Ni idini iyihe ukwiye guhitamwo?
‘AMADINI ni inzira gusa zitandukanye ariko zishikana ku kintu kimwe. Nakare, hari Imana imwe rudende. Si vyo none?’ Ico ciyumviro kirahurizwako n’abantu benshi babona yuko, naho kwifatanya n’idini bihambaye, ata co bitwaye umuntu apfuye idini ahisemwo.
Ukicumva, ico ciyumviro womenga kirumvikana kubera yuko vy’ukuri hari Imana y’ukuri imwe rudende, Mushoboravyose (Yesaya 44:6; Yohana 17:3; 1 Ab’i Korinto 8:5, 6). Ariko rero, ntidushobora kurenza uruho rw’amazi ku matandukaniro yibonekeza, eka mbere no ku kudahuza dusanga mu madini menshi avuga ko akorera ya Mana y’ukuri. Aratandukanye cane turavye imigenzo yayo, ivyo yemera, inyigisho zayo be n’ivyo asaba. Ivyo atandukaniyeko ni vyinshi ku buryo abari mw’idini canke mu mugwi w’idini umwe basanga bigoye gutegera canke kwemera ivyo abari mu wundi bigisha canke bemera.
Ariko rero, Yezu yavuze ati: “Imana ni [Im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri” (Yohana 4:24). Gusenga Imana mu kuri vyoba birekura ko haba ivyiyumviro bidahuza ku vyerekeye Imana iyo ari yo, imigambi yayo be n’uburyo ishaka ko abantu bayisenga? Vyoba vyumvikana kwemera yuko uburyo umuntu asenga Imana Mushoboravyose ata co butwaye?
Abakirisu b’ukuri bo mu kinjana ca mbere be n’ab’ubu
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere vyarashika ntibahuze ivyiyumviro ku bintu. Nk’akarorero, igihe intumwa Paulo yariko avuga ivy’abakirisu b’i Korinto, yavuze ati: “Nabariwe ivyanyu, bene Data, n’abo kwa Kilowe, yuko har’imitongano muri mwebge. Ico mvuze n’iki, yuk’umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo”.—1 Ab’i Korinto 1:11, 12.
Paulo yoba yabona ukwo kudahuza nk’ikintu ata co gitwaye? Umwumwe wese yoba yariko akurikira gusa inzira yiwe bwite imushikana ku bukiriro? Habe namba! Paulo yabakebuye ati: “Ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama”.—1 Ab’i Korinto 1:10.
Ariko ntiwumve, ubumwe mu vy’ukwemera ntibushikwako ku kagobero. Bushikwako igihe gusa abantu batohoje ibintu bitonze hanyuma bakagira ivyiyumviro bimwe bashitseko kandi bakavyemera. Ku bw’ivyo rero, kwiyigisha Ijambo ry’Imana no kugira icipfuzo gikomeye co gushira mu ngiro ivyo umuntu yiga, ni intambwe zihambaye kugira habe mwene bwa bumwe Paulo yavuga. Ubumwe nk’ubwo bwoba bushobora kuboneka? Nk’uko twamaze kubibona, kuva kera na rindi Imana yamye ikorana n’abasavyi bayo uko bagize umugwi. Vyoba bishoboka kumenya uwo mugwi muri iki gihe?
Ivyiza vy’ukwifatanya n’abantu bemewe n’Imana
Umwanditsi wa Zaburi ni we yigeze kubaza ati: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?”. Ico mu vy’ukuri ni ikibazo gituma umuntu azirikana. Dawidi yaciye atanga inyishu ati: “N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe” (Zaburi 15:1, 2). Ugutahura Bibiliya kutagiramwo agakosa kuzotuma umuntu abona idini ishitsa ivyo Imana isaba. Umuntu rero aciye yifatanya n’uwo mugwi, azogiranira ubugenzi bwubaka n’abantu basenga Imana bunze ubumwe kandi bayisenga “mu mpwemu no mu kuri”.
Ivyabona vya Yehova baragaragaje ko bishoboka yuko abantu bagira ubumwe mu vyo bemera no mu vyo bakora mw’isi ya kino gihe yiciyemwo ibice. Muri bo harimwo abantu bahora mu madini menshi no mu migwi y’ivy’idini myinshi. Ibindi Vyabona bahora ari abantu batemera ko ukuri kwerekeye Imana gushobora kumenyekana canke bakaba batayemera na gato. Abandi na bo wasanga batitaho cane ivy’idini. Muri ayo madini, muri iyo mico kama be no muri ayo mafilozofiya bitandukanye, havuyemwo abantu ubu bafise ubumwe mu vy’ugusenga ata handi buboneka mw’isi muri iki gihe.
