ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 8
  • ‘Jabuka uze kudutabara’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Jabuka uze kudutabara’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • “Ntuze wigere wibagira ubusuku bw’inzu ku nzu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Igituma mpimbarwa no guhindura abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 8

Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire

‘Jabuka uze kudutabara’

MURI Mukakaro 2000, hari akamo katewe muri Ositaraliya, mu Budagi no mu Busuwisi kugira ngo Ivyabona bavuga ikidagi baje muri Boliviya. Kubera iki? Kubera yuko mu bigwati bigererewemwo n’abirimizi biri ku bilometero 300 uvuye i Santa Cruz muri Boliviya, abamenonite (bakaba bakomoka ku migwi y’abaporotisanti) bavuga ikidagi bariko baragaragaza ko bashimishwa cane n’ivya Bibiliya.

Ivyabona nka 140 baritavye ako kamo. Bamwe bagiye kumarayo amayinga makeyi, abandi umwaka canke urenga. Mu kwitaba ako kamo, bagaragaje agatima nka kamwe k’abamisiyonari bo mu kinjana ca mbere bitaba aka kamo kavuga ngo: “Jabuka uze i Makedoniya, udutabare”.—Ivyakozwe 16:9, 10.

Gukorera muri ico cibare bimeze gute? Umukurambere umwe wo mw’ishengero ryo ngaho asigura ati: “Kuja muri kimwe mu bigwati 43 vy’abamenonite bishobora gutwara amasaha umunani uri mu muduga ugenda uca mw’ibarabara ry’ibivu. Kugendera uduce turi kure cane akenshi bisaba imisi ine, kandi mu majoro amwamwe ukarara mw’ihema. Mugabo akigoro umuntu agira si ak’impfagusa kubera yuko ata n’umwe muri abo bantu aba yari bwigere yumva inkuru nziza”.

Mu ntango, benshi muri abo bamenonite ntibakiriye neza Ivyabona igihe babagendera. Mugabo utwigoro twagumye tugirwa twarabafashije kubona akamaro k’inkuru nziza baza kubashikiriza. Nk’akarorero, umurimyi umwe yavuze ko yari amaze umwaka asoma ikinyamakuru Be maso!. Yaciye yongerako ati: “Ndazi yuko abantu benshi bo muri aka karere batemera ivyo muvuga, mugabo jewe ndemera ko ari ukuri”. Mu kindi kigwati na ho, hari umugabo yavuze ati: “Bamwebamwe mu babanyi banje bavuga yuko muri abahanuzi b’ikinyoma, abandi na bo bavuga yuko mufise ukuri. Jewe nshaka kuvyirabira”.

Ubu muri Boliviya hariho ishengero rikoresha ikidagi, rikaba rifise abamamaji 35, dushizemwo abamamazanjili b’igihe cose 14. Gushika uno musi, hari abahoze ari abamenonite 14 bamaze gucika abamamaji b’Ubwami, abandi 9 na bo bakaba bitaba amakoraniro badahorereza. Umutama umwe aherutse kubatizwa yavuze ati: “Turibonera neza ubuyobozi bwa Yehova. Yararungitse abavukanyi n’abavukanyikazi bazi utuntu n’utundi bavuga ikidagi ngo baze kudufasha. Turakenguruka cane”. Umukobwa afise imyaka 17 w’uwo mutama, na we nyene akaba yarabatijwe, yongeyeko ati: “Ubushwashwanutsi bw’abavukanyi n’abavukanyikazi bakiri bato baje ino burandukira. Benshi muri bo ni abatsimvyi, bakaba bakoresha umwanya wabo be n’amahera yabo kugira bafashe abandi. Bituma numva nshaka gukora nka bo”.

Vy’ukuri, abagize akigoro ko ‘kujabuka’ kugira bafashe abandi, bariko barimbura umunezero mwinshi be n’agahimbare kenshi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika