ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/5 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Akiza Umuhungu Yiziziwe n’Impwemu Mbi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/5 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe umukirisu yumvise amajwi, vyoba bica bisigura ko atewe n’amadayimoni?

Oya. Naho amadayimoni yamye avugwa ko yiserura muri ubwo buryo, abantu benshi bumva amajwi canke bashikirwa no kwiyumvamwo ibintu bigoye isigura kandi bitesha umutwe, bamaze kugira ubushakashatsi, baramenye ko bafise ingorane zijanye n’amagara.

No mu kinjana ca mbere, vyasa n’ibizwi ko ibitero vy’amadayimoni be n’ukuntu amagara yaba amerewe, rimwe na rimwe vyatuma haba mwene ivyo bintu. Muri Matayo 17:14-18, tuhasoma ivy’agahungu kakijijwe na Yezu. Naho nya gahungu kari kamaze kugaragaza ibimenyetso bikaze vy’ukurwara intandara, mu vy’ukuri indwara yako yaterwa n’idayimoni. Ariko rero, imbere y’aho, igihe amasinzi y’abantu barwaye bazanwa kuri Yezu ngo abakize, muri bo harimwo “abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara” (Matayo 4:24, ni twe tubihiritse). Bigaragara ko vyari bizwi yuko abarwaye intandara bamwebamwe batari binjiwemwo n’idayimoni. Ingorane yabo yari iy’amagara.

Bivugwa ko abantu bamwe barwaye indwara yo mu mutwe ifata nk’intandara yitwa schizophrénie, ikaba ari indwara kenshi ivuzwa imiti, bumva amajwi canke bashikirwa n’ibindi bimenyetso vyoshobora kuboneka nk’ibintu vy’ibiyoberabahingaa. Izindi ngorane z’amagara zoshobora gutuma umuntu azazanirwa mu bwenge ku buryo bamwebamwe boshobora kwihenda bakiyumvira ko biterwa n’amadayimoni. Ku bw’ivyo, naho umuntu avuga ko yumvise amajwi canke yiyumvisemwo ibindi bintu biteye ubwoba ashobora kutemera kwikuramwo ivy’uko yaturubitswe n’amadayimoni, nta nkeka ko akwiye kuremeshwa gusuzuma neza kugira arabe ko ibimushikira bitoba biva ku ngorane z’umubiri.

[Akajambo k’epfo]

a  Raba ikiganiro kivuga ngo “Les maladies mentales: un mystère” muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga 1986, ikinyamakuru kigenzi c’Umunara w’Inderetsi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika