Yehova azokweza izina ryiwe rihambaye yongere akure uruhamo ku basavyi biwe. Ku bw’ivyo, ‘hahirwa umuntu yihangana’.—Yakobo 1:12.
19. Mu gihe tukirindiriye wa “musi [uhambaye] w’Imana”, dukwiye gukora iki?
19 Kubera yuko uwo “musi [uhambaye] w’Imana” wegereje kuruta ikindi gihe cose, nimuze tunezerwe kubera yuko ‘twemerewe guteterezwa’ ku bw’izina rya Yezu (2 Petero 3:10-13; Ivyakozwe 5:41)! Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, ese twobandanya “[tud]ahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza . . . bga Kristo” n’intwaro yiwe y’Ubwami mu kurindira impēra yacu mw’isi nshasha igororotse ya Yehova!—Ivyakozwe 5:42; Yakobo 5:11.
Mu gusubiramwo
• Bisigura iki guhamwa uhorwa ukugororoka?
• Uruhamo rwagize iyihe ngaruka ku bakirisu bo mu ntango?
• Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko Ivyabona vya Yehova bahamwa nk’uko abavugishwa n’Imana ba kera bahamwa?
• Ni kubera iki dushobora ‘kunezerwa kandi tugasimbasimbishwa n’umunezero’ kubera duhamwa?
[Amafoto ku rup. 16, 17]
“Muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama”
[Abo dukesha ifoto]
Umugwi uri mw’ibohero: Chicago Herald-American