Yehova yoba abona ivyo ukora?
WOKWISHURA gute ico kibazo? Abenshi bovuga bati: ‘Ndemera yuko Imana yabonye ivyo abagabo nka Musa, Gideyoni na Dawidi baranguye, mugabo sinzi yuko hari ikintu na kimwe mu vyo nokora yitaho. Erega si ndi Musa, ngo mbe Gideyoni canke Dawidi.’
Ni ivy’ukuri yuko abagabo bamwebamwe b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya bakoze ibikorwa bitangaje biranga ukwizera. ‘Baratsinze abami, baraziba iminwa y’intambwe, barazimya ubukari bw’umuriro bongera barakira ubugi bw’inkota’ (Abaheburayo 11:33, 34). Ariko rero, abandi na bo barerekanye ukwizera kwabo mu buryo butari ubw’igitangaza cane, kandi Bibiliya idukura amazinda yuko ibikorwa vyabo vy’ukwizera na vyo nyene Imana yabibonye. Kugira ngo tubibone, reka turimbure akarorero ko mu Vyanditswe k’umwungere, k’umumenyeshakazoza n’ak’umupfakazi.
Umwungere atanga ikimazi
Ni igiki wibuka kuri Abeli, wa muhungu agira kabiri wa Adamu na Eva? Ushobora kuba wibuka yuko yapfuye bumaratiri, kikaba ari ikintu coshikira bake muri twebwe. Ariko rero, Imana yabonye Abeli imbere y’abandi bose kubera iyindi mvo.
Umusi umwe, Abeli yafashe ibitungwa vyizavyiza vyo mu mukuku wiwe hanyuma abishikanira Imana kw’ikimazi. Umuntu abiravye muri iki gihe, ashobora kubona ko ishikanwa ryiwe ryari ribayabaye, mugabo Yehova yararibonye kandi ararishima. Ariko rero, si ivyo gusa. Hashize nk’imyaka ibihumbi bine, Yehova yarahumekeye intumwa Paulo kugira ngo yandike ivyerekeye iryo shikanwa mu gitabu c’Abaheburayo. Naho hari hashize iyo myaka yose, Imana ntiyari yaribagiye iryo shikanwa ribayabaye!—Abaheburayo 6:10; 11:4.
Abeli yahisemwo gute ubwoko bw’ishikanwa ryo gutanga? Bibiliya nta vyo ivuga, mugabo ategerezwa kuba yabanje kubizirikanako. Yari umwungere, ni co gituma vyari ibisanzwe ko atanga bimwebimwe mu vyo mu mukuku wiwe. Ariko urabona yuko yatanze vyizavyiza, ni ukuvuga ‘ibihimba vyazo binuze’ (Itanguriro 4:4). Birashoboka kandi yuko yazirikanye ku majambo Yehova yabwiye ya nzoka mw’itongo ry’i Edeni: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uru[but]o rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15; Ivyahishuriwe 12:9). Naho Abeli atategera akaranga k’uwo “mugore” be n’urwo ‘rubuto’, ashobora kuba yaratahuye yuko ‘gukomeretsa ku gitsintsiri’ c’urubuto rw’uwo mugore vyobaye birimwo ugusesa amaraso. Nta nkeka ko yatahuye yuko ata na kimwe cobaye gifise agaciro gusumba ikiremwa kizima kandi gihumeka. Uko biri kwose, ikimazi yatanze cari kibereye koko.
Nk’uko kwa Abeli, abakirisu muri iki gihe baraha Imana ibimazi. Ntibatanga ibitungwa vy’uburiza vyo mu mukuku, mugabo bashikana ‘ikimazi co gukenguruka . . . ari co mbuto z’iminwa yatura icese izina ry’Imana’ (Abaheburayo 13:15). Iminwa yacu iratura icese igihe tubwira abandi ivyo twizeye.
Woba wipfuza kuryohora ikimazi utanga? Nuce rero uzirikana witonze ku vyo abantu bo mu cibare cawe bakeneye. Ni ibiki bibaraje ishinga? Ni ibiki bibashimisha? Ni imice iyihe y’ubutumwa bwa Bibiliya yobakwegera? Igihe cose uriko urashinga intahe, nusuzume abo wagendeye ufise intumbero yo kuraba ingene worushiriza kuba kirumara. Vyongeye igihe uyagira abandi Yehova, nubigirane ukujijuka, kandi ubigire bivuye ku mutima. Ikimazi cawe nukigire “ikimazi co gukenguruka” nyaco.
