‘Guma Ufise Umutima Utarimwo Ijwi Rikwagiriza Ikibi’
“GIRA ico umutima wawe ukubwiye” ni impanuro umuntu akunda kwumva kenshi. Mugabo kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima ribe inyobozo yo kwizigirwa, rirakeneye kwigishwa mu buryo bubereye ivyerekeye iciza n’ikibi, kandi dutegerezwa kugabiriza gukurikiza ubuyobozi bwaryo.
Rimbura ivyashikiye umugabo umwe yitwa Zakayo avugwa muri Bibiliya. Zakayo, uwaba i Yeriko, yari umukuru w’abatozakori akongera akaba n’umutunzi. Kubera uburenganzira yari yifitiye, yari yarironkeje amatungo aciye mu bugunge, ikaba yari ingeso itegerezwa kuba yarababaza abandi. Ijwi ryo mu mutima rya Zakayo ryoba ryaramubujije amahoro kubera ibikorwa vy’ukugabitanya yakora? Nimba ryarayamubuza, yoba yararyirengagiza.—Luka 19:1-7.
Ariko rero, hari ikintu cabaye catumye Zakayo asubira kurimbura ingendo yiwe. Yezu yaraje i Yeriko. Uwo mugabo mugufi Zakayo yaripfuje kumubona, mugabo ntivyakunda kubera ikinja ry’abantu. Ni co gituma yaciye yirukanga imbere yurira ku giti aho ashobora kumubona neza. Yezu yaratangajwe n’icipfuzo gikomeye Zakayo afise, aca amubwira yuko aza kumugendera i muhira iwe. Zakayo yarakiranye akanyamuneza kenshi uwo mushitsi wiwe w’iteka.
Ivyo Zakayo yabonye akongera akumva ari kumwe na Yezu vyaramukoze ku mutima, bituma ahindura ingendo yiwe. Yamenyesheje ati: “Rāba mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.”—Luka 19:8.
Ijwi ryo mu mutima rya Zakayo ryari ryamaze kwigishwa, maze yararyumviye yongera akora ivyo rimubwiye. Havuyemwo ivyiza ntangere. Iyumvire nawe ukuntu Zakayo yumvise amerewe igihe Yezu yamubwira ati: “Uyu musi agakiza gashitse mur’iyi nzu!”—Luka 19:9.
Ese ukuntu ari akarorero karemesha! Karerekana yuko dushobora guhinduka, naho twoba twahora dufise ingendo imeze gute. Nk’ukwo kwa Zakayo, turashobora kwumvira amajambo ya Yezu yanditswe muri Bibiliya, hanyuma tugatsimbataza ububasha bwo kumenya iciza n’ikibi. Nk’uko intumwa Petero yaduhimirije, turashobora rero ‘kuguma dufise umutima utarimwo ijwi ritwagiriza ikibi’. Turashobora kwumvira ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe hanyuma tugakora ibigororotse.—1 Petero 3:16.