Barakorera ikivukano ca gikirisu mu bindi bihugu
WOBA urumva aya majambo ngo “abubatsi mvamakungu” canke “abishakire mvamakungu”? Ivyabona vya Yehova bagize iyo migwi, baratanga umwanya wabo be n’ubuhanga bwabo kugira bafashe mu kwubaka inyubakwa zikoreshwa ku bw’ugucapura no gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami bwo muri Bibiliya. Abishakire nk’abo barafasha kandi mu kwubaka Ingoro z’Amateraniro be n’Ingoro z’Ubwami, bikaba ari vyo bibanza bikuru vyigishirizwamwo Bibiliya. Muri kino gihe, abo bishakire bafasha mu maporoje y’ubwubatsi mu bihugu 34, canecane mu bihugu bikenye. Ni ingorane zidasanzwe izihe be n’iminezero iyihe abasuku nk’abo baronka igihe bakorera ikivukano ca gikirisu mu bindi bihugu? Bumva bamerewe gute ku vyerekeye “umurimo mweranda” barangura (Ivyahishuriwe 7:9, 15, NW)? Kugira ngo tubimenye, reka turabe abishakire bamwebamwe bakoreye muri Megizike.
Abishakire bavuye hanze baje muri Megizike ari bwo bwa mbere muri Rusama 1992. Bidatevye inyuma y’aho, baragiye imbere mu kwagura ishami rihagarikira imirimo Ivyabona vya Yehova barangura muri Megizike. Iryo yagura ryari rijanye no kwubaka izindi nyubakwa 14, harimwo inyubakwa z’uburaro bw’abishakire bakorera kuri ivyo biro vy’ishami, icapuriro be n’inyubakwa y’ibiro.
Abishakire barenga 730 baraje bavuye muri Grande Bretagne, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika be no mu bindi bihugu, barakorana n’abishakire amajana n’amajana bavuye mu mihingo yose y’igihugu ca Megizike kugira basahirize muri iyo poroje y’ubwubatsi. Ikigeretseko, Ivyabona barenga 28.000 bo mu mashengero nk’1.600 yo hafi y’ibiro vy’ishami barasahirije mu bikorwa vy’ubwubatsi mu mpera y’umushamvu. Bose bakoranye agatima k’ukwitanga bongera barakoresha ubuhanga bwabo ku buntu. Babonye ko ari agateka gusukurira Yehova muri ubwo buryo. Muri iyo poroje yose y’ubwubatsi, bagumiza mu muzirikanyi amajambo yahumetswe ari muri Zaburi 127:1 agira ati: “Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa.”
Ingorane bahangana
Ni izihe ngorane abishakire mvamakungu bahangana igihe bakorera mu mahanga? Ng’ibi bimwebimwe mu vyo biboneye. Curtis na Sally, bakaba ari abubakanye bava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, barafashije mu maporoje y’ubwubatsi mu Budagi, mu Buhindi, mu Burusiya, muri Megizike, muri Paraguay, muri Rumaniya, muri Senegal no muri Zambiya. Curtis yigana ati: “Ingorane ya mbere yabaye ugusiga umukobwa wacu yakora ari umutsimvyi [umusuku w’igihe cose], no guheba ishengero ryacu ry’i Minnesota. Jewe n’umugore wanje twari tumaze imyaka 24 twifatanije n’iryo shengero, kandi twumva tuhamererewe neza cane.”
Sally avuga ati: “Kuba mu bintu utamenyereye usanga ari urugamba, kumbure biraba urugamba cane ku mugore kurusha ku mugabo, ariko narize yuko bishoboka ko umuntu amenyera. Narize mbere kwihanganira udukoko twinshi.” Yongerako ati: “Mu gihugu kimwe, abishakire cumi muri twebwe twasangira inyubakwa imwe itagira igikoni, ifise ubwogero bubiri gusa. Ngaho, narahigiye kwihangana cane.”
Kwiga ururimi rushasha ni iyindi ngorane isaba akigoro be n’ukwicisha bugufi. Sharon, uwakoranye n’umugabo wiwe mu maporoje y’ubwubatsi mu bihugu bitandukanye, avuga ati: “Kutamenya ururimi rw’igihugu ukoreramwo ni ingorane. Mu ntango usanga bigoye kwiyegereza abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bo mu vy’impwemu mu gihe udashobora kubaserurira inyiyumvo zawe uko ushaka. Ivyo birababaza. Mugabo abavukanyi dusanga mu bindi bihugu turungikwa gukoreramwo baratwihanganira cane kandi bakitwararika rwose ukumererwa neza kwacu. Hari ukuntu dushobora kuganira hataraca n’igihe.”
Kugira uruhara mu busuku bisaba umutima rugabo
Naho abo bishakire bitanga bafasha cane mu guteza imbere igikorwa c’ubwubatsi, baratahura yuko ubwa mbere na mbere ari abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ni co gituma bashigikira bimwe bishitse igikorwa c’ukwamamaza kiba kiriko kirarangurwa n’amashengero baba barimwo. Åke na Ing-Mari, bakaba ari abubakanye basahirije mu maporoje y’ubwubatsi muri Gwadelupe, muri Malawi, muri Megizike no muri Nijeriya, baremera yuko gukoresha urundi rurimi igihe ugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro mu kindi gihugu bisaba umutima rugabo.
Ing-Mari yigana ati: “Mu ntango twagira uruhara gake kubera yuko twama duherekeza Ivyabona bo muri ako karere, kandi bivuye ku buyega twumva, kenshi twarareka akaba ari bo bavuga. Ariko rero, umusi umwe mu gitondo, twafashe ingingo yo kwijana mu murimo wo mu ndimiro. Twagiye tujugumira kandi imitima ididagizwa. Twarahuye n’umugore umwe akiri muto, akaba yarumvirije ivyo nari nateguye ko nza kuvuga. Narasomye icanditswe nongera ndatanga n’ibisohokayandikiro bimwebimwe. Maze, nya mugore yavuze ati: ‘Hewe mbwira! Ndafise incuti yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. None jeho noronka gute uwunyigisha?’ Narumiwe. Naciye ndya umutima amenyo, maze ndamwemerera kumugirira inyigisho ya Bibiliya.”
Ing-Mari yongerako ati: “Ibaze umunezero nagize be n’ingene nakengurukiye Yehova kubera yahezagiye ukwibwiriza be n’icipfuzo twagize co kubwira abandi ukuri.” Uwo mukenyezi yaragize iterambere riboneka, hanyuma arabatizwa kw’ihwaniro ry’intara ryabereye mu gisagara ca Megizike aba Icabona. Åke na Ing-Mari bavuga muri make ubusuku bwabo muri ubu buryo: “Turaha agaciro cane ibikorwa dukora mu maporoje y’ubwubatsi atandukanye, mugabo nta kintu na kimwe kiza kiruta umunezero be n’ugushira akanyota dukura mu gufasha umuntu kwakira ukuri.”
Agatima ko kwitanga
Ego ni ko, abishakire basiga imiryango n’abagenzi baragira utwigoro kugira bakorere abavukanyi babo mu bindi bihugu, mugabo na bo nyene baraharonkera iminezero ntangere. Iyo minezero ni iyihe?
Howard, uwakoranye n’umukenyezi wiwe Pamela muri Angola, muri Kolombiya, muri Équateur, muri Salvador, muri Giyane, muri Megizike no muri Porto Rico asigura ati: “Ni agateka guhura n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bo mu bihugu bitandukanye hanyuma ukibonera ubucuti buri mu kivukano cacu mpuzamakungu. Kenshi turasoma inkuru zivuga ico kivukano, mugabo igihe ubana ukongera ugakorana n’abandi baturuka mu mico kama itandukanye kandi bakuriye mu bintu bitandukanye, urarushiriza mbere guha agaciro ikivukano cacu ciza.”
Gary, uwafashije mu maporoje y’ubwubatsi muri Kolombiya, muri Kosta Rika, muri Équateur, muri Megizike no muri Zambiya, na we nyene abona yuko iyo porogarama yamugiriye akamaro cane. Yigana ati: “Ukumenyerezwa naronse mu myaka n’iyindi, bivuye ku kwifatanya n’abavukanyi bahumuye bakorera mu mashami yo mu bihugu narungitswemwo, kwaramfashije kuronka ivyangombwa kugira nihanganire ingorane twahura aho narungikwa gukorera. Ivyo vyarabaye ibintu bikomeza ukwizera kubera bitanga akaryo ko kwibonera ubumwe buranga ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose, ni ukuvuga ubumwe burengera ukudahuza mu rurimi, mu bwoko, canke mu mico kama.”
Muri ico gihe nyene, igikorwa c’ubwubatsi muri Megizike cararangiye, hanyuma inyubakwa z’ishami zaguwe zirashikirizwa muri uwu mwaka. Basunitswe n’urukundo bakunda Imana, abubatsi mvamakungu be n’abishakire mvamakungu baraterereye cane mu gukwiragiza ugusenga kw’ukuri muri Megizike be n’ahandi. Agatima kabo k’ugushaka n’ukwitanga kugira bakorere abavukanyi babo bakirisu bo mu bindi bihugu, karashimwa cane n’Ivyabona vya Yehova bari hirya no hino kw’isi.
[Ifoto ku rup. 25]
Équateur
[Ifoto ku rup. 25]
Kolombiya
[Ifoto ku rup. 25]
Angola
[Ifoto ku rup. 26]
Ubusitani bwo kw’ishami
[Ifoto ku rup. 26]
Igikorwa c’ukwubaka inyubakwa nshasha kw’ishami ryo muri Megizike gitangura
[Ifoto ku rup. 26]
Aha hepfo: bamwebamwe mu bagize urwego rw’ubwubatsi bari imbere y’inyubakwa nshasha
[Ifoto ku rup. 27]
Abubatsi b’abishakire barinovora ugushigikira igikorwa c’ukwamamaza bifatanije n’amashengero yo mu karere baba barimwo