Ishimikiro ry’ubwo bumwe ni Ijambo ry’Imana Bibiliya. Ariko ntiwumve, Ivyabona vya Yehova baratahura yuko badashobora gutegeka abandi ivyo bokora. Yamara, barakenguruka agateka bafise ko kuremesha abandi kwiga ibiri muri Bibiliya kugira ngo amahitamwo bagira mu vy’ugusenga bashobore kuyashingira kuri uwo mushinge ugumye. Muri ubwo buryo, abandi bantu benshi barashobora na bo nyene kwungukira ku vyiza biva ku gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri”.
Muri iki gihe, abantu barageramiwe cane no guhakwa gutwarwa n’utwosho be n’imitego vyonona. Guhitamwo kwifatanya n’abantu bemewe n’Imana ni ikintu gihambaye. Bibiliya ivuga yuko ‘uwugendana n’abanyabwenge na we azogira ubwenge’ kandi ko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (Imigani 13:20; 1 Ab’i Korinto 15:33). Kwifatanya n’abambaji nyakuri b’Imana ni uburinzi. Ni co gituma Bibiliya itwibutsa iti: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo” (Abaheburayo 10:24, 25). Ese ukuntu biba ari umuhezagiro igihe abagenzi nyakuri, abavukanyi be n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu, bafashanya babigiranye urukundo kurangura amabanga bajejwe imbere y’Imana!
Ottmar aremeza ko ivyo ari ukwo biri. Yarerewe mu muryango w’abagatolika mu Budagi hanyuma arahagarika kuja mu misa. Asigura ati: “Igihe cose naja mu misa, navayo nk’uko nagiye, ata co nungutse”. Naho ibintu vyari vyifashe ukwo, yagumye yizera Imana. Yahavuye rero abonana n’Ivyabona vya Yehova hanyuma arashwiruka yuko ari abasavyi b’Imana b’ukuri. Yarabonye yuko bikenewe ko yifatanya na bo. Ubu avuga ati: “Ndagira uruhara mw’ishirahamwe rikwiye kw’isi yose, kandi ndafise amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima. Ndiko ndabandanya gufashwa kugira ndushirize kugira ubumenyi ntagakosa bwerekeye Bibiliya. Ico ni ikintu gifise agaciro kanini kuri jewe”.
Ubutumire ku barondera
Abantu bahuje inama kandi bagakora bafatanye mu nda ari umugwi, barashobora kurangura igikorwa ciza ata ho gihuriye n’icokorwa na ba nyamwigendako. Nk’akarorero, Yezu agira agende yategetse abayoboke biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Ico gikorwa coshoboye gute kurangurwa mu buryo bushimishije iyo hataba hari ubuyobozi canke ngo ibintu bibe bitunganijwe? Umuntu yoshobora gute kugamburuka iryo tegeko ryo mu Vyanditswe hamwe yogerageza gukorera Imana ata we bafadikanije?
Mu mwaka uheze, Ivyabona vya Yehova kw’isi yose batanze ibitabu be n’udutabu bishingiye kuri Bibiliya bishika 91.933.280 be n’ibinyamakuru 697.603.247, gutyo baba bashikiriye abantu amamiliyoni bo mu bihugu 235 babashiriye ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana. Mbega ukuntu ico ari ikimenyamenya gihambaye cerekana yuko umugwi w’abantu wunze ubumwe kandi utunganijwe neza urangura ibirengeye kure n’iyo ivyorangurwa n’umuntu yirwanako wenyene!
Turetse ugutanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, Ivyabona vya Yehova barayobora ku buntu inyigisho za Bibiliya kugira bafashe abantu gutahura bimwe bigera ibwina ivyo Imana isaba. Mu mwaka uheze, incahagati y’inyigisho za Bibiliya nk’izo zishika 5.726.509 zararongorewe abantu canke imigwi y’abantu uko indwi itashe. Iyo nyigisho ishingiye kuri Bibiliya yarafashije abantu amamiliyoni kuronka ishimikiro rikomeye ryo gushingirako amahitamwo bagira mu bijanye n’ugusenga. Na wewe uratumiwe kwiga ivyo Imana isaba nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya. Umaze kuvyiga, urashobora rero kugira ihitamwo.—Abanyefeso 4:13; Ab’i Filipi 1:9; 1 Timoteyo 6:20; 2 Petero 3:18.
Nimba ushaka guhimbara Imana, birahambaye ko wifatanya n’idini, mugabo atari idini iyo ari yo yose canke ishirahamwe ry’ivy’idini iryo ari ryo ryose. Ukeneye guhitamwo idini wojamwo wisunze ubumenyi ntagakosa bwo muri Bibiliya, ntuyihitemwo wisunze inyigisho zipfa kwemerwa ukwo nyene canke amajambo yo ku munwa gusa (Imigani 16:25). Niwige ibisabwa kugira ngo idini ibe ari iy’ukuri. Bigereranye n’ivyo wewe ubwawe wemera. Hanyuma rero uce uhitamwo.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.
[Amafoto ku rup. 7]
Ivyabona vya Yehova barifitiye ubumwe muri iyi si yiciyemwo ibice