‘Abatekereza bazoragwa isi’—Gute?
“USHOBORA kuba umenyereye kwumva amajambo yeza umutima Yezu yavuze yuko ‘abatekereza bazoragwa isi’. Mugabo none uravye ibintu vyose abantu bariko baragiriranira be n’ivyo bariko baragirira isi, wibaza yuko abagororotsi hari ico bazosigarana co kuragwa?”.—Matayo 5:5; Zaburi 37:11.
Myriam, akaba ari Icabona ca Yehova, yarakoresheje ico kibazo kugira ngo atanguze ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya. Umugabo Myriam yaganirije yishuye yuko nimba Yezu yaratanze uwo muhango, isi itegerezwa kuzoba iragi ribereye iryo zina, ntibe ahantu h’umusaka canke ahantu ata muntu yoshobora kuba.
Emwe, iyo yari inyishu yizigiza. Ariko none twoba dufise imvo yo kugira mwene ukwo kwizigira? Mu vy’ukuri turayifise, kubera ko Bibiliya iduha imvo zikomeye zo kwemera yuko uwo muhango uzoranguka. Mu bisanzwe, iranguka ry’uwo muhango rirafitaniye isano cane n’umugambi Imana ifitiye abantu n’isi. Kandi turakurwa amazinda yuko imigambi Imana ifashe, izoyishitsa (Yesaya 55:11). Ku bw’ivyo none, mu ntango Imana yari ifitiye abantu umugambi uwuhe, kandi uzoranguka gute?
Umugambi w’ibihe bidahera Imana ifitiye isi
Yehova Imana yaremye isi ku bw’umugambi utomoye. “Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi” (Yesaya 45:18). Gutyo rero, nta kindi isi yaremewe atari ukugira ngo abantu bayibeko. Vyongeye, Imana ifise umugambi w’uko isi yobako abantu ibihe bidahera. “[Y]ashizeh’amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira”.—Zaburi 104:5; 119:90.
Umugambi w’Imana werekeye isi ugaragarira kandi mw’ibanga yashinze umugabo n’umugore ba mbere. Yehova yabwiye Adamu na Eva ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi” (Itanguriro 1:28). Isi, iyo Imana yari yahaye Adamu na Eva, yari kuba ahantu bo hamwe n’abobakomotseko bobaye ibihe bidahera. Ibinjana vyinshi inyuma y’aho, umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Amajuru [ni] amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu”.—Zaburi 115:16.
Kugira ngo barangure ico cizigiro ciza igitangaza, Adamu na Eva, tudasize inyuma abobakomotseko, umwe wese yategerezwa kwemera Yehova Imana, we Muremyi akaba n’Umutanzi w’ubuzima, akemera ko ari we Segaba wabo kandi bakamugamburukira n’umutima ukunze. Ku bijanye n’ivyo, Yehova yaratomoye ibintu igihe yaha umugabo iri tegeko: “Igiti cose co muri iryo tongo ukiryek’uk’ugomba; arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza” (Itanguriro 2:16, 17). Kugira ngo Adamu na Eva babandanye kuba mw’itongo ry’i Edeni, bategerezwa kugamburuka iryo tegeko ryoroshe kandi ryavuzwe mu buryo butomoye. Kurigamburuka bwobaye ari uburyo bwo kwerekana ko bakenguruka ibintu vyose Se wabo wo mw’ijuru yari yarabakoreye.
Igihe Adamu na Eva bagambararira Imana n’ibigirankana mu kurenga kw’itegeko bari bahawe, mu vy’ukuri bateye umugongo uwari yabaronkeje ivyo bari bafise vyose (Itanguriro 3:6). Mu kubigira gutyo, baratakaje Iparadizo nziza igitangaza babamwo, bongera bayitakariza abobakomotseko (Abaroma 5:12). None ukugambarara kw’umugabo n’umugore ba mbere kwoba kwaratangiriye umugambi Imana yari ifise igihe yarema isi?
Imana itahindutse
Biciye ku mumenyeshakazoza wayo Malaki, Imana yavuze iti: “Jewe Uhoraho [n]ta ho mpinduka” (Malaki 3:6). Mu kugira ico avuze kuri uwo murongo, incabwenge mu vya Bibiliya w’Umufaransa ari we L. Fillion yavuze yuko ayo majambo afitaniye isano cane n’ishitswa ry’imihango Imana yatanze. Fillion yanditse ati: “Yehova yari gushobora guhonya abantu biwe bagararije, mugabo kubera yuko adahinduka mu mihango atanga, uko ibintu vyogenda kwose, azoshitsa imihango yatanze kera”. Imihango Imana yatanze, yaba iyo yahaye umuntu, ihanga, canke abantu bose, ntizoba akamizwe n’ingoma ahubwo izoranguka igihe Imana yashinze kigeze. “Yama yibuka isezerano ryiwe imisi yose; ijambo yashinze yama aryibuka uk’urunganwe rugenda rukurikirana gushitsa ibihe igihumbi”.—Zaburi 105:8.
