Umugambi Imana ifitiye isi ugiye kuranguka
IGIHE Adamu na Eva bari bakiri mw’Iparadizo, Imana yabashinze iri banga: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi”.—Itanguriro 1:28.
Kuganza isi ntivyasobanura gusa kuyirima canke kubungabunga agace gatoyi kayo konyene. Adamu na Eva be n’uruvyaro rwabo bategerezwa kwagura Iparadizo gushika ikwiye ku mubumbe wose. Ariko rero, uwo mugabo n’umugore ba mbere baracumuye maze barirukanwa mw’itongo ry’i Edeni (Itanguriro 3:23, 24). Mugabo ivyo ntivyasobanura ko isi itokwigeze iganzwa.
Kubera ko abantu bagamburuka bazohezagirwa n’Imana, bazoshobora kuganza isi. Igihe Abisirayeli ba kera baba bahezagiwe n’Imana, imirima yabo yarimbuka ivyimburwa vyiza, bakaronka n’ivyamwa vyiza cane. Ukwo ni ko bizomera igihe umubumbe wacu uzogenda buhorobuhoro uraba iparadizo. Nk’uko vyasezeranywe mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya, “isi i[zokw]imbuka ivyimburo vyayo; Imana, ni yo Mana yacu, izoduha umugisha” (Zaburi 67:6). Nkako, indimiro n’imisozi, ibiti n’amashurwe hamwe n’inzuzi n’ibiyaga vyo kw’isi, bizonezerwa (Zaburi 96:11-13; 98:7-9). Umubumbe wacu uzoba uriko ibimera bitotahaye, inyoni z’amabara atandukanye, ibikoko biteye igomwe n’abantu b’igishika.
Isi nshasha iregereje
Ubu turegereje kwinjira mw’isi nshasha Yehova Imana yasezeranye. Intumwa Petero yanditse ati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13). Bamwebamwe bakimara gusoma ayo majambo ya Petero, boshobora guca biyumvira yuko uyu mubumbe utazokwigera uba iparadizo. Bashobora kuba bibaza yuko ijuru n’isi tubona bizokurwaho hakaza ibindi. None vyoba ari ko bizogenda?
“Ijuru risha” ni iki? Iryo juru rivugwa si rirya tubona ryaremwe n’Imana (Zaburi 19:1, 2). Petero, imbere yo kuvuga “ijuru risha”, yari yabanje kuvuga ivyerekeye “amajuru” yo mu buryo bw’ikigereranyo, ari zo ntwaro z’abantu ziri mu kibanza co hejuru canke zashizwe hejuru y’abo zitwara (2 Petero 3:10-12). Ayo “majuru” yarananiwe gutwara neza abantu, akaba rero azokurwaho (Yeremiya 10:23; Daniyeli 2:44). “Ijuru risha” rizosubirira amajuru ariho ubu, ni Ubwami bw’Imana buzoba bugizwe n’Umwami Yezu Kirisitu hamwe n’abaraganwa na we 144.000 bazukira kuba mw’ijuru.—Abaroma 8:16, 17; Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 3.
“Isi nsha” Petero yavuze si umubumbe mushasha. Yehova yaratunganije neza isi kugira ngo abantu bayibeko ibihe bidahera (Zaburi 104:5). Rimwe na rimwe, Bibiliya iravuga “isi” ishaka kwerekeza ku bantu (Ivyahishuriwe 13:3). Isi igiye gusangangurwa rero, ni abantu bari ku ruhande rw’ivy’iyi si mbi, nka kurya nyene isi y’abatubaha Imana ari yo yatikiye igihe ca wa Mwuzure waba mu misi ya Nowa (2 Petero 3:5-7). None “isi nsha” yo ni iki? Ni ikibano gishasha c’abantu kigizwe n’abasenga Imana b’ukuri, “batunganye mu mitima” (Zaburi 125:4; 1 Yohana 2:17). Amategeko yose agenga “isi nsha” azotangwa n’“ijuru risha”. Abagabo b’intahemuka bo kw’isi bazoraba neza ko ayo mategeko akurikizwa.
Hazoba ibintu bishasha kandi biteye igomwe
Nta gukeka ko mu gutegura isi kugira abantu bashobore kuyibako, Yehova yaduhaye ahantu ho kuba hateye igomwe. We ubwiwe, yivugiye ko ibikorwa vyo kw’isi yakoze vyari “vyiza cane” (Itanguriro 1:31). Shetani wa Mucokoranyi ni we yatumye Adamu na Eva bagarariza (Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuriwe 12:9). Ariko rero, Imana igiye kugira ico ikoze kugira ngo abagororotsi baronke “ubu[zima] nyakuri”. Ubwo ni “ubu[zima] budashira” abantu bazoronka igihe ibintu bizoba vyifashe neza mw’Iparadizo (1 Timoteyo 6:12, 19). Reka ubu na ho turimbure imigisha imwimwe abantu bazokwironkera ico gihe.
Mu kiringo ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi, Shetani ntazokwemererwa gukora kandi ntazoshobora guteza amarushwa abantu. Intumwa Yohani avuga ati: “Mbona umumarayika [umumarayika mukuru Mikayeli ari we Yezu Kirisitu] amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’iyo myaka igihumbi izoshirira” (Ivyahishuriwe 20:1-3; 12:12). Uretse ko abantu batazoba bakigeragezwa na Shetani kubera ko azoba yaterewe mu gisumanyenzi, bazokwironkera n’iyindi mihezagiro myinshi mu gihe bazoba batwarwa n’ubwo Bwami.
Ubukozi bw’ikibi, ubukazi n’intambara ntibizoba bikiriho. Bibiliya isezerana iti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa [“isi”, NW], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira” (Zaburi 37:10, 11, 29). Yehova Imana “a[zo]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi” (Zaburi 46:9). Ese ukuntu ayo majambo meza adukura amazinda ku bijanye n’amahoro be n’umutekano tugiye kuronka!
Hazoba hariho imfungurwa nzanamagara kandi z’akanovera nyinshi cane. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi” (Zaburi 72:16). Ico gihe, nta n’umwe azobwirizwa kwicwa n’inzara.
Nta muntu n’umwe azoba akirwara. Mu vy’ukuri, “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye” (Yesaya 33:24; 35:5, 6). Igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, yarakijije abanyamibembe, ibimuga n’impumyi (Matayo 9:35; Mariko 1:40-42; Yohana 5:5-9). Iyumvire nawe ivyo azokora mw’isi nshasha! Ibaze ntuze umunezero uzoba uhari igihe impumyi, ibipfamatwi, ibimuga n’ibiragi bazoba bakize!
Uko abantu bagamburuka bazogenda baratyororwa, ni ko ingaruka ziterwa n’ubusaza zizogenda zirakurwaho. Amarori, inkoni canke ibibando vyo kwishimikiza, amakinga y’ibimuga, ibitaro n’imiti ntibizoba bikiriho. Ese ukuntu ibintu bizoba bihindutse nitwasubira kugira inkomezi zacu z’ubuto (Yobu 33:25)! Buri gitondo tuzovyuka tuvuye mu gatiro keza, twaruhutse neza kandi twiteguriye gutangura uwundi musi w’ibikorwa bitera akanyamuneza.
Izuka ry’abacu hamwe n’abandi rizotuma imitima yacu yuzura umunezero (Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Ese ukuntu bizoba bihimbaye kwakira Abeli, Nowa, Aburahamu, Sara, Yobu, Musa, Rusi, Dawidi, Eliya, Esiteri n’abandi benshi! Abandi bantu amamiliyoni na bo nyene bazozurwa. Benshi muri bo ntibigeze bamenya ivyerekeye Yehova, mugabo ico gihe bazokwakirwa n’abantu bashashaye kubigisha ibimwerekeye, ivyerekeye imigambi yiwe be n’ivyerekeye Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. Abazutse nibashika ku kumenya Umuremyi wabo, ukumenya Yehova kuzoba kwuzuye isi vy’ukuri.
Ikiruta vyose, bizoshoboka ko dusenga ya Mana imwe nsa y’ukuri ibihe bidahera. Tuzoba dufise agateka ko ‘gusaba Uhoraho tunezerewe’ kandi tuzokora twunze ubumwe mu kwubaka amazu meza, mu kurima, maze amaherezo tuganze isi yose (Zaburi 100:1-3; Yesaya 65:21-24). Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo yimbuka, irangwa amahoro kandi y’akaroruhore, izotuma izina ryeranda rya Yehova ryubahwa!—Zaburi 145:21; Yohana 17:3.
Abantu bageragezwa ubwa nyuma
Yezu, mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, azokoresha ivyiza biva ku nkuka y’incungu yatanze, ku neza y’abantu bose bagamburuka. Amaherezo, icaha cose kizokurwaho, abantu bashikire ukutagira agasembwa (1 Yohana 2:2; Ivyahishuriwe 21:1-4). Kubera ko ingaruka z’icaha ca Adamu zizoba zakuweho buhere, abantu batagira agasembwa bazobaho bahuza n’ingingo mfatirwako z’Imana, haba ku mubiri, mu bwenge, mu vy’ukwigenza runtu canke mu vy’umutima. Gutyo, bazoheza babe “bazima” bimwe bishitse igihe bazoba bashikiriye ukutagira agasembwa ku buryo badashobora gukora icaha (Ivyahishuriwe 20:5). Ese ukuntu ivyo bintu hamwe n’isi izoba yahindutse Iparadizo bizoninahaza Yehova!
Ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi niyarangira, Shetani wa Mucokoranyi n’amadayimoni yiwe, ari bo bamarayika babi, bazobohorwa bakurwe muri ca gisumanyenzi bazoba bamazemwo ibinjana nka cumi, kugira ngo bamare igihe gito (Ivyahishuriwe 20:1-3). Bazokwemererwa kugira akigoro ka nyuma ko kwonkora abantu ku Mana. Naho abantu bamwebamwe bazotwarwa n’ivyipfuzo bibi, ubwo bugarariji nta co buzoshikako. Yehova azohonya abo bikunzi hamwe na Shetani n’amadayimoni yiwe yose. Ubukozi bw’ikibi ntibuzokwongera kubaho. Abanyakibi bose bazokurwaho ubutakigaruka, abagororotsi na bo baronke ubuzima budahera.—Ivyahishuriwe 20:7-10.
None ni ho uzoba uri?
Abakunda Yehova Imana biteze kugira agahimbare k’ibihe bidahera. Nta kintu na kimwe kizotuma umuntu arambirwa n’ubuzima budahera mw’Iparadizo. Kukaba nkako, uko igihe kizogenda kirahaca, ni ko ubuzima buzogenda burarushiriza kuryoha, narirya kumenya ivyerekeye Yehova Imana bitagira aho bigarukira (Abaroma 11:33). Uzokwama ufise ibintu bishasha vyo kwiga kandi uzoba ufise umwanya uhagije wo kwironsa ubumenyi. Uti kubera iki? Kubera yuko utazobaho imyaka 70 canke 80 gusa, ariko uzobaho ibihe bidahera.—Zaburi 22:26; 90:10; Umusiguzi 3:11.
Nimba ukunda Imana, uzokwama uhimbarwa cane no gukora ivyo igomba. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1 Yohana 5:3). Rero, ku bijanye no guhimbara Yehova Imana, ntihagire ikintu na kimwe kikubuza kubandanya ukora ibigororotse. Nugumize mu muzirikanyi icizigiro c’akaroruhore uhabwa n’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Nushire umutima ku gukora ivyo Yehova agomba kandi ntiwigere uheba iyo ngendo. Ivyo bizotuma uba ari ho uri igihe umugambi Imana ifitiye isi uzoba warangutse, iyi si tubako na yo yahindutse iparadizo y’ibihe bidahera.
[Ifoto ku rup. 4]
Umuhezagiro w’Imana watuma imirima y’Abisirayeli yimbuka cane
[Ifoto ku rup. 7]
Ni imihezagiro iyihe wizigiye kwironkera mw’Iparadizo?