Umumenyeshakazoza yamamaza mu bantu batamwumviriza
Ubu na ho, rimbura ivy’umumenyeshakazoza Henoki. Ashobora kuba ari we wenyene yari icabona ca Yehova Imana. Nka kumwe kwa Henoki, woba ari wewe gusa mu muryango wanyu usukurira Yehova uri umwizerwa? Woba uri umunyeshure wenyene mw’isomero ryanyu canke uri umukozi wenyene ku kazi iwanyu yumira ku ngingo ngenderwako za Bibiliya? Nimba ari ukwo biri, ushobora kuba uhura n’ingorane. Abagenzi, incuti, abo mwigana mw’isomero canke abo mukorana ku kazi boshobora kuguhimiriza kurenga ku mategeko y’Imana. Hari aho bovuga bati: “Erega nta n’umwe azokwigera amenya ivyo wakoze. Nta we tuzobibwira.” Boshobora gushimika bakubwira yuko ari ubujuju kwitwararika ingingo mfatirwako za Bibiliya z’ivy’ukwigenza runtu kubera yuko Imana itanezwe ivyo ukora. Kubera ukubabazwa n’uko utiyumvira canke ngo ukore nka bo, boshobora kugira uko bashoboye kwose kugira ngo bakugondoze.
Tuvugishije ukuri, ntivyoroshe kunanira umukazo nk’uyo, mugabo si ibidashoboka. Iyumvire Henoki, umugabo agira indwi uvuye kuri Adamu (Yuda 14). Igihe Henoki yavuka, abantu benshi bari barataye inyifato runtu. Imvugo yabo yari iyiteye isoni; inyifato yabo yari ‘igisesema’ (Yuda 15, NW). Bakora nk’uko nyene abantu benshi bo muri iki gihe bakora.
Henoki yavyifashemwo gute? Inyishu y’ico kibazo irahambaye kuri twebwe muri iki gihe. Naho Henoki ashobora kuba ico gihe yari we muntu gusa kw’isi asenga Yehova, mu vy’ukuri ntiyari wenyene. Henoki yagendana n’Imana.—Itanguriro 5:22.
Guhimbara Imana ni vyo Henoki yashira imbere mu buzima bwiwe. Yari azi ko kugendana n’Imana bitasobanura gusa kugira ubuzima butyoroye kandi buranga inyifato runtu. Yehova yari yiteze ko yamamaza (Yuda 14, 15). Abantu bari bakeneye kuburirwa yuko ibikorwa vyabo vy’ukutubaha Imana bitobuze kubonwa. Henoki yarabandanije kugendana n’Imana mu myaka irenga 300, iyiruta kure n’iyo iyo umuntu wese muri twebwe amaze. Yabandanije kugendana n’Imana gushika ku gupfa.—Itanguriro 5:23, 24.
Na twebwe nyene twarashinzwe igikorwa co kwamamaza nk’ukwo kwa Henoki (Matayo 24:14). Uretse ugushinga intahe inzu ku nzu, turagerageza gushikira incuti, abo tumenyeranye mu vy’ubucuruzi n’abo twigana mw’isomero tubashiriye inkuru nziza. Ariko rimwe na rimwe, hari aho tugonanwa kuvuga dushize amanga. Vyoba ari ko bihora bikugendera? Ntiwihebure. Niwigane abakirisu bo mu ntango, kandi usenge Imana uyisaba ugushira amanga (Ivyakozwe 4:29). Ntiwigere wibagira yuko igihe cose ugendana n’Imana, utigera uba wenyene koko.
Umupfakazi ategura imfungurwa
Iyumvire ntuze, umupfakazi umwe atavugwa izina yararonse imihezagiro ibiri bivuye ku kuba yarateguye imfungurwa zibayabaye! Ntiyari Umwisirayelikazi, ariko yari inyambukira yabayeho mu kinjana c’icumi B.G.C., akaba yaba mu gisagara ca Zarefati. Ikiringo c’uruzuba be n’amapfa kiri hafi kurangira, udufungurwa tw’uwo mupfakazi twari ku mushiro. Yari asigaranye gusa urushi rw’agafu be n’utuvuta bikwiranye vyo gutegura imfungurwa za nyuma we n’umuhungu wiwe bari gufungura.
Ico gihe haraje umushitsi. Yari umumenyeshakazoza w’Imana Eliya, uwasavye uwo mupfakazi ngo basangire utwo dufungurwa tw’intica ntikize. Hari udukwiye gusa we n’umuhungu wiwe, kandi biboneka ko atari afise ivyo guha uwo mushitsi. Mugabo Eliya yaramukuye amazinda akoresheje ivyo Yehova yamubwiye, yuko aramutse asangiye na we utwo dufungurwa, we n’umuhungu wiwe batokwishwe n’inzara. Vyasaba ukwizera kugira ngo yemere yuko Imana ya Isirayeli yomubonye, kandi ari umupfakazi w’inyambukira. Yamara yaremeye ivyo Eliya amubwiye, maze Yehova aramuha impera. “Ako gaseke ntikāshiramw’ifu, n’ako gakarabo ntikāshiramw’amavuta, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yavugiye muri Eliya”. Uwo mugore n’umuhungu wiwe bagumye baronka imfungurwa gushika ikigoyi kirangiye.—1 Abami 17:8-16.
Ariko rero, hari uwundi muhezagiro wari urindiriye uwo mupfakazi. Haciye igihe gitoyi ico gitangaro kibaye, umuhungu wiwe mukundwa yararwaye hanyuma arapfa. Kubera Eliya vyamuteye akagongwe, yaratakambiye Yehova ngo asubize muzima uwo muhungu (1 Abami 17:17-24). Ivyo vyari gusaba ko agira igitangaro kitari bwigere kigirwa. Nta nkuru ivuga ko hari umuntu n’umwe yari bwigere azurwa imbere y’aho! Yehova yoba yari gusubira kugirira impuhwe uwo mupfakazi w’inyambukira? Yarazimugiriye. Yehova yarahaye ububasha Eliya bwo gusubiza muzima nya muhungu. Hashize igihe, Yezu yaravuze ku vyerekeye uwo mugore yatewe ako gateka ati: “Hārih’abapfakazi benshi mu Bisirayeli, . . . yamara Eliya . . . atumwa i Zarefati mu gihugu c’i Sidoni ku mugore w’umupfakazi.”—Luka 4:25, 26.
Uko ivy’ubutunzi vyifashe muri iki gihe, usanga biguma bihindagurika cane, mbere no mu bihugu vyateye imbere. Amahinguriro amwamwe maninimanini yarirukanye abakozi bayo bari bamaze imyaka mirongo ari abakozi badahemuka. Umukirisu abonye ko azohava aba umushomeri, yohava amara ku kazi umwanya urenze urugero, yizigiye yuko ikompanyi akoramwo ritazomwirukana. Abigize gutyo vyotuma ataronka umwanya uhagije wo kwitaba amakoraniro ya gikirisu, kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, canke kwitwararika ivyo umuryango wiwe ukeneye mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu. Uko biri kwose, yumva ko abwirizwa kuguma muri ako kazi n’aho vyomutwara ibingana gute.
Umukirisu ari mu bihe bigoye nk’ivyo mu vy’ubutunzi arafise imvo yo kugira umwitwarariko. Biragoye kuronka akazi muri kino gihe. Abenshi muri twebwe ntibariko barwanira kuba abatunzi, mugabo nka kumwe kwa wa mupfakazi w’i Zarefati, turipfuza kuronka ivya nkenerwa mu buzima. Ariko rero, intumwa Paulo aratwibutsa yuko Imana yavuze iti: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.” Turashobora kuvuga tudakeka duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje sinzotinya. None umuntu yoshobora kungira iki?’ (Abaheburayo 13:5, 6). Paulo yaremeye guhakwa kuhasiga ubuzima kubera uwo muhango, kandi Yehova yagumye nantaryo amwitwararika. Imana izotugirira nk’ukwo nyene nitutayita.
Vyoshika tukumva yuko tudashobora kuzokwigera dukora nk’ivyo abantu bakomeye mu vy’impwemu nka Musa, Gideyoni na Dawidi bakoze, mugabo turashobora kwigana ukwizera kwabo. Vyongeye turashobora kwibuka ibikorwa vy’ukwizera bisanzwe Abeli, Henoki na wa mupfakazi w’i Zarefati bakoze. Yehova aritwararika ibikorwa vy’ukwizera vyose, mbere na bitobito. Igihe umunyeshure atinya Imana yanse kwakira ibiyayura umutwe ahabwa n’abo mu runganwe rwiwe, igihe umunyakazi w’umukirisu yiyamirije ivyo kuryoshwaryoshwa ngo yisuke mu bushegabo ku kazi, canke igihe Icabona ashaje yitaba amakoraniro abigiranye ubwizerwe naho yoba aruha canke afise amagara mabi, Yehova arabibona. Kandi aranezerwa!—Imigani 27:11.
Woba ubona ivyo abandi bakora!
Egome, Yehova arabona ivyo dukora. Ku bw’ivyo, kubera ko twigana Imana, dukwiye kuba abagabirije kubona utwigoro abandi bagira (Abanyefeso 5:1). Ni kubera iki utokurikiranira hafi ingorane abakirisu bagenzawe bahangana kugira ngo bitabe amakoraniro y’ishengero, bajemwo mu busuku bwo mu ndimiro, mbere no kugira barangure ibikorwa vyabo vya misi yose?
Ivyo umaze kubigira, nuce rero ureka abo mufatanije ugusenga Yehova babone yuko uha agaciro utwigoro bagira. Bazohimbarwa n’uko watubonye, kandi ubwitwararitsi bwawe bwoshobora kubasubiriza umutima mu nda yuko Yehova na we nyene abona utwo twigoro.