Ariko none, twoshobora gute kwemera yuko Yehova atahinduye umugambi yari afise mu ntango werekeye isi? Ivyo turashobora kuvyemera kubera ko mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya, havugwa ibijanye n’umugambi Imana ifise wo guha isi abantu bagamburuka (Zaburi 25:13; 37:9, 22, 29, 34). Vyongeye, Ivyanditswe bidondora abahezagiwe na Yehova nk’abibereye mu mutekano, umwe wese yicaye “musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe”, ‘ata n’umwe abatera ubwoba’ (Mika 4:4; Ezekiyeli 34:28). Abatoranijwe na Yehova “bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo”. Bazobana amahoro mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba.—Yesaya 11:6-9; 65:21, 25.
Bibiliya iraducira agace mu bundi buryo ku bijanye n’umuhango w’Imana. Ku ngoma y’Umwami Salomo, ihanga rya Isirayeli ryarinovoye igihe c’amahoro n’ugusagamba. Ku ngoma yiwe, “Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Berisheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma” (1 Abami 4:25). Bibiliya ivuga yuko Yezu “[a]ruta Salomo”, umwanditsi wa Zaburi na we mu kuvuga ivyerekeye ingoma ya Yezu akaba yavuze mu buryo menyeshakazoza ati: “Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho”. Ico gihe, “hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi”.—Luka 11:31; Zaburi 72:7, 16.
Mu gushitsa ivyo yavuze, Yehova Imana azokwitwararika ivy’uko iragi ryasezeranywe ritaboneka gusa mugabo kandi ko risubirana ubwiza bwaryo bwose. Mu Vyahishuriwe 21:4, Ijambo ry’Imana ritubwira yuko mw’isi nshasha yasezeranywe, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho”. Ivyo vyasezeranywe ni Iparadizo koko.—Luka 23:43.
Ico wokora kugira ngo uzoronke iryo ragi ryasezeranywe
Isi izohinduka iparadizo igihe c’intwaro izoba iganziriza mw’ijuru, ikaba ari Ubwami Yezu Kirisitu azoba abereye Umwami (Matayo 6:9, 10). Ubwa mbere, ubwo Bwami ‘buzohonya abahonya isi’ (Ivyahishuriwe 11:18; Daniyeli 2:44). Maze, bwa “Mukama w’amahoro”, Yezu Kirisitu azorangura aya majambo menyeshakazoza: “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo” (Yesaya 9:6, 7). Igihe ubwo Bwami buzoba buganza, abantu amamiliyoni n’ayandi, dushizemwo n’abazoba basubiye kuba bazima biciye kw’izuka, bazoronka akaryo ko kuragwa isi.—Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.
Ni bande bazoba bari mu bazoronka iryo ragi ryiza igitangaza? Rimbura amajambo Yezu yavuze: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi” (Matayo 5:5). None kuba umuntu atekereza canke w’umugwaneza bisobanura iki? Inyizamvugo muri rusangi zivuga yuko kuba ‘umuntu w’umugwaneza’ canke ‘atekereza’ bisobanura kuba ‘umuntu yitonda’, atarenza urugero, ayoboka, yinumiye, mbere w’umunyamasoni. Ariko rero, ijambo ryo mu ntango ry’ikigiriki ryakoreshejwe ntirisobanura ivyo gusa. Inkoranyabumenyi imwe (New Testament Wordbook) y’uwitwa William Barclay ivuga yuko muri iryo jambo ‘harimwo ugutekereza, mugabo kukaba ari ugutekereza kurimwo inkomezi nk’iz’indarayi’. Ryerekana inyifato yo mu mutima ituma umuntu ashobora kwihanganira ikibi atarinze kugira inzika canke iciyumviro co kwihora, ivyo vyose bikaba bitumwa n’uko afitaniye n’Imana ubucuti bwiza, ubwo bucuti bukaba bumubera isoko ry’inkomezi.—Yesaya 12:2; Ab’i Filipi 4:13.
Umuntu atekereza aremera yicishije bugufi ingingo mfatirwako z’Imana mu mice yose y’ubuzima bwiwe; ntaguma ashaka kugendera mu vyiyumviro vyiwe canke mu vyiyumviro vy’abandi bantu. Ikindi kandi, aroroshe kwigisha, akemera kwigishwa na Yehova. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse ati: “Abīcisha bugufi [Yehova] azobarōngōra mu vy’ukugororoka, abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe”.—Zaburi 25:9; Imigani 3:5, 6.
Woba uzoba mu “bagwaneza” ari bo bantu batekereza bazoragwa isi? Niwarondera kumenya Yehova n’ivyo agomba biciye ku kwiga Ijambo ryiwe ubigiranye umwete ugatako ugashira mu ngiro ivyo wiga, na wewe nyene urashobora kwitegana igishika kuzoragwa iparadizo yo kw’isi no kuzoyibamwo ibihe bidahera.—Yohana 17:3.
[Ifoto ku rup. 5]
Umugambi Imana ifitiye isi ugaragarira mw’ibanga yashinze Adamu na Eva
[Ifoto ku rup. 6, 7]
Amahoro n’umutekano vyarangwa ku ngoma ya Salomo vyaraduciriye agace ku kuntu iragi ryasezeranywe rizoba rimeze
[Abo dukesha amafoto]
Intama be n’umusozi uri inyuma: Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.; ubwoko bw’ingeregere yo mu ntara z’Abarabu: Hai-Bar, Yotvata, Israel; umurimyi ariko ararimisha ibitungwa: Garo Nalbandian
[Ifoto ku rup. 7]
Isi nshasha irangwamwo ubugororotsi iri hafi. Woba uzoyibamwo?