ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 18
  • Ubuhindi—“Ubumwe mu Bantu Batandukanye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhindi—“Ubumwe mu Bantu Batandukanye”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ivyo bijanye
  • Woba Ushobora Kwitanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Uratumiwe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Beteli ni iki?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 18

Reka Abamamaji b’Ubwami Batuyagire

Ubuhindi​—“Ubumwe mu Bantu Batandukanye”

“UBUMWE mu Bantu Batandukanye” ni icivugo gikunda gukoreshwa mu kudondora ubunywane bw’abanyagihugu bo mu Buhindi. Gushikira ubumwe muri ico gihugu amahanga kirimwo imico kama, indimi, amadini, amamuko y’amoko, inyambaro be n’imfungurwa bitandukanye, si aho gutuma umwana. Ariko rero, ubwo bumwe burabonekera ku biro nyobozi vy’Ivyabona vya Yehova mu Buhindi, naho abahakora bavyishakiye kandi bahaba baturuka mu mareta no mu turere twinshi kandi bakaba bavuga indimi zitandukanye zitari nke.

• Reka turabe ivya Rajrani​—umukenyezi akiri muto umwe aturuka ahitwa Punjab, ku mpera yo mu buraruko bushira uburengero bw’Ubuhindi. Igihe Rajrani yari aciga amashure, umwe mu bo bigana yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Uwo mwigeme akiri muto yaragerageje gutuma Rajrani ashimishwa na Bibiliya. Kubera yuko uwo mwigeme bigana na Rajrani yari azi Icongereza gike kandi Umunara w’Inderetsi ukaba utaboneka mu Gipunjabi muri ico gihe, yarasavye kandi Rajrani ngo amufashe mu kumuhindurira ibiri muri ico kinyamakuru. Ivyo Rajrani yasoma mu Munara w’Inderetsi vyaratanguye kumwosha mu buryo bugera ibwina ku buryo naho abavyeyi biwe babirwanya, yateye imbere gushika ku kwegurira ubuzima bwiwe Yehova Imana. Muri iki gihe akorera kuri Beteli yo mu Buhindi, akaba akora ca kintu nyene cahumura amaso yiwe akabona ukuri. Ahindura ibisohokayandikiro vya gikirisu mu Gipunjabi!

• Rimbura kandi ivya Bajoe, uwuturuka mu kindi gice c’Ubuhindi​—aho na ho akaba ari muri reta ya Kerala iri mu bumanuko bushira uburengero. Bijoe yarirukanywe mw’ishure ryisumbuye kubera yuko yafashe impagararo yo kutagira aho yegamira mu gihe c’ibirori vyo guhayagiza igihugu. Inyuma y’urubanza rurerure rwo muri sentare rwarangiye ugusenga gutyoroye gutahukanye intsinzi y’intibagirwa, Bijoe yarasubiye kw’ishure.a Yaranabandanije no muri kaminuza. Mugabo rero, ubushegabo buharangwa bwarababaje ijwi ryiwe ryo mu mutima, gutyo arabiheba ari mu gice ciwe ca mbere c’umwaka. Muri iki gihe, inyuma y’imyaka icumi ari muri Beteli, yumva yuko yungukiye vyinshi ku kuba umwe mu bagize umuryango wa Beteli ugizwe n’abantu batandukanye mugabo wunze ubumwe kuruta ivyo yari kwunguka mu kubandanya amashure ya kaminuza.

• Norma na Lily bompi bafise imyaka irenga 70 y’amavuka, bakaba bamaze imyaka myinshi ari abapfakazi. Umwe wese muri bo amaze kurangiza imyaka irenga 40 mu gikorwa c’igihe cose. Lily amaze imyaka nka 20 akorera kw’ishami ari umuhinduzi w’ururimi rwitwa Tamil. Norma amaze imyaka 13 aje kuri Beteli inyuma y’aho amariye kubura umunega wiwe. Turetse kuba bari akarorero keza mu kuba abakozi b’abanyamwete kandi bagakora babishizeko umutima, ni akosho kunga ubumwe ku muryango wa Beteli wose uko ungana. Barakunda kunezereza abashitsi, kandi bakanezererwa kuba kumwe n’abagize umuryango bakiri bato, bakababwira iminezero bagize mu myaka myinshi mu buzima bamaze ari Abakirisu. Abakiri bato na bo barabasubiriza mu ndumane mu kubatumira mu vyumba babamwo kugira ngo bifatanye na bo bongere bagire ico babafashije mu gihe bikenewe. Emwe, ni akarorero keza koko!

Kubera ko batsinze ibibatandukanya bitera indyane n’ukutumvikana usanga mu mihingo myinshi, abo bakozi b’abishakire babigiranye umunezero barasenyera ku mugozi umwe kugira ngo bakorere abandi bwa bagize umuryango wa Beteli wunze ubumwe wo mu Buhindi.​—Zaburi 133:1.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Munyonyo 1987, urupapuro rwa 21.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 18]

Ifoto y’inyuma: Mountain High Maps® Copyright © 1997 Digital Wisdom, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika