ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/10 rup. 8
  • Ikete ryanditswe na Alejandra

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete ryanditswe na Alejandra
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • “Sinari bwigere ngaragarizwa urukundo mwene urwo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/10 rup. 8

Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire

Ikete ryanditswe na Alejandra

BIRAMAZE igihe bigaragara ko kwandika amakete ari uburyo ngirakamaro bwo gushinga intahe. Naho rimwe na rimwe umengo bisa n’uko ata kivamwo, abaguma bakoresha ubwo buryo barahezagirwa cane. Baribuka impanuro iranga ubukerebutsi ya Bibiliya igira iti: “Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ibi cank’ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe”.—Umusiguzi 11:6.

Icabonakazi akiri muto yitwa Alejandra yamaze nk’imyaka cumi asukurira kw’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Megizike, yariko afata imiti ivura kanseri. Yarasinzikaye gushika n’aho atagishobora kuguma akora ibikorwa vya misi yose yahora arangura. Ariko rero, kubera ko Alejandra atashaka gufata minenegwe ubusuku bwiwe, yarafashe ingingo yo kuza arandika amakete. Yandika ivyerekeye indinganizo y’inyigisho ya Bibiliya igirwa ku muhana ku buntu, agashiramwo n’inomero za telefone za nyina wiwe. Yaca aha nyina wiwe ayo makete kugira ngo aze arayasiga ku mihana adasanzeko abantu mu gihe c’ubusuku bwiwe bw’inzu ku nzu.

Muri ico gihe nyene, hari umwigeme akiri muto wo muri Gwatemala yitwa Diojany yagiye gukora akazi ko mu nzu i Cancún muri Megizike. Aho, yarahahuriye n’Ivyabona vya Yehova, maze barayaga ivyerekeye Bibiliya. Mu nyuma, abakoresha biwe barafashe ingingo yo kwimukira mu gisagara ca Megiziko, kandi bakipfuza ko bimukana. Diojany yaragonanwe kubera yuko vyotumye ataba akibonana n’Ivyabona.

Abo bakoresha baramusubirije umutima mu nda bati: “Nta ngorane, Ivyabona nta ho batari. Tugishikayo tuzoca tubarondera”. Kubera yuko yahawe ico cizigiro, Diojany yaremeye kujana na bo. Aho bashikiye i Megiziko, ba bakoresha ba Diojany bararondeye Ivyabona. Sinzi ukuntu vyagenze ntibabatora, kandi muri ico gisagara hari Ivyabona barenga 41.000 be n’amashengero 730.

Diojany ntiyatevye gucika intege kubera yuko atashobora gutora Ivyabona kugira ngo basubire kuyaga ivyerekeye Bibiliya. Umusi umwe, inabuja yaramwegereye amubwira ati: “Uzi n’amakuru? Imana yawe yarumvise amasengesho yawe”. Yaramuhaye ikete avuga ati: “Ehe ikete Ivyabona bagusigiye”. Ryari ikete ryanditswe na Alejandra.

Diojany yarabonanye na nyina wa Alejandra be na murumunawe Blanca, maze aremera ko bamwigisha Bibiliya. Haciye indwi nka zingahe, yarabonanye na Alejandra; emwe ntiworaba ukuntu bahimbawe! Alejandra yamuremesheje kubandanya kwihatira ku nyigisho ya Bibiliya kugira ngo atere imbere mu vy’impwemu.

Haciye amezi makeyi, muri Mukakaro 2003, Alejandra yarapfuye, asigira abo bari basangiye ukwemera akarorero keza k’ukwizera no kugira umutima rugabo. Ku maziko, benshi barakozwe ku mutima igihe babonana na Diojany maze bakumva avuga ati: “Alejandra n’umuryango wiwe bambereye akarorero keza ntangere. Niyemeje gusukurira Yehova no kubatizwa vuba. Urazi ukuntu nshashaye kuzosubira kubona Alejandra mw’iparadizo igiye kuza!”.

Emwe, ikete womengo ni akantu ata co kavuze. Mugabo, urazi ukuntu rishobora kuvamwo ibintu vyiza kandi biramba!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika