Woba ukwiye kuja mw’idini?
‘SI NGOMBWA ngo nje mw’idini canke ngo name nja mu misa, kugira nemere Imana’! Ukwo ni ko abantu benshi babona ivy’ukwifatanya n’idini canke ishirahamwe ry’ivy’idini iryo ari ryo ryose. Nkako, bamwebamwe bavuga yuko bumva barushirije kwiyegereza Imana iyo bariko baritegereza ibidukikije mu gahinga kuruta igihe bari mu misa. Muri iki gihe, iciyumviro abantu benshi bafise ni ic’uko atari ngombwa ngo umuntu yifatanye n’umugwi w’ivy’idini canke ishirahamwe ry’ivy’idini rinaka kugira yemere Imana.
Ariko rero, abandi bobo mu mutima wabo si uko babona ibintu. Bemeza yuko kuba ufise idini urimwo canke kuja mu misa bikenewe, mbere ko bihambaye kugira ngo umuntu yemerwe n’Imana. Ku bw’ivyo rero, ikibazo c’uko kwifatanya n’idini vyoba bikenewe koko, kirarengeye kure n’iyo ivy’ugupfa gusa kwiyumvira ico twofata n’ico tworeka mu bwenge bwacu, canke ivy’ugupfa gusa kurondera kwimenyera ivy’idini. Uko biri kwose, kubera ko bishobora kugira ico bikoze ku bucuti tugiranira n’Imana, ntivyoba none vyumvikana turavye uburyo Imana ibibona? Ni igiki none dushobora kwigira mw’Ijambo ryayo Bibiliya ku bijanye n’ivyo?
Ingene Imana yagiye ikorana n’abantu muri kahise
Harashize nk’imyaka 4.400 umwuzure uyogeza inganda uteye kw’isi yose. Ikintu nk’ico cabaye ntivyoroshe kucibagira, kandi abantu bo mu mahanga yo hirya no hino kw’isi usanga bari n’inkuru zivuga ivy’ico kintu mu nkuru z’ukubaho kwabo. Naho izo nkuru zidahuza mu tuntu twose, zirafise ibintu vyinshi zihurizako, harimwo n’ic’uko abantu bake cane be n’ibikoko bimwebimwe ari vyo vyonyene vyarokotse.
Abarokotse Umwuzure boba barokotse iryo sangangurwa ku gihamana gusa? Inkuru ya Bibiliya yerekana ko atari ukwo vyagenze. Birahambaye kubona Imana itamenyesheje umwumwe wese ibijanye n’Umwuzure wari wimirije. Ahubwo yabwiye Nowa, na we araheza aburira abantu bo mu gihe ciwe ivy’uwo Mwuzure wari wegereje.—Itanguriro 6:13-16, 2 Petero 2:5.
Kugira umuntu arokoke, yategerezwa kuba ari muri uwo mugwi usenyera ku mugozi umwe akongera akemera ubuyobozi Imana yari yarahaye Nowa. Mbere n’ibikoko vyari mu bwato vyarokotse Umwuzure, vyawurokotse kubera vyagumanye n’uwo mugwi. Nowa yarahawe amabwirizwa atomoye yo kugira ivyo atunganije bibereye kugira ngo akingire ibikoko ntibihone.—Itanguriro 6:17–7:8.
Hashize ibinjana bitari bike, abakomotse kuri Nowa biciye ku muhungu wiwe Shemu barabaye abaja mu Misiri. Yamara, umugambi Imana yari ifise wari uwo kubakurayo ikabajana mu gihugu yari yarasezeraniye sekuruza wabo Aburahamu. N’ico gihe nyene, ico kintu ntiyagihishuriye umwumwe wese ukwiwe, mugabo yabanje kugihishurira abari baracaguwe kugira babe indongozi zabo, ari bo Musa na mwenewabo Aroni (Kuvayo 3:7-10; 4:27-31). Abo bari bahoze ari abaja, bamaze kubohorwa mu Misiri uko bari bagize umugwi, Imana yarabahereye Ivyagezwe ku Musozi Sinayi hanyuma bagirwa ihanga rya Isirayeli.—Kuvayo 19:1-6.
Umwisirayeli wese yashoboye guhabuzwa kubera ko yari yifatanije n’umugwi washinzwe n’Imana akongera agakurikiza ubuyobozi bw’abagenywe ngo bayobore uwo mugwi. Haranagizwe indinganizo z’uko Abanyamisiri bamwebamwe bifatanya n’uwo mugwi vyibonekeza ko wari wemewe n’Imana. Igihe Abisirayeli bava mu Misiri, abo Banyamisiri barajanye na bo, baba bagiye mu murongo w’aboronse umuhezagiro w’Imana.—Kuvayo 12:37, 38.
Maze mu kinjana ca mbere, Yezu yaratanguye igikorwa ciwe co kwamamaza, aratororokanya abantu kugira babe abigishwa biwe. Ivyo yagirana na bo, yabibagirira uko bagize umugwi, naho kandi yitwararikana urukundo abantu umwumwe ukwiwe bivanye n’ivyo bakeneye. Yezu yabwiye za ntumwa ziwe 11 b’abizerwa ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye” (Luka 22:28, 29). Mu nyuma, impwemu yera y’Imana yaraje ku bigishwa igihe bari bakoraniye hamwe ari umugwi.—Ivyakozwe 2:1-4.
Ubwo burorero burerekana mu buryo butomoye yuko muri kahise, Imana yamye nantaryo ikorana n’abantu uko bagize umugwi utunganijwe. Abantu bakeyi Imana yakoranye na bo ubwayo, ari bo Nowa, Musa, Yezu be n’abandi, ku bwa ngingo yabakoresheje kugira ngo ihanahane amakuru n’umugwi ufatanye mu nda. Nta kintu na kimwe kihari cotuma umuntu yemera yuko Imana ikorana n’abasavyi bayo mu buryo ubwo ari bwo bwose butandukanye n’ubwo, muri iki gihe. Mugabo ntiwumve, ivyo bica bivyura iki kindi kibazo: Gupfa kwifatanya n’umugwi uwo ari wo wose w’ivy’idini vyoba bihagije? Turarimbura ico kibazo gihambaye mu kiganiro gikurikira.
[Ifoto ku rup. 4]
Kuva kera na rindi, Imana yamye ikorana n’abasavyi bayo bagize umugwi utunganijwe