ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 13-17
  • Twitwararike ivy’Impwemu Maze Tubeho!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twitwararike ivy’Impwemu Maze Tubeho!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Kwitwaririka ivy’Impwemu”
  • Ihinduka Ritangaje
  • Uruhara Ruhambaye rw’Ijambo ry’Imana
  • “Ewe Kuntu Nkunda Ivyagezwe Vyawe!”
  • Senga Usaba Imfashanyo ya Yehova
  • Ntitugatuntuze Impwemu
  • Nitubandanye Kwitwararika ivy’Impwemu
  • Nimba wipfuza ubuzima n’amahoro, nugende wisunga impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nunanire “impwemu y’isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nugende wisunga impwemu ubone kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Turakeneye ukwigumya
    Turirimbire Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 13-17

Twitwararike ivy’Impwemu Maze Tubeho!

“Kwitwaririka ivy’impwemu kuzana ubu[zima].”​—ABAROMA 8:6.

1, 2. Bibiliya yerekana ubudasa ubuhe hagati y’“umubiri” n’“impwemu”?

SI IGIKORWA coroshe kuzigama impagararo idahumanye mu vy’ukwigenza runtu mu nyonga z’Imana hagati y’ikibano cononekaye kininahaza uguhaza ivyipfuzo vy’umubiri. Ariko rero, Ivyanditswe birerekana ubudasa hagati y’“umubiri” n’“impwemu,” bikerekana mu buryo butomoye itandukaniro riri hagati y’ingaruka zikomeye z’ukwireka umuntu akaganzwa n’umubiri munyacaha be n’imihezagiro iva mu kureka akoshwa n’impwemu yera y’Imana.

2 Nk’akarorero, Yezu Kirisitu yavuze ati: “Impwemu ni zo zitera ubu[zima], umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubu[zima].” (Yohana 6:63) Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’i Galatiya ati: “[Umubiri w]ifuza ivyo [im]pwemu yanka, kandi [im]pwemu yifuza ivy’[umubiri w]anka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.” (Ab’i Galatiya 5:17) Paulo yavuze kandi ati: “Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ūbiba m[u m]pwemu azokwimbura m[u m]pwemu ubu[zima] budashira.”​—Ab’i Galatiya 6:8.

3. Ni giki gikenewe kugira ngo umuntu yiganzure ivyipfuzo n’impengamiro bibibibi?

3 Impwemu yera ya Yehova​—ni ukuvuga inguvu yiwe ikora akazi​—irashobora kurandurana n’imizi mu buryo ngirakimazi “ivyifuzo vy’umubiri” bihumanye be n’ukuganzwa n’umubiri wacu munyacaha gushikana ku gusanganguka. (1 Petero 2:11) Kugira ngo twiganzure kubohwa n’impengamiro mbimbi, ni ngirakamaro cane ko tugira imfashanyo y’impwemu y’Imana, kubera yuko Paulo yanditse ati: “Kwitwaririka ivy’umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy’impwemu kuzana ubu[zima] n’amahoro.” (Abaroma 8:6) Kwitwararika ivy’impwemu bisobanura iki?

“Kwitwaririka ivy’Impwemu”

4. “Kwitwaririka ivy’impwemu” bisobanura iki?

4 Igihe Paulo yandika ivyerekeye “kwitwaririka ivy’impwemu,” yakoresheje ijambo ry’Ikigiriki ryerekeza ku “buryo bwo kwiyumvira, umuzirikanyi, . . . intumbero, icipfuzo, ukwihata.” Irivuga rifitaniye na ryo isano risobanura “kwiyumvira, kwerekeza umuzirikanyi mu nzira yinaka.” Gutyo, kwitwararika ivy’impwemu bisobanura kuyoborwa, kuganzwa no gusunikwa n’inguvu ikora akazi ya Yehova. Bisobanura yuko n’umutima ukunze tureka ivyiyumviro vyacu, impengamiro zacu n’ivyipfuzo vyacu bikoshwa mu buryo bwuzuye n’impwemu yera y’Imana.

5. Ni ku rugero rungana iki dukwiye kworohera akosho k’impwemu yera?

5 Urugero dukwiye gushikako mu kworohera akosho k’impwemu yera rwarashimitsweko na Paulo igihe yavuga ivyo kuba ‘abagurano bakorera impwemu.’ (Abaroma 7:6) Bishimikije ukwizera kwabo mu nkuka y’incungu ya Yezu, Abakirisu barabohowe ukuganzwa n’icaha maze gutyo ‘barapfa’ mu vy’ukuntu bahoze ari abaja baco. (Abaroma 6:2, 11) Abo bapfuye gutyo mu buryo bw’ikigereranyo, baracari bazima ku mubiri kandi ubu bari n’umwidegemvyo wo gukurikira Kirisitu bwa “[ba]jakarira ukugororoka.”​—Abaroma 6:18-20.

Ihinduka Ritangaje

6. Ni ihinduka irihe riba ku “[ba]jakarira ukugororoka”?

6 Ihinduka ryo kuva ku kuba “abagurano b’icaha” tukaba abakorera Imana bwa “[ba]jakarira ukugororoka” ni ihinduka ritangaje vy’ukuri. Ku biraba bamwebamwe bashikiwe n’ihinduka nk’iryo, Paulo yanditse ati: ‘Mwaruhagiwe, mwarejejwe, mwatsindanishirijwe mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo no mu mpwemu y’Imana yacu.​—Abaroma 6:17, 18; 1 Ab’i Korinto 6:11.

7. Ni kuki bihambaye kubona ibintu nk’uko Yehova abibona?

7 Kugira ngo dushikirwe n’iryo hinduka ry’igitangaza, dukeneye ubwa mbere na mbere kwiga ivyerekeye ukuntu Yehova abona ibintu. Haraciye ibinjana umwanditsi wa Zaburi Dawidi yazambiye Imana abigiranye ubwira ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe . . . Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe.” (Zaburi 25:4, 5) Yehova yarateze ugutwi Dawidi, kandi arashobora no kwishura isengesho nk’iryo ku bw’abasavyi biwe bo mu gihe ca none. Kubera yuko inzira z’Imana be n’ukuri kwayo bidahumanye kandi ari vyeranda, kuzirikana kuri vyo bizoba rufasha mu gihe tugeragejwe no guhaza ivyipfuzo vy’umubiri bihumanye.

Uruhara Ruhambaye rw’Ijambo ry’Imana

8. Ni kuki bikenewe ko twiga Bibiliya?

8 Ijambo ry’Imana Bibiliya, ni ikintu camutse ku mpwemu yayo. Ni co gituma uburyo bumwe buhambaye bwo kureka iyo mpwemu igakora muri twebwe ni mu gusoma no kwiga Bibiliya​—ku musi ku musi niba bishoboka. (1 Ab’i Korinto 2:10, 11; Abanyefeso 5:18) Kwuzuza umuzirikanyi wacu n’umutima wacu ibintu vy’ukuri be n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya bizodusahiriza guhangana n’ibitero bitera kamere yacu yo mu vy’impwemu. Egome, igihe ibigeragezo vyerekeye ubushegabo bivyutse, impwemu y’Imana irashobora gutuma dukubita agatima mpembero ku vyibutswa vyo mu Vyanditswe no ku ngingo ndongozi zishobora gukomeza umwiyemezo wacu wo gukora ibintu mu buryo bujanye n’ukugomba kw’Imana. (Zaburi 119:1, 2, 99; Yohana 14:26) Ku bw’ivyo, ntiduhendwa ngo dukurikire ingendo itari yo.​—2 Ab’i Korinto 11:3.

9. Ni gute ukwiga Bibiliya gukomeza umwiyemezo wacu wo kuzigama ubucuti dufitaniye na Yehova?

9 Uko tubandanya twiga Ivyanditswe ata buryarya kandi tubigiranye umwete, tubifashijwemwo n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, impwemu y’Imana irosha umuzirikanyi wacu n’umutima wacu, igatuma icubahiro dufitiye ingingo mfatirwako za Yehova kigera ibwina. Ubucuti dufitaniye n’Imana buca bucika co kintu gihambaye kuruta mu buzima bwacu. Igihe duhanganye n’ikigeragezo, ivyiyumviro vy’ukuntu vyoba biryoshe kwisuka mu bukozi bw’ikibi ntibizotsimbatazwa. Ahubwo riho, ico duca twitwararika ni ukuzigama ukutadohoka kwacu kuri Yehova. Ugukenguruka gukomeye ubucuti dufitaniye na we kuzodukaburira kurwanya impengamiro zose zoshobora kubutosekaza canke kubwica.

“Ewe Kuntu Nkunda Ivyagezwe Vyawe!”

10. Ni kuki kugamburuka ivyagezwe vya Yehova bikenewe kugira ngo umuntu yitwararike ivy’impwemu?

10 Niba dushaka kwitwararika ivy’impwemu, ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana ntibuhagije. Umwami Salomo yaratahura neza ingingo mfatirwako za Yehova, mugabo nticabujije ko ananirwa kubaho azisunga mu gice ca nyuma c’ubuzima bwiwe. (1 Abami 4:29, 30; 11:1-6) Niba umuzirikanyi wacu uri ku vy’impwemu, tuzobona ko bikenewe yuko tutamenya gusa ico Bibiliya ivuga mugabo kandi ko bikenewe yuko tugamburuka ivyagezwe vy’Imana n’umutima wose. Ivyo bisobanura gusuzuma twitonze ingingo mfatirwako za Yehova tukongera tukihata n’umwete kuzikurikiza. Umwanditsi wa Zaburi yari afise agatima nk’ako. Yaririmvye ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.” (Zaburi 119:97) Igihe twitwararika vy’ukuri gukurikiza icagezwe c’Imana, turasunikirwa kugaragaza kamere ziva ku Mana. (Abanyefeso 5:1, 2) Aho gukwegakwegwa ata gitabara ku bukozi bw’ikibi, turagaragaza ivyamwa vy’impwemu, maze icipfuzo co guhimbara Yehova kikadukevya kidukura ku “bikorwa vy’[umubiri]” bibi.​—Ab’i Galatiya 5:16, 19-23; Zaburi 15:1, 2.

11. Wosigura gute yuko icagezwe ca Yehova kibuza ubusambanyi ari uburinzi kuri twebwe?

11 Dushobora gute gutsimbataza ukwubaha n’ugukunda ivyagezwe vya Yehova mu buryo bugera i bwina? Uburyo bumwe ni mu gusuzuma twitonze agaciro kavyo. Rimbura icagezwe c’Imana cerekana yuko uguhuza ibitsina vyogirwa mu mubano w’abubakanye gusa kikongera kikabuza ubusambanyi n’ukurenga ibigo. (Abaheburayo 13:4) Kugamburuka ico cagezwe hoba hari ikintu ciza bitwima? Sebibondo munyarukundo wo mw’ijuru, yoba yoshinga icagezwe kitwima ikintu c’ingirakamaro? Haba na mba! Raba ibiriko biraba mu buzima bwa benshi batabaho mu buryo buhuje n’ingingo mfatirwako za Yehova mu vy’ukwigenza runtu. Ibitwarire kenshi bishikana ku gukorora amada canke kumbure ku kwubaka hataragera kandi ata gahimbare. Benshi bategerezwa kurera umwana ata mugabo canke umugore bafise. Si ivyo gusa, abamogoreye ubusambanyi barishira mu kaga ko kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. (1 Ab’i Korinto 6:18) Kandi, igihe umusavyi wa Yehova akoze ubusambanyi, ingaruka bigira mu vy’akanyengetera zishobora kuba agahomerabunwa. Kugerageza kunumya ijwi ryo mu mutima rimwagiriza ikibi birashobora gutuma amara amajoro adatora agatiro bigatera n’intuntu yo mu mutima. (Zaburi 32:3, 4; 51:3) Si ibigaragara none yuko icagezwe ca Yehova kibuza ubusambanyi cagenewe kuturinda? Egome, nkako hariho inyungu nyinshi ziva mu kuzigama ukudahumana mu vy’ukwigenza runtu!

Senga Usaba Imfashanyo ya Yehova

12, 13. Ni kuki bikwiriye ko dusenga igihe dusugerejwe n’ivyipfuzo binyacaha?

12 Ukwitwararika ivy’impwemu nta nkeka bisaba gusenga bivuye ku mutima. Birabereye gusaba imfashanyo y’impwemu y’Imana, kubera yuko Yezu yavuze ati: “Mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza . . . mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye!” (Luka 11:13) Mw’isengesho, turashobora guserura ko twikora ku mpwemu kugira ngo idufashe mu vyerekeye ubugoyagoye bwacu. (Abaroma 8:26, 27) Mu gihe twotahura yuko ivyipfuzo canke udutima binyacaha biriko biragira ico bikoze kuri twebwe, canke mu gihe uwo dusangiye ukwemera dukunda akwegereye ivyiyumviro vyacu kuri ivyo, vyoba biranga ubukerebutsi kudomako kuri iyo ngorane mu masengesho yacu dutura no gusaba ugusahirizwa n’Imana mu vy’ugutsinda izo mpengamiro.

13 Yehova arashobora kudufasha kugumiza ivyiyumviro vyacu ku bintu bigororotse, bitanduye, biranga ingeso nziza be n’ibishimwa. Kandi, ese ukuntu bikwiriye kumutakambira dushirutse ubute kugira ngo “amahoro y’Imana” azorinde imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu! (Ab’i Filipi 4:6-8) Nimuze rero dusenge dusaba ugusahirizwa na Yehova kugira ngo “[d]ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza.” (1 Timoteyo 6:11-14) Tubifashijwemwo na Data wa twese wo mw’ijuru, imyitwarariko n’ibigeragezo ntibizokura kugeza aho biturengera. Ahubwo, ubuzima bwacu buzorangwa n’itekane Imana itanga.

Ntitugatuntuze Impwemu

14. Ni kuki impwemu y’Imana ari inguvu ku bw’ukudahumana?

14 Abasavyi ba Yehova bahumuye ubwabo barashira mu ngiro impanuro ya Paulo igira iti: “Ntimukazimye [im]pwemu.” (1 Ab’i Tesalonike 5:19) Kubera yuko impwemu y’Imana ari ‘impwemu y’ukwera,’ ntihumanye, iratyoroye, kandi ni nyeranda. (Abaroma 1:4) Igihe iyo mpwemu ikorera muri twebwe, iba ari inguvu ku bw’ukwera canke ukudahumana. Iradufasha kugira ngo tugume mu nzira y’ubuzima idahumanye irangwa n’ukugamburukira Imana. (1 Petero 1:2) Ingeso yose ihumanye aba ari ukutanegwa ivy’iyo mpwemu, kandi ivyo bishobora gukwega ingaruka z’agahomerabunwa. Mu buryo ki?

15, 16. (a) Twoshobora gute gutuntuza impwemu y’Imana? (b) Dushobora gute kwirinda gutuntuza Impwemu ya Yehova?

15 Emwe, Paulo yanditse ati: “Ntimukababaze [im]pwemu [y]era [y’]Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.” (Abanyefeso 4:30) Ivyanditswe bigenekereza ko impwemu ya Yehova ari ikimenyetso, canke ‘ingwati y’icari kiraririye kuza,’ (NW) ku bw’Abakirisu basizwe b’abizerwa. Kandi ubwo ni ubuzima budahwera bwo mw’ijuru. (2 Ab’i Korinto 1:22; 1 Ab’i Korinto 15:50-57; Ivyahishuriwe 2:10) Impwemu y’Imana irashobora kuyobora abasizwe be na bagenzi babo bafise icizigiro c’isi mu buzima bw’ukudahemuka kandi igashobora kubafasha kwirinda ibikorwa vy’icaha.

16 Iyo ntumwa yaragabishije ku vy’uguhengamira ku binyoma, ku kwiba, ku kwigenza mu buryo buteye isoni, no ku bindi. Mu gihe tworeka tugakwegakwegerwa ku bintu nk’ivyo, twoba turiko turaca kubiri n’impanuro y’Ijambo ry’Imana yahumetswe n’impwemu. (Abanyefeso 4:17-29; 5:1-5) N’imiburiburi ku rugero runaka, gutyo twoshobora kuba turiko turatuntuza impwemu y’Imana, kandi nta nkeka ico ni ikintu dushaka kwirinda. Ku vyerekeye ico kintu, mu gihe umwe wese muri twebwe atanguye kwiyobagize impanuro y’Ijambo rya Yehova, twoshobora gutangura gutsimbataza udutima canke utugeso twovamwo icaha c’ibigirankana n’ugutakaza buhere ugutoneshwa n’Imana. (Abaheburayo 6:4-6) Naho twoba tutamogoreye icaha ubu, twoba turiko twerekeza muri iyo nzira. Mu kubandanya kugenda duca kubiri n’inyobozo y’iyo mpwemu, twoba turiko turayituntuza. Twoba kandi turiko turanana kuri Yehova kandi tumutuntuza, we soko ry’impwemu yera. Kubera turi abantu bakunda Imana, ivyo ntidushaka kwigera na rimwe tubikora. Ahubwo, nidusenge dusaba imfashanyo ya Yehova kugira ngo ntidutuntuze impwemu yiwe, mugabo dushobore gutera iteka izina ryiwe ryeranda mu kubandanya kwitwararika ivy’impwemu.

Nitubandanye Kwitwararika ivy’Impwemu

17. Ni imigambi yo mu vy’impwemu imwimwe iyihe twokwishingira, kandi ni kuki kwihata kuyishikako vyoba biranga ubukerebutsi?

17 Uburyo bwibonekeje dushobora kuguma twitwararika ivy’impwemu, ni mu gushinga imigambi yo mu vy’impwemu kandi tukihata kugira ngo tuyishikeko. Bivuye ku vyo dukeneye n’uko ivyacu vyifashe, imigambi yacu ishobora kujamwo ukuryohora utumenyero twacu mu vy’ukwiga, kwongereza uruhara tugira mu gikorwa co kwamamaza canke kurondera gushikira agateka kanaka k’umurimo, nk’ubusuku bw’igihe cose bw’ubutsimvyi, umurimo wo kuri Beteli, canke igikorwa c’ubumisiyonari. Ivyo bizotuma umuzirikanyi wacu uguma witwararika ivy’impwemu kandi bizodufasha kunana ntitugwishwe n’ubugoyagoye bwa muntu dufise canke ngo dutwarwe n’imigambi y’amaronko be n’ivyipfuzo bitajanye n’Ivyanditswe vyeze muri uru runkwekwe rw’ibintu. Nta nkeka ko iyo ari ingendo iranga ubukerebutsi, kuko Yezu yahimirije ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe. Kukw ah’ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba.”​—Matayo 6:19-21.

18. Ni kuki bihambaye cane kuguma umuntu yitwararika ivy’impwemu muri iyi misi y’iherezo?

18 Nta nkeka ko kwitwararika ivy’impwemu no kuzimanganya ivyipfuzo vy’isi ari yo ngendo y’ubukerebutsi muri iyi “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Nakare, “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:15-17) Nk’akarorero, mu gihe Umukirisu akiri muto akurikirana umugambi w’umurimo w’igihe cose, ivyo vyomubera umuco nyobozi muri ya myaka itoroshe y’ubuyabaga canke y’igihe ariko aragera mu bigero. Igihe ahaswe kudohoka, umuntu nk’uwo azobona mu buryo butomoye ico yipfuza kurangura mu murimo wa Yehova. Umuntu akomeye mu vy’impwemu nk’uwo azobona ko bitaranga ubukerebutsi, eka mbere ko ari ubupfu, gutakaza ugushikira imigambi yo mu vy’impwemu ngo ariko arondera amaronko canke akandi gahimbare icaha gisezerana gutanga. Ibuka yuko Musa uwari ahengamiye ku vy’impwemu ‘yahisemwo kugirirwa nabi n’abantu b’Imana akabirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’icaha.’ (Abaheburayo 11:24, 25) Twaba turi bato canke dukuze, tugira ihitamwo nk’iryo igihe tuguma twitwararika ivy’impwemu aho kwitwararika ivy’uyu mubiri munyacaha.

19. Ni izihe nyungu tuzokwinovora nitwabandanya kwitwararika ivy’impwemu?

19 “Kwitwaririka ivy’umubiri gutera kwanka Imana,” mu gihe “kwitwaririka ivy’impwemu kuzana ubu[zima] n’amahoro.” (Abaroma 8:6, 7) Nitwabandanya kwitwararika ivy’impwemu, tuzogira amahoro y’agaciro. Imitima yacu n’ububasha bwacu bw’ubwenge bizorushiriza kurindwa mu buryo bwuzuye akosho kava ku kuba turi abanyagasembwa. Tuzorushiriza kuba abashoboye kunanira ibigeragezo vyo kwisuka mu bukozi bw’ikibi. Kandi, tuzoronka imfashanyo iva ku Mana yo guhangana n’intambara ibandanya hagati y’umubiri n’impwemu.

20. Ni kuki dushobora kudakeka ko bishoboka yuko dutahukana intsinzi mu ntambara iri hagati y’umubiri n’impwemu?

20 Mu kubandanya kwitwararika ivy’impwemu, turazigama ukwifatanya kw’ingirakamaro na Yehova, we soko ry’ubuzima n’iry’impwemu yera. (Zaburi 36:9; 51:11) Shetani wa Mucokoranyi be n’abakozi biwe bariko barakora ico bashoboye cose kugira ngo basambure ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. Baragerageza kwifatira mu minwe imizirikanyi yacu, bazi yuko turamutse tudohotse, ivyo amaherezo bizoshikana ku kwankana n’Imana no ku rupfu. Mugabo, turashobora gutahukana intsinzi muri iyi ntambara iri hagati y’umubiri n’impwemu. Ivyo ni vyo vyashikiye Paulo, kubera yuko mu kwandika ku vyerekeye intambara ubwiwe yarimwo, yabanje kubaza ati: “Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu?” Maze mu kwerekana yuko ugukira gushoboka, yitangaje ati: “Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu!” (Abaroma 7:21-25) Natwe nyene turashobora gukurira ubwatsi Imana biciye kuri Kirisitu kubera yatanze uburyo bwo guhangana n’ubugoyagoye bwa muntu no kuguma twitwararika ivy’impwemu dufise icizigiro c’akaroruhore c’ubuzima budahera.​—Abaroma 6:23.

Woba Uvyibuka?

• Kwitwararika ivy’impwemu bisobanura iki?

• Dushobora gute kureka impwemu ya Yehova igakora kuri twebwe?

• Sigura igituma, mu rugamba rwacu rwo kurwana n’icaha, ari ngirakamaro ko twiga Bibiliya, tugamburuka icagezwe ca Yehova tukongera tukamusenga.

• Kwishingira imigambi yo mu buryo bw’impwemu bitugumiza gute mu ngendo y’ubuzima?

[Ifoto ku rup. 14]

Ukwiga Bibiliya biradufasha guhangana n’ibitero bitera kamere yacu yo mu vy’impwemu

[Ifoto ku rup. 15]

Birabereye gusenga dusaba imfashanyo ya Yehova kugira dutsinde ivyipfuzo binyacaha

[Amafoto ku rup. 16]

Imigambi yo mu vy’impwemu irashobora kudufasha kuguma twitwararika ivy’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika