ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/4 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Nurwanye Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Dushobora gute kunanira amadayimoni?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/4 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Mu gihe umuntu aturubikwa n’amadayimoni, yokora iki kugira ngo areke kumuturubika?

Ijambo ry’Imana rirerekana ko abariko bacumukuzwa n’ibitero vy’amadayimoni bishoboka ko ayo madayimoni areka kubaturubika. Isengesho riragira uruhara ruhambaye mu gutuma amadayimoni atabandanya guturubika umuntu (Mariko 9:25-29). Mugabo umuntu aturubikwa n’amadayimoni yoshobora gukenera gutera izindi ntambwe. Hari ivyabaye vyerekeye abakirisu bo mu kinjana ca mbere vyerekana ibindi bintu uwo muntu yokenera gukora.

I Efeso ha kera, hari abantu bahora basenga amadayimoni imbere y’uko baba abayoboke ba Kirisitu. Ariko rero, inyuma y’aho “abakora ivy’ubupfumu” bafatiye ingingo yo gukorera Imana, baciye “bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose” (Ivyakozwe n’intumwa 19:19). Mu guturira ibitabu vyabo vy’ubupfumu, abo bakirisu bashasha b’i Efeso bari basigiye akarorero abo bose bipfuza gukira ibitero vy’amadayimoni muri iki gihe. Birahambaye cane ko abo bantu bikurako ibintu vyose bifitaniye isano n’ubupfumu. Muri vyo harimwo ibitabu, ibimenyeshamakuru, amasenema, amakuru atangwa biciye kuri orodinateri canke ku bundi buhinga bwa none, imiziki ivuga ivy’ubupfumu mu buryo budashoka bwumvikana, eka mbere n’ibiheko canke ibindi bintu abantu bambara ngo ni ivyo kwikingira canke bifitaniye isano n’ivy’ubupfumu.​—Gusubira mu vyagezwe 7:25, 26; 1 Ab’i Korinto 10:21.

Haciye imyaka nk’ingahe abo bakirisu b’i Efeso baturiye ibitabu vyabo vy’ubupfumu, intumwa Paulo yanditse ati: “Tunigana . . . n’impwemu mbi” (Abanyefeso 6:12). Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi” (Abanyefeso 6:11). Iyo mpanuro n’ubu iracakora. Abakirisu bategerezwa kurushiriza gukomeza uburyo bwabo bwo kwikingira mu vy’impwemu kugira ngo barwanye ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Paulo yavuze ashimitse ati: “Kandi hamwe n’ivyo vyose mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro” (Abanyefeso 6:16). Umuntu akomeza ukwizera kwiwe mu kwiyigisha Bibiliya (Abaroma 10:17; Ab’i Kolosayi 2:6, 7). Ku bw’ivyo, kwiyigisha Bibiliya tudahorereza biradufasha gutsimbataza ukwizera, ukumeze nk’inkinzo idukingira akosho k’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha.​—Zaburi 91:4; 1 Yohana 5:5.

Abo bakirisu b’i Efeso bari bakeneye gutera iyindi ntambwe ihambaye. Paulo yababwiye ati: “Musengere m[u m]pwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga” (Abanyefeso 6:18). Egome, gusaba Yehova dukobeje ngo adukingire, mu vy’ukuri ni ntahara ku bashaka gukira ibitero vy’amadayimoni muri iki gihe (Imigani 18:10; Matayo 6:13; 1 Yohana 5:18, 19). Birabereye rero kuba Bibiliya ivuga iti: “Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga”.​—Yakobo 4:7.

Naho umuntu aturubikwa n’amadayimoni akwiye gusengana ubwira kugira ngo ayo madayimoni areke kumuturubika, abandi bakirisu b’ukuri na bo nyene bosenga basabira uwo muntu yipfuza cane gukorera Yehova kandi ariko akora uko ashoboye kwose kugira arwanye ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Barashobora gusaba Imana kugira ngo ironse uwo muntu aturubikwa n’amadayimoni inkomezi zo mu vy’impwemu zomufasha kunanira ibitero vy’amadayimoni. Kubera ko Ijambo ry’Imana rivuga yuko “ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo”, nta gukeka ko amasengesho aturwa n’abasavyi b’Imana azogirira akamaro abaturubikwa n’amadayimoni bariko bakora uko bashoboye kwose ngo “[ba]rwanye wa Murwanizi”.​—Yakobo 5:16.

[Ifoto ku rup. 31]

Abakirisu b’i Efeso baraturiye ibitabu vyabo vy’ubupfumu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika