ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/11 rup. 3-4
  • Imico Runtu Iriko Iratituka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imico Runtu Iriko Iratituka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imico Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ijanye n’Iki Gihe?
  • Inyifato Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ari Nziza Kuruta Zose?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwige Wongere Wigishe Inyifato Runtu ya Gikirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Imico myiza
    Be maso!—2019
  • Kubera iki imibano isambuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/11 rup. 3-4

Imico Runtu Iriko Iratituka

“IBINTU nk’ivyo ntivyahora bishika namba.” Ukwo ni ko uwahoze ari umukuru wa leta y’Ubudagi Helmut Schmidt yavuze. Yariko yidogera ibintu vyari biherutse gushika vyerekeye ubugunge bw’agaterasoni bwagizwe n’abakozi ba leta vyavugangwa cane mu binyamakuru. Yavuze ati: “Ingingo ngenderwako ziranga imico runtu zaratakaye kubera umwina.”

Benshi bokwemeranya na we. Imico runtu ishingiye imizi mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya, kandi imaze igihe kirekire yemerwa hose ko ari yo ndongozi mu vy’iciza n’ikibi, iriko irirengagizwa. Ivyo ni ko bimeze no mu bihugu bivuga ko vyifatanije n’Ubukirisu.

Imico Runtu yo Muri Bibiliya Yoba Ijanye n’Iki Gihe?

Imico runtu ishingiye ku nyigisho za Bibiliya irimwo n’ukutagunga be n’ukutadohoka. Yamara, kunyuruza, ibiturire na forode bireze. Ikinyamakuru kimwe (The Times) c’i Londere kivuga yuko abaperereji bamwebamwe “baregwa yuko igihe kimwe cose bakebereza mu mipfuko yabo amafaranga ashika nko ku marundi 128.000.000 kugira ngo ibiyayura umutwe vyafashwe vyongere kugurishwa, canke bapfukapfuke ikimenyamenya cofatisha abantu bakomakomeye bo mu migwi y’inkozi z’ikibi. Muri Otirishe, forode mu vya asiransi bivugwa ko ikwiye hose. Mu Budagi na ho umuryango w’abanyasiyansi barakubiswe n’inkuba igihe abashakashatsi baherukiye kwubura “forode irushirije kuba agahomerabunwa mu yaba muri siyansi y’Abadagi.” Umuporofeseri umwe, “rurangiranwa mu Badagi b’abahinga mu vy’utugingo ngengakamere,” yagirijwe ko yahinduye ku rugero runini ivyamenyeshejwe canke amenyesha ivyo yikuriye mu mutwe.

Imico runtu ishingiye kuri Bibiliya irimwo kandi ukuba umwizigirwa mu mubanow’ababiranye, ari vyo bisobanura ubucuti bwamaho. Mugabo, igitigiri kirushiriza kuba kinini c’abubakanye kirangirira mu masentare ajejwe ivy’ukwahukana. Hari ikinyamakuru kimwe c’Abagatolika (Christ in der Gegenwart [Umukirisu wo mu Gihe ca None]) kivuga yuko “no mu karere k’Ubusuwisi ‘bumira ku vya kera,’ ingo zisambuka zirushiriza kuba nyinshi.” Mu Buholande, ibice 33 kw’ijana vy’ababiranye bose amaherezo barahukana. Umukenyezi umwe yabonye amahinduka yo mu kibano mu Budagi mu myaka mikeyi iheze, yaranditse ibimuraje ishinga ati: “Umubano w’abubatse ubu ubonwa nk’uwataye igihe, nk’uwutakijanye n’igihe ca none. Abantu ntibacubakana n’umuntu ku bw’ubuzima bwose.”

Ku rundi ruhande, abantu amamiliyoni babona yuko ingingo ngenderwako zerekeye inyifato runtu zigishwa muri Bibiliya ari izokwizigirwa kandi ko zijanye n’ubuzima bwo muri iyi isi yacu ya none. Abubakanye babiri baba ku rubibe hagati y’Ubusuwisi n’Ubudagi bubuye yuko kwiga kubaho bisunga inyifato runtu zo muri Bibiliya vyatumye bagira ubuhirwe burushirije. Ku biberekeye, “hariho inyobozo imwe rudende ku bw’imice yose y’ubuzima. Iyo nyobozo ni Bibiliya.”

Uvyibazako iki? Bibiliya yoba ishobora gukora bwa nyobozo y’agaciro? Inyifato runtu ishingiye kuri Bibiliya yoba ari ngirakimazi muri iki gihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika